Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Ingene umuco watamanzuye mu gihugu co mu Burasirazuba

Ingene umuco watamanzuye mu gihugu co mu Burasirazuba

Ubutumire bw’insiguro bwarakoreshejwe i Tokyo bwongera buranyenyagizwa n’indege muri Osaka

KU WA 6 Nyakanga 1926, hari Umuyapani w’umusuku w’ingenzi (ari we mucungezi w’ingenzi) muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yasubiye mu Buyapani gukorerayo ubumisiyonari. Yari kwakirwa n’umuntu umwe gusa yari yariyandikishije ngo aze araronka Umunara w’Inderetsi, akaba yari yaratanguje umugwi wigira hamwe Bibiliya i Kobe. Abo Batohoji ba Bibiliya baragize iteraniro ryabo rya mbere muri ico gisagara ku wa 2 Nzero 1927. Abashika 36 baritavye iryo teraniro, habatizwa 8. Emwe, yari intango nziza! Ariko none uwo mugwi mutoyi woshoboye gute gushikira imiliyoni 60 z’Abayapani bari bakeneye umuco w’ukuri kwo muri Bibiliya?

Muri Rusama 1927, abo Batohoji ba Bibiliya b’inkerebutsi baratanguje isekeza ryo gushinga intahe ku mugaragaro kugira batumire abantu ku rukurikirane rw’insiguro zari gushikirizwa. Ku bijanye n’insiguro ya mbere yari gushikirizwa i Osaka, abavukanyi barashize ku mabarabara ibicapo be n’ivyapa bininibinini hirya no hino mu gisagara bongera bararungikira abantu bakomakomeye ubutumire 3.000. Baratanze udupapuro tw’ubutumire 150.000 bongera baratangaza iyo nsiguro mu binyamakuru bihambaye vy’i Osaka no ku matike 400.000 y’amagariyamoshi. Ku musi wo gushikiriza iyo nsiguro, hari indege zibiri zagurutse, zinyenyagiza udupapuro tw’ubutumire 100.000 hirya no hino muri ico gisagara. Abantu 3.200 barakubise baruzura ingoro y’amanama yitwa Osaka Asahi Hall kugira bumvirize insiguro yagira iti: “Ubwami bw’Imana buri hafi.” Abandi nk’igihumbi babwirijwe gusubira inyuma kuko bataronse aho bakwirwa. Iyo nsiguro irangiye, abarenga 600 mu bari ng’aho bagumyeho kugira bakurikire ikiringo c’ibibazo n’inyishu. Mu mezi yakurikiye, i Kyoto no mu bindi bisagara vyo mu burengero bw’Ubuyapani, harashikirijwe insiguro z’icese zishingiye kuri Bibiliya.

Muri Gitugutu 1927, Abatohoji ba Bibiliya baratunganije ivy’uko insiguro zishikirizwa i Tokyo. N’ico gihe nyene bararungikiye ubutumire abantu bakomakomeye, ushizemwo umushikiranganji wa mbere, abagize inama nshingamateka be n’indongozi mu vy’idini no mu vya gisirikare. Harakoreshejwe ivyapa, amatangazo yo mu binyamakuru hamwe n’udupapuro tw’ubutumire 710.000. Abantu 4.800 baraje kwumviriza insiguro zitatu ng’aho ku murwa mukuru w’Ubuyapani.

ABAMAMAZANJILI B’IGIHE COSE B’ABANYAMWETE

Katsuo Miura n’umukenyezi wiwe Hagino

Abamamazanjili b’igihe cose (ari bo batsimvyi) bararanguye uruhara ruhambaye mu gushira abantu ubutumwa bw’Ubwami ku mihana yabo. Uwitwa Matsue Ishii ni umwe mu batanguye kuba abamamaji b’injili b’igihe cose mu Buyapani, hamwe n’umunega wiwe Jizo. Barahetuye bitatu vya bine vy’ico gihugu, bahereye i Sapporo mu buraruko bashika i Sendai, i Tokyo, i Yokohama, i Nagoya, i Osaka, i Kyoto, i Okayama be n’i Tokushima. Mushiki wacu Ishii n’uwundi yamukurira ari we Sakiko Tanaka, barambaye amakanzu y’imararubanza yitwa kimono kugira bagendere abategetsi bakurubakuru. Umwe muri abo bategetsi yarasavye igitabu Inanga y’Imana n’igitabu Ukurokorwa (mu congereza), asaba amakopi 300 yo gushira mu bubiko bw’ibitabu bwo mw’ibohero.

