Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwizere Ubwami utanyiganyiga

Niwizere Ubwami utanyiganyiga

“Ukwizera ni ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe.”HEB. 11:1.

1, 2. (a) Ni igiki kiza gutuma turushiriza kujijuka ko Ubwami bw’Imana buzoshitsa umugambi ifitiye abantu? (b) Twisunze Abanyefeso 2:12, ayo masezerano adukomeza gute? (Raba ishusho itangura.)

TWEBWE Ivyabona vya Yehova, akenshi turavuga yuko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene buzotorera umuti ingorane dufise zose. Vyongeye, turereka abantu ukwo kuri guhambaye cane kwo mu Vyanditswe tubigiranye ishaka. Ariko none, twoba twarajijutse cane ko ubwo Bwami bubaho koko be n’uko buzoshitsa intumbero yabwo? Ni igiki gituma tubwizera tutanyiganyiga?Heb. 11:1.

2 Ubwami bwa Mesiya ni intunganyo Mushoboravyose ubwiwe yashizeho kugira ashitse umugambi afitiye ibiremwa vyiwe. Ubwo Bwami bushingiye ku mushinge utanyiganyiga, ni ukuvuga uburenganzira Yehova wenyene afise bwo gutegeka. Ubwo Bwami ahanini bugizwe n’umwami wabwo, abo bafatanya gutegeka be n’akerere bategeka. Ivyo vyose vyashizweho biciye ku masezerano, ni ukuvuga intunganyo zemewe aho umwe mu bagira ayo masezerano usanga ari Imana canke Umwana wayo Yezu Kristu. Kuzirikana kuri ayo masezerano biraza gutuma turushiriza gutahura ukuntu umugambi w’Imana uzoranguka ata kabuza, vyongere bidufashe kubona ukuntu intunganyo y’Ubwami bwa Mesiya idahindagurika.Soma Abanyefeso 2:12.

3. Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro no mu gikurikira?

 3 Bibiliya iravuga amasezerano nyamukuru atandatu afitaniye isano n’Ubwami bwa Mesiya burongowe na Yezu Kristu: (1) isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu, (2) isezerano ry’Itegeko, (3) isezerano Imana yagiraniye na Dawidi, (4) isezerano ryo kuba umuherezi nka Melekisedeki, (5) isezerano rishasha, (6) isezerano ry’Ubwami. Nimuze twihweze ukuntu isezerano rimwerimwe ryose rifitaniye isano n’ubwo Bwami be n’ukuntu riteza imbere umugambi Imana ifitiye isi n’abantu.—Raba igicapo kivuga ngo “ Ingene Imana izorangura umugambi wayo.”

UMUHANGO UHISHURA UKUNTU UMUGAMBI W’IMANA UZORANGUKA

4. Nk’uko bivugwa mw’ Itanguriro, ni ingingo izihe Yehova yafashe ku bijanye n’abantu?

4 Yehova amaze gutegura uwu mubumbe wacu ubereye ijisho kugira abantu bawubeko, yaciye afata izi ngingo zitatu: (1) Yoremye abantu mw’ishusho yiwe. (2) Abantu bokwaguye Iparadizo igakwira isi yose bakongera bakayuzuza uruvyaro rugororotse. (3) Abantu bobwirijwe kutarya ku giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi. (Ita. 1:26, 28; 2:16, 17) Nta kindi cari gikenewe. Abantu bamaze kuremwa, vyari bikenewe gusa ko bakurikiza izo zindi ngingo zibiri kugira ngo umugambi w’Imana uranguke. None vyagenze gute ngo hakenerwe amasezerano?

56. (a) Shetani yagerageje gute guhagarika umugambi w’Imana? (b) Yehova yatoreye umuti gute ibihari Shetani yavyuye muri Edeni?

5 Mu kugerageza n’ububisha n’akantu guhagarika umugambi w’Imana, Shetani wa Mubesheranyi yaratanguje ubugarariji. Ivyo yabigize mu kwibanda kw’itegeko yagoretse bitamugoye na gato, rino rikaba ryasaba umuntu kugamburuka. Yaroheje umugore wa mbere Eva ngo agararize itegeko ryasaba kutarya ku giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi. (Ita. 3:1-5; Ivyah. 12:9) Mu kubigenza gutyo, Shetani yarahaririye ko Imana idafise uburenganzira bwo gutegeka ivyo yaremye. Mu nyuma, Shetani yavuze ko abakorera Imana ata guhemuka babitumwa n’ubwikunzi.Yobu 1:9-11; 2:4, 5.

