Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwame wizigira Yehova

Niwame wizigira Yehova

“Nimuyizigire ibihe vyose, emwe bantu!”ZAB. 62:8.

1-3. Ni gute Paulo yarushirije kwizigira Yehova? (Raba ishusho itangura.)

KUBA umukirisu i Roma kwari ukwigerezako. Abayoboke ba Kristu barankwa urunuka kubera bagirizwa ko ari bo baturiye ico gisagara mu 64 inyuma ya Kristu be n’uko ngo banka abantu. Iyo uza kuba umukirisu ico gihe, hari aho wari kuza urafatwa ukongera ugatonagurwa buri musi. Abo musangiye ukwemera bamwebamwe bashobora kuba baratabaguwe n’ibikoko canke barakomerewe imisumari ku giti maze bagaturirwa kugira babe ibimuri mw’ijoro.

2 Birashoboka ko muri ico gihe kitoroshe ari ho intumwa Paulo yapfungirwa i Roma ubugira kabiri. None abandi bakirisu boba baramuserutseko? Paulo ashobora kuba yabanje guhagarikwa umutima n’ico kintu, kuko yandikiye Timoteyo ati: “Mu kwiburanira kwanje kwa mbere nta n’umwe yagiye ku ruhande rwanje, mugabo bose barantaye—ivyo ntibabiharurweko.” Yamara rero, Paulo yaratahura ko atari yahebwe rwose. Yanditse ati: “Mugabo Umukama yahagaze hafi yanje anshiramwo ububasha.” Ego cane, Yehova abicishije ku Mukama wacu Yezu, yarahaye Paulo ububasha yari akeneye. Ese ukuntu iyo mfashanyo yamugiriye akamaro! Paulo avuga ati: “Nararokowe mu kanwa k’intambwe.”2 Tim. 4:16, 17. *

3 Kwibuka ico kintu camushikiye bitegerezwa kuba vyaramukomeje, biramufasha kwizigira ko Yehova yomuhaye inkomezi zo kwihanganira ibigeragezo yarimwo be n’ivyomushikiye. Nkako, yaciye abandanya avuga ati: “Umukama azondokora mu gikorwa cose c’ububisha.” (2 Tim. 4:18) Ego cane, Paulo yari yaratahuye ko n’igihe nyene abantu bataba bashobora kudufasha, Yehova n’Umwana wiwe baba babishobora vy’ukuri!

UTURYO TWO ‘KWIZIGIRA YEHOVA’

4, 5. (a) Ni nde ashobora kwama aguha imfashanyo ukeneye? (b) Ushobora gute gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova?

4 Vyoba birashika ukabona umengo ntugira gitabara igihe uri mu ngorane? Zishobora kuba ari ingorane z’ubushomeri, imikazo yo kw’ishure, ingorane z’amagara canke ikindi kintu gitesha umutwe. Kumbure warasavye abandi ngo bagufashe mugabo ntibashobora kugufasha nk’uko wavyipfuza, bica birakuvuna umutima. Mu bisanzwe, ingorane zimwezimwe usanga abantu buntu badashobora kuzitorera umuti. None woca ukora iki mu bihe nk’ivyo? Bibiliya iduhanura ‘kwizigira Yehova.’ (Imig. 3:5, 6) None yoba vy’ukuri azogufasha? Cane nyene! Nk’uko inkuru zitari nke zo muri Bibiliya zivyerekana, Yehova arafasha vy’ukuri abasavyi biwe.

5 Ku bw’ivyo rero, aho kubika inzika igihe abantu basa n’abadashoboye kugufasha, nubone ibintu nk’intumwa Paulo, ubone ko ari uturyo two kwiheka kuri Yehova uherejeko maze wirabire ukuntu akwitwararikana urukundo. Ivyo bizotuma urushiriza kumwizigira no kugiranira na we ubucuti somambike.

