Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ufitaniye na Yehova ubugenzi somambike?

Woba ufitaniye na Yehova ubugenzi somambike?

“Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”YAK. 4:8.

1. Kubera iki dukwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ubugenzi dufitaniye na Yehova bugume bukomeye?

WOBA uri Icabona ca Yehova yiyeguye akabatizwa? Nimba ari ukwo biri, urafise itunga ry’agaciro, na ryo akaba ari ubugenzi ufitaniye n’Imana. Yamara, ubwo bugenzi burageramiwe n’imikazo iva kw’isi ya Shetani no ku mubiri wacu udatunganye. Abakirisu bose barahangana n’ivyo bintu bitoroshe. Ku bw’ivyo, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ubugenzi dufitaniye na Yehova bugume bukomeye.

2. (a) Ubugenzi ni iki? (Raba akajambo k’epfo.) (b) Dushobora gute gukomeza ubugenzi dufitaniye na Yehova?

2 Woba ubona ko Yehova abaho koko, akaba n’umugenzi wawe? Woba wipfuza ko ubugenzi mufitaniye burushiriza gukomera? Muri Yakobo 4:8 haratubwira ukuntu twobigenza. Hagira hati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” Barayamaze bati: “Utabonye agasohoka ntubona akinjira.” * Igihe duteye intambwe zo kwiyegereza Imana, na yo ica itera intambwe zo kutwiyegereza. Iyo ukwo kwiyegerezanya kugizwe kenshi, buhorobuhoro kurakomeza ubugenzi dufitaniye na Yehova. Ivyo bica bituma turushiriza kubona ko abaho koko. Duca tugira ukwizigira nk’ukwo Yezu yari afise igihe yavuga ati: “Uwandungitse ariho koko, kandi . . . jewe ndamuzi.” (Yoh. 7:28, 29) Ariko none, ni intambwe izihe wotera kugira ngo urushirize kwiyegereza Yehova?

Ushobora gute kuyaga n’Imana? (Raba ingingo ya 3)

3. Dushobora gute kuyaga na Yehova?

3 Kwama tuyaga na Yehova ni ntahara nimba twipfuza kumwiyegereza. Ushobora gute none kuyaga n’Imana? None uhora uganira gute n’umugenzi aba kure cane? Hari aho mwoba mwandikiranira amakete kandi mukayaga kuri telefone, kumbure ivyo mukabigira kenshi. Urayaga na Yehova biciye ku masengesho umutura kenshi. (Soma Zaburi 142:2.) Vyongeye, igihe wama usoma Ijambo ryiwe ryanditse ukongera ukarizirikana, ni nk’aho uba uretse Yehova akakuyagira. (Soma Yesaya 30:20, 21.) Nimuze rero twihweze ukuntu kuyagira Yehova na we akatuyagira bikomeza ubucuti dufitaniye na we, bigatuma atubera Umugenzi nyakuri.

YEHOVA ARAKUYAGIRA IGIHE WIGA BIBILIYA

4, 5. Yehova akuyagisha gute biciye kw’Ijambo ryiwe ryanditse? Tanga akarorero.

4 Nta gukeka ko wemera yuko Bibiliya irimwo ubutumwa Imana yarungikiye abantu bose. Mugabo none, Bibiliya yoba kandi yerekana ukuntu wewe ku giti cawe ushobora kurushiriza kwiyegereza Yehova? Cane nyene. Uti gute? Igihe usoma Bibiliya ukongera ukayiga udahorereza, nurabe ukuntu wakira ivyo ivuga wongere wiyumvire ukuntu wobishira mu ngiro. Gutyo uba uriko urareka Yehova akakuyagira biciye kw’Ijambo ryiwe. Ivyo biratuma ugiranira na we ubugenzi somambike.Heb. 4:12; Yak. 1:23-25.

5 Nk’akarorero, nusome wongere uzirikane amajambo ya Yezu agira ati: “Mureke kwirundaniriza amatunga kw’isi.” Nimba usanzwe witwararika ivyungura Ubwami mu buzima bwawe, uriyumvamwo ko Yehova agushima. Ariko rero, nimba ubona ko ukeneye kworosha ubuzima bwawe ukitwararika cane ivyungura Ubwami, Yehova ariko arakwereka aho ukwiye kuryohora kugira ngo urushirize kumwiyegereza.Mat. 6:19, 20.

6, 7. (a) Kwiga Bibiliya bigira ico bikoze gute ku rwo dukunda Yehova no ku rwo adukunda? (b) Dukwiye kwiyigisha dufise intumbero iyihe?

6 Kwiga Ivyanditswe ntibitwereka gusa aho dukwiye kuryohora mu vy’impwemu. Biratuma kandi turushiriza gukenguruka ibintu biranga urukundo Yehova akora be na kamere ziwe nziza, gutyo tukarushiriza kumukunda. N’ikindi kandi, igihe urwo dukunda Imana rwongerekanye, urwo idukunda na rwo nyene rurongerekana maze ubucuti dufitaniye na yo bugakomera.Soma 1 Abakorinto 8:3.

