Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba‘uzoguma uri maso’?

Woba‘uzoguma uri maso’?

“Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.”MAT. 25:13.

1, 2. (a) Ni igiki Yezu yavuze ko cobaye mu misi ya nyuma? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

WARI kwiyumva gute iyo uza kuba wicaye ku Musozi w’imyelayo warabana n’urusengero rw’i Yeruzalemu, igihe Yezu yavuga bumwe mu buhanuzi bwiwe bw’inkoramutima? Petero, Andereya, Yakobo na Yohani barateze yompi bitonze igihe Yezu yariko arababwira ubuhanuzi bworangutse muri kazoza ka kure. Yarababwiye vyinshi ku vyerekeye imisi ya nyuma y’iyi si mbi, igihe yobaye aganza mu Bwami bw’Imana. Yababwiye ko muri ico gihe c’iherezo, “umushumba [wiwe] w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yomuserukiye kw’isi, akaronsa abasuku biwe imfungurwa z’impwemu bakeneye ku gihe kibereye.Mat. 24:45-47.

2 Muri ubwo buhanuzi nyene, Yezu yaciye abacira umugani w’abigeme cumi b’isugi. (Soma Matayo 25:1-13.) Nimuze twihweze ibibazo bikurikira: (1) Ni ubutumwa nyamukuru ubuhe buri muri uwo mugani? (2) Abarobanuwe b’abizigirwa bashira mu ngiro gute impanuro iri muri uwo mugani, kandi havamwo iki? (3) Umwe wese muri twebwe yokwungukira gute kuri uwo mugani wa Yezu muri iki gihe?

UBUTUMWA BURI MURI UWO MUGANI NI UBUHE?

3. Kera ibisohokayandikiro vyacu vyasigura gute wa mugani w’abigeme cumi b’isugi, kandi ivyo bishobora kuba vyatumye haba iki?

3 Twarabonye mu kiganiro giheruka yuko muri iyi myaka wa mushumba w’umwizigirwa yahinduye ukuntu asigura inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya. Ubu ashimika ku vyigwa ngirakamaro biri muri izo nkuru aho gushimika ku co zigereranya. Fata nk’akarorero wa mugani wa Yezu werekeye abigeme cumi b’isugi. Ibisohokayandikiro vyacu vyavuga yuko amatara, amavuta, amacupa n’ibindi, vyagereranya ikintu canke umuntu kanaka. Ariko none, ubwo gushimika ku tuntu dutoduto nk’utwo ntibishobora kuba vyaratuma ubutumwa bworoshe gutahura kandi bwihutirwa buri muri uwo mugani budatomoka neza? Nk’uko tuza kubibona, inyishu y’ico kibazo irahambaye cane.

4. Muri uwo mugani, dushobora gute kumenya (a) umukwe? (b) abigeme b’isugi?

4 Nimuze turabe ubutumwa nyamukuru buri muri uwo mugani wa Yezu. Reka tubanze twihweze abantu nyamukuru bavugwamwo. Umukwe avugwa muri uwo mugani ni nde? Biragaragara ko Yezu ari we yariko arivuga. Nkako, hari n’ikindi gihe yerekanye ko ubwiwe ari we Mukwe! (Luka 5:34, 35) Abo bigeme b’isugi bo ni bande? Muri uwo mugani, Yezu avuga ko abigeme b’isugi bafise ibanga ryo kuguma biteguye, umukwe agashika amatara yabo yaka. Yezu yarahaye ubuyobozi busa n’ubwo ‘ubusho bwiwe buto’ bugizwe n’abayoboke biwe barobanuwe. Yababwiye ati: “Nimukenyere mu mafyinga, n’amatara yanyu agume yaka, kandi ubwanyu mumere nk’abantu barindiriye shebuja wabo niyagaruka avuye ku bugeni.” (Luka 12:32, 35, 36) Vyongeye, intumwa Paulo na Yohani bompi barahumekewe kugira berekane isano riri hagati y’abayoboke ba Kristu barobanuwe hamwe n’abigeme b’isugi. (2 Kor. 11:2; Ivyah. 14:4) Biragaragara ko Yezu yashaka yuko uwo mugani wo muri Matayo 25:1-13 uhanura abayoboke biwe barobanuwe kandi ukabagabisha.