TUBWIRIZWA KWIZIGIRA YEHOVA KUGIRA DUCUDIKE NA WE

6. Ni kubera iki vyoshobora kutubera urugamba kwizigira Yehova na canecane igihe turi mu bihe bigoye?

6 Woba ushobora kubwira Yehova mw’isengesho ingorane igutesheje umutwe maze ugatekana, uzi ko wakoze ivyo ushoboye vyose be n’uko ibisigaye azobitunganya? Cane nyene! (Soma Zaburi 62:8; 1 Petero 5:7.) Kubigenza gutyo ni ikintu gihambaye cerakana ko uriko uracudika na Yehova. Yamara rero, kwizigira ko Yehova azokuronsa ivyo ukeneye vyose birashobora kukubera urugamba. Uti kubera iki? Kimwe mu vyobituma ni uko Yehova atama aca yishurira aho nyene.Zab. 13:1, 2; 74:10; 89:46; 90:13; Hab. 1:2.

7. Ni kubera iki Yehova atama yishura ubwo nyene amasengesho tumutura?

7 Ni kubera iki Yehova adaca ubwo nyene aduha ikintu cose tumusavye? Niwibuke ko ubucuti dufitaniye na we abugereranya n’ubwo abana bafitaniye n’umuvyeyi wabo. (Zab. 103:13) Umwana ntashobora kwitega ko umuvyeyi amuha ico asavye cose canke ngo ace akimuha ubwo nyene. Bimwebimwe mu vyo umwana asaba vyoshobora kuba ari ukwifyinatira gusa. Ibindi na vyo usanga ategerezwa kubirindira gushika igihe kibereye kigeze. Hari n’ibindi usanga ata co vyomarira uwo mwana canke abandi vyerekeye. Vyongeye, guca ubwo nyene uha umwana ivyo agusavye vyose bishobora gutuma usigara umeze nk’umushumba wiwe. Muri ubwo buryo nyene, Yehova yoshobora kureka hagaca igihe ataragaragaza ko yishuye amasengesho yacu, ivyo akabigira ku neza yacu. Ivyo arabifitiye uburenganzira kuko ari we Muremyi wacu w’inkerebutsi, Databuja yuzuye urukundo akaba na Data wa twese wo mw’ijuru. Guca ubwo nyene aduha ibintu vyose tumusavye, vyoshobora kwonona ubucuti dufitaniye na we.—Gereranya na Yesaya 29:16; 45:9.

8. Ni igiki Yehova asezerana ku bijanye n’ivyo tudashobora kwihanganira?

8 Ikindi kintu kibituma, ni uko Yehova azi neza aho ubushobozi bwacu bugarukira. (Zab. 103:14) Ku bw’ivyo, ntiyitega ko twihangana dukoresheje inkomezi zacu, ahubwo nyabuna aradufasha nk’umuvyeyi. Ego ni ko vyoshobora gushika tukabona ko tudashobora kubandanya twihangana. Mugabo Yehova adusezeranira ko atazokwigera areka ngo abasavyi biwe bashikirwe n’ivyo badashobora kwihanganira. Emwe, ‘azoducira icanzo.’ (Soma 1 Abakorinto 10:13.) Turafise rero imvo yumvikana yo kwizigira ko Yehova azi ukuntu ivyo dushobora kwihanganira bingana.

9. Dukwiye gukora iki igihe dusenze dusaba imfashanyo mugabo ntiduce tuyironka ubwo nyene?

9 Igihe dusenze dusaba imfashanyo mugabo ntiduce tuyironka ubwo nyene, nimuze turindire Umwe azi igihe kibereye co kudufasha. Twibuke yuko na we nyene yihanganye, kuko ashashaye kuturokora. Bibiliya ivuga iti:“Yehova azoguma arindiriye kubagirira ubutoni, kandi ni co gituma azohaguruka ngo abereke imbabazi. Kuko Yehova ari Imana y’imanza. Hahiriwe abo bose baguma bamurindiriye.”Yes. 30:18.

“AKANWA K’INTAMBWE”

10-12. (a) Kubera iki vyoshobora kugora umukirisu arwaje incuti ifise indwara idakira? (b) Kwizigira Yehova mu bihe bigoye bigira ico bikoze gute ku bucuti umuntu afitaniye na we? Tanga akarorero.

