Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turindire iherezo ry’iyi si ishaje twunze ubumwe

Turindire iherezo ry’iyi si ishaje twunze ubumwe

“Turi ibihimba vya bagenzi bacu.”EF. 4:25.

1, 2. Imana yipfuza ko abasavyi bayo bakiri bato n’abakuze bayisenga gute?

WOBA ukiri muto? Nimba ari ko biri, numenye neza ko uri uw’agaciro vy’ukuri kuko uri mu bagize ishengero rya Yehova rikwiye kw’isi yose. Mu bihugu vyinshi, benshi mu babatizwa usanga ari abakiri bato. Ese ukuntu biremesha kubona abakiri bato benshi bifatanya n’abafashe ingingo yo gukorera Yehova!

2 Wewe ukiri muto, woba uhimbarwa no kwifatanya n’abandi bakiri bato? Hari aho vyoba biguhimbara. Hari ukuntu tugira agahimbare igihe twifatanije n’abo mu runganwe rwacu mu bihe vyiza. Ariko rero twaba tukiri bato canke twitereye mu myaka, tukaba dukomoka hehe canke twaciye mu biki, Imana yipfuza ko tuyisenga twunze ubumwe. Intumwa Paulo yanditse ko Imana igomba yuko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4) Mu Vyahishuwe 7:9, havuga ko abasavyi b’Imana bava mu “mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.”

3, 4. (a) Ni agatima akahe abakiri bato benshi muri iki gihe bafise? (b) Ni agatima akahe gahuye n’ibivugwa mu Banyefeso 4:25?

3 Ese ukuntu abasavyi ba Yehova bakiri bato batandukanye n’abakiri bato bo muri iyi si! Abadakorera Yehova benshi usanga barangwa n’ubwikunzi, bironderera gusa ivyo bipfuza. Abashakashatsi bamwebamwe bavuga ko ari “Iyaruka ryikwegerako.” Biciye ku kuntu bavuga no ku kuntu bambara, barerekana ko bakengera abababoneye izuba, bakababona nk’abari inyuma y’amajambere.

4 Ako gatima kariraye hose. Bisaba rero ko abasavyi ba Yehova bakiri bato bagira akigoro gakomeye kugira birinde ako gatima maze bemere kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Mbere no mu kinjana ca mbere, Paulo yarabonye ko bikenewe guhimiriza abo basangiye ukwemera ngo birinde “ya mpwemu ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi,” iyo “[ba]genderamwo kera.” (Soma Abanyefeso 2:1-3.) Abakiri bato babona ko bikenewe kwirinda ako gatima maze bagakora bunze ubumwe n’abavukanyi babo bose, barakwiye gukezwa. Ako gatima karahuye n’ivyo Paulo yavuze ati: “Turi ibihimba vya bagenzi bacu.” (Ef. 4:25) Uko twegereza iherezo ry’iyi si ishaje, birarushiriza kuba ibihambaye ko dukorana twunze ubumwe. Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe bwo muri Bibiliya budufasha gutahura ko dukeneye gufatana mu nda, ari kwo kwunga ubumwe.

BARI BAFATANYE MU NDA

5, 6. Inkuru ya Loti n’abakobwa biwe itwigisha iki ku bijanye no gufatana mu nda?

5 Muri kahise,Yehova yarahimbarwa no gukingira abasavyi biwe igihe baba bafashanije bunze ubumwe mu bihe bitoroshe. Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe, baba abato canke abakuze, baragira ico bigiye ku burorero bwo muri Bibiliya. Kamwe muri bwo ni akerekeye Loti.

6 Loti n’umuryango wiwe bari mu kaga gakomeye kubera ko igisagara babamwo ari co Sodomu cagira gitikizwe. Abamarayika b’Imana bahimirije Loti gukura meza, agahungira mu karere k’imisozi. Bamubwiye bati: “Hunga unyage amagara.” (Ita. 19:12-22) Loti yaragamburutse, kandi abakobwa biwe babiri barafatanije na we mu kuva muri ico gisagara. Ikibabaje ni uko izindi ncuti zabo zitifatanije na bo. Abasore bari bareheje abakobwa ba Loti babona ko uwo mutama “yasa n’umuntu yijajurira.” Ivyo vyatumye bahasiga ubuzima. (Ita. 19:14) Loti n’abakobwa biwe bagumye bifatanije na we ni bo bonyene barokotse.