5. Yezu yerekanye gute ikiringo umugani wiwe werekezako?

5 Ubu naho, nimuze turimbure ikiringo impanuro ya Yezu yerekezako. Ivyo Yezu yavuze mu mpera y’uwo mugani biradufasha kumenya ico kiringo. Yagize ati: “Wa mukwe arashika.” (Mat. 25:10) Nk’uko vyavuzwe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, ubuhanuzi bwa Yezu dusanga muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25 buravuga ibiringo umunani vyerekeza ku “gushika” kwiwe. Muri kimwekimwe cose, Yezu yariko yerekeza ku kiringo ca ya makuba akomeye, igihe azoshika aje guca urubanza no gutikiza iyi si mbi. Biboneka rero ko uwo mugani werekeza ku misi ya nyuma, ariko ikiringo cawo c’agaheta kikaba kizoshika mu gihe ca ya makuba akomeye.

6. Twisunze ukuntu ibintu vyari vyifashe, ubutumwa nyamukuru buri muri uwo mugani ni ubuhe?

6 None ubutumwa nyamukuru buri muri uwo mugani ni ubuhe? Niwibuke ingene ibintu vyari vyifashe. Mu kigabane ca 24, Yezu yari ahejeje kuvuga ibijanye n’“umushumba [wiwe] w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Uwo mushumba yobaye ari umugwi mutoyi ugizwe n’abagabo barobanuwe bogiye imbere abayoboke ba Kristu mu misi ya nyuma. Yezu yagabishije abo bagabo ko bategerezwa kuguma ari abizigirwa. Mu kigabane ca 25, yaciye yigana uwo mugani kugira ahimirize abayoboke biwe bose barobanuwe bo mu misi ya nyuma ‘kuguma bari maso’ kugira ntibatakaze impera yabo y’agaciro. (Mat. 25:13) Ubu na ho nimuze duce irya n’ino uwo mugani maze turabe ukuntu abarobanuwe bakurikiza iyo mpanuro.

ABAROBANUWE BAKURIKIZA GUTE IMPANURO IRI MURI UWO MUGANI?

7, 8. (a) Ni kubera iki ba bigeme b’ubwenge bagumye biteguye? (b) Abarobanuwe bagaragaza gute ko biteguye?

7 Umugani wa Yezu urerekana neza ko abo bigeme b’ubwenge bari batandukanye n’abo b’ibijuju. Uti kubera iki? Kubera ko bobo bari biteguriye ukuza kw’umukwe kandi bari maso. Abo bigeme b’isugi bose bari bakwiye kuguma bakije amatara yabo no kuguma bari maso amasaha n’ayandi gushika ico kintu giteye umunezero kibaye. Ariko rero, ba bigeme b’isugi batanu ntibari bameze nka bamwe b’ibijuju. Bariteguye vy’ukuri, bazana amatara yabo hamwe n’ayandi mavuta mu macupa. Abarobanuwe b’abizigirwa boba na bo nyene bagaragaza ko biteguye?

8 Cane nyene! Mu kiringo c’imisi ya nyuma, abakirisu barobanuwe barakora nka ba bigeme b’ubwenge. Bariteguriye kurangura badahemuka igikorwa bashinzwe gushika kw’iherezo. Baraha agaciro umurimo barangura badahemuka, bakabona imbere y’igihe ko igikorwa bashinzwe kizobasaba guheba ibintu vyinshi vy’umubiri vyo muri iyi si ya Shetani. Barihebera Yehova wenyene maze bakamukorera batabitumwe n’uko umuhero uri hafi, ariko babitumwe n’uko bakunda Yehova n’Umwana wiwe be n’uko batipfuza kubahemukira. Barumira ku gutungana kwabo, bakirinda agatima k’iyi si mbi karangwa n’uguhahamira amaronko, ubuhumbu be n’ubwikunzi. Gutyo baguma biteguye, bakaka nk’amatara, badahagarikwa umutima n’uko Umukwe yoba asa n’uwutevye gushika.Flp. 2:15.

