Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turashobora kurwanya Shetani kandi tukamutsinda

Turashobora kurwanya Shetani kandi tukamutsinda

‘Murwanye Shetani mukomeye mu kwizera.’1 PET. 5:9.

1. (a) Kubera iki ubu ari ho canecane bihambaye ko turwanya Shetani? (b) Tuzi gute ko dushobora kurwanya Shetani tukamutsinda?

SHETANI ariko ararwana n’amasigarira y’abakirisu barobanuwe hamwe n’abo mu “zindi ntama.” (Yoh. 10:16) Shetani yipfuza kurotsa abasavyi ba Yehova benshi bashoboka muri iki gihe gito asigaranye. (Soma Ivyahishuwe 12:9, 12.) Twoba none dushobora kumutsinda? Cane nyene! Bibiliya ivuga iti: “Murwanye Shetani, na we azobahunga.”Yak. 4:7.

2, 3. (a) Kubera iki Shetani ashaka ko abantu bakekeranya ko abaho? (b) Tuzi gute ko Shetani abaho koko?

2 Abantu benshi bibwira ko Shetani atanabaho. Babona ko Shetani n’amadayimoni ari ibintu bivugwa mu bitito, mu masinema ateye ubwoba no mu dukino two kuri videwo. Abo bantu biyumvira yuko ata muntu aciye ubwenge akwiye kwemera amadayimoni. Wibaza none ko Shetani hari ico bimutwaye kuba abantu batemera ko we n’amadayimoni yiwe babaho koko? Uwokubesha! Nakare, Shetani biramworohera guhuma imizirikanyi y’abakekeranya ko abaho. (2 Kor. 4:4) Umwe mu mitego myinshi Shetani akoresha mu kuzimiza abantu ni ukuremesha iciyumviro c’uko amadayimoni atabaho.

3 Twebwe abasavyi ba Yehova ntituri muri abo bazimizwa. Turazi ko Shetani abaho koko, kuko ari we yavuganye na Eva akoresheje inzoka. (Ita. 3:1-5) Shetani yaracokoye Yehova ku bijanye na Yobu. (Yobu 1:9-12) Shetani ni we yagerageje kwosha Yezu. (Mat. 4:1-10) Vyongeye, inyuma y’aho Ubwami bw’Imana buvukiye mu 1914, Shetani yaratanguye “kurwana” n’amasigarira y’abarobanuwe. (Ivyah. 12:17) Iyo ntambara iracabandanya kuko Shetani arondera gusenyura ukwizera kw’abasigaye bo muri bamwe 144.000 hamwe n’abo mu zindi ntama. Kugira ngo dutsinde iyo ntambara, dutegerezwa kurwanya Shetani kandi tukaguma dukomeye mu kwizera. Iki kiganiro kiraca irya n’ino uburyo butatu twobigira.

TWIRINDE UBWISHIME

4. Shetani yerekanye gute ko ubwibone bwamumaze?

4 Shetani ni umunyabwishime katwa. Nkako, kubona umumarayika yubahuka kurwanya ubusegaba bwa Yehova kandi akigira imana imurwanya, ni ubwibone be n’ukwita imbere vy’akaburarugero. Ku bw’ivyo, uburyo bumwe dushobora kurwanya Shetani ni ukwirinda ubwibone tugatsimbataza ukwicisha bugufi. (Soma 1 Petero 5:5.) Ariko none ubwishime ni iki? Bwoba bwama ari bubi?

5, 6. (a) Ubwishime bwoba bwama ari bubi? Sigura. (b) Ubwishime buteye akaga ni ubuhe, kandi ni uburorero ubuhe bwo mu Vyanditswe buvyerekana?

5 Kazinduzi imwe ivuga ko ubwishime ari “ukubona ko ufise agateka kandi wubahwa” be n’“ukwumva ko uhimbawe kubera ikintu ciza wakoze canke ufise, kibure ikintu ciza abantu wiyumvamwo bakoze canke bafise.” Ivyo nta kibi birimwo. Intumwa Paulo yabwiye Abatesalonika ati: “Ubwacu tu[ra]bīshimira mu mashengero y’Imana, kubera ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu mu ruhamo murimwo rwose n’amakuba muriko murihanganira.” (2 Tes. 1:4) Kunezerwa rero n’ivyo abandi bakoze mbere tukavyishimira ku rugero kanaka birashobora kutugirira akamaro. Ntidukwiye guterwa isoni n’umuryango wacu, imico kama yacu canke akarere twakuriyemwo.Ivyak. 21:39.