6 None Yehova yari gutorera umuti gute ibihari Shetani yavyuye muri Edeni? Ego ni ko kwica abo bagarariji vyari guhagarika ubwo bugarariji. Mugabo kandi vyari gutuma umugambi Imana yari ifise wo kwuzuza isi abantu bagamburuka bakomoka kuri Adamu na Eva utaranguka. Aho guca ubwo nyene akuraho abo bagarariji, uwo Muremyi wacu w’inkerebutsi yaciye atanga ubuhanuzi buhambaye, ni ukuvuga umuhango wo muri Edeni, kugira yemeze ko ivyo yavuze vyose vyorangutse.Soma Itanguriro 3:15.

7. Umuhango wo muri Edeni uhishura iki ku bijanye na ya nzoka be n’uruvyaro rwayo?

7 Yehova abicishije ku muhango wo muri Edeni, yaraciriye urubanza ya nzoka ari yo Shetani wa Mubesheranyi be n’uruvyaro rwayo, urugereranya abo bose boyishigikiye muri ca kibazo c’uko Imana ari yo ikwiye gutegeka. Imana y’ukuri yarahaye uruvyaro rw’umugore wayo wo mw’ijuru ububasha bwo gukuraho Shetani. Uretse rero ko uwo muhango wo muri Edeni werekanye ko Imana yokuyeho uwatanguje ubugarariji mu murima wa Edeni be n’ingaruka mbi z’ivyo yakoze, warerekanye n’ukuntu yobikuyeho.

8. Twovuga iki ku bijanye na wa mugore be n’uruvyaro rwiwe?

8 None ni nde yobaye uruvyaro rw’uwo mugore? Kubera ko urwo ruvyaro rubwirizwa gufyonyora umutwe w’iyo nzoka, ni ukuvuga ‘guhindura ubusa’ ikiremwa c’impwemu ari co Shetani wa Mubesheranyi, rwobwirijwe kuba umuntu w’impwemu. (Heb. 2:14) Ku bw’ivyo, umugore yovyaye urwo ruvyaro na we nyene yobaye ari uw’impwemu. Kubera ko uruvyaro  rw’iyo nzoka rwongerekanye cane, uruvyaro rw’uwo mugore rwaramaze imyaka nka 4.000 rutaramenyekana kuva Yehova atanze wa muhango wo muri Edeni. Muri ico kiringo, Yehova yaragiraniye n’abasavyi biwe amasezerano atari make yerekana urwo ruvyaro urwo ari rwo, arabakura n’amazinda yuko ari rwo azokoresha mu gukuraho ivyago Shetani yateje umuryango w’abantu.

ISEZERANO RYEREKANA RWA RUVYARO

9. Isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ryatanguye gukora ryari?

9 Haciye nk’imyaka 2000 Yehova aciriye urubanza Shetani, yarategetse umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu kuva iwe i Uri muri Mezopotamiya akaja mu gihugu ca Kanani. (Ivyak. 7:2, 3) Yehova yamubwiye ati: “Va mu gihugu cawe no mu ncuti zawe no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka; nzogukuramwo ihanga rikomeye, kandi nzoguhezagira, kandi izina ryawe nzorigira irihambaye; nuko nube umuhezagiro. Nzohezagira abaguhezagira, uwuguhamagarirako akabi nzomuvuma, kandi imiryango yose yo ku butaka izokwihesha koko umuhezagiro biciye kuri wewe.” (Ita. 12:1-3) Aho ni ho ha mbere handitse inkuru yerekeye isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu. Ntituzi neza na neza igihe Yehova yatanguye kugiranira na Aburahamu iryo sezerano. Ariko rero, ryatanguye gukora mu 1943 Imbere ya Kristu, igihe Aburahamu yava i Harani afise imyaka 75 akajabuka Uruzi Efurate.

10. (a) Aburahamu yerekanye gute ko yizera imihango y’Imana atanyiganyiga? (b) Ni amakuru ayahe Yehova yagiye arahishura ku bijanye n’uruvyaro rwa wa mugore?

