Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Kera ibisohokayandikiro vyacu vyaravuga kenshi ivyabaye be n’ivyo bigereranya, ariko muri iyi myaka ivyo bigirwa gake. None ni kubera iki?

Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 1950 (mu congereza) warasiguye yuko rimwe na rimwe umuntu, ikintu canke icabaye bivugwa muri Bibiliya usanga bigereranya ikindi kintu gihambaye kuruta co muri kazoza.

Kera, ibisohokayandikiro vyacu vyavuga yuko abagabo n’abagore b’abizigirwa nka Debora, Elihu, Rahabu, Rebeka, Yefuta, Yobu be n’abandi benshi mu vy’ukuri bari ibitutu, ni ukuvuga ko bagereranya abarobanuwe canke rya “sinzi rinini.” (Ivyah. 7:9) Nk’akarorero, vyiyumvirwa ko Yefuta, Yobu na Rebeka bagereranya abarobanuwe, Debora na Rahabu na bo bakagereranya rya sinzi rinini. Ariko rero, muri iyi myaka ya vuba ntitubagereranya muri ubwo buryo. Uti kubera iki?

ICABAYE

Umwagazi wa pasika watangwako ikimazi muri Isirayeli ya kera cari ikigereranyo.Guh. 9:2

ICO KIGERERANYA

Paulo yavuze ko Kristu ari we mwagazi wa “pasika yacu.”1 Kor. 5:7

Ivyanditswe birerekana yuko abantu bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya bagereranya ibintu bihambaye kuruta vyobaye. Nk’uko bivugwa mu Bagalatiya 4:21-31, intumwa Paulo aravuga “inkuru iri n’ico igereranya” yerekeye abagore babiri. Umushumbakazi wa Aburahamu ari we Hagari yagereranya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, iyari ibohewe kuri Yehova biciye kuri rya Tegeko yatanga ibicishije kuri Musa. Mugabo rero “umugore yidegemvya” ari we Sara, yagereranya umugore w’Imana, ni ukuvuga igice c’ishirahamwe ryayo co mw’ijuru. Mw’ikete Paulo yandikiye Abaheburayo, aragereranya umwami akaba n’umuherezi Melekisedeki na Yezu, akerekana ibintu kanaka abo babiri bahuriyeko. (Heb. 6:20; 7:1-3) Vyongeye, Yesaya be n’abahungu biwe Paulo abagereranya na Yezu be n’abayoboke biwe barobanuwe. (Heb. 2:13, 14) Kubera ko Paulo yanditse ahumekewe n’Imana, turemera duhimbawe ivyo avuga igihe agereranya abo bantu.

Ariko rero, n’igihe nyene Bibiliya yerekana ko umuntu kanaka agereranya uwundi muntu, ntidukwiye guca tuvuga ko akantu kose kabaye mu buzima bw’uwo muntu kaba kagereranya ikindi kintu gihambaye kuruta cobaye. Nk’akarorero, naho Paulo atubwira ko Melekisedeki agereranya Yezu, nta na kimwe avuga ku bijanye n’uko Melekisedeki yigeze kuzanira Aburahamu umukate n’umuvinyu ngo yihereze amaze gutsinda abami bane. Nta kintu na kimwe rero kiriho co mu Vyanditswe kidufasha kumenya insobanuro y’ico kintu cabaye.Ita. 14:1, 18.

Abanditsi bamwebamwe bo mu binjana vy’inyuma y’urupfu rwa Yezu baraguye mu mutego wo kwiyumvira ko ikintu cose kiri n’ico kigereranya. Mu kudondora inyigisho z’uwitwa Orijeni, igitabu kimwe ca Ambroise na Jérôme (The International Standard Bible Encyclopaedia) gisigura giti: “Bararondeye ico akantu kose ko mu Vyanditswe koba kagereranya, mbere n’agasa n’aho ata co kavuze, kandi koko barakironka. Mbere n’ikintu gisanzwe cane, wasanga vyiyumvirwa ko gihishura ukuri [kwihishije] . . . , mbere n’igitigiri c’ifi zafashwe n’abigishwa muri rya joro Umukiza yababonekera. Hari abarondeye kumenya ico igitigiri 153 cagereranya!”

