Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene abakurambere bafasha abandi gukwiza ibisabwa

Ingene abakurambere bafasha abandi gukwiza ibisabwa

“Ibintu wanyumvanye . . . , ubizeze abantu b’abizigirwa.”2 TIM. 2:2.

1. (a) Ni igiki abasavyi b’Imana bamye batahura ku bijanye no kumenyerezwa, kandi ivyo bihuye gute n’ivyo muri iki gihe? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

ABASAVYI b’Imana bamye batahura ko kumenyereza abandi ari ngirakamaro. Umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu “[yarakoranije] abantu biwe bamenyerejwe” kugira batabare Loti, kandi nya bagabo barabishoboye. (Ita. 14:14-16) Mu gihe c’Umwami Dawidi, abaririmvyi bo ku nzu y’Imana “ba[ra]menyerejwe mu vy’ukuririmbira Yehova” kandi ivyo vyatumye Imana ishemezwa. (1 Ngo. 25:7) Muri iki gihe, turi mu ntambara yo mu buryo bw’impwemu yo kurwana na Shetani be n’abayoboke biwe. (Ef. 6:11-13) Vyongeye, turihata cane kugira dushemeze Yehova. (Heb. 13:15, 16) Cokimwe n’abasavyi b’Imana ba kera rero, turakeneye kumenyerezwa kugira turoranirwe. Mw’ishengero, Yehova arazeza abakurambere ibanga ryo kumenyereza abandi. (2 Tim. 2:2) None ni uburyo ubuhe abakurambere bazi utuntu n’utundi bakoresha mu kumenyereza abavukanyi kugira bakwize ibisabwa ngo bitwararike ubusho?

NUMUKOMEZE MU VY’IMPWEMU

2. Imbere yo kwigisha ubuhanga kanaka uwumenyerezwa, ni ibiki umukurambere yoshima gukora, kandi kubera iki?

2 Kubera ko uri umukurambere, woshobora kugereranywa n’umurimyi. Imbere yo kubiba imbuto, umurimyi yoshobora kubona ko akeneye gufumbira ubutaka kugira atume bwimbuka cane. Muri ubwo buryo nyene, imbere yo kwigisha ubuhanga kanaka umuvukanyi ataraca uruma, umukurambere yoshobora kubona ko akeneye gusomera hamwe na we ivyiyumviro ngirakamaro vyo mu Vyanditswe kugira amufashe kwakira neza ukumenyerezwa azoronka.1 Tim. 4:6.

3. (a) Wokoresha gute amajambo ya Yezu dusanga muri Mariko 12:29, 30 mu kuyaga n’uwo umenyereza? (b) Isengesho umukurambere atura ryoshobora gute gufasha uwumenyerezwa?

3 Kugira umenye aho uwo umenyereza ageza mu kwisunga ukuri mu vyo yiyumvira no mu vyo akora, woshobora kumubaza uti: ‘Kuba wariyeguriye Yehova bigira ico bikoze gute ku ngingo ufata mu buzima?’ Ico kibazo coshobora gutuma mugirana ikiyago gishimishije ku bijanye n’igituma turangura umurimo mweranda n’ubuzima bwacu bwose. (Soma Mariko 12:29, 30.) Kumbure ico kiyago kirangiye, woshobora gutura isengesho usaba Yehova ngo amuhe impwemu nyeranda akeneye kugira isozere ukumenyerezwa kwiwe. Ese ukuntu uwo muvukanyi azokomezwa no kwumva isengesho rivuye ku mutima utura umusabira!

4. (a) Tanga uburorero bw’inkuru zo muri Bibiliya zotuma uwumenyerezwa atera imbere mu vy’impwemu. (b) Ni intumbero iyihe abakurambere baba bafise igihe bamenyereza abandi?