10 Cokimwe na Paulo, igihe uri mu ngorane zikomeye woshobora kubona umenga uri mu “kanwa k’intambwe” canke n’imiburiburi hafi cane yako. Mu bihe nk’ivyo, kwizigira Yehova birashobora kukugora cane, mugabo ni ho biba bihambaye cane ko ubigira. Dufate nk’akarorero ko urwaje incuti ifise indwara idakira. Kumbure warasenze Yehova umusaba ubukerebutsi n’inkomezi. * None ntiwumva ko hari ukuntu utekanye kubera uzi yuko Yehova akubona be n’uko azokuronsa ivyo ukeneye kugira ubandanye kwihangana?—Zab. 32:8.

11 Vyoshika ukabona umengo Yehova nta co ariko aragufasha. Abaganga boshobora kukubwira ivyiyumviro bitandukanye, canke ukabona umengo incuti wari wizigiye ko zoguhumuriza ziriko zirasongera isibe. Nugume uhanze amaso Yehova kugira agufashe. Nugume umwiyegereza. (Soma 1 Samweli 30:3, 6.) Niwabona ukuntu Yehova yagufashije, ubucuti ufitaniye na we buzoca burushiriza gukomera.

12 Uwitwa Linda * yaratahuye ko ivyo ari ukuri igihe yari amaze imyaka afasha mu kurwaza abavyeyi biwe imbere y’uko basandaba. Yigana ati: “Muri ico gihe, twe n’umunega wanje hamwe na musazanje akenshi vyaratugora kumenya ico twokora. Vyarashika tukihebura. Ariko rero dusubije amaso inyuma, turibonera neza ukuntu Yehova yabanye natwe. Yaradukomeje yongera araturonsa ivyo twari dukeneye, mbere n’igihe twaba twabuze ayo ducira n’ayo tumira.”

13. Kwizigira Yehova vyafashije gute mushiki wacu umwe kwihanganira ibintu bitesha umutwe vyagiye biramushikira?

13 Kwizigira Yehova duherejeko birashobora kandi kudufasha igihe dushikiwe n’ivyago. Raba ivyashikiye uwitwa Rhonda. Igihe umugabo wiwe atari Icabona yariko arondera ko bahukana, musazawe baramutoye indwara ishobora kumuhitana yitwa Lupus. Haciye amezi makeyi, muramukaziwe yarapfuye. Igihe intuntu Rhonda yagize yari itanguye kugabanuka, yaciye atangura ubutsimvyi busanzwe. Bidatevye, nyina yarapfuye. None ni igiki cafashije Rhonda kwihangana? Yigana ati: “Naraserurira Yehova akari ku mutima buri musi, mbere n’igihe naba ngira mfate ingingo zidahambaye cane. Ivyo vyaratumye mbona ko Yehova abaho koko. Vyaranyigishije kwizigira Yehova aho kwiyizigira canke kwizigira uwundi muntu. Vyongeye, Yehova yaramfashije vy’ukuri, arandonsa ivyo nari nkeneye vyose. Ivyo vyatumye nibonera ico ari co gusenyera ku mugozi umwe na we.”

Ibintu bihungabanya ubucuti dufitaniye na Yehova vyoshobora mbere kuva mu muryango (Raba ingingo ya 14-16)

14. Ni igiki umukirisu w’umwizigirwa afise incuti yaciwe ashobora kwizigira?

14 Raba ikindi kintu coshobora gushika. Dufate ko hari incuti ukunda iciwe. Wisunze ivyo wize muri Bibiliya, urazi ingene abaciwe bategerezwa gufatwa. (1 Kor. 5:11; 2 Yoh. 10) Yamara, kwisunga ingingo yo guca umuntu mw’ishengero vyoshobora rimwe na rimwe kukugora cane, canke mbere ukabona ko bidashoboka. * Woba ushobora kwizigira yuko Data wa twese wo mw’ijuru azoguha inkomezi ukeneye kugira ukurikize ubuyobozi Bibiliya itanga ku bijanye n’iyo ngingo? Woba ubona ko ako ari akaryo uba uronse ko gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova?

15. Kubera iki Adamu yagambaraye itegeko Imana yatanze muri Edeni?

15 Ku bijanye n’ivyo, nuzirikane gatoyi ku muntu wa mbere Adamu. Yoba vy’ukuri yaribaza ko ashobora kugambararira Yehova maze akabandanya kubaho? Oya, kuko Ivyanditswe bitubwira ko Adamu ‘atahenzwe.’ (1 Tim. 2:14) Kubera iki none yagambaraye? Adamu ategerezwa kuba yariye icamwa Eva amuhaye kubera ko yakunze uwo mugore wiwe kuruta Yehova. Yumvirije ijwi ry’uwo mugore aho kwumviriza ijwi ry’Imana yiwe Yehova.Ita. 3:6, 17.

