Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Ikiringo gihambaye cane”

“Ikiringo gihambaye cane”

MU 1870, hari umugwi mutoyi w’i Pittsburgh (Allegheny) i Pensilivaniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika watanguye gutohoza Ivyanditswe. Uwo mugwi wari uyobowe na Charles Taze Russell, warize ibijanye n’incungu ya Kristu kandi ntiwatevye gutahura ko ari yo umugambi wa Yehova ushingiyeko. Ese ukuntu banezerejwe no kumenya yuko incungu ituma abantu baronka ubukiriro, mbere n’abatari bwumve ivyerekeye Yezu! Baciye bumva bahimbawe n’uko boza barahimbaza urupfu rwa Yezu buri mwaka mu kumwibuka.1 Kor. 11:23-26.

Umuvukanyi Russell yarabandanije gusohora Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni, uno ukaba warerekana ko incungu ari ikimenyamenya gikomeye c’uko Imana idukunda. Uwo Munara w’Inderetsi wavuze ko igihe c’Icibutso c’urupfu rwa Kristu ari “ikiringo gihambaye cane.” Waciye uhimiriza abawusoma kugihimbaza, haba i Pittsburgh canke ahandi hose mu migwi iri ukwa yonyene. Wabandanije uti: “Naho bogihimbaza ari babiri canke batatu bafise ukwo kwizera kw’agaciro, ni nk’aho Umukama azoba ari kumwe na bo,” mbere naho yoba ari umuntu umwe gusa.

Buri mwaka, abantu baza i Pittsburgh guhimbaza Icibutso baguma biyongera. Ubutumire bwavuga buti: “Abantu b’igishika bahari bazotuma wumva wisanze.” Nkako, Abatohoji ba Bibiliya b’abasangwa baraha indaro babikunze abo basangiye ukwemera bakongera bakabagaburira. Mu 1886, harabaye “Ihwaniro ridasanzwe” ryamaze imisi itari mike inyuma y’Icibutso. Umunara w’Inderetsi wahimirije uti: “Nimuze n’umutima ubogaboga urwo mukunda Databuja, urwo mukunda bene wabo be n’ukuri kwiwe.”

Igicapo cerekana ingene ibimenyetso vy’Icibutso vyatemberezwa mu Ngoro yitwa Itaberenakulo y’i Londres

Abatohoji ba Bibiliya b’i Pittsburgh baramaze imyaka itari mike batunganya amahwaniro y’abizera incungu baba baje ng’aho guhimbaza Icibutso. Uko Abatohoji ba Bibiliya barushiriza kwongerekana ni ko igitigiri c’abakoranira hamwe kugira bahimbaze Icibutso carushiriza kwongerekana hirya no hino kw’isi. Uwitwa Ray Bopp yari mw’ishengero rya Chicago yavuze ko mu myaka ya 1910, vyasaba amasaha atari make kugira ibimenyetso bitemberezwe mu bantu amajana baba bitavye Icibutso, kubera ko wasanga nka bose bihereza ku bimenyetso.

None bakoresha ibimenyetso ibihe? Naho bari bazi yuko Yezu yakoresheje umuvinyu mu gihe ca za Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, Umunara w’Inderetsi wavuze ko vyoba vyiza bakoresheje umutobe w’imizabibu canke w’imizabibu yumye itetse, kugira ngo ntibatsitaze abatihanganira inzoga. Ariko rero, ababona yuko “umuvinyu wambiye ari wo ukwiye gukoreshwa,” barawubaha. Abatohoji ba Bibiliya bahavuye batahura ko umuvinyu utukura utavanze ari wo ubereye kuba ikimenyetso c’amaraso ya Yezu.

Uru rupapuro n’iyi karamu y’igiti vyarahanahanwa mu vyumba vy’ibohero rimwe ryo muri Nikaragwa kugira bandike abitavye Icibutso

Kwibuka urupfu rwa Yezu vyaratuma haboneka akaryo ko kuzirikana cane. Ariko rero mu mashengero amwamwe, wasanga ari ikigandaro gusa kandi urwo rubanza rurangiye, bose bagenda atawukuyeko umunwa. Mu 1934, igitabu Yehova (mu congereza), cavuze yuko abantu badakwiye kugira Icibutso “batuntuye” kubera urupfu rubabaje rwa Yezu, ahubwo ko bakwiye kukigira “banezerewe” kubera ari Umwami aganza kuva mu 1914.

