Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova arahezagira cane umutima ukunze

Yehova arahezagira cane umutima ukunze

UMUREMYI wacu yarateye agateka abantu mu kubaha ingabirano y’agaciro y’ubushobozi bwo kwihitiramwo. Vyongeye, arahezagira cane abakoresha ata bwikunzi ubushobozi bwabo bwo kwihitiramwo mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri, bakarangura uruhara rwabo mu kweza izina ryiwe ryeranda kandi bagashigikira umugambi wiwe uhambaye. Yehova ntashaka ko tumugamburukira mu buryo bwo guheza umwuga kubera ubwoba canke agahato. Ahubwo nyabuna, araha agaciro cane abamuyobokera babikunze, babitumwe n’uko bamukunda vy’ukuri kandi bamukengurukira cane.

Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bari mu gahinga ka Sinayi, Yehova yarabasavye kwubaka ikibanza co gusengeramwo. Yavuze ati: “Nimutorere Yehova intererano muri mwebwe ubwanyu. Umuntu wese afise umutima ukunze nayizane ibe intererano ya Yehova.” (Kuv. 35:5) Umwisirayeli wese yari gutanga ivyo ashoboye. Intererano yose yari gutanga avyishakiye, yaba iyihe canke ingana gute, yarashobora gukoreshwa mu buryo bubereye kugira umugambi wa Yehova uranguke. None bavyakiriye gute?

“Umuntu wese umutima wiwe usunitse” be n’ “umuntu wese impwemu yiwe isunitse” yaratanze ishikanwa ritangwa ku bushake, eka “uwufise umutima ukunze wese.” Abagabo n’abagore baragize ico bazanye babikunze ku bw’igikorwa ca Yehova. Bazanye ibipengeri, amahereni, impeta, inzahabu, ifeza, umujumpu, inyuzi z’ubururu, ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, igitambara c’ibara ry’agahama, ilino nziza, ubwoya bw’impene, inshato z’impfizi y’intama zizize ibara ritukura, inshato z’ivyogaruzi, ibiti vy’iminyinya, amabuye y’agaciro, amavuta y’umusomozo be n’amavuta. Bahavuye basanga “nya bikoresho vyari bihagije ku bw’igikorwa cose co gukora, mbere vyari umurengera.”Kuv. 35:21-24, 27-29; 36:7.

Icatumye Yehova anezerwa cane si ibintu batanze, ahubwo ni umutima ukunze w’abo bantu bashigikiye ugusenga gutyoroye muri ubwo buryo. N’ikindi kandi, baravyuriwe umutima wo gutanga umwanya wabo n’inguvu zabo. Iyo nkuru igira iti: “Abagore bose b’umutima wuzuye ubukerebutsi barajish[e] n’amaboko yabo.” Emwe, “abagore bose umutima wabo usunitse bivuye ku bukerebutsi, [barajishe] bwa bwoya bw’impene.” Vyongeye, Yehova yarahaye Bezaleli “ubukerebutsi, n’ugutegera n’ubumenyi be n’ubwoko bwose bw’ubuhinga.” Nkako, Imana yarujuje Bezaleli na Oholiyabu ubukerebutsi bwari bukenewe kugira ngo bakore igikorwa cose bari bashinzwe.Kuv. 35:25, 26, 30-35.

Igihe Yehova yasaba Abisirayeli gutanga intererano, yari yizigiye cane ko “umuntu wese afise umutima ukunze” yoshigikiye ugusenga kw’ukuri. Na we yarahezagiye cane umutima ukunze bagaragaje mu kubaronsa ubuyobozi no mu gutuma bagira umunezero mwinshi. Gutyo, Yehova yarerekanye yuko igihe ahezagiye umutima ukunze w’abasavyi biwe, yitwararika ko baronka ibikoresho n’ubuhanga bikenewe kugira ivyo agomba biranguke. (Zab. 34:9) Niwakorera Yehova ata bwikunzi, ntazobura guhezagira umutima ukunze ugaragaza.