10 Mu biringo bitari bike, Yehova yarasubiriyemwo Aburahamu umuhango yari yaramuhaye, akaza arongerako n’ayandi makuru. (Ita. 13:15-17; 17:1-8, 16)  Igihe na ho Aburahamu yerekana ko yizera imihango y’Imana atanyiganyiga mu kwemera gutanga umwana wiwe w’ikinege, Yehova yarakomeje iryo sezerano mu gutanga umuhango woshikijwe ata kindi kirinze gusabwa. (Soma Itanguriro 22:15-18; Abaheburayo 11:17, 18.) Isezerano Yehova yagiraniye na Aburahamu rimaze gutangura gukora, yaciye agenda arahishura amakuru ahambaye yerekeye uruvyaro rwa wa mugore. Urwo ruvyaro rwokomotse kuri Aburahamu, rukagirwa n’abantu benshi, rukarangura ibanga ry’ubwami, rugatikiza abansi bose rukongera rugatuma abandi bantu benshi bironkera umuhezagiro.

Aburahamu yarerekanye ko yizera imihango y’Imana atanyiganyiga (Raba ingingo ya 10)

11, 12. Ivyanditswe vyerekana gute ko isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu rifise irindi ranguka rihambaye, kandi tuzoryungukirako gute?

11 Iryo sezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ryararangutse mu buryo bw’umubiri igihe uruvyaro rwa Aburahamu rwatorana ca Gihugu c’isezerano. Ariko rero, Ivyanditswe birerekana yuko iryo sezerano ryorangutse no mu buryo bw’impwemu. (Gal. 4:22-25) Nk’uko intumwa Paulo yabisiguye ahumekewe n’Imana, mw’iranguka rihambaye ry’iryo sezerano, igihimba nyamukuru c’uruvyaro rwa Aburahamu ni Kristu. Igihimba c’inyongera na co ni abakirisu 144.000 barobanujwe impwemu. (Gal. 3:16, 29; Ivyah. 5:9, 10; 14:1, 4) Umugore yibaruka urwo ruvyaro si uwundi atari “Yeruzalemu yo hejuru,” ni ukuvuga igice co mw’ijuru c’ishirahamwe ry’Imana, ikigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka. (Gal. 4:26, 31) Nk’uko biri muri rya sezerano Imana yagiranira na Aburahamu, uruvyaro rw’uwo mugore rwotumye abantu bironkera imihezagiro.

12 Isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu rirerekana Umwami n’abafatanya na we kuganza mu Bwami bw’Imana abo ari bo, kandi rigize umushinge wemewe w’Ubwami bwo mw’ijuru. (Heb. 6:13-18) None iryo sezerano rizoguma rikora gushika ryari? Mw’Itanguriro 17:7 havuga ko ari “isezerano ryo gushika igihe kitagira urugero.” Rizoguma rikora gushika Ubwami bwa Mesiya bukuyeho abansi b’Imana, abantu bose bo kw’isi na bo bagahezagirwa. (1 Kor. 15:23-26) Nkako, abazoba baba kw’isi ico gihe bazoryungukirako ibihe vyose. Isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu rirerekana ko Yehova yiyemeje kurangura umugambi wiwe w’uko abantu bagororotse ‘buzura isi.’Ita. 1:28.

ISEZERANO RYEMEZA KO UBWAMI BUZOKWAMAHO

13, 14. Isezerano Imana yagiraniye na Dawidi ryemeza iki ku bijanye n’ubutegetsi bwa Mesiya?

13 Umuhango wo muri Edeni be n’isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu birerekana ko ubutegetsi bwa Yehova bwama bushingiye ku ngingo mfatirwako ziwe zigororotse. Ubwami bwa Mesiya bwashizweho na Yehova na bwo nyene bushingiye kuri zo. (Zab. 89:14) Intwaro ya Mesiya yoba none izokwigera yononekara, gutyo bikaba ngombwa ko ikurwaho? Hari irindi sezerano ryemeza ko bitazokwigera bishika.

14 Rimbura ivyo Yehova yasezeraniye Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera biciye kw’isezerano Imana yagiraniye na Dawidi. (Soma 2 Samweli 7:12, 16.) Yehova yagiraniye na we iryo sezerano igihe Dawidi yaganza i Yeruzalemu, akaba yamusezeraniye ko Mesiya yokomotse kuri we. (Luka 1:30-33) Yehova rero yararushirije gutanga amakuru adomako yerekana umuryango rwa ruvyaro rwokomotsemwo. Yavuze ko samuragwa wa Dawidi yobaye ‘afise uburenganzira’ bwo kuja ku ntebe y’Ubwami bwa Mesiya. (Ezk. 21:25-27) Biciye kuri Yezu, ingoma ya Dawidi “izoshimangirwa igihe kitagira urugero.” Nkako, uruvyaro rwa Dawidi “ruzokwamaho  mbere gushika igihe kitagira urugero, intebe yiwe y’ubwami na yo nk’izuba.” (Zab. 89:34-37) Ubutegetsi bwa Mesiya ntibuzokwigera bwononekara, kandi ivyo buzorangura bizokwamaho ibihe bidahera.