4 Igihe utanguye kumenyereza umuvukanyi, nurimbure inkuru zimwezimwe zoshobora kumufasha kubona ko akeneye kugira umutima ukunze, kuba umwizigirwa no kwicisha bugufi. (1 Abm. 19:19-21; Neh. 7:2; 13:13; Ivyak. 18:24-26) Izo kamere ni ngirakamaro ku wumenyerezwa nka kurya kw’ifumbire ku butaka. Ziramufasha gutera imbere ningoga mu vy’impwemu. Umukurambere umwe wo mu Bufaransa yitwa Jean-Claude avuga ati: “Intumbero nyamukuru mba mfise igihe menyereza umuvukanyi kanaka ni ukumufasha kuba umuntu yitwararika ivy’impwemu. Ndarondera uturyo two gusomera hamwe na we icanditswe kanaka kugira ‘mpfukure amaso’ yiwe ngo abone ‘ibintu vy’agatangaza’ vyo mw’Ijambo ry’Imana.” (Zab. 119:18) Ni ubundi buryo ubuhe wokoresha kugira ukomeze uwo umenyereza?

NUMWEREKE ICO YOKORA BE N’IGITUMA YOGIKORA

5. (a) Ni kubera iki bihambaye ko uyaga n’uwo umenyereza ibijanye n’imigambi yo mu vy’impwemu? (b) Kubera iki abakurambere bakwiye kumenyereza abakiri bato? (Raba akajambo k’epfo.)

5 Nubaze uwo umenyereza uti: ‘Ufise imigambi iyihe yo mu vy’impwemu?’ Nimba ata migambi itomoye afise, numufashe kwishingira umugambi ashobora gushikako. Numubwire ibijanye n’umugambi kanaka wigeze kwishingira, maze umwiganire ubigiranye igishika ukuntu wanezerewe cane igihe wawushikako. Naho ubwo buryo umengo burasanzwe, ni ngirakamaro. Umukurambere umwe w’umutsimvyi yitwa Victor wo muri Afrika, yigana ati: “Igihe nari nkiri muto, hari umukurambere yambajije utubazo dukeyi yari yacaguye neza ku bijanye n’imigambi nari mfise. Utwo tubazo twatumye ntangura kuzirikana ata gufyina ivyerekeye ubusuku bwanje.” Abakurambere bazi utuntu n’utundi barashimika kandi ku kuntu bihambaye gutangura kumenyereza abavukanyi kuva bakiri bato, ni ukuvuga bagitangura ubuyabaga. Ivyo barabigira mu kubashinga ibikorwa bashoboye mw’ishengero. Ukwo kumenyereza abakiri bato hakiri kare birabafasha kugumiza amaso yabo ku migambi yo mu vy’impwemu igihe baba bariko barava mu buyabaga, aho usanga bafise vyinshi bibasamaza.Soma Zaburi 71:5, 17. *

Nusigurire umuvukanyi igituma igikorwa kanaka gikwiye gukorwa wongere umukeze kuba yihatiye kugikora (Raba ingingo ya 5-8)

6. Ni ikintu gihambaye ikihe Yezu yagira mu kumenyereza abandi?

6 Urashobora kandi gufasha uwo umenyereza akagira icipfuzo co gusukurira abandi mu kumwereka ico akwiye gukora be n’igituma akwiye kugikora. Igihe umweretse imvo, uba wiganye wa Mwigisha Ahambaye Yezu. Nk’akarorero, imbere y’uko ashinga intumwa ziwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa, yarababwiye igituma bakwiye kugamburuka. Yavuze ati: “Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.” Yaciye yongerako ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” (Mat. 28:18, 19) Woshobora gute kwigana ukuntu Yezu yamenyereza abandi?

7, 8. (a) Muri iki gihe, abakurambere bashobora gute kwigana ukuntu Yezu yamenyereza abandi? (b) Kubera iki bihambaye ko ukeza uwo umenyereza? (c) Ni ivyiyumviro ibihe vyofasha abakurambere kumenyereza abandi? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene womenyereza abandi.”)

