Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kwubaka “mu Mukama gusa,” vyoba bikibereye?

Kwubaka “mu Mukama gusa,” vyoba bikibereye?

“Sinshobora kuronka uwo mw’ishengero twubakana, kandi ndatinya ko nzohava nsaza ndi nyamwigendako.”

“Hariho abasore bo mw’isi bafise umutima mwiza, b’igikundiro kandi bitaho abandi. Ntibarwanya idini ndimwo, kandi basa n’abameze neza kuruta abavukanyi bamwebamwe.”

Abasavyi b’Imana bamwebamwe baravuga amajambo nk’ayo ku bijanye no kuronka uwo bubakana. Mugabo ivyo babivuga bazi neza impanuro intumwa Paulo yatanze idusaba kwubaka “mu Mukama gusa,” ari na yo abakirisu bose bakwiye kwisunga. (1 Kor. 7:39) None ivyo babivuga babitumwe n’iki?

IGITUMA BAMWEBAMWE BAGIRA AMAKENGA

Abavuga amajambo nk’ayo boshobora kuba babona ko mw’ishengero hari inkumi nyinshi kuruta imisore. Emwe, ivyo ni ko biri mu bihugu vyinshi. Rimbura uburorero bubiri: Muri Koreya, ufashe ivyabona 100 batarubaka izabo, usanga 57 ari bashiki bacu, abavukanyi bakaba 43. Muri Kolombiya bivugwa yuko ufashe Ivyabona 100, usanga 66 ari bashiki bacu, 34 na bo bakaba abavukanyi.

Mu bihugu bimwebimwe, ikivyunyura ni uko abavyeyi batari Ivyabona boshobora gusaba inkwano y’umurengera, bigatuma abavukanyi bafise uburyo buke batoroherwa no kwubaka izabo. Igihe mushiki wacu aravye intambamyi nk’izo, yoshobora guca abona umenga biri kure nk’ukwezi kuronka uwo bubakana “mu Mukama.” Yoshobora rero kwibaza ati: “Ubwo ntikwoba ari ukwihenda niyumviriye yuko nshobora kuronka uwo twubakana abereye mu bo dusangiye ukwemera?” *

KWIZIGIRA YEHOVA BIRAHAMBAYE CANE

Nimba vyarashitse ukagira ivyiyumviro nk’ivyo, numenye neza ko Yehova azi uko ivyawe vyifashe. Nkako, arazi ukuntu wiyumva ku bijanye n’ico kintu.2 Ngo. 6:29, 30.

Yamara rero, Yehova yarashize mw’Ijambo ryiwe itegeko ryo kwubaka mu Mukama gusa. Uti kubera iki? Kubera ko azi icobera ciza abasavyi biwe. Uretse ko yipfuza gukingira abasavyi biwe ingaruka zishikira abahitamwo ingendo itaranga ubukerebutsi, aripfuza n’uko bahimbarwa. Mu misi ya Nehemiya, igihe Abayuda benshi bubakana n’abanyamahanga batasenga Yehova, Nehemiya yarabibukije akarorero kabi ka Salomo. Naho Salomo “[yakundwa] n’Imana yiwe, . . . na we nyene abagore b’abanyamahangakazi baramucumuje.” (Neh. 13:23-26) Imana rero yadutegetse kwubakana gusa n’abakirisu b’ukuri, ikaba yabigize ku neza y’abasavyi bayo. (Zab. 19:7-10; Yes. 48:17, 18) Abakirisu b’ukuri barakenguruka ukuntu Imana ibitwararikana urukundo maze bakisunga ubuyobozi itanga. Kubera ko bayiyobokera nka yo Mutware, baremera icese ko ari yo Segaba w’ibiriho vyose.Imig. 1:5.

Nta gukeka ko utipfuza ‘kuboherwa ku ngǒgo’ hamwe n’umuntu ashobora kugutandukanya n’Imana. (2 Kor. 6:14) Muri iki gihe, abakirisu benshi baragamburuka iryo tegeko Imana yatanze kuva kera ryo kubakingira, kandi barabona ko iyo ari ingingo iranga ubukerebutsi. Mugabo hariho abahitamwo ibihushanye n’ivyo.

VYOBA BIKIBEREYE?

