Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova arayobora igikorwa co kwigisha turangura kw’isi yose

Yehova arayobora igikorwa co kwigisha turangura kw’isi yose

“Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.”YES. 48:17.

1. Ni ibiki vyabangamiye igikorwa co kwamamaza mu bihe vya none?

ABATOHOJI BA BIBILIYA * bo mu mpera z’ikinjana ca 19 no mu ntango z’ica 20 barahuye n’intambamyi nyinshi. Cokimwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, bamamaza ubutumwa abantu benshi baterekwa. Bari inkehwa kandi isi muri rusangi yabona ko ari abantu batize. N’ikindi kandi, Shetani wa Mubesheranyi yahavuye abasukako “ishavu ryinshi.” (Ivyah. 12:12) Vyongeye, baranguye igikorwa cabo co kwamamaza mu “misi ya nyuma,” kikaba ari ikiringo kirangwa n’“ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.”2 Tim. 3:1.

2. Ni ibiki Yehova yakoze kugira atume igikorwa co kwamamaza gitera imbere mu gihe ca none?

2 Ariko rero, Yehova yari afise umugambi w’uko abasavyi biwe bamamaza inkuru nziza muri iki gihe ku rugero rutari bwigere rushikwako kandi ntacomubuza kurangura uwo mugambi. Nk’uko nyene Yehova yakuye ihanga rya Isirayeli rya kera muri Babiloni, yarakuye abasavyi biwe bo muri iki gihe muri “Babiloni Akomeye,” ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. (Ivyah. 18:1-4) Aratwigisha ku neza yacu, akaturonsa amahoro akongera akadufasha kwigisha abandi. (Soma Yesaya 48:16-18.) Ivyo ntibisobanura ko Yehova akoresha ubushobozi bwiwe bwo kubona ibintu imbere y’igihe kugira amenye ibintu vyose bizoba kw’isi ngo ace abihindura arondera kudufasha kwamamaza. Hari ibintu vyatumye igikorwa cacu co kwamamaza coroha, mugabo iyo tutabifashwamwo na Yehova ntitwari gushobora kwihanganira ibintu bimwebimwe nk’uruhamo be n’izindi ngorane zituma tutoroherwa no kurangura igikorwa cacu muri iyi si iganzwa na Shetani.Yes. 41:13; 1 Yoh. 5:19.

3. Ni gute “ubumenyi nyakuri” bwagwiriye?

3 Yehova yarahumekeye umuhanuzi Daniyeli kugira amenyeshe ko “ubumenyi nyakuri” bwogwiriye mu gihe c’iherezo. (Soma Daniyeli 12:4.) Yehova yarafashije Abatohoji ba Bibiliya gutahura ukuri kw’ishimikiro kwo mu Vyanditswe kwari kumaze igihe kirekire gutwikiriwe n’inyigisho z’amadini y’abiyita abakirisu. Ubu ariko arakoresha abasavyi biwe kugira atume ubumenyi nyakuri bukwira kw’isi yose. Turibonera iranguka ry’ubuhanuzi bwa Daniyeli. Abantu bashika 8.000.000 barakiriye ukuri kwo muri Bibiliya kandi bariko baragutangaza kw’isi yose. None ni ibintu bimwebimwe ibihe vyatumye igikorwa co kwamamaza kw’isi yose gishoboka?

UGUHINDURA BIBILIYA

4. Bibiliya yahinduwe ku rugero rungana gute mu kinjana ca 19?

4 Kimwe mu vyatumye tworoherwa no kwamamaza inkuru nziza ni ukuba abantu benshi bashobora kuronka Bibiliya. Abakuru b’amadini baramaze ibinjana n’ibindi babuza abantu gusoma Bibiliya bongera barwanya abayisoma, eka mbere baricisha na bamwebamwe mu bayihinduye. Ariko rero mu kinjana ca 19, amashirahamwe y’ivya Bibiliya yaratumye Bibiliya ihindurwa mu ndimi zishika 400, yaba yose canke igice cayo. Mu mpera z’ico kinjana, abantu benshi bari bafise Bibiliya mugabo ntibari bafise ubumenyi butagira amakosa bwerekeye inyigisho zo mu Vyanditswe.