9. (a) Ni ingabisho iyihe Yezu yatanze ku bijanye n’uguhunyiza? (b) Abarobanuwe bakiriye gute akamo kavuga ngo: “Ng’uyu umukwe”? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

9 Ikindi cafashije abo bigeme b’ubwenge kuba abiteguye ni uko bagumye bari maso. Vyoba vyoshoboka ko umukirisu yarobanuwe asinzira muri iki kiringo co guterama? Cane nyene. Urabona ko Yezu avuga yuko abo bigeme cumi b’isugi “bose batangura guhunyiza hanyuma ba[ka]ja kuryama” igihe umukwe asa n’uwutevye. Yezu yari azi neza ko umuntu yoshobora kuba afise umutima ushashaye, mugabo ubugoyagoye bw’umubiri bukamugora. Abarobanuwe b’abizigirwa barakora uko bashoboye kwose kugira bagume bari maso. Muri wa mugani, abigeme b’isugi bose baritabiriye akamo kumvikanye mw’ijoro kavuga ngo: “Ng’uyu umukwe!” Mugabo ab’ubwenge ni bo bonyene bagumye biteguye gushika kw’iherezo. (Mat. 25:5, 6; 26:41) Abarobanuwe bo muri iki gihe bo bite? Muri iyi misi ya nyuma, baritabira akamo kagira gati: “Ng’uyu umukwe!” Baremera rero ibimenyamenya bikomeye vyerekana ko Yezu agira ashike. Vyongeye barihangana, bakaguma biteguriye ko Umukwe ashika. * Ariko rero, uwo mugani usozera ushimika ku kindi kiringo kidasanzwe. Uti gute?

AB’UBWENGE BARARONSE IMPERA IBIJUJU BIRAHANWA

10. Amajambo abigeme b’ubwenge be n’abigeme b’ibijuju bavugana avyura ikibazo gishusha umutwe ikihe?

10 Ikiringo kumbure gishusha umutwe kuruta ibindi gishika mu mpera z’uwo mugani, igihe ba bigeme b’ibijuju basaba amavuta abigeme b’ubwenge bakayabima. (Soma Matayo 25:8, 9.) Amajambo babwirana atuma havyuka iki kibazo: “Ni ryari bishika abakirisu barobanuwe b’abizigirwa bakanka gufasha ababibasavye?” Turaronka inyishu y’ico kibazo kitoroshe dusubiye kurimbura ikiringo uwo mugani werekezako. Uribuka ko dusigaye dutahura yuko Yezu we Mukwe, ashika aje guca urubanza ya makuba akomeye agira arangire. Ubwo none ntivyoba bishoboka ko ico gice c’uwo mugani cerekeza ku biba imbere gatoyi y’uko urwo rubanza rwa nyuma rushika? Bishobora kuba ari ukwo biri, kuko ico gihe abarobanuwe bazoba bamaze gushirwako ikidodo ca nyuma.

11. (a) Bizogenda gute gatoyi imbere y’uko ya makuba akomeye atangura? (b) Ni igiki ba bigeme b’ubwenge bashatse kwerekana igihe barungika bamwe b’ibijuju ku badandaza b’amavuta?