ISEZERANO RITUMA HARANGURWA IBANGA RY’UBUHEREZI

15-17. Twisunze isezerano ryo kuba umuherezi nka Melekisedeki, ni irindi banga irihe rwa ruvyaro ruzorangura, kandi kubera iki?

15 Amasezerano Imana yagiraniye na Aburahamu be na Dawidi aremeza ko rwa ruvyaro rworanguye ibanga ry’ubwami. Ariko rero, ivyo vyonyene ntivyotumye abantu bo mu mahanga yose bironkera imihezagiro. Kugira ngo abantu bahezagirwe vy’ukuri, bobwirijwe gukurwako igicumuro maze bakaba mu bagize umuryango wa Yehova wo kw’isi no mw’ijuru. Kugira ngo ivyo bishoboke, bisaba ko urwo ruvyaro rurangura n’ibanga ry’ubuherezi. Umuremyi wacu w’inkerebutsi yaratumye ivyo bishoboka biciye ku yindi ntunganyo yemewe, ni ukuvuga isezerano ryo kuba umuherezi nka Melekisedeki.

16 Yehova yarahishuye biciye ku Mwami Dawidi yuko ubwiwe yogiraniye isezerano na Yezu rifise intumbero zibiri: (1) Yezu ‘yokwicaye iburyo bw’Imana’ gushika atikije abansi biwe. (2) Yezu yobaye “umuherezi gushika igihe kitagira urugero mu buryo bwa Melekisedeki.” (Soma Zaburi 110:1, 2, 4.) Kubera iki yobaye umuherezi “mu buryo bwa Melekisedeki”? Kubera ko Melekisedeki Umwami wa Salemu yabaye “umuherezi w’Imana Musumbavyose” hagisigaye igihe kirekire ngo abakomoka kuri Aburahamu batorane ca Gihugu c’isezerano. (Heb. 7:1-3) Yehova ubwiwe ni we yari yaramugenye muri ayo mabanga. Ni we wenyene avugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo ko yabaye umwami n’umuherezi. Vyongeye, kubera ko ata wamwitangiye imbere canke ngo amusubirire, arashobora kwitwa “umuherezi ibihe vyose,” ni ukuvuga ibihe bidahera.

17 Yezu yagenywe ngo abe umuherezi biciye kw’isezerano Yehova ubwiwe yagiraniye na we, kandi azoguma ari “umuherezi gushika igihe kitagira urugero mu buryo bwa Melekisedeki.” (Heb. 5:4-6) Ivyo birerekana neza ko Yehova yiyemeje gukoresha Ubwami bwa Mesiya kugira ashitse umugambi yari afitiye abantu bo kw’isi mu ntango.

UBWAMI BUSHINGIYE KU MASEZERANO YEMEWE

18, 19. (a) Amasezerano duhejeje kurimbura atwereka iki ku bijanye n’Ubwami? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

18 Turavye ayo masezerano duhejeje kurimbura, turashobora kubona ukuntu afitaniye isano n’Ubwami bwa Mesiya be n’ukuntu intunganyo y’Ubwami ishingiye cane ku masezerano yemewe. Umuhango wo muri Edeni uremeza ko Yehova azoshitsa umugambi afitiye isi n’abantu biciye ku ruvyaro rwa wa mugore. Ni bande bogize urwo ruvyaro, kandi boranguye amabanga ayahe? Isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ni ryo ivyo vyose bishingiyeko.

19 Isezerano Imana yagiraniye na Dawidi riratanga ayandi makuru adomako yerekana umuryango igihimba nyamukuru ca rwa ruvyaro cokomotsemwo. Riratuma kandi ico gihimba kironka uburenganzira bwo gutegeka isi kugira ngo ivyo Ubwami buzorangura bize vyameho. Isezerano ryo kuba umuherezi nka Melekisedeki ni ryo rituma rwa ruvyaro rurangura ibanga ry’ubuherezi. Ariko rero, Yezu ntazotuma abantu baba abatagira agasembwa ari wenyene. Hari n’abandi barobanurwa kugira bazobe abami n’abaherezi. None baba bavuye he? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.