Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ukwiye guhindura ingingo wafashe?

Woba ukwiye guhindura ingingo wafashe?

UMUGWI umwe w’ abakirisu bakiri bato uhisemwo kuja kuraba ireresi. Bumvise benshi bo mu runganwe rwabo kw’ishure bavuga ko iryoshe cane. Bashitse ku nyubakwa iberamwo iyo reresi, bararaba ku bipapuro bimanitse bakabona ibirwanisho bikomakomeye be n’abagore batikwije. None baza gukora iki? Boba baza gupfa kwinjira maze bakaraba iyo reresi?

Ico kintu kirerekana yuko buri musi dufata ingingo zoshobora gutuma ubucuti dufitaniye na Yehova bukomera canke bwononekara. Vyoshobora gushika ugafata ingingo yo gukora ikintu, mugabo usubiye kuyisuzuma witonze ugaca uhindura ivyiyumviro. Ukwo kwoba gusa ari ukuba mahindagu canke hari aho vyoba bibereye?

Igihe udakwiye guhindura ingingo wafashe

Urwo dukunda Yehova rwatumye tumwegurira ubuzima bwacu maze turabatizwa. Turipfuza cane kuguma turi abizigirwa kuri we. Ariko rero, umwansi wacu Shetani yiyemeje gusenyura ugutungana kwacu. (Ivyah. 12:17) Twafashe ingingo yo gukorera Yehova no kugamburuka amategeko yiwe. Ese ukuntu vyoba bibabaje duhinduye iyo ngingo! Emwe, twoshobora kuhasiga agatwe.

Haraciye imyaka irenga 2600 Nebukadinezari Umwami wa Babiloni ashinze igishusho amahero c’inzahabu maze atanga itegeko ry’uko abantu bose bacunamira bakagisenga. Umuntu wese atari kubigira yari guca atererwa mw’itanure ry’umuriro ururumba. Abasavyi ba Yehova batatu bamutinya ari bo Shaduraki, Meshaki na Abedinego, ntibagamburutse iryo tegeko. Kubera ko batunamiye ico gishusho, baraterewe muri iryo tanure ry’umuriro ururumba. Naho Yehova yabakijije ku gitangaro, bari bafise umutima ukunze wo kwemera kuhasiga ubuzima aho kudohoka ku ngingo bari bafashe yo gukorera Imana.Dan. 3:1-27.

Mu nyuma, umuhanuzi Daniyeli yagumye asenga naho bari bamugizeko iterabwoba ry’uko bomutereye mu cobo c’intambwe. Yabandanije gusenga Yehova gatatu ku musi nk’uko yari asanzwe abigira. Daniyeli ntiyahinduye umwiyemezo yari afise wo gusenga Imana y’ukuri. Ivyo vyatumye uwo muhanuzi arokorwa “mu cobo c’intambwe.”Dan. 6:1-27.

Abasavyi b’Imana bo mu gihe ca none na bo nyene babaho bisunga ukwiyegura kwabo. Kw’ishure rimwe ryo muri Afrika, hari umugwi w’abanyeshure b’Ivyabona vya Yehova banse kuramutsa ikimenyetso kiranga igihugu mu birori iryo shure ryariko riragira. Barabateye ubwoba yuko bobirukanye kw’ishure baramutse batifatanije n’abandi banyeshure. Mu nyuma, umushikiranganji w’indero yaraje muri ico gisagara maze aravugana na bamwebamwe muri abo banyeshure b’Ivyabona. Ivyo Vyabona bakiri bato baramusiguriye impagararo yabo babigiranye urupfasoni ariko badatinya. Kuva ico gihe, ico kibazo nticasubiye kuvyuka. Ubu abo bene wacu na bashiki bacu bakiri bato barashobora kuja kw’ishure ata wubatera ubwoba ngo bagambararire Yehova.