7. Igihe Abisirayeli bava mu Misiri, Yehova yafashije gute abari bunze ubumwe?

7 Rimbura akandi karorero. Igihe Abisirayeli bava mu Misiri, ntibiciyemwo imigwi ngo bamwe bace hariya abandi hariya. Vyongeye, igihe Musa “[y]aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga” maze Yehova akagicamwo kubiri, ntiyajabutse wenyene canke ngo ajane n’Abisirayeli bakeyi gusa. Ahubwo iryo shengero ryose ryarajabutse rikingiwe na Yehova. (Kuv. 14:21, 22, 29, 30) Bari bunze ubumwe, bakaba bari kumwe n’“uruvange runini rw’abantu” batari Abisirayeli bari bifatanije na bo. (Kuv. 12:38) Ni ibitokwiyumvirwa ko abantu bakeyi, kumbure akagwi k’abakiri bato, bari kwijana bagafata inzira biyumvira ko ari nziza. Ubwo none ntibwari kuba ari ubupfu kubigenza gutyo maze ntibakingirwe na Yehova?1 Kor. 10:1.

8. Abasavyi b’Imana bagaragaje gute ubumwe mu gihe ca Yehoshafati?

8 Mu gihe c’Umwami Yehoshafati, abasavyi b’Imana baratewe n’umwansi akomeye, rikaba ryari “isinzi rinini” rivuye mu turere twari tubakikuje. (2 Ngo. 20:1, 2) Birashimishije kubona abo basavyi b’Imana batagerageje kurwanya umwansi bakoresheje inguvu zabo bwite. Ahubwo nyabuna bituye Yehova. (Soma 2 Ngoma 20:3, 4.) Vyongeye, ntibabigize umwe wese ku giti ciwe, nk’uko yabona ko bibereye. Bibiliya ivuga iti: “Abo muri Yuda bose bari bahagaze imbere ya Yehova, mbere n’abana babo batoyi n’abagore babo n’abahungu babo.” (2 Ngo. 20:13) Baba abato canke abakuze, bose barihatiye gukurikiza ubuyobozi bwa Yehova babigiranye ukwizera, kandi yarabakingiye umwansi wabo. (2 Ngo. 20:20-27) Ako none si akarorero keza k’ukuntu twebwe abasavyi ba Yehova twovyifatamwo mu ngorane?

9. Ni igiki twigira ku bumwe abakirisu bo mu ntango bagaragaje?

9 Abakirisu bo mu ntango na bo nyene bari bazwi ko basenyera ku mugozi umwe. Nk’akarorero, aho Abayuda benshi n’abinjiye idini ryabo bamariye gucika abakirisu, barihebeye “inyigisho y’intumwa no gusangira vyose, kwihereza imfungurwa no gusenga.” (Ivyak. 2:42) Ubwo bumwe bwaribonekeje na canecane mu gihe c’uruhamo, igihe nyene bari bakeneraniye. (Ivyak. 4:23, 24) Ntiwemera none ko mu bihe bitoroshe ari ho biba bihambaye cane ko dusenyera ku mugozi umwe?

TWUNGE UBUMWE IMBERE Y’UKO UMUSI WA YEHOVA USHIKA

10. Ni ryari canecane bizoba bihambaye ko twunga ubumwe?

10 Kimwe mu biringo bigoye kuruta ibindi vyose vyigeze kubaho kiri hafi. Umuhanuzi Yoweli avuga ko ico kiringo ari “umusi w’umwiza n’umuzimagiza.” (Yow. 2:1, 2; Zef. 1:14) Ku basavyi b’Imana, kizoba ari igihe co kwunga ubumwe. Niwibuke ko Yezu yavuze ati: “Ubwami bwose bucanyemwo bukirwanya burahona.”Mat. 12:25.

11. Ni igiki abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bigira ku bivugwa muri Zaburi 122:3, 4? (Raba ishusho itangura.)

11 Mu kiringo c’ingorane kigiye gushika kuri iyi si, tuzobwirizwa kwunga ubumwe vy’ukuri. Ubumwe bwo mu buryo bw’impwemu tuzoba dukeneye kugiranira bwoshobora kugereranywa n’ukuntu inzu z’i Yeruzalemu ha kera zari zegeranye. Izo nzu zari zubatse zegeranye cane ku buryo umwanditsi w’amazaburi yavuze ko Yeruzalemu cari “igisagara cafatanirijwe hamwe mu bumwe.” Ivyo vyaratuma abahaba bafashanya bakongera bagakingiranira. Ni ikindi kandi, kuba bari begeranye vyarashobora kugereranya neza ukuntu iryo hanga ryose ryunga ubumwe mu vy’impwemu igihe “imiryango ya Ya” yose yaba ikoraniye hamwe kugira imusenge. (Soma Zaburi 122:3, 4.) Na twebwe nyene turakeneye kuguma “[du]fatanirijwe hamwe mu bumwe” muri iki gihe no mu gihe kigoye kiri imbere.

