Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingabirano Abayapani batari biteze

Ingabirano Abayapani batari biteze

KW’ITERANIRO ridasanzwe ryabereye i Nagoya mu Buyapani ku wa 28 Ndamukiza 2013, Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi yarashikirije abari ng’aho itangazo riteye umunezero batari biteze. Yabamenyesheje ko hasohotse agatabu gashasha mu kiyapani gafise umutwe uvuga ngo Bibiliya—Injili yanditswe na Matayo. Abantu barenga 210.000 bariko bakurikira iryo teraniro bari ng’aho canke biciye ku buhinga bwa internet baciye bakoma amashi y’urudaca.

Iyo nteguro y’Injili yanditswe na Matayo y’impapuro 128 ntisanzwe, ikaba yasubiye gucapurwa ikuwe muri Bibiliya y’isi nshasha mu kiyapani. Umuvukanyi Morris yasiguye yuko igenewe “gufasha abo mu cibare gikoresha ikiyapani.” None ako gatabu karangwa n’ibiki? Kubera iki kateguwe? Abantu bakakiriye gute?

KARANGWA N’IBIKI?

Agatabu Injili ya Matayo cari ikintu abari ng’aho batari biteze. Indome z’ikiyapani zirashobora kwandikwa zishinze canke zikitse kandi ibitabu bikeyi ni vyo usanga vyanditse mu buryo bukitse, ushizemwo n’ibisohokayandikiro vyacu biherutse gusohorwa. Ariko rero igisomwa co muri ako gatabu gashasha canditse mu buryo bushinze, kikaba gipanze mu buryo bumenyerewe mu binyamakuru n’ibitabu vyubahwa cane mu Buyapani. Abasomyi benshi b’ikiyapani babona ko igisomwa gipanze muri ubwo buryo coroshe gusoma. Vyongeye, ya majambo yo hejuru ku mpapuro yagiye arinjizwa mu gisomwa aba udutwe kugira abasomyi boroherwe no gutahura ivyiyumviro nyamukuru.

Abavukanyi na bashiki bacu bo mu Buyapani ntibatevye kwungukira ku bintu biranga ako gatabu. Mushiki wacu umwe ageze mu myaka 80 yavuze ati: “Nari maze gusoma igitabu ca Matayo incuro nyinshi, mugabo kuba ako gatabu kanditse mu ndome zishinze hamwe na turya dutwe bashizemwo, vyaramfashije kurushiriza gutahura neza ya Nsiguro yo ku Musozi.” Mushiki wacu akiri muto yanditse ati: “Narasomye agatabu Injili ya Matayo mpaguruka ndakamaze. Ndamenyereye ibitabu vyanditse mu buryo bukitse, mugabo Abayapani benshi bashima ivyanditse mu buryo bushinze.”

KATEGURIWE ABO MU CIBARE GIKORESHA IKIYAPANI

Kubera iki ico gitabu kimwe rudende co muri Bibiliya gifasha ku rugero rudasanzwe abo mu cibare gikoresha ikiyapani? Naho Abayapani benshi batamenyereye cane Bibiliya, barashima kuyisoma. Iyo nteguro y’Injili ya Matayo izotuma abatarigera babona Bibiliya baronka akaryo ko kwironkera igice c’ico gitabu ceranda no kugisoma.

Kubera iki igitabu ca Matayo ari co cacaguwe? Uvuze ijambo “Bibiliya,” Abayapani nka bose baca babona mu bwenge Yezu Kristu. Igitabu ca Matayo rero cacaguwe kubera ko kirimwo ibintu bishimisha Abayapani benshi. Aha twovuga nka ya nkuru yigana amamuko ya Yezu n’ivuka ryiwe, ya Nsiguro yiwe rurangiranwa yo ku Musozi be na bwa buhanuzi bukomeye yashikiriza bwerekeye imisi ya nyuma.

Abamamaji b’Ubwami bo mu Buyapani baciye batangura gushikiriza n’umwete ico gisohokayandikiro gishasha mu busuku bw’inzu ku nzu be n’igihe basubira kugendera abashimishijwe. Mushiki wacu umwe yanditse ati: “Ubu ndafise uturyo twinshi two gushikiriza Ijambo ry’Imana abantu bo mu cibare cacu. Nkako, narashoboye gushikiriza agatabu Injili ya Matayo ku muhingamo nyene iteraniro ridasanzwe ryabereyeko!”

ABANTU BAKAKIRIYE GUTE?

Abamamaji bashikiriza gute agatabu Injili ya Matayo? Abayapani benshi baramenyereye imvugo ngo “irembo ryaga,” ‘imaragarita imbere y’ingurube’ na “ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo.” (Mat. 6:34; 7:6, 13) Baratangara cane bamenye ko ayo majambo yavuzwe na Yezu Kristu. Benshi iyo babonye ayo majambo mu Njili ya Matayo, baca bavuga bati: “Emwe, ngiye naronka akaryo ko gusoma Bibiliya!”

Igihe abamamaji basubiye kugendera abakiriye ako gatabu, kenshi bavuga ko baciye basoma igice cako canke kose. Hari umugabo w’imyaka nka 60 yabwiye umwamamaji umwe ati: “Naragasomye incuro nyinshi kandi karampumurije. Ndakwinginze unyigishe n’ibindi ku vyerekeye Bibiliya.”

Agatabu Injili ya Matayo kariko karashikirizwa mu busuku bwo ku mugaragaro. Igihe Icabona umwe yariko aragira uruhara muri ico gikorwa, yarahaye aderese yiwe yo kuri internet umwigeme yakiriye ako gatabu. Haciye isaha imwe, uwo mwigeme yaramwandikiye, amubwira ko ahejeje gusoma igice c’ico gitabu co muri Bibiliya be n’uko yipfuza kumenya n’ibindi. Inyuma y’indwi imwe, yaratanguye kwiga Bibiliya kandi ntiyatevye gutangura kwitaba amakoraniro.

Amakopi arenga 1.600.000 y’agatabu Bibiliya—Injili yanditswe na Matayo yararungikiwe amashengero yo mu Buyapani. Buri kwezi, Ivyabona barashikiriza amakopi ibihumbi mirongo yako. Akajambo k’intango k’iyo nteguro karaserura icipfuzo c’abayisohoye gati: “Turizigiye ata mazinda ko gusoma aka gatabu bizotuma urushiriza gukunda Bibiliya.”