5. Ivyabona vya Yehova bakoze ibiki mu bijanye no guhindura Bibiliya?

5 Abatohoji ba Bibiliya bari bazi ko babwirizwa kwamamaza, kandi barasiguye ivyo Bibiliya yigisha badatezura. Vyongeye, abasavyi ba Yehova barakoresheje Bibiliya zitandukanye bongera baraziha abantu. Kuva mu 1950, barasohoye Bibiliya y’isi nshasha mu ndimi zirenga 120, yaba yose canke igice cayo. Integuro ya Bibiliya y’isi nshasha mu congereza yasohowe mu 2013 izotuma vyoroha kuyihindura mu zindi ndimi. Gukoresha rero Bibiliya yumvikana kandi yoroshe gusoma biradufasha kurangura igikorwa cacu co kwamamaza.

IKIRINGO C’AMAHORO

6, 7. (a) Mu gihe ca none habaye intambara zingana gute? (b) Agahengwe kabonetse mu bihugu bimwebimwe kadufashije gute mu gikorwa co kwamamaza?

6 Woshobora kwibaza uti: ‘Ni amahoro nyabaki twaronse mw’isi?’ Nk’akarorero mu kinjana ca 20 abantu amamiliyoni barahitanywe n’intambara, na canecane za ntambara zibiri z’isi yose. Mugabo rero igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yariko irabica bigacika mu 1942, Nathan Knorr, ico gihe akaba ari we yaja imbere abandi mu Vyabona vya Yehova, yarashikirije insiguro kw’ihwaniro yari ifise umutwe uvuga ngo: “Amahoro yoba ashobora kurama?” Iyo nsiguro yaratanze ibimenyamenya bivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 17 vyerekana yuko iyo ntambara yariko iriha inkumbi ico gihe itodushikanye kuri Harumagedoni, ariko ko yodushikanye ku kiringo c’amahoro.Ivyah. 17:3, 11.

7 Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yahera, nta mahoro arama yabonetse. Nk’uko inkuru imwe ivyigana, harabaye intambara 331 hagati ya 1946 na 2013. Abantu amamiliyoni barapfuye. Ariko rero muri iyo myaka, harabonetse agahengwe mu bihugu bitari bike, kandi abasavyi ba Yehova baciye baboneraho akaryo ko kwamamaza inkuru nziza. None havuyemwo iki? Mu 1944, kw’isi yose hari abamamaji b’Ubwami badashika 110.000. Muri iki gihe hari abashika 8.000.000! (Soma Yesaya 60:22.) Ntidukenguruka none kubona twamamaza inkuru nziza turi mu mahoro?

AMATERAMBERE MU VYO KWIYUNGURUZA

8, 9. Ni amaterambere ayahe yabaye mu vyo kwunguruza abantu n’ibintu, kandi yadufashije gute mu gikorwa cacu?

8 Iterambere mu vyo gutwara abantu n’ibintu ryaratumye igikorwa co kwamamaza coroha. Mu 1900, hakaba hari haciye imyaka nka 21 Umunara w’Inderetsi wa mbere ucapuwe, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hari imiduga 8.000 gusa, hakaba n’amabarabara makeyi ashobora gucamwo imiduga. Ubu kw’isi yose hari imiduga irenga umuliyaridi n’igice hamwe n’amabarabara menshi meza. Imiduga n’amabarabara biratuma benshi muri twebwe dushobora gushira inkuru nziza abantu bari mu turere turi iyo catawe. Ariko rero naho twoba tudafise uburyo bwiza bwo kwiyunguruza, tukaba dutegerezwa kugira ingendo ndende n’amaguru, turagira utwigoro dukenewe kugira duhindure abantu abigishwa.Mat. 28:19, 20.

9 Hariho n’ubundi buryo butandukanye bwo gutwara abantu n’ibintu bwadufashije cane mu gikorwa co kwamamaza. Ibikamyo, amato n’amagariyamoshi biratuma dushobora gutwara mu turere turi ukwa twonyene ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndwi nkeyi gusa. Indege ziratuma abacungezi b’imizunguruko, abari mu Makomite y’amashami, abamisiyonari be n’abandi bagira ingendo mu buryo bunyaruka, bakaja ku mahwaniro canke ku yindi mirimo ya gitewokarasi. Vyongeye, abo mu Nama Nyobozi be n’abandi bavukanyi bo ku cicaro gikuru barafata indege bakaja mu bihugu vyinshi kuremesha no kwigisha abo basangiye ukwemera. Ku bw’ivyo, amaterambere yabaye mu vyo kwunguruza abantu n’ibintu aratuma abasavyi ba Yehova bunga ubumwe.Zab. 133:1-3.