6 Ariko rero, hariho ubwoko bw’ubwishime bushobora kunyoha ubucuti dufitaniye n’abandi, na canecane ubwo dufitaniye na Yehova. Ubwo bwishime burashobora gutuma tubika inzika maze tukanka impanuro twari dukeneye aho kuyemera twicishije bugufi. (Zab. 141:5) Ubwo bwishime budondorwa ko ari “ukwiyemera birenze urugero” canke “agatima k’ubwibone kagaragazwa n’abantu babona ko basumba abandi, akenshi akaba ata mvo baba bafise zo kubigira.” Yehova aranka ubwishime nk’ubwo. (Ezk. 33:28; Am. 6:8) Shetani ategerezwa kuba aryoherwa no kubona abantu bafise ubwo bwishime, kuko bugaragaza ubwibone bwiwe. Ese ukuntu Shetani ategerezwa kuba yararyohewe cane n’ubwishime butabereye bwagaragajwe n’abantu nka Nimurodi, Farawo na Abusalomu! (Ita. 10:8, 9; Kuv. 5:1, 2; 2 Sam. 15:4-6) Ubwibone ni bwo kandi bwatumye Kayini ahemuka. Imana ubwayo yaramuhanuye mugabo aranka kubera ubwibone bwinshi yari afise. Yarirengagije n’akagagazo n’akantu impanuro Yehova yari yamuhaye maze yihutira gukora ibara.Ita. 4:6-8.

7, 8. (a) Ivangura rifatiye ku bwoko ni iki, kandi rishobora gute gucika ubwibone? (b) Sigura ukuntu ubwibone bushobora guhungabanya amahoro y’ishengero.

7 Muri iki gihe, abantu baragaragaza ubwishime mu buryo bwinshi butabereye. Rimwe na rimwe ubwishime buratuma haba ivangura rifatiye ku bwoko. Kazinduzi imwe ivuga ko ivangura rifatiye ku bwoko ari “ukwinuba abantu bo mu bundi bwoko canke ukubanka urunuka” hamwe n’“ukwemera ko abantu bo mu bwoko kanaka bafise kamere n’ububangukirwe bisangije, be n’uko hari ubwoko busumba ubundi canke buri munsi y’ubundi.” Ubwibone bushingiye kw’ivangura rifatiye ku bwoko buratuma haba imivurungano, intambara mbere n’ubwicanyi butagira izina.

8 Mu bisanzwe ibintu nk’ivyo nta kibanza bifise mw’ishengero rya gikirisu. Yamara rero amahane aba hagati y’abasangiye ukwemera, rimwe na rimwe akaba aterwa n’ubwibone, arashobora kutunanira gucungera. Biboneka ko ivyo ari vyo vyashikiye abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere, abo Yakobo yabajije ikibazo gikomeye ati: “Intambara ziva ku rihe sôko kandi indwano ziva ku rihe sôko muri mwebwe?” (Yak. 4:1) Egome, urwanko rukaze be no kubona ko dusumba abandi birashobora gutuma tuvuga canke dukora ibintu bibabaza cane abandi. (Imig. 12:18) Emwe, ubwibone burashobora guhungabanya amahoro y’ishengero.