7 Ariko rero kugira twiyegereze Yehova, birahambaye ko twiga dufise intumbero ibereye. Muri Yohani 17:3 hagira hati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” Ntidukwiye rero kwiga twironderera gusa kugira ubumenyi, ahubwo dukwiye kubigira turondera ‘kumenya’ neza ko Yehova abaho koko.Soma Kuvayo 33:13; Zab. 25:4.

8. (a) Ni amakenga ayahe twoshobora kugira turavye ivyo Yehova yagiriye Umwami Azariya, nk’uko bivugwa mu 2 Abami 15:1-5? (b) Kuba tuzi Yehova bidufasha gute kudakekeranya ku vyo akora?

8 Nitwamenya Yehova tukamubona nk’umugenzi somambike, ntituzota umutwe dusomye inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya maze ntidutahure igituma yakoze ibintu mu buryo bunaka. Nk’akarorero, ubona gute ivyo Yehova yagiriye Umwami Azariya wa Yuda? (2 Abm. 15:1-5) Urabona ko naho “abantu bari bagishikanira ibimazi bakongera bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse,” Azariya wewe “[yabandanije] gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova.” Mugabo “Yehova [yarateje uwo] mwami icago, maze aguma ari umunyamibembe gushika umusi yapfiriyeko.” Uti kubera iki? Iyo nkuru ntiyerekana igituma. Ivyo vyoba none bikwiye kudutesha umutwe canke gutuma twiyumvira ko Yehova yahanye Azariya amuhora ubusa? Ivyo ntitwobigira nimba tuzi neza inzira za Yehova. Aho harimwo kumenya yuko Yehova yama adutoza indero “ku rugero rubereye.” (Yer. 30:11) Kumenya ico kintu biradukura amazinda yuko naho tutoba tuzi igituma yabigenjeje gutyo kuri Azariya, dushobora kwizigira ko urwo rubanza rwari rugororotse.

9. Ni ibiki bidufasha gutahura neza igituma Yehova yateje imibembe Azariya?

9 Ariko rero, Bibiliya iratanga ayandi makuru ku bijanye n’ico kintu. Umwami Azariya yitwa kandi Umwami Uziya. (2 Abm. 15:7, 32) Inkuru isa n’iyo iri mu 2 Ngoma 26:3-5, 16-21, iratwereka ko naho Uziya yamaze igihe kinaka akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova, mu nyuma “umutima wiwe [wagize] ubwibone gushika n’aho yikwegera akarambaraye.” N’ukwita imbere n’akantu, yaragerageje gukora ibikorwa vyari bigenewe abaherezi kandi atabifitiye uburenganzira. Abaherezi mirongo umunani n’umwe baramuturukiriye maze bagerageza kumukosora. None Uziya yavyakiriye gute? Yaragaragaje ukuntu yari yaracitse umunyabwibone. Yaciye ‘arakarira’ abo baherezi. Ntibitangaje rero kuba Yehova yaramuteje imibembe!

10. Kubera iki atari ngombwa ngo twame dusigurirwa imvo z’ivyo Yehova akora, kandi dushobora gute kurushiriza kwizigira inzira ziwe zigororotse?

10 Twoba tubona icigwa kirimwo? Wovyifatamwo gute nka hamwe utoronka mw’Ijambo ry’Imana amakuru y’ido n’ido atomora ibintu, nk’uko biri ku zindi nkuru zo muri Bibiliya ziganwa mu ncamake? Woba woca utangura gukekeranya ku bugororotsi bw’Imana? Canke woba woca wiyumvira yuko Bibiliya irimwo amakuru ahagije adukura amazinda ko Yehova yama akora ibigororotse be n’uko ari we azi ikibereye n’ikitabereye? (Gus. 32:4) Uko turushiriza kumenya ko Yehova abaho koko, ni ko turushiriza gukunda no gukenguruka inzira ziwe ku buryo tutaba tugikeneye gusigurirwa imvo y’ikintu cose akora. Numenye neza ko ukwo gukenguruka kuzokwongerekana bivanye n’utwigoro ugira two kwiga no kuzirikana ku vyo Imana ituyagira ibicishije kw’Ijambo ryayo ryanditse. (Zab. 77:12, 13) Ivyo bizotuma ubona ko abaho koko maze urushirize kumwiyegereza.

URAYAGIRA YEHOVA IGIHE USENGA

11-13. Tuzi gute ko Yehova yumviriza amasengesho? (Raba ishusho itangura.)

11 Igihe dusenga, turiyegereza Yehova. Turamushemeza, tukamukengurukira tukongera tukamusaba ubuyobozi. (Zab. 32:8) Mugabo kugira ngo ugiranire na Yehova ubugenzi somambike, utegerezwa kujijuka ko yumva amasengesho.