7 Nusigurire uwo umenyereza ukoresheje Bibiliya igituma gukora ikintu kanaka bihambaye. Ubigenjeje gutyo, uba umwigishije gukora yisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, dufate ko usavye umuvukanyi kwama asukura kw’irembo ry’Ingoro y’Ubwami no kuraba ko ata kintu coteza isanganya gihari. Mwoshobora kurabira hamwe ibivugwa muri Tito 2:10 maze ukamusigurira ukuntu gusukura Ingoro y’Ubwami “[bishariza] inyigisho y’Umukiza wacu, Imana.” Numusabe kandi yitwararike abageze mu zabukuru bo mw’ishengero wongere umwereke ingene kubikora bizobagirira akamaro. Kuyaga ibintu nk’ivyo n’uwo umenyereza bizomufasha kwibanda cane ku bantu aho kwibanda ku mategeko ahabwa. Bizomuhimbara cane niyibonera ukuntu abavukanyi na bashiki bacu bungukira ku murimo arangura.

8 N’ikindi kandi, ntiwibagire kumukeza igihe yihatiye gushira mu ngiro inama wamugiriye. Kubera iki ivyo bihambaye? Gukeza uwo umenyereza ubikuye ku mutima bimufasha nka kurya amazi afasha igiterwa, kuko bituma atera imbere nk’umuzinga.—Gereranya na Matayo 3:17.

IYINDI NGORANE

9. (a) Ni ingorane iyihe abakurambere bamwebamwe bo mu bihugu bitunze bagira mu bijanye no kumenyereza abandi? (b) Ni kubera iki ukuri kutaza mu kibanza ca mbere mu buzima bw’abakiri bato bamwebamwe?

9 Abakurambere bo mu bihugu bitunze boshobora guhura n’iyindi ngorane ijanye no kuremesha abavukanyi bageze mu myaka 20 canke 30 ngo bagire uruhara mu bikorwa vyo mw’ishengero. Twarabajije abakurambere bazi utuntu n’utundi bo mu bihugu nka 20 vya Buraya ngo batubwire igituma abavukanyi bakiri bato bamwebamwe batinya guterwa uduteka mw’ishengero. Imwe mu nyishu baduhaye ni iyi: Abavukanyi bamwebamwe usanga bataremeshejwe gukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu kuva bakiri bato. Nkako, rimwe na rimwe abakiri bato bari bafise agatima ko kwishingira imigambi nk’iyo, wasanga nyabuna abavyeyi babo babaremesha kwishingira imigambi itajanye n’ivy’Imana. Ukuri ntikwigeze kuja mu kibanza ca mbere mu buzima bw’urwo rwaruka.Mat. 10:24.

10, 11. (a) Umukurambere yoshobora gute buhorobuhoro gufasha umuvukanyi asa n’uwudashaka guhindura agatima? (b) Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu Vyanditswe umukurambere yoshobora kurimburira hamwe n’uwo muvukanyi, kandi kubera iki? (Raba akajambo k’epfo.)

10 Nimba umuvukanyi asa n’uwudashaka gukora vyinshi mw’ishengero, guhindura ukuntu yiyumvira vyoshobora gusaba akigoro kanini n’ukwihangana cane, ariko birashoboka. Kurya nyene umurimyi ashobora gutumbereza ibiterwa bimwebimwe biriko birakura mu kuza arabibogora buhorobuhoro, urashobora gufasha abavukanyi bamwebamwe intambwe ku yindi bakabona ko bakeneye guhindura ukuntu babona ivyo kwemera uduteka. Mugabo none wobigenza gute?

11 Nufate akanya ugiranire ubugenzi n’uwo muvukanyi. Numumenyeshe ko ishengero rimukeneye. Haciye igihe rero, nufate akanya kugira muzirikane ku vyanditswe kanaka maze umufashe kuzirikana kw’ibatisimu yiwe. (Umus. 5:4; Yes. 6:8; Mat. 6:24, 33; Luka 9:57-62; 1 Kor. 15:58; 2 Kor. 5:15; 13:5) Woshobora kumubaza uti: ‘Ni igiki wasezeraniye Yehova igihe wamwiyegurira?’ Nugerageze kumukora ku mutima mu kumubaza uti: ‘Wibaza ko Yehova ategerezwa kuba yumvise amerewe gute igihe wabatizwa?’ (Imig. 27:11) ‘Shetani we yamerewe gute?’ (1 Pet. 5:8) Ntiwigere ufatira mu rwara ukuntu umuvukanyi ashobora gukorwa ku mutima igihe musomye ivyanditswe wacaguye witonze.Soma Abaheburayo 4:12. *

YEMWE ABAMENYEREZWA, NIMUBE ABIZIGIRWA

12, 13. (a) Ni agatima akahe Elisha yagaragaje igihe yariko aramenyerezwa? (b) Yehova yahaye impera gute Elisha kubera yagumye ari umwizigirwa?