Augustino w’i Hipo yaravuze vyinshi ku nkuru ivuga ko Yezu yagaburiye abagabo bashika 5.000 akoresheje imikate itanu ya sayiri be n’ifi zibiri. Kubera ko sayiri yabonwa ko ifise agaciro gatoyi uyigereranije n’ingano, Augustino yaciye avuga ko iyo mikate itanu itegerezwa kuba igereranya vya bitabu bitanu vya Musa (iyo “sayiri” y’agaciro gatoyi ikaba yagereranya agaciro bita ko ari gatoyi ka rya “Sezerano rya kera”). Za fi zibiri zo bite? Ku bw’imvo kanaka, yazigereranije n’umwami be n’umuherezi. Iyindi ncabwenge yakunda cane kurondera ivyo inkuru zo muri Bibiliya zigereranya, yavuze ko kuba Yakobo yaraguriye Esawu uburenganzira bwo kuba imfura akoresheje isahani y’isupu itukura vyagereranya ukuba Yezu yaraguriye abantu intoranwa yo kuja mw’ijuru akoresheje amaraso yiwe atukura!

Nimba izo nsobanuro zisa n’izitumvikana, uca utahura ingorane bishobora guteza. Abantu ntibashobora kumenya inkuru zo muri Bibiliya zifise ibintu vyo muri kazoza zerekezako be n’izitabifise. Ikintu gitomoye cane twogira ni iki: Igihe Ivyanditswe vyigishije yuko umuntu canke ikintu cabaye bisigura ikindi kintu, tuvyemera ukwo nyene. Atari ukwo na ho, twokwiyubara kuvuga ko umuntu canke inkuru kanaka biri n’ico bigereranya, nimba ata mvo n’imwe yo mu Vyanditswe twisunze.

Dushobora gute none kwungukira ku bintu vyabaye canke ku turorero dusanga mu Vyanditswe? Mu Baroma 15:4, turasoma amajambo ya Paulo agira ati: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” Paulo yariko avuga ko abavukanyi biwe barobanuwe bo mu kinjana ca mbere bari gushobora gukura ivyigwa bikomeye ku bintu vyabaye dusanga mu Vyanditswe. Yamara rero abasavyi b’Imana bo mu mayaruka yose, abarobanuwe canke abo mu “zindi ntama,” ababayeho mu “misi ya nyuma” canke ikindi gihe, bose bari gushobora kwungukira ku vyigwa dukura mu “vyanditswe kera vyose,” kandi koko baravyungukiyeko—Yoh. 10:16; 2 Tim. 3:1.

Nyinshi mu nkuru zo muri Bibiliya rero ntiziba zerekeye gusa abarobanuwe canke abo mu “zindi ntama” kibure abakirisu babayeho mu kiringo kanaka. Ahubwo riho, nyinshi muri zo zaragize ico zimariye abasavyi b’Imana bose, baba abo muri kahise canke ab’ubu. Nk’akarorero, ntidukwiye kuvuga ko ivyashikiye Yobu vyerekeza gusa ku vyo abarobanuwe baciyemwo mu Ntambara ya mbere y’isi yose. Benshi mu basavyi b’Imana, abagabo canke abagore, abarobanuwe canke abo muri rya sinzi rinini, bose barashikiwe ibisa n’ivyashikiye Yobu. ‘Barabonye icavuyemwo gitanzwe na Yehova, barabona yuko Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi.’Yak. 5:11.

Rimbura iki kintu: Ubu mu mashengero yacu, nta bagore tubona b’intahemuka nka Debora canke abakurambere bakiri bato bakerebutse nka Elihu? Nta batsimvyi bahari b’indyamunyu kandi b’abanyamwete nka Yefuta canke abagabo n’abagore b’abizigirwa bihangana nka kumwe kwa Yobu? Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova yarazigamye “ivyanditswe kera vyose,” kugira ngo “biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro”!

Ku bw’izo mvo rero, ibisohokayandikiro vyacu muri iyi myaka bishimika ku vyigwa dushobora gukura mu nkuru zo muri Bibiliya aho kugerageza kurondera ivyo zigereranya canke ukuntu zarangutse.