12 Abantu bamwebamwe biyumvira yuko isengesho ari ikintu gusa gituma umuntu aturura. Bavuga ngo igihe wiyumviriye ko isengesho ryawe ryishuwe, biba vyatumwe gusa n’uko waseruye ivyiyumviro vyawe mu majambo, ukamenya ingorane ufise maze ugaca witwararika kuyitorera umuti. Ego ni ko, isengesho rirashobora gufasha muri ubwo buryo. Ariko none ushobora gute kumenya ko vy’ukuri Yehova yumva amasengesho yawe avuye ku mutima?

13 Rimbura iki kintu: Imbere y’uko Yezu aza ng’aha kw’isi, yariboneye ko Yehova yishura amasengesho y’abasavyi biwe b’abantu. Mu nyuma igihe Yezu yari kw’isi, isengesho ni ryo yakoresha mu guserurira Se wiwe wo mw’ijuru ukuntu yiyumva. Yoba none yari kubigenza gutyo, mbere akamara ijoro ryose ariko arasenga, azi ko Yehova atariko aramwumviriza vy’ukuri? (Luka 6:12; 22:40-46) Yoba yari kwigisha abigishwa biwe gusenga, azi yuko isengesho ari ikintu gusa gituma umuntu aturura? Biragaragara ko Yezu yari azi yuko gusenga ari ukuyaga vy’ukuri na Yehova. Igihe kimwe yabwiye Se wiwe ati: “Ndagukengurukiye ko unyumvise. Nari nzi koko yuko wama unyumva.” Na twebwe nyene turashobora kwizigira ko Yehova “[y]umva amasengesho.”Yoh. 11:41, 42; Zab. 65:2.

14, 15. (a) Twungukira gute ku gusenga tudomako? (b) Amasengesho mushiki wacu umwe yatuye yamufashije gute gukomeza ubugenzi afitaniye na Yehova?

14 Igihe usenga udomako, urarushiriza kumenya ko Yehova yakwishuye, n’igihe nyene yobigira mu buryo budashoka bwibonekeza. Igihe amasengesho yawe yishuwe, urarushiriza kubona ko Yehova abaho koko. Vyongeye, uko urushiriza guserurira Yehova akakubakiye, ni ko arushiriza kukwiyegereza.

15 Rimbura ivyashikiye Kathy. * Naho yaguma agira uruhara mu busuku, ntiyabwiyumvamwo. Asigura ati: “Sinakunda umurimo wo mu ndimiro. Emwe, sinawukunda namba. Igihe nakukuruka, hari umukurambere yambwiye ko yizigiye yuko nobaye umutsimvyi asanzwe, mbere aca arampa urukaratasi rwo gusabirako uwo murimo. Naciye mfata ingingo yo gukora ubutsimvyi, mugabo kandi ndatangura gusenga Yehova buri musi ndamusaba ngo amfashe gukunda uwo murimo.” None Yehova yoba yarishuye isengesho ryiwe? Yavuze ati: “Uwu mwaka ugira gatatu ndi umutsimvyi. Kubera ko mara umwanya munini mu busuku kandi nkigira ku bandi bavukanyikazi, ngenda ndaryohora ubuhanga bwanje bwo kwamamaza. Ubu sinkunda gusa ubusuku, ahubwo ndabwiyumvamwo. N’ikindi kandi, ubugenzi mfitaniye na Yehova bwararushirije gukomera.” Mu vy’ukuri, amasengesho Kathy yatuye yaratumye arushiriza kwiyegereza Yehova.

NURANGURE URUHARA RWAWE

16, 17. (a) Twokora iki kugira ngo tugume dufitaniye na Yehova ubugenzi bukomeye? (b) Ni ibiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

16 Kugiranira ubugenzi somambike na Yehova ni ikintu ugira mu buzima bwawe bwose. Dutegerezwa kwiyegereza Imana nimba twipfuza ko na yo itwiyegereza. Nimuze rero dukore uko dushoboye kwose kugira tugume tuyaga n’Imana yacu mu kwiga Bibiliya no mu gusenga. Ivyo bizotuma turushiriza kugiranira ubugenzi na Yehova maze dushobore kunanira ibigeragezo.

Kugiranira ubugenzi somambike na Yehova ni ikintu ugira mu buzima bwawe bwose (Raba ingingo ya 16, 17)

17 Ariko rero, hoshobora kuvyuka ikibazo gikomeye igihe ingorane zacu zigumyeho kandi tubandanya gusenga. Mu bihe nk’ivyo, twoshobora gusanga tutacizigira Yehova. Twoshobora gutangura kwibaza nimba Yehova yumva vy’ukuri amasengesho yacu, canke mbere nimba abona ko turi abagenzi biwe. Twokora iki none nimba dutanguye kubona ibintu muri ubwo buryo? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.

^ par. 2 Ubugenzi budondorwa ko ari ukuntu abantu babiri biyumvanamwo be n’ingene bafatana. Bompi rero bategerezwa kugira ico bakoze.

^ par. 15 Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.