Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uha agaciro ivyo waronse?

Woba uha agaciro ivyo waronse?

“Twaronse impwemu iva ku Mana, kugira ngo tumenye ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze.”1 KOR. 2:12.

1. Abantu benshi bafata gute ivyo baronse?

BARAYAMAZE bati: “Uwambaye ikirezi ntamenya ko cera.” Vyoba bimaze gushika ukibonera ikintu nk’ico? Iyo umuntu yaronse ibintu kuva mu bwana, usanga bishika ntabihe agaciro cane. Nk’akarorero, umuntu yakuriye mu muryango utunze yoshobora gufata minenegwe ibintu vyinshi afise. Ivyo vyoshobora gushikira abakiri bato bashobora kuba bataratahura neza ibintu bihambaye vy’ukuri mu buzima ivyo ari vyo, kubera batazi utuntu n’utundi.

2, 3. (a) Ni igiki abakirisu bakiri bato bakwiye kwiyubarako? (b) Ni ibiki bishobora kudufasha guha agaciro ivyo dufise?

2 Nimba ukiri muto, ukaba kumbure uri umuyabaga canke urenza gatoya imyaka 20, ni igiki ubona ko gihambaye? Abantu benshi mw’isi babona ko ubuzima bushingiye ku bintu, nk’umushahara munini, inzu nziza canke ivyuma bigezweho vyo mu buhinga bwa none. Ariko rero, nimba ivyo ari vyo gusa bituraje ishinga, hariho ikintu gihambaye duhajije, na co kikaba ari ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu. Ikibabaje ni uko abantu amamiliyoni muri iki gihe bataranatangura kuburondera. Mwebwe abakiri bato mwarezwe n’abavyeyi bakirisu, mutegerezwa kwiyubara kugira ntimwibagire agaciro k’intoranwa yo mu vy’impwemu mwaronse. (Mat. 5:3) Kutayiha agaciro birashobora kugira inkurikizi zibabaje zoshobora kwonona ubuzima bwanyu bwose.

3 Yamara rero, murashobora kwirinda ico kintu. Ni ibiki vyobafasha guha agaciro intoranwa yanyu yo mu vy’impwemu? Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe bwo muri Bibiliya budufasha kubona igituma biranga ubukerebutsi guha agaciro intoranwa yacu yo mu vy’impwemu. Uburorero tugira twihweze ntibufasha abakiri bato gusa, ariko kandi burafasha umukirisu wese guha agaciro ubutunzi bwo mu vy’impwemu afise.

NTIBABIHAYE AGACIRO

4. Muri 1 Samweli 8:1-5 havuga iki ku vyerekeye abahungu ba Samweli?

4 Bibiliya irimwo inkuru z’abantu bamwebamwe baronse intoranwa ikomeye yo mu vy’impwemu mugabo ntibayiha agaciro. Ivyo vyarashitse mu muryango w’umuhanuzi Samweli, uwakoreye Yehova kuva akiri muto, kandi akaba yari afise izina ryiza imbere y’Imana. (1 Sam. 12:1-5) Samweli yarahaye abahungu biwe Yoweli na Abiya akarorero vyari kuba vyiza biganye. Mugabo rero, aho kugaha agaciro, babaye abantu babi. Bibiliya itubwira yuko ‘bagoreka urubanza,’ aho kumera nk’umuvyeyi wabo.Soma 1 Samweli 8:1-5.

5, 6. Abahungu ba Yosiya n’umwuzukuru wiwe vyabagendeye gute?

5 Ukwo ni ko vyagendeye abahungu b’Umwami Yosiya. Yaratanze akarorero keza cane mu bijanye no gusenga Yehova. Igihe igitabu c’Itegeko ry’Imana catorwa maze bakakimusomera, yaciye yihatira gushira mu ngiro ubuyobozi buva kuri Yehova. Yarakuye muri ico gihugu ivyo gusenga ibigirwamana n’ubupfumu, yongera araremesha abantu kugamburukira Yehova. (2 Abm. 22:8; 23:2, 3, 12-15, 24, 25) Ese ukuntu iyo ari intoranwa ikomeye yo mu vy’impwemu abahungu biwe baronse! Batatu mu bahungu biwe be n’umwuzukuru wiwe bahavuye baba abami, ariko nta n’umwe muri bo yerekanye ko aha agaciro iyo ntoranwa.