9. Bibiliya idufasha gute kurwanya ivangura rifatiye ku bwoko be n’ubundi bwishime butabereye? (Raba ishusho itangura.)

9 Nimba dufise agatima ko kubona ko dusumba abandi, turakwiye kwibuka ko “uwishima mu mutima wese [ari] ikintu giteye ishishi kuri Yehova.” (Imig. 16:5) Vyoba vyiza kandi dusuzumye ukuntu tubona abantu bo mu bundi bwoko, bo mu kindi gihugu canke mu yindi mico kama. Nimba twishimira cane ubwoko bwacu canke igihugu cacu ku buryo twumva twanse abo mu bundi bwoko canke mu kindi gihugu, tuba twibagiye yuko Imana “yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe.” (Ivyak. 17:26) Ku bw’ivyo, hari ubwoko bumwe gusa kubera ko abantu bose bakomotse kuri sokuruza umwe ari we Adamu. Ese rero ukuntu vyoba bitumvikana kwemera ko hari ubwoko busumba ubundi canke buri munsi y’ubundi! Twiyumviriye gutyo twoba turiko turashigikira umugambi Shetani afise wo guhungabanya urukundo n’ubumwe abakirisu bafitaniye. (Yoh. 13:35) Kugira ngo turwanye Shetani kandi tumutsinde, dutegerezwa kwiyamiriza ubwoko bwose butabereye bw’ubwishime.Imig. 16:18.

TWIRINDE GUHAHAMIRA AMARONKO NO GUKUNDA ISI

10, 11. (a) Kubera iki vyoshobora kworoha ko dukunda isi? (b) Kuba Dema yarakunze isi vyatumye akora iki?

10 Shetani ni “umutware w’iyi si,” kandi iri mu bubasha bwiwe. (Yoh. 12:31; 1 Yoh. 5:19) Ku bw’ivyo, vyinshi mu vyo iyi si iremesha usanga biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ego ni ko si ikintu cose iyi si itanga kiba ari kibi. Ariko rero, turakwiye kwitega ko Shetani akoresha iyi si yiwe kugira afatire ku vyipfuzo vyacu maze agerageze kutwosha ngo dukore igicumuro canke dukunde iyi si, gutyo bitume dufata minenerwe ivyo gusenga Yehova.Soma 1 Yohani 2:15, 16.

11 Gukunda isi vyarazimije abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere. Nk’akarorero, Paulo yanditse ati: “Dema yantaye kubera yuko yakunze ivy’iki gihe.” (2 Tim. 4:10) Bibiliya ntivuga idomako ikintu co muri iyi si Dema yakunze kigatuma ata Paulo. Ashobora kuba yatanguye gukunda ibintu vy’umubiri kuruta ivy’impwemu. Nimba ari ukwo vyagenze, Dema yarahomvye uduteka duhimbaye two mu vy’impwemu. Vyoba none vyari bibereye? Hoba hari ikintu isi yari guha Dema cari kuza gisumba imihezagiro Yehova yari kumuha iyo agumana na Paulo?Imig. 10:22.

12. Ni mu buryo ubuhe dushobora gutwarwa n’“ububasha buhendana bw’ubutunzi”?

12 Ikintu nk’ico kirashobora kudushikira. Kubera ko turi abakirisu, turafise icipfuzo gisanzwe co kwironsa ibintu dukeneye vy’umubiri no kubironsa umuryango wacu. (1 Tim. 5:8) Yehova yipfuza ko tubaho neza. Ivyo turabibona neza igihe turimbuye ibintu biryoheye ijisho yahaye Adamu na Eva. (Ita. 2:9) Mugabo Shetani arashobora gufatira ku vyipfuzo vyacu akoresheje “ububasha buhendana bw’ubutunzi.” (Mat. 13:22) Benshi biyumvira ko amahera atuma bagira agahimbare canke ko amatungo ari yo atuma baroranirwa. Ivyo ni ivyiyumviro vy’uruhendo gusa, kandi birashobora gutuma dutakaza itunga ry’agaciro kuruta irindi ryose dufise, na ryo akaba ari ubucuti dufitaniye na Yehova. Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” (Mat. 6:24) Dushumbiye Ubutunzi, duca tureka gukorera Yehova, kandi ico nyene ni co Shetani ashaka! Ese tutokwigera tureka amahera canke ibintu ashobora kugura ngo binyohe ubucuti dufitaniye na Yehova. Kugira ngo turwanye Shetani, dutegerezwa kuguma tubona ibintu vy’umubiri mu buryo butarenze urugero.Soma 1 Timoteyo 6:6-10.