Mushiki wacu yitwa Maggy * wo muri Ostraliya aravuga ivyashitse igihe yatangura kureshanya n’umuntu atari Icabona. Agira ati: “Narasiba kenshi amakoraniro kugira gusa mbe ndi kumwe na we. Nahavuye nononekara cane mu vy’impwemu.” Uwitwa Ratana wo mu Buhindi yarakundanye n’umuhungu bigana yari yatanguye kwiga Bibiliya. Ariko rero, uwo muhungu yahavuye agaragaza ko yiga Bibiliya arondera gusa ko bakundana. Amaherezo Ratana yarahevye ukuri aja mu rindi dini kugira yubake urwiwe.

Akandi karorero kerekeye mushiki wacu yitwa Ndenguè wo muri Kamerune. Yari afise imyaka 19 igihe yubaka urwiwe. Uwamureheje yari yamwemereye ko atomubujije gusenga mw’idini ryiwe. Ariko haciye indwi zibiri bagize ubugeni, yaramwankiye kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Ndenguè avuga ati: “Naricwa n’irungu, nkaguma ndira. Narabonye ko ntari narashoboye kuganza ubuzima bwanje. Naguma nicuza.”

Ego ni ko, si abatari Ivyabona bose baca bacika ibikoko canke ngo bakore ibidategereka igihe bubakanye n’abakirisu. Ariko naho utoshikirwa n’ingaruka ziva ku kwubakana n’umuntu atari Icabona, wibaza none ko ubucuti ufitaniye na Data wa twese wo mw’ijuru buzoguma budora? Wokwumva umerewe gute wibutse ko utumviye impanuro yaguhaye ku bw’ineza yawe? N’igihambaye kuruta, yobona gute iyo ngingo wafashe?Imig. 1:33.

Bene wacu na bashiki bacu bo hirya no hino kw’isi barashobora kwemeza ko kwubaka “mu Mukama gusa” ari yo ngingo nziza kuruta izindi zose. Abatarubaka izabo usanga bafise umwiyemezo wo kunezereza umutima w’Imana, bagahitamwo kwubakana gusa n’umwe mu basavyi bayo abereye. Mushiki wacu Michiko wo mu Buyapani, incuti ziwe zaragerageje kumujijura ngo yubakane n’umuntu atari Icabona. Uretse ko yananira uwo mukazo, yaranabona bamwebamwe mu bagenzi biwe baronka abo bubakana bo mw’ishengero. Avuga ati: “Naguma nibwira yuko umunezero wacu utava ku kuba twubatse canke tutubatse kubera ko Yehova ari ‘Imana ihimbawe.’ Ndemera kandi yuko aduha ivyo umutima wacu wipfuza. Nimba rero umuntu atararonka uwo bubakana n’igihe mbere aba avyipfuza, birarushiriza kuba vyiza yigumiye uko ari mu kurindira.” (1 Tim. 1:11) Michiko yahavuye yubakana n’umuvukanyi w’intore, kandi arahimbawe no kuba yararindiriye.

Abavukanyi bamwebamwe na bo nyene bararindiriye gushika baronse abo bubakana babereye. Umwe muri abo ni uwitwa Bill wo muri Ostraliya. Ariyemerera ko vyashitse agakwegerwa n’abigeme batari abo mw’ishengero. Ariko rero, yaririnze rwose kugiranira na bo ubugenzi bukomeye. Uti kubera iki? Ntiyipfuza gutanguza ubucuti bwotumye “[aboherwa] ku ngǒgo hamwe n’abatemera.” Uko imyaka yagiye irarengana, yarashima bashiki bacu bakeyi, ariko bo bakamubenga. Bill yararindiriye imyaka 30 arateba araronka mushiki wacu bahuza. Bill avuga ati: “Sinicuza na gato. Mbona ko nahezagiwe kubera ko tujana mu busuku, tukigira hamwe Bibiliya tukongera tugasenga turi kumwe. Ndahimbarwa no kwifatanya n’abagenzi b’umukenyezi wanje kuko bose ari abasavyi ba Yehova nkatwe. Turakomeza umubano wacu dukoresheje ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.”