6 Umuhungu wa Yosiya ari we Yehowahazi yaramusubiriye ku ngoma, mugabo yakora “ivyari bibi mu maso ya Yehova.” Yatwaye amezi atatu gusa imbere y’uko Farawo wo mu Misiri amushira mu mvuto, kandi Yehowahazi yapfuye ari imbohe. (2 Abm. 23:31-34) Mu nyuma, mwenewabo Yehoyakimu yaratwaye imyaka 11. Na we nyene ntiyahaye agaciro akarorero ka se. Kubera inyifato mbi ya Yehoyakimu, Yeremiya yavuze ku bimwerekeye ati: “Azohambwa nk’uko bahamba indogobwa y’ingabo.” (Yer. 22:17-19) Abandi basubiriye Yosiya ku ngoma, ni ukuvuga umuhungu wiwe Zedekiya n’umwuzukuru wiwe Yehoyakini, na bo nyene ntibari beza kandi ntibahisemwo inzira zigororotse za Yosiya.2 Abm. 24:8, 9, 18, 19.

7, 8. (a) Salomo yapfishije ubusa gute intoranwa yiwe yo mu vy’impwemu? (b) Twigira iki ku burorero buvugwa muri Bibiliya bw’abapfishije ubusa intoranwa yabo yo mu vy’impwemu?

7 Salomo yari umwami yigiye vyinshi kuri se Dawidi. Naho yaronse umuvyeyi amuha akarorero keza mu vy’impwemu kandi akaba yatanguye neza, yahavuye areka guha agaciro inzira igororotse. Bibiliya igira iti: “Mu gihe c’ubusaza bwa Salomo, abagore biwe bari barahengekeye umutima wiwe ku gukurikira izindi mana; nuko umutima wiwe ntiwaba uwukwiye ku vyerekeye Yehova Imana yiwe, nk’umutima wa Dawidi se wiwe.” (1 Abm. 11:4) Ivyo vyatumye Salomo ataba agishimwa na Yehova.

8 Ese ukuntu bibabaje kubona abo bagabo bararonse akaryo ko kumenya Yehova no gukora ibigororotse, mugabo bakabipfisha ubusa! Yamara rero, si abakiri bato bose bo mu bihe vya Bibiliya bavyifashemwo gutyo, kandi no muri iki gihe si bose bavyifatamwo nabi. Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe bwiza abakirisu bakiri bato bashobora kwigana.

BARABIHAYE AGACIRO

9. Ni gute abahungu ba Nowa badusigiye akarorero keza? (Raba ishusho itangura.)

9 Abahungu ba Nowa baradusigiye akarorero keza. Se wabo yategetswe kwubaka ubwato, akabwinjizamwo abo mu rugo rwiwe bose. Biboneka ko abahungu ba Nowa batahuye yuko bakwiye gukora ivyo Yehova agomba. Bategerezwa kuba barasenyera ku mugozi umwe n’umuvyeyi wabo. Mu nyuma, baramufashije kwubaka ubwo bwato, maze barabwinjiramwo. (Ita. 7:1, 7) None bari bafise intumbero iyihe? Mw’Itanguriro 7:3 havuga yuko binjije ibikoko mu bwato “kugira uruvyaro rwavyo ruze rurokoke, rugwire kw’isi yose.” Abantu na bo nyene bararusimvye. Kubera ko abahungu ba Nowa bahaye agaciro ivyo bari bararonse biciye kuri se wabo, baratewe agateka ko gufasha kuzigama umuryango w’abantu no kugarukana ugusenga kw’ukuri kw’isi ityoroye.Ita. 8:20; 9:18, 19.

10. Abasore bane b’Abaheburayo bari i Babiloni berekanye gute ko baha agaciro ukuri bari barize?

10 Haciye ibinjana bitari bike, abasore b’Abaheburayo bane barerekanye yuko bari baratahuye igihambaye vy’ukuri ico ari co. Hananiya, Mishayeli, Azariya na Daniyeli baratwawe i Babiloni mu 617 Imbere ya Kristu. Bari abasore beza kandi baciye ubwenge bari gushobora kuroranirwa muri Babiloni bitagoranye. Ariko nta vyo bahisemwo. Ivyo bakoze birerekana yuko bibuka intoranwa yabo, ni ukuvuga ivyo bari barigishijwe. Abo basore bane barahezagiwe cane kubera ko bisunze ukuri bari barigishijwe bakiri bato.Soma Daniyeli 1:8, 11-15, 20.

11. Abandi bungukiye gute ku vyo Yezu yari yarigishijwe?

11 Ntitworangiza kurimbura uburorero bwiza tudashizemwo aka Yezu Umwana w’Imana. Se wiwe yari yaramwigishije vyinshi, kandi yarabiha agaciro koko. Kuba yaraha agaciro ivyo yari yarigishijwe birabonekera muri aya majambo yavuze ati: “Nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu.” (Yoh. 8:28) Vyongeye, yaripfuza ko abandi bungukira kuri ivyo bintu yari yarigishijwe. Yabwiye amasinzi y’abamwumviriza ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:18, 43) Yarabafashije kubona ko bari bakwiye ‘kutaba ab’isi,’ na yo ikaba idaha agaciro ibintu vy’impwemu.Yoh. 15:19.

