Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Yari azi inzira’

‘Yari azi inzira’

GUY HOLLIS PIERCE, akaba yari uwo mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi ku wa kabiri igenekerezo rya 18 Ntwarante 2014. Yari afise imyaka 79 igihe icizigiro ciwe co kuba umwe mu bavukanyi ba Kristu bazutse caranguka.Heb. 2:10-12; 1 Pet. 3:18.

Guy Pierce yavukiye i Auburn, muri Kaliforniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku wa 6 Munyonyo 1934, abatizwa mu 1955. Yubakanye n’umukenyezi wiwe yikundira Penny mu 1977 kandi baravyaranye abana. Kuba yari serugo biri mu vyatuma yifata kivyeyi. Mu 1982, we na Penny bari abatsimvyi, mu 1986 aca aba umucungezi w’umuzunguruko imyaka 11 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu 1997, Guy Pierce na Penny barabaye abo mu bagize umuryango wa Beteli muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Umuvukanyi Pierce yarakoreye mu Rwego rujejwe umurimo, mu 1998 aragenwa ngo afashe muri Komite nshingwabakozi y’Inama Nyobozi. Itangazo ry’uko umuvukanyi Pierce yagenywe ngo abe mu bagize Inama Nyobozi ryashikirijwe ku wa 2 Gitugutu 1999 kuri rya teraniro ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania rigira buri mwaka. Muri iyi myaka iheze, yarakoreye muri Komite nshingwabakozi, muri Komite nshingwayandika, muri Komite ijejwe gusohora ibitabu no muri Komite y’abahuzabikorwa.

Abantu batandukanye kandi b’imico kama itari imwe barumva bakwegerewe n’umuvukanyi Pierce kubera yakunda kumwenyurana igishika no gutwenza. Ariko rero kamere zatuma ahanini abandi bamukunda cane ni urukundo yagaragaza, ukwicisha bugufi kwiwe, ukuba yarubaha amategeko be n’ingingo ngenderwako bigororotse hamwe no kuba yarizera Yehova aherejeko. Guy Pierce yabona ko vyari gushoboka cane yuko izuba rireka guseruka hako imihango ya Yehova ireka kuranguka, kandi yashaka kubwira isi yose ukwo kuri.

Umuvukanyi Pierce yarakorera Yehova atiziganya. Yavyuka hakiri kare mu gitondo kandi akenshi yarakora gushika ijoro ryitereye. Ingendo yagize aja kuremesha abo basangiye ukwemera zatumye ashika hirya no hino kw’isi kandi ntiyigera afatirwa ku buryo aburira umwanya Umunyabeteli umwumwe wese be n’abandi baba bipfuza ko yifatanya na bo, ko abahanura canke abafasha. Mbere n’igihe haba haciye imyaka itari mike, usanga abo basangiye ukwemera bibuka ubwakiranyi yabagaragarije, ukuntu yabafashe kigenzi be n’indemesho zishingiye ku Vyanditswe yabahaye.

Umuvukanyi wacu akaba n’umugenzi twikundira, asize umukenyezi n’abana batandatu hamwe n’abuzukuru be n’abuzukuruza. Yari afise n’abana bo mu buryo bw’impwemu benshi cane. Insiguro y’amaziko y’umuvukanyi Pierce yatangiwe kuri Beteli y’i Brooklyn ku wa gatandatu itariki 22 Ntwarante 2014, ikaba yashikirijwe na mugenziwe wo mu Nama Nyobozi Mark Sanderson. Mu vyo yavuze, yarashizemwo n’ivyerekeye icizigiro c’ijuru umuvukanyi Pierce yari afise, aca asoma amajambo ya Yezu agira ati: “Mu nzu ya Dawe hariho aho kuba henshi. . . . nimba ngiye nkabategurira ikibanza, ndiko ndagaruka kandi nzobakira i muhira iwanje, kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba. Kandi iyo ndiko ndaja murazi inzira ijayo.”Yoh. 14:2-4.

Ego ni ko tuzokumbura cane umuvukanyi Pierce. Mugabo rero, turahimbawe n’uko ‘yari azi inzira’ imushikana ‘aho azoba’ ibihe vyose.