Katsuo Miura n’umukenyezi wiwe Hagino barakiriye ibitabu mushiki wacu Ishii abahaye kandi ntibatevye kumenya ukuri. Babatijwe mu 1931 baca baba abamamazanjili b’igihe cose. Haruichi Yamada n’umukenyezi wiwe Tane hamwe na benshi mu ncuti zabo baremeye ubutumwa bw’Ubwami gatoyi imbere ya 1930. Haruichi na Tane baratanguye ubutsimvyi, umukobwa wabo Yukiko na we aja gusukurira kuri Beteli i Tokyo.

IMIDUGA MININI NA MITOYI YATAZIRIWE YEHU

Umuduga munini wataziriwe Yehu wabamwo abatsimvyi batandatu

Ico gihe, imiduga yari izimvye cane kandi amabarabara yari mabi. Ku bw’ivyo, Kazumi Minoura n’abandi bamamazanjili b’igihe cose bakiri bato bakoresha imiduga itagira imoteri yakoreshwa nk’inzu. Bayitaziriye Yehu bafatiye kuri wa mugabo yatwara umukogote yaratse yahavuye aba umwe mu bami ba Isirayeli. (2 Abm. 10:15, 16) Bari bafise imiduga mininiminini itatu mwene iyo. Umwe wose wapima imetero 2,2 z’uburebure, imetero 1,9 z’ubwaguke be n’imetero 1,9 z’amahagarara, ukaba washobora kubamwo abatsimvyi batandatu. Vyongeye, kw’ishami ryo mu Buyapani barakoze imiduga mitomito mwene iyo 11 yakwegwa n’amakinga, ikabamwo abantu babiri. Uwitwa Kiichi Iwasaki yafashije mu gukora iyo miduga, yiganye ati: “Buri muduga wari ufise ihema be n’ibateri y’umuduga yatuma haboneka umuyagankuba wo gutanga umuco.” Abamamazanjili b’igihe cose baratumye umuco w’ukuri waka hirya no hino mu Buyapani. Barasunika iyo miduga bakongera bakayikwega mu kuduga no mu kumanuka imisozi, bakajabuka imyonga bava i Hokkaido mu buraruko bagashika i Kyushu mu bumanuko.

Umuduga mutoyi wataziriwe Yehu wabamwo babiri

Umwamamazanjili w’igihe cose yitwa Ikumatsu Ota yavuze ati: “Igihe twaba dushitse mu gisagara kanaka, twarahagarika umuduga wacu ku nkengera y’uruzi canke mu gahinga. Twabanza kugendera abantu bakomakomeye bo mu gisagara, nk’umukuru waco, hanyuma tukagendera abanyamihana kugira tubahe ibisohokayandikiro vyacu. Tumaze guhetura ico cibare, twaca twimukira mu gisagara gikurikira.”

Igihe wa mugwi w’Abatohoji ba Bibiliya 36 b’i Kobe wagira iteraniro ryabo rya mbere, wari “umusi w’ibintu bitoyi.” (Zek. 4:10) Inyuma y’imyaka itanu gusa, ni ukuvuga mu 1932, abamamazanjili b’igihe cose 103 be n’abandi bamamaji bo mu Buyapani baratanze raporo y’umurimo, bakaba bashikirije ibitabu birenga 14.000. Muri iki gihe, igikorwa co gushinga intahe ku mugaragaro gitunganijwe neza kiriko kirarangurwa mu turere tw’Ubuyapani ducamwo abantu benshi. Abamamaji hafi 220.000 bariko baratuma umuco wabo ukayangana hirya no hino muri ico Gihugu co mu Burasirazuba.—Vyakuwe mu bushinguro bwacu bwo mu Buyapani.

Ivyashushanijwe na Kiichi Iwasaki, uwakoreye kuri Beteli yo mu Buyapani ya miduga yataziriwe Yehu