NUHE AGACIRO IVYO WARONSE

12. (a) Ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:14-17 bihuye gute n’ukuntu ivy’abakiri bato benshi bo muri iki gihe vyifashe? (b) Ni ibibazo ibihe abakirisu bakiri bato bakwiye kwibaza?

12 Cokimwe n’abo bakiri bato duhejeje kuvuga, na wewe nyene ushobora kuba warezwe n’abavyeyi biyeguriye Yehova Imana. Nimba ari uko biri, ivyo Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye Timoteyo bishobora kuba bihuye neza n’uko ivyawe vyifashe. (Soma 2 Timoteyo 3:14-17.) Biciye ku bavyeyi bawe, ‘warize’ ivyerekeye Imana y’ukuri be n’ukuntu woyihimbara. Abavyeyi bawe bashobora kuba batanguye kukwigisha kuva ukiri uruhinja. Nta gukeka ko vyafashije cane mu kukugira “inkerebutsi ku bw’ubukiriro biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu” vyongera biragufasha kuronka “ibikenewe vyose” ku bw’umurimo w’Imana. Ikibazo gihambaye rero ni iki: Woba uzokwerekana ko uha agaciro ivyo waronse? Hari aho ivyo vyogusaba ko wisuzuma. Niwibaze uti: ‘Niyumva gute kubona ndi mu rutonde rurerure rw’ivyabona b’abizigirwa? Niyumva gute kubona ndi mu bantu basa n’abari ku rushi bo kw’isi bazwi n’Imana? Noba ntahura ukuntu kumenya ukuri ari agateka kadasanzwe kandi gahambaye?’

Wiyumva gute kubona uri mu rutonde rurerure rw’ivyabona b’abizigirwa? (Raba ingingo ya 9, 10, 12)

13, 14. Ni igiki abakirisu bakiri bato bamwebamwe bagerageza gukora, ariko ni kubera iki ivyo bitaranga ubukerebutsi? Tanga akarorero.

13 Abakiri bato bamwebamwe barezwe n’abavyeyi bakirisu boshobora kutabona ukuntu iparadizo yo mu vy’impwemu turimwo itandukanye cane n’isi ya Shetani y’umwiza. Hari mbere abagerageje guhonja iyi si. Ariko none woba wokwiruka imbere y’imodoka iriko iragenda kugira gusa wumve nimba woshobora kubabara canke mbere gupfa? Oya nawe nu! Muri ubwo buryo nyene, ntibikenewe ko tuja mu ‘rushanga rw’ubuhumbu’ rwo muri iyi si kugira gusa twibonere ukuntu vyoshobora kudutera umubabaro ukomeye.1 Pet. 4:4.

14 Uwitwa Gener aba muri Aziya, yarerewe mu muryango w’abakirisu. Yabatijwe afise imyaka 12. Ariko rero ageze mu buyabaga, yarakwegakwezwe n’iyi si. Avuga ati: “Nashaka kugira icitwa ngo ni umwidegemvyo isi itanga.” Gener yaratanguye kugira ubuzima burimwo tubiri. Igihe yari afise imyaka 15, yari yaratanguye kwigana zimwe mu ngeso z’abagenzi biwe babi. Yaraborerwa akongera agakoresha imvugo mbi nka bo. Akenshi Gener yataha amasaha yarenze, ahejeje gukina n’abagenzi biwe udukino tw’ubukazi two kuri orodinateri. Ariko rero uko igihe carengana, yaratanguye kubona ko ibikwegakwega vyo muri iyi si bitatuma ahimbarwa vy’ukuri. Yarumva ko ata kigenda. Ubu yaragarukanywe mw’ishengero, akaba avuga ati: “Hariho ibintu vyinshi bikingora, ariko imihezagiro ya Yehova irabiruta kure n’iyo.”

15. Mbere n’abakiri bato batarezwe n’abavyeyi bakirisu bakwiye kuzirikana ku ki?

15 Ariko ntiwumve, hariho abandi bakiri bato bo mw’ishengero batarezwe n’abavyeyi bakirisu. Nimba uri umwe muri abo, nuzirikane ku gateka keza igitangaza wifitiye kubera ko uzi Umuremyi kandi ukaba umukorera! Kw’isi hari abantu amamiliyaridi. Ku bw’ivyo, ni umuhezagiro vy’ukuri kuba mu bo Yehova yakwegereye kandi yahishuriye ukuri kwo muri Bibiliya abigiranye umutima mwiza. (Yoh. 6:44, 45) Ufashe abantu 1.000 bariho ubu, umwe gusa ni we afise ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri, na we akaba ari wewe. Ivyo none ntibikwiye gutuma twese tunezerwa, naho twoba twamenye ukuri mu buryo ubuhe? (Soma 1 Abakorinto 2:12.) Gener avuga ati: “Ndahinda agashitsi iyo niyumviriye ico kintu. Ndi nde kugira ngo menywe na Yehova, Nyene ijuru n’isi?” (Zab. 8:4) Mushiki wacu umwe wo muri Aziya nyene, yavuze ati: “Abanyeshure usanga baryoherwa cane no kuba gusa bazwi n’umwigisha wabo. Ese ukuntu kumenywa na Yehova wa Mwigisha Mukuru, ari agateka gahambaye kuruta!”