Aba bavukanyi bari bakoraniye mw’ikambi ry’ibikorwa vy’umuruho ry’i Mordoviya mu Burusiya kugira bahimbaze Icibutso mu 1957

Mu 1935, harabaye ihinduka rikomeye ku bijanye n’ingene Icibutso cogiye kirahimbazwa. Ico gihe “ishengero ryinshi”(BY), ari ryo “sinzi rinini” rivugwa mu Vyahishuwe 7:9 ryaramenyekanye iryo ari ryo. Abasavyi ba Yehova babona ko uwo mugwi wari ugizwe n’abakirisu biyeguye mugabo batagira umwete. Ubu, iryo sinzi rinini ryaramenyekanye ko ari abasavyi b’Imana b’intahemuka bafise icizigiro co kuba kw’isi y’iparadizo. Uwitwa Russell Poggensee yarisunze ico kintu yongera arisuzuma yitonze maze avuga ati: “Yehova ntiyanshizemwo icizigiro c’ijuru biciye ku mpwemu yiwe nyeranda.” Umuvukanyi Poggensee be n’abandi benshi b’intahemuka nka we baciye bareka kwihereza ku bimenyetso, mugabo babandanya kwitaba Icibutso.

Muri ico “kiringo gihambaye cane,” amasekeza adasanzwe yo kwamamaza yaratuma bose baronka akaryo keza ko kwerekana yuko bakenguruka incungu. Ikinyamakuru Bulletin co mu 1932 cahimirije abakirisu kutaba “aberanda ku Cibutso,” ni ukuvuga abihereza ku bimenyetso mugabo “vy’ukuri badakora,” ni ukuvuga batamamaza ubutumwa bwerekeye ukuri. Mu 1934, ikinyamakuru Informant carateye akamo abipfuza kuba abatsimvyi bafasha, mu kubaza giti: “Hoba hazoboneka abantu 1.000 biyandikisha mu kiringo c’Icibutso?” Cavuze ku bijanye n’abarobanuwe giti: “Umunezero wabo uba wose mu gihe gusa bagira uruhara mu gikorwa co gushingira intahe Ubwami.” Ukwo nyene ni ko vyahavuye bigenda no ku bafise icizigiro co kuba kw’isi. *

Igihe Harold King yari wenyene mw’ibohero mu Bushinwa, yaranditse ivyese n’indirimbo vyerekeye Icibutso

Abasavyi ba Yehova bose babona ko Icibutso ari umugoroba mweranda kuruta iyindi yose yo mu mwaka. Baragihimbaza naho ibintu vyoba vyifashe nabi gute. Mu 1930, mushiki wacu Pearl English na mukuruwe Ora baragize urugendo rw’ibilometero 80 n’amaguru kugira bitabe Icibutso. Igihe umumisiyonari umwe yitwa Harold King yari wenyene mw’ibohero mu Bushinwa, yaranditse ivyese n’indirimbo vyerekeye Icibutso yongera arakora ibimenyetso vy’Icibutso mu nzabibu zirabura no mu muceri. Uhereye mu Buraya bwo mu Buseruko ukaja muri Amerika yo Hagati gushika muri Afrika, abakirisu b’umutima rugabo bararindutse baribuka urupfu rwa Yezu mu bihe vy’intambara canke mu gihe igikorwa caba kibujijwe. Twaba turi hehe canke ivyacu vyifashe gute, turakoranira hamwe kugira dutere iteka Yehova Imana na Yezu Kristu muri ico kiringo gihambaye cane c’Icibutso.

^ par. 10 Ikinyamakuru Bulletin cahavuye citwa Informant, ubu kikaba citwa Igikorwa dukorera Ubwami.