Rimbura kandi ivyashikiye Joseph, umukenyezi wiwe akaba yararwaye kanseri maze apfa bukwi na bukwi. Incuti za Joseph zaratahuye ivyipfuzo vyiwe ku bijanye n’amaziko zongera ziravyubahiriza. Ariko rero incuti z’umugore wiwe si Ivyabona vya Yehova, zikaba zashaka ko hagirwa imigenzo imwimwe, ushizemwo n’iyidahimbara Imana. Joseph yigana ati: “Igihe nanka kudohoka, baciye bagerageza kwosha abana banje, bano bakaba bagumye bashikamye. Izo ncuti zaragerageje kandi gutunganya ivyo guteramira ikiziga muhira iwanje nk’uko bisanzwe bigirwa. Nababwiye ko bipfuza kubigira boja ahandi atari iwanje. Bari bazi ko ivyo guteramira ikiziga bidahuye n’ivyo nemera be n’ivyo umugore wanje yemera atarapfa. Hamaze kuba impari nyinshi, baragiye kubigirira ahandi.”

Abandanya ati: “Muri ico kiringo kitoroshe co kugandara, naratakambiye Yehova ngo adufashe ntiturenge ku mategeko yiwe. Yarumvise amasengesho yanje kandi yaradufashije kuguma dushikamye naho twari mu mukazo.” Joseph n’abana biwe ntibigeze biyumvira ko bohindura ingingo bari bafashe ku bijanye n’ugusenga kwabo.

Igihe woshobora guhindura ingingo wafashe

Haciye igihe gito Pasika yo mu 32 Inyuma ya Kristu ibaye, hari umugore atari Umwisirayelikazi yaje aho Yezu Kristu yari mu karere k’i Sidoni. Uwo mugore yagumye amusaba ngo yirukane idayimoni yari mu mukobwa wiwe. Mu ntango nta na kimwe Yezu yamwishuye. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Nta wundi natumweko atari ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli.” Igihe uwo mugore yaguma amugobera, Yezu yamubwiye ati: “Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera utubwa.” Mu kwerekana ukwizera gukomeye yari afise, uwo mugore yasubijeyo ati: “Egome, Mukama; ariko mu vy’ukuri utubwa twirira ku tuvunguka dukoroka tuva ku meza ya ba shebuja.” Yezu yaciye yemera ivyo yariko aramusaba maze arakiza nya mukobwa wiwe.Mat. 15:21-28.

Mu kubigenza gutyo, Yezu yariko arigana Yehova mu bijanye no kugira umutima ukunze wo guhindura ivyiyumviro igihe bikenewe. Nk’akarorero, Yehova yarafashe ingingo yo kurandura Abisirayeli igihe bakora inyana y’inzahabu, mugabo Musa aramwinginga ngo ntabice kandi yaremeye guhindura iyo ngingo.Kuv. 32:7-14.

Intumwa Paulo yariganye Yehova na Yezu. Paulo yaramaze igihe kinaka abona ko bitabereye kujana na Yohani Mariko ku ngendo zabo z’ubumisiyonari kubera ko Mariko yari yarataye Paulo na Barunaba ku rugendo rwabo rwa mbere rw’ubumisiyonari. Ariko rero, biboneka ko mu nyuma Paulo yatahuye ko Mariko yari yikubise agashi be n’uko yomufashije cane. Ni co gituma Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Hitana Mariko muzanane, kuko ambera kirumara ku bw’igikorwa c’ubusuku.”2 Tim. 4:11.

Tweho bite? Mu kwigana Dawe wa twese wo mw’ijuru w’umunyembabazi kandi yihangana, hari aho twosanga bibereye ko duhindura ingingo twafashe. Nk’akarorero twoshobora guhindura ukuntu twiyumvira abandi. Twebwe ntitumeze nka Yehova na Yezu kuko turi abanyagasembwa. Nimba bemera guhindura ingingo bafashe, ubwo tweho ntitworaba ukuntu ivy’abandi vyifashe maze kumbure tugahindura ivyiyumviro?