IGIHE UKIRINDIRIYE YEHOVA

Wokora iki mu gihe ukirindiriye ico Yehova agukorera? Kimwe mu vyo wogira ni ukumenya igituma utarubaka urwawe. Nimba ubona ko bitumwa ahanini n’uko wipfuza kwubaka “mu Mukama gusa,” urakwiye gukezwa kubera ko ugamburuka iryo tegeko riva ku Mana. Nuhere amazinda ko Yehova ahimbarwa n’umwiyemezo ukomeye ufise wo kugamburuka Ijambo ryiwe. (1 Sam. 15:22; Imig. 27:11) Nubandanye ‘gusuka umutima wawe’ imbere y’Imana mw’isengesho. (Zab. 62:8) Uko winginga Imana ubigiranye ubwira kandi udahengeshanya, ni ko uzorushiriza kuryohora amasengesho utura. Niwaguma utsinda ingorane ziva kuri wewe canke ku bandi, ubucuti ufitaniye n’Imana buzokomera ku musi ku musi. Niwemere udakeka ko Musumbavyose yitwararika abasavyi biwe bose b’abizigirwa be n’uko abona ko ufise agaciro. Aritwararika ivyo ukeneye be n’ibikuraje ishinga. Ego ni ko, nta n’umwe asezeranira ko azomuha uwo bubakana. Ariko nimba vy’ukuri ukeneye uwo mwubakana, Imana irazi uburyo bwiza kuruta ubundi bwo guhaza ivyipfuzo vyawe vyumvikana.Zab. 145:16; Mat. 6:32.

Vyoshobora gushika ukumva umerewe nka wa mwanditsi w’amazaburi Dawidi, uwavuze ati: “Nunyaruke, ewe Yehova! Inkomezi zanje zirarangiye. Mu maso hawe ntuhampishe.” (Zab. 143:5-7, 10) Mu bihe nk’ivyo, nuhe So wo mw’ijuru akaryo ko kukwereka ivyo akugombako ivyo ari vyo. Ivyo urashobora kubigira mu gufata akanya ko gusoma Ijambo ryiwe no kuzirikana ku vyo usoma. Uzorushiriza gutahura amategeko yiwe wongere ubone ukuntu yafashije abasavyi biwe muri kahise. Niwamutega yompi, uzorushiriza kubona ko kumugamburukira biranga ubukerebutsi.

Abatarubaka izabo ni ab’agaciro mw’ishengero, akenshi bakaba bafasha imiryango be n’abakiri bato

Ni igiki kandi gishobora gutuma imyaka umara utarubaka urwawe iba iyiteye umunezero ikongera ikavamwo ivyiza? Urashobora kuyikoresha mu gutsimbataza kamere z’ivy’impwemu nk’ugutahura, ugutanga cane, ukuba umunyamwete, ukumera neza, ukwihebera Imana be n’ukuvugwa neza. Izo kamere ni ntahara kugira ubuzima bwo mu rugo burangwemwo agahimbare. (Ita. 24:16-21; Rusi 1:16, 17; 2:6, 7, 11; Imig. 31:10-27) Nubanze kurondera Ubwami mu kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza no mu bindi bikorwa vya gikirisu. Ubigize gutyo bizogukingira. Umwe Bill twavuga mu ntango arigana ibijanye n’igihe yamaze yipfuza kwubaka urwiwe, ati: “Sinamenye ingene imyaka yaheze! Umwanya wanje nawukoresheje mu gusukurira Yehova ndi umutsimvyi.”

Ego cane, kwubaka “mu Mukama gusa” kiracari ikintu kibereye. Kugamburuka iryo tegeko birashobora kugufasha gutera iteka Yehova no kwironkera agahimbare karamba. Bibiliya ivuga iti: “Hahiriwe umuntu atinya Yehova, yahimbawe cane n’amabwirizwa yiwe. Ibintu vy’agaciro n’ubutunzi biri mu nzu yiwe, kandi ubugororotsi bwiwe bwamaho ibihe bidahera.” (Zab. 112:1, 3) Ku bw’ivyo rero, niwiyemeze kwumira kw’itegeko ry’Imana ridusaba kwubaka “mu Mukama gusa.”

^ par. 7 Muri iki kiganiro, turimbura ibintu dufatiye ku kuntu bashiki bacu babona ibintu, naho nyene vyerekeye n’abavukanyi.

^ par. 13 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.