11 Ku bw’ivyo rero, imbere y’uko ya makuba akomeye atangura, abarobanuwe b’abizigirwa bose bo kw’isi bazoba bamaze gushirwako ikidodo cabo ca nyuma. (Ivyah. 7:1-4) Kuva ico gihe, bizoba bizwi neza ko ari ab’ijuru. Mugabo zirikana ku myaka y’imbere y’uko ayo makuba atangura. Ni ibiki bishikira abarobanuwe bataguma bari maso maze bagatakaza ugutungana kwabo? Ntibazoronka impera yabo yo mw’ijuru. Amakuba akomeye atangura abandi bakirisu b’abizigirwa bamaze kurobanurwa kugira babasubirire. Ico gihe, nya bijuju vyoshobora kubabazwa no kubona Babiloni Akomeye atikijwe. Vyoshoboka ko ico gihe ari ho gusa bazotahura ko batari biteguriye ugushika kwa wa Mukwe. None vyogenda gute hamwe botangura kwambambira uwobafasha kuri iyo saha yitereye? Umugani wa Yezu uraduha inyishu. Ba bigeme b’ubwenge baranse guha bamwe b’ibijuju ku mavuta yabo, bababwira nyabuna ngo baje ku badandaza b’amavuta. Kubera ko hari “mw’ijoro hagati,” ntibari kuronka abadandaza bagurirako amavuta kuri iyo saha. Akaba kari kabaye!

12. (a) Mu gihe ca ya makuba akomeye, abarobanuwe boba bazoshobora gufasha abigeze kuba bararobanuwe mugabo bagatakaza ugutungana kwabo batarashirwako ikidodo ca nyuma? Kubera iki? (b) Iherezo ry’abo bantu bameze nka ba bigeme b’ibijuju rizoba irihe?

12 Muri ubwo buryo nyene mu gihe ca ya makuba akomeye, abarobanuwe b’abizigirwa nta co bazofasha uwo wese azoba yarahemutse. Akaba kazoba kabaye. None iherezo ryabo rizoca riba irihe? Yezu arasigura ivyashitse igihe ba bigeme b’ibijuju bata umwanya ngo bagiye kugura amavuta. Avuga ati: “Wa mukwe arashika, maze ba bigeme b’isugi bari biteguye binjirana na we ku nzimano y’ubugeni; umuryango uca urugarwa.” Yezu niyaza mu buninahazwa bwiwe gatoyi imbere y’uko ya makuba arangira, azokoraniriza abarobanuwe b’intahemuka biwe mw’ijuru. (Mat. 24:31; 25:10; Yoh. 14:1-3; 1 Tes. 4:17) Ibihemu bimeze nka ba bigeme b’ibijuju bizoca rero vyugarirwako umuryango. Nkako, boshobora guca basemerera bati: “Mutungwa, mutungwa, twugururire!” Ariko rero bazohabwa inyishu isa n’imwe abameze nk’impene benshi bazohabwa kuri iyo saha y’urubanza. Bazobwirwa ngo: “Ndababwiye ukuri: Sindabazi.” Mbega ukuntu bizoba bibabaje!—Mat. 7:21-23; 25:11, 12.

13. (a) Kubera iki tudakwiye gushika ku ciyumviro c’uko benshi mu bayoboke ba Kristu barobanuwe bazohemuka? (b) Kubera iki twovuga yuko ingabisho ya Yezu yerekana kandi ko yari yizigiye abarobanuwe? (Raba ishusho itangura.)

13 None twisunze ibihejeje kuvugwa, twoshika ku ciyumviro ikihe? Yezu yoba yariko avuga ko benshi mu basavyi biwe barobanuwe bohemutse maze bikaba ngombwa ko basubirizwa? Eka data. Niwibuke ko mu kigabane ca 24, Yezu yagabishije “umushumba [wiwe] w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kutigera aba umushumba mubi. Ivyo ntivyasobanura ko yari yiteze yuko ikintu nk’ico kiba. Muri ubwo buryo nyene, uwo mugani uratanga ingabisho ikomeye. Nk’uko abigeme batanu b’isugi bari ibijuju batanu na bo bakaba ab’ubwenge, uwarobanuwe wese aba afise ubushobozi bwose bwo guhitamwo kwitegura akaba maso canke kuba ikijuju agahemuka. Intumwa Paulo yarahumekewe kubwira ikintu nk’ico abakirisu bagenziwe barobanuwe. (Soma Abaheburayo 6:4-9; gereranya no Gusubira mu vyagezwe 30:19.) Urabona ko ingabisho ya Paulo yari ikomeye cane, mugabo kandi yari yizigiye ko ibintu “vyiza kuruta” vyari birindiriye abo bavukanyi na bashiki biwe. Muri ubwo buryo nyene, ingabisho iri mu mugani wa Yezu irerekana ko yizigiye abarobanuwe. Kristu arazi yuko umwe wese mu basavyi biwe barobanuwe ashobora kuguma ari umwizigirwa maze akazoronka impera ishimishije!