16. Ni nde dukwiye gukunda kuruta abandi bose, kandi kubera iki?

16 Ivyo none vyoba bisobanura ko tudakwiye gukunda cane incuti zacu? Ishwi data! Mugabo Yehova ni we dukwiye gukunda kuruta abandi bose. (Soma Matayo 22:37, 38.) Ivyo mu bisanzwe tubigira ku neza y’incuti zacu, zaba ziriko zirasukurira Yehova canke zitariko ziramusukurira. Nubandanye rero urushiriza gukunda Yehova no kumwizigira. Nimba na ho ubabajwe cane n’ivyakozwe n’incuti yawe yaciwe, nusukire Yehova ibiri mu mutima. * (Rom. 12:12; Flp. 4:6, 7) Ico kintu kivuna umutima nikikubere akaryo ko gutuma ubucuti ufitaniye na Yehova burushiriza gukomera. Ivyo bizoheza bigufashe guhanga amaso Yehova, gutyo urushirize kuroranirwa.

MAGINGO TUKIRINDIRIYE

Niwerekane ko wizigiye Yehova mu kuguma ufise vyinshi ukora mu gikorwa ciwe (Raba ingingo ya 17)

17. Igihe tugumye dufise vyinshi dukora mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, ni igiki tuba twerekanye ko twizigiye?

17 Kubera iki Paulo “[yarokowe] mu kanwa k’intambwe”? Avuga ati: “Kugira ngo biciye kuri jewe igikorwa c’ukwamamaza kirangurwe bimwe bishitse kandi amahanga yose acumve.” (2 Tim. 4:17) Cokimwe na Paulo, igihe tugumye dufise vyinshi dukora mu gikorwa co kwamamaza, turizigira ko Yehova azokwitwararika yuko ibindi bintu vyose dukeneye ‘tuvyongerwa.’ (Mat. 6:33) Twebwe abamamaji b’Ubwami, ‘twajejwe inkuru nziza,’ kandi Yehova abona ko turi “abakozi bakorana” na we. (1 Tes. 2:4; 1 Kor. 3:9) Nitwaba abanyamwete mu gikorwa c’Imana uko dushoboye kwose, bizorushiriza kutworohera kurindira ko yishura amasengesho yacu.

18. Dushobora gute kwizigira Yehova no gukomeza ubucuti dufitaniye na we?

18 Nimuze rero dukoreshe akaryo kose turonka ubu kugira dukomeze ubucuti dufitaniye n’Imana. Bishitse hakaba ikintu gituma twiganyira, nitubonereho akaryo ko kurushiriza kwiyegereza Yehova. Nitwacokera cane mw’Ijambo ry’Imana, tugasenga ubudasiba kandi tugafatirwa cane n’ibikorwa vy’impwemu, tuzokwizigira ko Yehova ashobora kudufasha mu bintu bidushikira muri iki gihe no mu bindi vyose biraririye kudushikira.

^ par. 2 “Akanwa k’intambwe” Paulo yarokowemwo gashobora kuba kari ak’intambwe nya ntambwe canke ak’ikigereranyo.

^ par. 10 Harasohowe ibiganiro bifasha abakirisu kwihanganira indwara, bigafasha n’ababitwararika. Raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Ruhuhuma 1994; iyo ku wa 8 Ruhuhuma 1997; iyo ku wa 22 Rusama 2000 be n’iyo ku wa 22 Nzero 2001.

^ par. 12 Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ par. 14 Raba ikiganiro kivuga ngo “Igituma guca umuntu mw’ishengero ari intunganyo iranga urukundo,” muri iki kinyamakuru.

^ par. 16 Harasohowe ibiganiro bifasha abo mu muryango baguma ari abizigirwa kuvyifamwo neza igihe incuti bakunda ihevye Yehova. Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 2006 urupapuro rwa 17-21, n’uwo ku wa 15 Nzero 2007 urupapuro rwa 17-20.