Guhindura ingingo twafashe coshobora kuba co kintu ciza twokora igihe twishingira imigambi ya gitewokarasi. Abantu bamwebamwe biga Bibiliya kandi bamaze igihe bitaba amakoraniro y’ishengero, boshobora kwigiza inyuma ivyo kubatizwa. Bene wacu bamwebamwe na bo boshobora kugonanwa gukora umurimo w’ubutsimvyi, naho nyene vyoba bishoboka ko bagura ubusuku bwabo muri ubwo buryo. Abandi na bo basa n’abadashaka kurondera gushikira amabanga mw’ishengero. (1 Tim. 3:1) Vyoba bimaze gushika ukiyumva gutyo? Yehova aragutera akamo abigiranye urukundo ngo uterwe utwo duteka. Ubona gute none uhinduye ivyiyumviro maze ukironkera umunezero uva ku kwitanga kugira ukorere Imana be n’abandi?

Guhindura ingingo wafashe vyoshobora kuvamwo ivyiza

Ella avuga ku bijanye n’umurimo arangurira ku biro vy’ishami bimwe vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Afrika, ati: “Igihe naza muri Beteli ubwa mbere, sinari nzi ko nohamaze igihe kirekire. Naripfuza gukorera Yehova n’umutima wanje wose, ariko kandi nariyumvamwo cane abo mu muryango wacu. Mu ntango, inkumbu zaranyica! Mugabo uwo twabana mu cumba yarandemesheje, nca mfata ingingo yo kugumaho. Ndamaze imyaka cumi kuri Beteli kandi nipfuza kubandanya nkorera abo dusangiye ukwemera igihe kirekire gishoboka kuri Beteli.”

Igihe utegerezwa guhindura ingingo wafashe

Woba wibuka ivyashikiye Kayini igihe yagirira ishari mwene wabo maze akarungura n’ishavu ryinshi? Imana yabwiye uwo mugabo yari yiraburaniwe mu maso yuko yoshizwe hejuru aramutse ahindukiye agakora iciza. Imana yahanuye Kayini ngo arushe inguvu igicumuro cari “kibunze ku bwinjiriro.” Kayini yari gushobora guhindura agatima n’ingingo yari yafashe, mugabo yahisemwo kwirengagiza impanuro Imana yari yamuhaye. Ikibabaje ni uko Kayini yishe mwene wabo maze aba we mwicanyi wa mbere!Ita. 4:2-8.

Vyari kugenda gute iyo Kayini ahindura ingingo yari yafashe?

Rimbura kandi akarorero k’Umwami Uziya. Mu ntango, yakora ivyari bibereye mu maso ya Yehova kandi yabandanije kurondera Imana. Ariko rero ikibabaje, Uziya yaracafuje izina ryiwe mu kugira ubwibone. Yarinjiye mu rusengero gushikana imibavu kandi atari umuherezi. None igihe abaherezi bamugabisha ngo ntakore ico gikorwa co kwita imbere, yoba yarahinduye ingingo yari yafashe? Uwokubesha. Uziya yaciye ‘arakara’ maze arirengagiza iyo ngabisho. Yehova yaciye amuteza imibembe.2 Ngo. 26:3-5, 16-20.

Mu vy’ukuri, hari igihe biba ngombwa ko duhindura ingingo tuba twafashe. Raba akarorero ko mu gihe ca none. Joachim yabatijwe mu 1955, mugabo mu 1978 yaraciwe. Haciye imyaka irenga 20, yarigaye maze arasubira kuba Icabona ca Yehova. Hari umukurambere aheruka kumubaza igituma yarindiriye igihe kingana gutyo atarasaba kugarukanwa. Joachim yishuye ati: “Nari mfise ishavu n’ubwibone. Ndicuza kuba nararindiriye igihe kingana gutyo. Naho nari naraciwe, nari nzi ko Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri.” Yari akeneye guhindura inyifato no kwigaya.

Twoshobora gushikirwa n’ikintu gisaba ko duhindura ivyiyumviro canke ingendo yacu. Ese twogira umutima ukunze wo kubigira kugira ngo tube abahimbaye imbere ya Yehova.Zab. 34:8.