Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Twarironkeye umwuga utera umunezero kuruta

Twarironkeye umwuga utera umunezero kuruta

TWE na Gwen twatanguye kwiga gutamba tugifise imyaka itanu, mugabo ntitwari bwamenyane. Tumaze gukura, umwe wese muri twebwe yariyemeje gukurikirana umwuga wo gutamba intambo bita ballet. Igihe twagira dushike ku rwego rw’agaheta muri uwo mwuga, twaciye tuwuheba burundu. None ni igiki catumye dufata iyo ngingo?

David: Navukiye mu ntara ya Shropshire mu Bwongereza. Dawe yari afise iyororero-rimiro ahantu hatekanye mu gihugu hagati. Mvuye kw’ishure, narahimbarwa no kugaburira inkoko, kwegeranya amagi no kwitwararika inka n’intama. Mu buruhuko narafasha abavyeyi kwimbura, rimwe na rimwe nkaba naratwara imashini zo kurima.

Ariko rero, hari ikindi kintu catanguye kunyigarurira. Kuva nkiri akana, Dawe yari yarabonye ko naca nshaka gutamba igihe cose numvise umuziki. Igihe rero nari mfise imyaka itanu, yaciye abwira mawe ngo antware kw’ishure ryigisha ivyo gutamba ryari muri ako karere kugira nige intambo bita tap dancing. Uwanyigisha yarabonye ko nari nshoboye kuzocika umutamvyi wa ya ntambo ballet, na yo nyene aca arayinyigisha. Igihe nari mfise imyaka 15, naratsindiye agashimwe ko kurihirwa ivyigwa kw’ishure rurangiranwa (Royal Ballet School) ryigisha iyo ntambo i Londres. Aho ni ho twahuriye na Gwen, baca badushira hamwe ngo tuze turatambana.

Gwen: Navukiye mu gisagara kirimwo uruja n’uruza c’i Londres mu 1944. Nkiri agakobwa gatoya, narizera Imana cane. Naragerageje gusoma Bibiliya, nsanga iragoye gutahura. Imbere y’aho ngifise imyaka itanu, naragiye kwiga gutamba. Inyuma y’imyaka itandatu, naratsinze mw’ihiganwa ryahuza abatamvyi bose bo mu Bwongereza, iryatuma uwutsinze aronka uburenganzira bwo kwiga kuri rya shure rurangiranwa (Royal Ballet School). Iryo shure ryari i White Lodge, ikaba ari inyubakwa amahero iteye igomwe iri mw’ishamba cimeza (Richmond Park) riri ku mpera y’igisagara ca Londres. Naraharonkeye ubumenyi nongera ndiga gutamba ya ntambo ballet mfashijwe n’abigisha karuhariwe. Igihe nari mfise imyaka 16, narabaye umunyeshure yubahwa cane kuri iryo shure riri hagati mu gisagara ca Londres, akaba ari ho nahuriye na David. Mu mezi makeyi, twari dusigaye dutambana mu nyubakwa imwe (Royal Opera House) iri ahitwa Covent Garden, i Londres.

Umwuga wacu wo gutamba ballet waratumye tuja gutamba hirya no hino kw’isi

David: Nk’uko Gwen abivuze, umwuga wacu waratumye tuja gutambira muri iyo nyubakwa izwi cane turi mu mugwi nserukiragihugu (ubu witwa English National Ballet). Umwe mu bahinga mu vy’intambo bo muri rya shure (Royal Ballet) yaratanguje ishirahamwe mpuzamakungu i Wuppertal mu Budagi, aca araducagura ngo tujane kugira tuze turatambana turi babiri. Mu kiringo cose twamaze muri uwo mwuga, twaratambiye mu nyubakwa z’ibikino hirya no hino kw’isi, turakorana n’ibihangange nka Margot Fonteyn na Rudolf Nureyev. Ubwo buzima bwo guhiganwa buratuma umuntu yibona, kandi twahavuye twihebera umwuga wacu.

Gwen: Umutima wanje wose n’umubiri wanje wose nari navyeguriye gutamba. Twe na David twari dufise icipfuzo kimwe co kuba agaheta. Nararyoherwa no gusinya ku bintu vy’abarondera kumpayagiza, guhabwa amashurwe no kwumva ndiko ndakomerwa amashi n’abarorerezi. Muri uwo mwuga wo kuremesha ibiteramo, nasanga nkikujwe n’abakora ubuhumbu, abanywi b’itabi n’imborerwa. Vyongeye, cokimwe n’abandi bose bakora uwo mwuga, nari nizigiye ibiheko vyanje.

UBUZIMA BWACU BUHINDUKA RWOSE

Ku musi wacu w’ubugeni

David: Haciye imyaka myinshi nkora umwuga wo gutamba, nahavuye ndambirwa no kwama ku nzira. Kubera ko nari nakuriye aho borora, naratanguye gukumbura ubuzima buciye bugufi bwo mu gihugu hagati. Mu 1967 rero narahevye uwo mwuga, ntangura gukorera mw’iyororero rinini ryari hafi y’aho abavyeyi banje baba. Nyene iryo yororero yaranyemereye gupanga akazu kari ukwa konyene. Naciye nterefona Gwen ari mu nzu y’ibikino ndamusaba ko twokwubakana. Yari yarateye imbere aba umutamvyi yigenga, kandi umwuga wiwe wariko uratera imbere cane. Ntivyamworoheye rero gufata ingingo. Yamara yaranyemereye maze araza turabana muri bwa buzima bwo mu gihugu hagati atari amenyereye namba.