12 Ariko none tuvuge iki ku bijanye na mwebwe abakiri bato mukeneye gufashwa? Ni agatima akahe kazobafasha kuroranirwa? Kugira turonke inyishu y’ivyo bibazo, nimuze turimbure ibintu bimwebimwe vyashitse mu buzima bw’uwamenyerejwe mu bihe vya kera.

13 Haraciye imyaka hafi 3.000 umuhanuzi Eliya asavye umusore Elisha ngo amubere umusuku. Elisha yaciye yemera adatebaganye maze arasukurira uwo mutama mu kurangura ibikorwa biciye bugufi adahemuka. (2 Abm. 3:11) Haciye amezi nk’atandatu Elisha amenyerezwa, yaramenye yuko igikorwa Eliya yarangura muri Isirayeli cagira kirangire. Ico gihe, Eliya yarasavye uwo mugenzi wiwe yari yaramenyerejwe neza ngo areke kumukurikira, mugabo Elisha yishuye Eliya incuro zitatu ati: “Ntituvana.” Yari yiyemeje kugumana n’uwo mumenyereza wiwe igihe kirekire gishoboka. Yehova yahavuye aha impera Elisha kubera yabaye intahemuka n’umwizigirwa mu kumureka akibonera ukuntu Eliya ajanwa mu buryo buteye akoba.2 Abm. 2:1-12.

14. (a) Abamenyerezwa bokwigana gute Elisha muri iki gihe? (b) Ni kubera iki bihambaye ko uwumenyerezwa aba umwizigirwa?

14 Ushobora gute kwigana Elisha muri iki gihe? Niwemere udatebaganye ibikorwa bagushinga, harimwo n’ibiciye bugufi. Nubone umumenyereza wawe nk’umugenzi, maze umubwire ko ukenguruka akigoro agira ko kugufasha. Ubigenjeje gutyo, ni nk’aho woba uriko umubwira uti: “Ntituvana.” Ikiruta vyose, nurangure udahemuka igikorwa ico ari co cose ushingwa. Kubera iki ivyo bihambaye cane? Kubera ko igihe weretse abakurambere ko uri umwizigirwa, ari ho babona neza ko Yehova ashaka kukuzeza amabanga yiyongereye mw’ishengero.Zab. 101:6; soma 2 Timoteyo 2:2.

NIMUBAHE ICUBAHIRO BAKWIRIYE

15, 16. (a) Ni gute Elisha yerekanye ko yubaha umumenyereza wiwe? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni igiki catumye abandi bahanuzi bizigira Elisha?

15 Inkuru yerekeye uwasubiriye Eliya ari we Elisha irerekana kandi ukuntu abavukanyi muri iki gihe bashobora guha abakurambere baciye uruma icubahiro bakwiriye. Inyuma y’aho Eliya na Elisha bamariye kugendera umugwi w’abahanuzi i Yeriko, abo bagabo babiri baciye bagenda ku Ruzi Yorodani. Bagezeyo, “Eliya . . . [yaratoye] impuzu y’ibango yiwe, arayizinga hanyuma akubita amazi, maze buhorobuhoro amazi arigabura.” Bamaze kujabuka baciye kw’isi yumutse, babandanije ‘kugenda bavuga.’ Biragaragara ko Elisha ataciye yibwira ko yari asigaye azi vyose. Elisha yarafashe nka nkama ijambo ryose yabwiwe n’umumenyereza wiwe Eliya gushika agiye. Eliya yaciye aduganwa mu gashururu. Mu nyuma Elisha agarutse kuri Yorodani, yarakubise amazi akoresheje ya mpuzu ya Eliya, aca arasemerera ati: “Yehova Imana ya Eliya ari hehe?” Amazi yaciye asubira kwigabura.2 Abm. 2:8-14.