12. Ni igiki kizodufasha kurokoka igitero kizogabwa ku basavyi b’Imana?

12 Kubera iki bizoba bihambaye cane ko tuba “[du]fatanirijwe hamwe” ico gihe? Muri Ezekiyeli ikigabane ca 38 haravuga ubuhanuzi bwerekeye igitero “Gogi wo mu gihugu ca Magogi” azogaba ku basavyi b’Imana. Ntikizoba ari igihe co kureka ngo hagire ikiducanishamwo. Ntagukeka ko tutazokwitura isi ngo idufashe. Ahubwo riho tuzoba dukeneye gufatana mu nda n’abavukanyi bacu. Ariko ntiwumve, ntituzorokoka kubera gusa tuzoba turi mu mugwi. Yehova n’Umwana wiwe bazorokora abambaza izina rya Yehova, babakure muri ico gihe c’ivyago. (Yow. 2:32; Mat. 28:20) Ariko none, woba wiyumvira ko abatagumye bunze ubumwe n’ubusho bw’Imana bazorokorwa?Mika 2:12.

13. Abakiri bato batinya Imana bashobora kwigira iki ku vyo tumaze kurimbura?

13 Nimba ukiri muto, ubwo ntubona ko biranga ubukerebutsi kuguma wifatanije n’abavukanyi bawe? Nurwanye agatima ko kumara umwanya uri kumwe n’abo mu runganwe rwawe gusa canke ko kwitandukanya n’abo musangiye ukwemera. Turegereje igihe aho abato n’abakuze twese tuzoba dukeneraniye cane! Ubu ni co gihe co kwiga gusenyera ku mugozi umwe, tugatsimbataza ubumwe tuzoba dukeneye cane mu misi iri imbere.

“TURI IBIHIMBA VYA BAGENZI BACU”

14, 15. (a) Yehova amenyereza abato n’abakuze afise intumbero iyihe? (b) Ni impanuro izihe Yehova aduha kugira ngo aturemeshe kwunga ubumwe?

14 Yehova ariko aradufasha ‘kumukorera duhuje inama.’ (Zef. 3:8, 9) Ariko aratumenyereza guhuza n’umugambi wiwe w’ibihe bidahera, na wo akaba ari uwo “gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu.” (Soma Abanyefeso 1:9, 10.) Mu vy’ukuri yipfuza ko ibiremwa vyose vyo mw’ijuru no kw’isi bifise umutima ukunze wo kumusenga vyunga ubumwe, kandi azobikora ata kabuza. Nimba ukiri muto, ivyo vyoba bigufasha kubona ko ukeneye gusenyera ku mugozi umwe n’ishirahamwe rya Yehova?

15 Yehova ariko aratwigisha kwunga ubumwe ubu mu ntumbero yuko twokwunga ubumwe ibihe bidahera. Ivyanditswe biratubwira akatari gake ngo ‘tubabarane kumwe,’ ‘tugiriranire ikibabarwe,’ ‘tugume duhozanya’ twongere ‘twubake bagenzi bacu.’ (1 Kor. 12:25; Rom. 12:10; 1 Tes. 4:18; 5:11) Yehova arazi ko abakirisu ari abanyagasembwa, kandi ivyo vyoshobora gutuma bitugora kwunga ubumwe, akaba ari co gituma dukeneye kwihatira ‘kubabariranira ata gahigihigi.’Ef. 4:32.

16, 17. (a) Imwe mu ntumbero z’amakoraniro ya gikirisu ni iyihe? (b) Abakiri bato bokwigira iki ku karorero Yezu yatanze akiri muto?

16 N’ikindi kandi, Yehova aradushiriraho amakoraniro ya gikirisu kugira adufashe kwiga gufatana mu nda. Turamaze gusoma kenshi indemesho iri mu Baheburayo 10:24, 25. Imwe mu ntumbero z’ayo makoraniro ni “[ukwiyumvirana] kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza.” Ariko kandi, birahambaye ko ayo makoraniro ashirwaho kugira dushobore “[k]uremeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko [t]ubona wa musi wegereza.”

17 Yezu akiri muto, yaratanze akarorero mu bijanye no guha agaciro izo ntunganyo. Igihe yari afise imyaka 12, yari kumwe n’abavyeyi biwe ku mutororokano munini wo mu vy’impwemu. Harageze igihe baramubura, ariko ntiyari yagiye kwifatanya n’abandi bo mu runganwe rwiwe. Ahubwo nyabuna Yozefu na Mariya bamusanze ku rusengero ariko arayaga n’abigisha ku vyerekeye Imana.Luka 2:45-47.

