Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igiti ciciwe coba cosubira kunaga?

Igiti ciciwe coba cosubira kunaga?

IGITI c’umwelayo cihese kikagira n’amapfundo coshobora gusa n’ikidatangaje cane ukigereranije n’isederi y’ingazamarumpu y’i Libani. Mugabo ibiti vy’imyelayo birafise ubushobozi budasanzwe bwo kurindirako naho ikirere coba cifashe gute. Vyiyumvirwa yuko hariho ibimaze imyaka 1.000. Imizi miremire y’igiti c’umwelayo iratuma cisubiza itoto mbere n’igihe umutumba waco uba wariciwe. Igihe cose imizi yaco iba itarabora, kirasubira kunaga.

Umwe sekuruza w’imiryango Yobu yari yarajijutse ko naho yopfa, yosubiye kubaho. (Yobu 14:13-15) Mu kwerekana neza ko yari yizigiye yuko Imana ifise ubushobozi bwo kumuzura, yatanze akarorero k’igiti, kumbure kibaba cari igiti c’umwelayo. Yobu yavuze ati: “Hari icizigiro no ku giti. Ciciwe, kizosubira kunaga.” Naho hoba haciye igihe haka uruzuba, igishitsi c’umwelayo cumye kirashobora guhembuka igihe imvura iguye maze kikagira iminago ku mizi yaco, kikazana “ishami [canke amashami] nk’igiterwa gishasha.”Yobu 14:7-9.

Nka kurya nyene umurimyi aba ashashaye kubona imizi y’umwelayo wiciwe isubiye kunaga, ni ko na Yehova Imana ashashaye kuzura abasavyi biwe hamwe n’abandi benshi bapfuye. (Mat. 22:31, 32; Yoh. 5:28, 29; Ivyak. 24:15) Ese ukuntu bizoba biteye umunezero guha ikaze abapfuye no kubabona basubiye kuba bazima!