Gwen: Emwe, ntivyari vyoroshe kumenyera ubuzima bwo mw’iyororero. Gukama inka no kugaburira ingurube n’inkoko ikirere cifashe ugutandukanye, nta ho vyasa bisana n’ubuzima nari menyereye. David yaratanguye gukurikirana ivyigwa bimara amezi icenda kw’ishure ry’ivyo kworora kugira amenye uburyo bugezweho. Naguma ndi jenyene gushika atashe mw’ijoro. Ico gihe, umukobwa wacu w’imfura Gilly yaheruka kuvuka. David yaransavye ko nokwiga gutwara umuduga. Umusi umwe ndiko ndatembera mu gisagara co muri ako karere, narahuye na Gael, tukaba twari twamenyanye igihe yakorera mu mangazini imwe yo ng’aho.

Igihe twari tukiri abageni muri rya yororero

Gael yarantumiye iwe n’umutima mwiza kugira dusangire akayi. Yaranyeretse amafoto yiwe y’ubugeni, kandi kw’ifoto imwe yari kumwe n’umugwi w’abantu bari ahantu hitwa ku Ngoro y’Ubwami. Naramubajije urwo rusengero urwo ari rwo. Igihe yambwira ko we n’umunega wiwe ari Ivyabona vya Yehova, nararyohewe cane. Naributse ko hari senge umwe yari Icabona. Ariko naributse kandi ukuntu dawe yari yaramwanse urunuka, akajugunyira ibitabu vyiwe mw’iyarara. Naribajije igituma dawe, uwari asanzwe yimereye neza, yakariye cane umuntu mwiza nk’uwo.

Nari ngiye naronka akaryo ko kumenya ingene ivyo senge yemera vyari bitandukanye n’inyigisho z’amadini. Gael yaranyeretse ivyo Bibiliya yigisha vy’ukuri. Naratangaye igihe namenya ko inyigisho nyinshi, nk’iy’Ubutatu n’iy’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, zidashingiye ku Vyanditswe. (Umus. 9:5, 10; Yoh. 14:28; 17:3) Narabonye kandi izina ry’Imana ari ryo Yehova muri Bibiliya ari bwo bwa mbere.Kuv. 6:3.

David: Gwen yarambwiye ivyo yariko ariga. Naciye nibuka ko nkiri umwana dawe yambwira yuko nkwiye gusoma Bibiliya. Twe na Gwen rero twaremeye ko Gael n’umunega wiwe Derrick batwigisha Bibiliya. Inyuma y’amezi atandatu, twarimukiye i Oswestry muri iyo ntara nyene ya Shropshire, kubera ko twashoboye gukota ahantu twagize iyororero ryacu bwite ritoya. Icabona wo ng’aho yitwa Deirdre yarabandanije kutuyoborera inyigisho ya Bibiliya yihanganye. Mu ntango twatera imbere bukebuke. Kwitwararika ubworozi bwacu vyatuma tugira akazi kenshi. Mugabo rero, buhorobuhoro ukuri kwarashinze imizi mu mitima yacu.

Gwen: Intambamyi ikomeye nabwirijwe gutsinda kwari ukwemera ibintazi. Ibivugwa muri Yesaya 65:11 vyaramfashije gutahura ukuntu Yehova abona “[aba]tunganiriza imeza imana y’Umugisha.” Kugira ngo nikureko ibiheko vyose nari mfise, vyansavye igihe kirekire no gusenga cane. Kumenya yuko “uwo wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi [ko] uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru” vyaratumye ntahura abantu Yehova arondera abo ari bo. (Mat. 23:12) Naripfuza gukorera Imana yatwitwararitse cane ku buryo itanga Umwana wayo w’agaciro kugira aducungure. Ico gihe twari dufise uwundi mukobwa kandi twarahimbawe cane no kumenya ko umuryango wacu ushobora kwiberaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo.

David: Igihe natahura ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse mu buryo bukomeye, nk’akarorero ubuvugwa muri Matayo ikigabane ca 24 no mu gitabu ca Daniyeli, naciye njijuka ko ari ukuri. Narabonye ko ata kintu na kimwe co muri iyi si cogereranywa no kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Uko igihe carengana rero, nararetse guhahamira amaronko. Naratahuye ko umukenyezi wanje n’abakobwa banje bari bahambaye cokimwe na jewe. Ibivugwa mu Bafilipi 2:4 vyaranyeretse ko ntakwiye kuguma niyumvira ivyanje gusa be n’ivyo kuronka iyororero rinini kuruta. Nari nkwiye nyabuna gushira imbere ivyo gukorera Yehova mu buzima bwanje. Narahevye itabi. Ariko rero ntivyatworohera gutunganya ivyacu kugira twitabe amakoraniro yo ku wa gatandatu ku mugoroba yabera ku bilometero 10, kubera ko inka zaba zikeneye gukamwa kuri uwo mwanya nyene. Yamara Gwen yarafashije ku buryo tutigeze dusiba ikoraniro na rimwe; eka kandi ntitwigeze tureka kujana abakobwa bacu mu busuku imisi yose ku wa gatandatu mu gitondo duhejeje gukama.