URURIMI BE N’UBUHINDUZI

10. Kubera iki twovuga ko icongereza ari ururimi ruvugwa mu bihugu vyinshi?

10 Mu kinjana ca mbere, ikigiriki cari kimenyerewe ari co koyine caravugwa n’abantu benshi mu Nganji y’Uburoma. None muri iki gihe hoba hariho ururimi ruvugwa n’abantu benshi? Abatari bake bovuga ko ari icongereza. Igitabu kimwe (English as a Global Language) kivuga giti: “Abantu nka 1.700.000.000 kw’isi usanga bavuga neza icongereza.” Ururimi runyamahanga rwigishwa mu bihugu vyinshi ni icongereza, rukaba rukoreshwa mu guhanahana amakuru mu vy’ubudandaji, mu vya politike, mu vya siyansi no mu vy’ubuhinga.

11. Icongereza cadufashije gute guteza imbere ugusenga gutyoroye?

11 Kuba icongereza kivugwa n’abantu benshi vyaradufashije guteza imbere ugusenga gutyoroye. Umunara w’Inderetsi be n’ibindi bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyaramaze imyaka n’iyindi bibanza gucapurwa mu congereza. Ni rwo rurimi rwemewe n’amategeko rukoreshwa ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova. Vyongeye, rurakoreshwa cane mu kwigisha abanyeshure muri ca Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson muri New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

12. Abasavyi ba Yehova bahinduye ku rugero rungana iki ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, kandi ni gute ubuhinga bwatumye bishoboka?

12 Kubera ko twatewe agateka ko kubwira inkuru nziza y’Ubwami abantu bo mu mahanga yose, twarahinduye ibisohokayandikiro vyacu mu ndimi zishika 700. Amaterambere yabaye mu vy’ubuhinga bwa orodinateri, harimwo n’ubuhinga bwo gutunganya ivyandikano mu ndimi nyinshi (ubwitwa MEPS), yaradufashije muri ico gikorwa amahero kitoroshe. Ivyo vyose vyaratumye dukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami no kwunga ubumwe kw’isi yose. Ariko rero, twunze ubumwe canecane kubera ko tuvuga “ururimi rutyoroye” rwerekeye ukuri kwo muri Bibiliya, ari na rwo ruhambaye kuruta.Soma Zefaniya 3:9.

AMATEGEKO BE N’INGINGO ZAFASHWE N’AMASENTARE

13, 14. Abakirisu bo muri iki gihe bungukira gute ku mategeko be n’ingingo zifatwa n’amasentare?

13 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, abakirisu bo mu ntango barungukiye ku mategeko y’Abaroma, akaba yabwirizwa gukurikizwa muri iyo Nganji yose. Muri ubwo buryo nyene, abakirisu bo muri iki gihe barungukira ku mategeko ashirwaho n’ibihugu. Nk’akarorero muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ahari icicaro gikuru cacu, ibwirizwa shingiro riratanga umwidegemvyo wo gusenga, wo kuvuga n’uwo gukoranira hamwe. Ivyo biratuma abavukanyi bo muri ico gihugu bagira umwidegemvyo wo gukoranira hamwe bakayaga ivyerekeye Bibiliya ku mugaragaro be n’uwo kubwira abandi ivyo biga. Ariko rero, umwidegemvyo wo gukora ibintu bimwebimwe wabwirijwe kwemerwa n’amategeko mu masentare. (Flp. 1:7) Igihe abasavyi ba Yehova barenganywa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, barungururije incuro nyinshi muri sentare nkurunkuru, bikaba vyatumye baronka uburenganzira bwo kwamamaza Ubwami.