UZOKORA IKI?

16. Ni ikintu kiranga ubukerebutsi ikihe abakirisu bakiri bato bo muri iki gihe bohitamwo?

16 Uravye agateka ntangere wifitiye, ubona gute urushirije kugira umwiyemezo wo kuguma muri abo bantu bari ku rushi bakoze ikintu kibereye mu buzima bwabo? Muri ubwo buryo, urashobora kuja mu rutonde rurerure rw’abasavyi b’Imana b’abizigirwa. Ivyo biraranga ubukerebutsi cane kuruta gupfa gukurikira abakiri bato benshi bariko bajana n’iyi si mu mahonero, ukamengo ntibagira ubwenge.2 Kor. 4:3, 4.

17-19. Ni kubera iki biranga ubukerebutsi kuba uwutandukanye n’isi?

17 Ariko ntiwumve, ivyo ntibisobanura yuko kwitandukanya n’isi vyama vyoroshe. Yamara rero, biraranga ubukerebutsi tubigize. Tubitangire akarorero: Zirikana ku munonotsi ari muri ya mahiganwa mpuzamakungu. Nta gukeka ko ategerezwa kuba uwutandukanye n’abandi kugira ashike kuri urwo rwego. Birashoboka ko ategerezwa kwiyima ibintu vyinshi vyomutwara umwanya kandi bikamusamaza, bigatuma atimenyereza neza. Yamara rero, ukuba yemera kuba uwutandukanye n’abo mu runganwe rwiwe bituma arushiriza kwimenyereza, maze agashika ku ntumbero yiwe.

18 Abantu b’iyi si ntibabona kure. Niwabona kure, ukitandukanya n’iyi si kandi ukirinda ibikorwa vyayo vyonona mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu, “[uzocakira] ubuzima nyakuri.” (1 Tim. 6:19) Umwe mushiki wacu twavuga, agira ati: “Iyo ushigikiye ivyo wemera, usozera umusi wiyumva ikilo. Birerekana ko uba waronse inkomezi zo kunanira isi ya Shetani. N’igihambaye kuruta, uca umera nk’uwubona Yehova Imana anezerewe kubera wewe yongera akumwenyurira! Ivyo biba igihe udaterwa isoni no kuba uwutandukanye n’abandi!”

19 Iyo umuntu yibanda ku vyo ashobora kuronka ubu gusa, ubuzima buca buba impfagusa. (Umus. 9:2, 10) Nimba ukiri muto kandi ukaba uzirikana ata gufyina ku ntumbero y’ubuzima bwawe no ku kiringo bushobora kumara, ubwo ntivyoba biranga ubukerebutsi wirinze “kugenda nk’uko abo mu mahanga” bagenda, maze ukagira ubuzima buri n’intumbero vy’ukuri?—Ef. 4:17; Mal. 3:18.

20, 21. Igihe dufashe ingingo zibereye bituma twironkera iki, mugabo Imana itwitezeko iki?

20 Igihe dufashe ingingo zibereye, bituma tugira ubuzima buhimbaye muri iki gihe, bigatuma dushobora “[ku]zotorana isi,” ni ukuvuga kuronka ubuzima budahera. Hari ivyiza vyinshi cane tubikiwe ku buryo mbere tutoshobora kuvyiyumvira vyose. (Mat. 5:5; 19:29; 25:34) Ni ivy’ukuri ko Imana idapfa kuduha ibintu gutyo gusa. Hariho ico idusaba. (Soma 1 Yohani 5:3, 4.) Ariko rero kuyikorera tudahemuka muri iki gihe si ivy’impfagusa!

21 Ese ukuntu ari agateka gahambaye kuba Imana yaraduhaye ibintu vyinshi cane! Turafise ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Ijambo ryayo kandi turatahura neza ukuri kuyerekeye be n’imigambi yayo. Twaratewe agateka ko kwitirirwa izina ryayo no kuba Ivyabona vyayo. Imana idusezeranira ko iri ku ruhande rwacu. (Zab. 118:7) Ese twese abato n’abakuze, twokwerekana ko tubiha agaciro mu kubaho mu buryo bugaragaza ko twipfuza cane guha Yehova ‘ubuninahazwa ibihe vyose!’Rom. 11:33-36; Zab. 33:12.