18. Amasengesho dutura adufasha gute kwunga ubumwe?

18 Uretse ko tugiranira urukundo tukongera tugakoresha amakoraniro ya gikirisu kugira dukomeze ubumwe, turashobora no gusengeranira. Igihe dusengeye abavukanyi bacu tudomako, biratwibutsa ko dukwiye kwitwararikana. Abakuze si bo bonyene bashobora canke bakwiye kubigira. Nimba ukiri muto, woba wungukira kuri izo ntunganyo kugira utsimbataze ubumwe ufitaniye n’umuryango w’abo musangiye ukwemera? Ubigize birashobora kugufasha kuzorokoka, iyi si ishaje niyakurwaho.

Twese turashobora gusengera abavukanyi bacu (Raba ingingo ya 18)

TWEREKANE KO “TURI IBIHIMBA VYA BAGENZI BACU”

19-21. (a) Ni mu buryo buhambaye ubuhe twerekana ko “turi ibihimba vya bagenzi bacu”? Tanga uburorero (b) Ni icigwa ikihe ukura ku kuba abavukanyi bamwebamwe barafashije mu gihe c’ivyago vy’ivyaduka?

19 Abasavyi ba Yehova basanzwe bisunga ingingo ngenderwako dusanga mu Baroma 12:5 yerekana ko “umwe wese [ari] igihimba ca mugenziwe.” Ivyo turabibona igihe hateye ivyago vy’ivyaduka. Muri Kigarama 2011, harateye ikivumbuzi catumye mw’izinga rya Mindanao ryo muri Filipine haba umwuzure ukomeye. Muri iryo joro inzu zirenga 40.000 zararengewe n’amazi, harimwo n’iz’abavukanyi zitari nke. Mugabo ibiro vy’ishami bivuga yuko “abavukanyi bo mu tundi turere bari bamaze kurungika imfashanyo n’imbere yuko amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago atangura gukora.”

20 Muri ubwo buryo nyene, igihe ikinyamugigima gikomeye catera mu buseruko bw’Ubuyapani kigatuma haba igisebuzi cataziriwe tsunami, bene wacu na bashiki bacu benshi baratakaje ibintu vyinshi. Hari abasigaye ata na kimwe bafise. Yoshiko, uwatakaje inzu yiwe, yaba nko ku bilometero 40 uvuye ku Ngoro y’Ubwami. Avuga ati: “Mu nyuma, twaratangaye tumenye yuko bukeye bw’aho umucungezi w’umuzunguruko be n’uwundi muvukanyi bari baje kuturondera.” Yongerako amwenyura cane ati: “Twarakengurutse vy’ukuri kubona ishengero ryaritwararitse cane ivyo twari dukeneye mu vy’impwemu. Vyongeye, twararonse amakoti, ibirato, amasakoshi n’impuzu zo kurarana.” Umwe mu bagize komite yo gutabara avuga ati: “Abavukanyi bo hirya no hino mu Buyapani, bariko barakora bagize urunani, bagerageza gufashanya. Hari mbere n’abavukanyi baje bavuye hirya no hino muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira bafashe. Igihe bababaza igituma bagize urugendo rungana ukwo, bavuze bati: ‘Turunze ubumwe n’abavukanyi bacu bo mu Buyapani kandi barakeneye gufashwa.’ ” Ntuhimbarwa none no kuba uri mw’ishirahamwe ryitwararika cane abarigize? Urashobora guhera amazinda ko Yehova ahimbarwa cane no kubona dufise agatima k’ubumwe nk’ako.

21 Kugaragaza ako gatima ubu, bizodufasha kwihanganira ibintu bitesha umutwe vyo muri kazoza tugize urunani, mbere n’igihe twoba tutagihana amakuru n’abavukanyi bo mu mihingo imwimwe y’isi. Nkako, ako gatima karadufasha kwitegurira ingorane zishobora kudushikira uko iyi si ishaje irushiriza kudabuka. Uwitwa Fumiko, akaba yarokotse ikivumbuzi cateye mu Buyapani, avuga ati: “Iherezo riri hafi cane. Turakeneye kubandanya dufasha abo dusangiye ukwemera uko turindirana umushasharo igihe ata vyago vy’ivyaduka bizoba bikiriho.”

22. Ni ivyiza vy’igihe kirekire ibihe biva ku kuba abakirisu bunze ubumwe?

22 Abato n’abakuze bagerageza kuzigama ubumwe ubu, bariko baritegurira vy’ukuri kurokoka umuhero w’iyi si mbi yiciyemwo ibice. Imana yacu izorokora abasavyi bayo nk’uko yabigize muri kahise. (Yes. 52:9, 10) Niwamize ku muzirikanyi ko ushobora kuzoba mu bazorokoka niwihatira kuguma mu basavyi b’Imana bunze ubumwe. Ikindi kintu kizodufasha ni ukurushiriza guha agaciro ivyo tumaze kuronka. Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.