16 Woba wabonye ko igitangaro ca mbere Elisha yakoze casa neza na neza n’igitangaro ca nyuma Eliya yakoze? Kubera iki ivyo bishimishije? Biboneka ko Elisha atiyumviriye ko abwirizwa guca ahindura ingene ibintu vyahora bikorwa ngo ni uko ari we yari asigaye abibazwa. Ahubwo nyabuna, mu kubandanya gukora ibintu nk’uko Eliya yabikora, Elisha yarerekanye ko yaha umumenyereza wiwe icubahiro akwiriye, bikaba vyaratumye abahanuzi bagenziwe bamwizigira. (2 Abm. 2:15) Ariko rero mu nyuma, mu myaka 60 Elisha yamaze ari umuhanuzi, Yehova yaratumye akora ibindi bitangaro vyinshi kuruta Eliya. Ni icigwa ikihe uhakura wewe umenyerezwa muri iki gihe?

17. (a) Abamenyerezwa muri iki gihe bashobora gute kwigana agatima ka Elisha? (b) Yehova ashobora gute kuzokoresha abamenyerezwa b’abizigirwa?

17 Ntiwiyumvire yuko niwashingwa amabanga mw’ishengero uzoca uyakoresha kugira uhindure ukuntu ibintu vyahora bikorwa. Guhindura ibintu ntibigirwa kubera ko uvyipfuza, ahubwo bigirwa hisunzwe ivyo ishengero rikeneye be n’ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. Elisha yaratumye abahanuzi bagenziwe bamwizigira biciye ku bikorwa vyiwe, yongera arerekana ko yubaha uwo yasubiriye ari we Eliya mu kubandanya gukora ibintu nk’uko Eliya yabikora. Na wewe nyene woshobora gutuma abo musangiye ukwemera bakwizigira kandi ukerekana ko wubaha abakurambere baciye uruma mu kubandanya kwigana uburyo bushingiye kuri Bibiliya bisunga mu gukora ibintu. (Soma 1 Abakorinto 4:17.) Ariko rero, nta gukeka ko niwamara guca uruma uzogira uruhara mu bijanye no gushira mu ngiro amahinduka afasha ishengero kuguma rijana n’ishirahamwe rya Yehova ribandanya gutera imbere. Mu nyuma, Yehova yoshobora gutuma mwebwe abamenyerezwa b’abizigirwa mukora mbere vyinshi kuruta ababamenyereje, nk’uko nyene yabigize kuri Elisha.Yoh. 14:12.

18. Kubera iki vyihutirwa cane ko abavukanyi bo mu mashengero bamenyerezwa muri iki gihe?

18 Turizigiye ko ivyiyumviro biri muri iki kiganiro no mu giheruka bizotuma abakurambere benshi barondera akanya ko kumenyereza abandi. Ese abavukanyi bakwije ibisabwa bokwemera babikunze ukwo kumenyerezwa maze bakagukoresha neza igihe bafasha mu bijanye no kwitwararika ubusho bwa Yehova! Ivyo bizotuma amashengero yo hirya no hino kw’isi akomera vyongere bifashe umwe wese muri twebwe kuguma ari umwizigirwa muri vya bihe bitoroshe vyimirije.

^ par. 5 Nimba uwukiri muto agaragaza ko ahumuye mu vy’impwemu, ko yicisha bugufi be n’uko akwije ibindi bisabwa n’Ivyanditswe, abakurambere boshobora kumurata kugira abe umukozi w’ishengero naho yoba atarashikana imyaka mirongo ibiri.1 Tim. 3:8-10, 12; raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2000, urupapuro rwa 8.

^ par. 11 Mu vyo muganira, woshobora gukoresha ivyiyumviro biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2012, urupapuro rwa 14-16, ingingo ya 8-13; be n’ibiri mu gitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana,” ikigabane ca 16, ingingo ya 1-3.