14 Amasentare yo mu bindi bihugu na yo nyene yarashigikiye umwidegemvyo dufise wo gusenga be n’uburenganzira bwo kwamamaza ku mugaragaro. Mu bihugu bimwebimwe twaratsinzwe, duca twitura amasentare mpuzamakungu. Nk’akarorero muri Ruheshi 2014, Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yaratwambitse izera mu manza 57, kandi ingingo zafashwe zibwirizwa kwubahirizwa mu bihugu nka vyose vya Buraya. Naho “[t]wankwa n’amahanga yose,” amasentare yo mu bihugu vyinshi yaremeje ko dufise uburenganzira bwo gusenga Yehova.Mat. 24:9.

IBINDI BINTU VYADUFASHIJE

Turatuma abantu bo hirya no hino kw’isi baronka ibitabu bishingiye kuri Bibiliya

15. Ni amaterambere ayahe yabaye mu bijanye no gucapura, kandi yadufashije gute?

15 Amaterambere yabaye mu bijanye no gucapura ni kimwe mu vyatumye inkuru nziza yamamazwa hirya no hino kw’isi. Abantu baramaze ibinjana n’ibindi bakoresha ya mashini yo gucapura yahinguwe na Johannes Gutenberg nko mu 1450. Ariko rero mu binjana bibiri biheze, harabaye amahinduka akomeye mu bijanye no gucapura. Harabonetse amamashini yo gucapura maninimanini, anyarutsa cane kandi akoze mu buhinga buhanitse. Ivyo guhingura impapuro n’ibitabu vyararushirije kuzimbuka. Imashini zo gucapura zikoreshwa n’umuyagankuba zarasubiriye izikoreshwa n’amaboko, bica bituma igikorwa kinyaruka, ibicapurwa na vyo birushiriza kuba vyiza. None ivyo vyose vyadufashije gute mu gikorwa co kwamamaza? Raba nawe: Umunara w’inderetsi wa mbere (wo muri Mukakaro 1879) wacapuwe ari amakopi 6.000 atagiramwo amashusho kandi mu rurimi rumwe gusa rw’icongereza. Muri iki gihe, hakaba haciye imyaka 136, amakopi arenga 50.000.000 ya buri nomero y’Umunara w’Inderetsi aracapurwa akongera agahabwa abantu. Usanga urimwo amashusho meza y’amabara menshi, ukaba uboneka mu ndimi zirenga 200.

16. Ni ibikoresho ibihe vyadufashije kwamamaza hirya no hino kw’isi? (Raba ishusho itangura.)

16 Rimbura ibikoresho bimwebimwe vyahinguwe mu myaka 200 iheze abasavyi b’Imana bakoresheje mu kwamamaza inkuru nziza. Twamaze kuvuga ibijanye n’amagariyamoshi, imiduga n’indege. Mugabo kandi twarakoresheje amakinga, imashini zo kwandika, ibikoresho vy’abatabona, telegrafe, telefone, amakamera, ivyuma bifata ibintu vyo kwumviriza n’ivyo kuraba, amaradiyo, amateleviziyo, amasanamu agendagenda, orodinateri na internet. Ivyo bintu vyaradufashije mu buryo butandukanye kugira turangure igikorwa twashinzwe co guhindura abantu abigishwa. Kugira ubuhanuzi buvuga yuko abasavyi ba Yehova ‘bokwonse amaberebere y’amahanga’ buranguke, twarakoresheje neza ibikoresho vy’amahanga, nk’ubuhinga bwa none, kugira ngo duhingure mu ndimi nyinshi Bibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo.Soma Yesaya 60:16.

17. (a) Ibimenyamenya vyerekana iki? (b) Kubera iki Yehova yemera tukaba “abakozi bakorana” na we?

17 Mu vy’ukuri turi n’ibimenyamenya bikomeye vyerekana ko dushigikiwe n’Imana. Ego ni ko, Yehova ntadukoresha kubera ko adashoboye kurangura imigambi yiwe. Yamara rero, uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru aremera tukaba “abakozi bakorana” na we, maze agatuma dushobora kugaragaza urwo tumukunda n’urwo dukunda bagenzi bacu. (1 Kor. 3:9; Mrk. 12:28-31) Ese tutogisha akaryo na kamwe ko kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami, ari na co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose kw’isi. Uko bishoboka kwose, nimuze tugaragaze ko dukengurukira Yehova kubera yuko ayobora akongera agahezagira igikorwa co kwamamaza kw’isi!

^ par. 1 Abatohoji ba Bibiliya biswe Ivyabona vya Yehova mu 1931.Yes. 43:10.