ABO MU “ZINDI NTAMA” ZA KRISTU BOKWUNGUKIRA GUTE KURI UWO MUGANI?

14. Kubera iki abo mu “zindi ntama” bashobora na bo nyene kwungukira ku mugani wa ba bigeme cumi b’isugi?

14 None ko Yezu yerekeje uwo mugani w’abigeme cumi b’isugi ku bayoboke biwe barobanuwe, twoba dukwiye kuvuga ko uwo mugani ata co umariye abo mu “zindi ntama” za Kristu? (Yoh. 10:16) Eka data. Niwibuke ko ubutumwa bwo muri uwo mugani bworoshe gutahura. Bugira buti: “Mugume muri maso.” Bwoba none bwerekeye abarobanuwe bonyene? Yezu yarigeze kuvuga ati: “Ico ndababwiye, ndakibwiye bose: Mugume muri maso.” (Mrk. 13:37) Yezu asaba abayoboke biwe bose gutegura imitima yabo kugira bakore badahemuka bongere bisunge iyo ngingo ngenderwako nyene yo kuba maso. Abakirisu bose rero barigana akarorero keza abarobanuwe batanga muri uwo muce, maze bagashira imbere ubusuku mu buzima bwabo. Vyongeye, umwe wese muri twebwe yogumiza ku muzirikanyi ko ba bigeme b’ibijuju basavye ab’ubwenge ngo babahe ku mavuta yabo. Kuba batabahaye namba biratwibutsa ko ata wushobora kuba umwizigirwa, kuguma mu kuri canke kuguma ari maso mu kibanza cacu. Umwe wese muri twebwe azogira ico abazwa na wa Mucamanza agororotse Yehova yagenye. Dutegerezwa kwitegura. Emwe, agira ashike vuba!

Kuba barabasavye amavuta ntibabahe biratwibutsa ko ata wushobora kuba umwizigirwa canke kuguma ari maso mu kibanza cacu

15. Kubera iki abakirisu b’ukuri bose bahimbarwa n’ubugeni Kristu azogirana n’umugeni wiwe?

15 Abakirisu bose boshobora kandi guhimbarwa n’ubugeni buvugwa mu mugani wa Yezu. Muri kazoza, inyuma y’intambara ya Harumagedoni, abakirisu barobanuwe bazocika umugeni wa Kristu. (Ivyah. 19:7-9) Abazoba bari kw’isi bose bazokwungukira kuri ubwo bugeni bwo mw’ijuru, kuko buzotuma haboneka intwaro itunganye kuri bose. Icizigiro cacu caba ico kuzoba mw’ijuru canke kw’isi, nimuze twese twiyemeze gukura icigwa gihambaye kuri uwo mugani w’abigeme cumi b’isugi. Nimuze tugume turi maso mu gutegura imitima yacu no mu kuguma tutanyiganyiga. Gutyo, tuzoshobora kwironkera kazoza kaninahaye Yehova yaduteguriye!

^ par. 9 Muri uwo mugani, haraca umwanya hagati y’ako kamo kavuga ngo “Ng’uyu umukwe!” (umurongo wa 6) be n’ugushika kw’umukwe (umurongo wa 10). Muri iyi misi ya nyuma, abarobanuwe baguma bari maso barabonye ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu. Barazi rero ko aganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Naho ari ukwo, bategerezwa kuguma bari maso kugeza ashitse.