Incuti zacu ntizahimbawe n’amahinduka twari twagize. Se wa Gwen yaramaze imyaka itandatu atamuvugisha. Abavyeyi banje na bo nyene baragerageje kutubuza kwifatanya n’Ivyabona.

Gwen: Yehova yaradufashije kwihanganira izo ngorane. Vyongeye uko igihe carengana, abo dusangiye ukwemera bo mw’ishengero rya Oswestry barabaye nk’umuryango wacu mushasha, baradushigikira muri ivyo bigeragezo babigiranye urukundo. (Luka 18:29, 30) Twareguriye Yehova ubuzima bwacu maze tubatizwa mu 1972. Naripfuza gukora uko nshoboye kwose kugira mfashe abantu benshi bashoboka kumenya ukuri, nkaba rero naciye ntangura ubutsimvyi.

UMWUGA MUSHAHA UTEYE UMUNEZERO

David: Mu myaka twamaze dukorera mw’iyororero ryacu twararuha cane; yamara twaragerageje guha akarorero keza abakobwa bacu mu vy’impwemu. Mu nyuma, Leta yaragabanije amahera yahora ifashisha abarimyi n’aborozi, bica biba ngombwa ko duheba iryo yororero. Kubera ko twasigaye tutagira inzu canke akazi, agakobwa kacu kagira gatatu na ko kakaba kari gafise umwaka umwe gusa, twarasenze Yehova ngo adufashe yongere aduhe ubuyobozi. Kugira dutunge umuryango wacu, twarafashe ingingo yo gukoresha ubuhanga bwacu maze twugurura agashure kigisha ivyo gutamba. Umwiyemezo wacu wo gushira imbere ivy’impwemu waravuyemwo ivyiza. Twarahimbawe cane no kubona abakobwa bacu bose uko ari batatu batangura gukora ubutsimvyi bahejeje amashure. Gwen na we nyene yari umutsimvyi, akaba rero yarashobora kubashigikira buri musi.

Abakobwa bacu babiri ba mbere ari bo Gilly na Denise bamaze kwubaka izabo, twaciye twugara ka gashure. Twarandikiye ibiro vy’ishami kugira ngo bituronderere aho twoja gufasha. Baciye baturangira ibisagara vyo mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubwongereza. Kubera ko twari dusigaranye n’umukobwa wacu umwe ari we Debbie, nanje naciye ntangura gukora ubutsimvyi. Inyuma y’imyaka itanu, twarasabwe gufasha ayandi mashengero yari kure cane mu buraruko. Debbie amaze kwubaka urwiwe, twaratewe agateka ko kumara imyaka cumi turi abubatsi mvamakungu muri Zimbabwe, muri Moldaviya, muri Hongiriya no muri Côte d’Ivoire. Mu nyuma twarasubiye mu Bwongereza kugira dufashe mu kwubaka Beteli y’i Londres. Kubera ko nari menyereye ivyo kworora, narasabwe gufasha mw’iyororero rya Beteli ryari ryatanguye gukora ico gihe. Ubu turi abatsimvyi mu buraruko bushira uburengero bw’Ubwongereza.

Twaragize umunezero mwinshi wo gusukura turi abubatsi mvamakungu

Gwen: Umwuga twabanje kwiyegurira wo gutamba ballet wari uryoshe, ariko wari uw’akanya gato. Ukwiyegura kwacu kugira kabiri kandi guhambaye kuruta ukundi kwose, ni ukuvuga ukwiyegurira Yehova, kwokwo kwatumye tugira umunezero mwinshi kandi ni ukw’ibihe bidahera. N’ubu turakorana, ariko ya maguru twakoresha mu gutambana tuyakoresha mu gukorana ubutsimvyi. Gufasha abantu benshi kumenya ukuri kw’agaciro kandi kurokora ubuzima vyaratumye tugira umunezero ata co twowugereranya. Ayo “makete adushimagiza” araruta kure n’iyo ivyo kuba rurangiranwa muri iyi si. (2 Kor. 3:1, 2) Iyo tutamenya ukuri, ubu nta kindi tuba twibuka uretse ibintu twaciyemwo muri wa mwuga wa kera, amafoto twifotoje be n’ibiteramo twaremesheje.

David: Gukora umwuga wo gusukurira Yehova vyarahinduye cane ubuzima bwacu. Ndazi ko vyamfashije kuba umunega mwiza na sebibondo mwiza. Bibiliya iratubwira yuko Miriyamu, Umwami Dawidi be n’abandi, baseruye umunezero wabo mu gutamba. Na twebwe nyene, hamwe n’abandi benshi, turashashaye gutamba tunezerewe mw’isi nshasha ya Yehova.Kuv. 15:20; 2 Sam. 6:14.