TWIRINDE UBUSAMBANYI

13. Ni gute iyi si yatumye abantu babona mu buryo bugoramye ivyerekeye umubano w’ababiranye be n’igitsina?

13 Uwundi mutego wo mw’isi ya Shetani ni ubusambanyi. Muri iki gihe, benshi babona ko kudahemukira uwo mwubakanye, canke mbere kwubakana ubwavyo, ari ibintu vyo kwiboha kandi vyataye igihe. Nk’akarorero, umugore umwe rurangiranwa mu vyo gukina ibikino yavuze ati: “Ntibishoboka ko umuntu agira umugabo umwe canke umugore umwe. Nta n’umwe ndabona ari umwizigirwa canke yipfuza kumuba.” Umugabo umwe akina ibikino yavuze ati: “Sinibaza ko vy’ukuri biturimwo kubana n’umuntu umwe ubuzima bwacu bwose.” Shetani ategerezwa kuba ahimbarwa igihe abantu ba rurangiranwa basuzuguje ingabirano Imana yatanze y’umubano w’abubatse. Shetani ntakeneye gushigikira iyo ndinganizo canke kubona ivuyemwo ivyiza. Kugira rero turwanye Shetani kandi tumutsinde, dutegerezwa gushigikira indinganizo y’Imana ijanye n’umubano w’ababiranye.

14, 15. Dushobora gute kwirinda ubusambanyi?

14 Twaba twubatse canke tutubatse, dutegerezwa kwamirira kure ubwoko bwose bw’ubusambanyi. Wibaza none ko ari urugamba rworoshe? Ishwi da! Nk’akarorero nimba ukiri muto, woshobora kwumva abo mwigana bigamba ko basambanye canke barungikiraniye n’abandi ibiterasoni kuri telefone, ico kikaba ari ikintu mu mihingo imwimwe kibonwa ko ata ho gitaniye no gukwiragiza amashusho yerekana abana bariko barakora ibiterasoni. Bibiliya ivuga iti: “Uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite.” (1 Kor. 6:18) Kuba indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka zarakwiragiye, vyatumye abantu bagira imibabaro myinshi bongera barapfa. Vyongeye, abakiri bato benshi batakaje ubusugi bwabo bavuga yuko bicuza. Ingaruka z’ubusambanyi nta ho zisa zisana n’ukuntu buvugwa mu bimenyeshamakuru, bino bikaba bituma abantu babona ko kurenga ku mategeko y’Imana ata nkurikizi bigira. Ivyo vyiyumviro biratuma abantu bagwa mu mutego w’“ububasha buhendana bw’igicumuro.”Heb. 3:13.

15 Nimba uriko uranyinyana n’ikigeragezo co gusambana, wokora iki? Niwemere ubugoyagoye ufise. (Rom. 7:22, 23) Nusabe Imana inkomezi. (Flp. 4:6, 7, 13) Niwirinde ibintu vyoshobora gutuma ugwa mu buhumbu. (Imig. 22:3) Igihe ikigeragezo cadutse na ho, nucamirire kure udatebaganye.Ita. 39:12.

16. Yezu yavyifashemwo gute igihe Shetani yamwosha, kandi akarorero kiwe katwigisha iki?

16 Yezu yaradusigiye akarorero ntangere mu bijanye no kunanira ibigeragezo. Ntiyahendwa n’ivyo Shetani amwemereye, kandi ntiyarinda kwijijanya imitima. Ahubwo nyabuna, yaca amwishura ati: “Vyanditswe ngo.” (Soma Matayo 4:4-10.) Yezu yari azi Ijambo ry’Imana, kandi ivyo vyaratumye ashobora guca agira ico akoze, agasubiramwo ivyanditswe igihe yaba ashikiwe n’ikigeragezo. Kugira ngo turwanye Shetani kandi tumutsinde, dutegerezwa kutareka ngo atwoshe gusambana.1 Kor. 6:9, 10.

DUTSINDE URUGAMBA MU KWIHANGANA

17, 18. (a) Ni ibindi birwanisho ibihe Shetani akoresha, kandi ni kubera iki ivyo bidakwiye kudutangaza? (b) Ni ibiki bigiye gushikira Shetani, kandi ivyo bigufasha gute kwihangana?

17 Ubwibone, uguhahamira amaronko be n’ubusambanyi ni bitatu gusa mu birwanisho Shetani afise. Arafise n’ibindi vyinshi. Nk’akarorero, abakirisu bamwebamwe bararwanywa n’abo mu muryango, bagatyekezwa n’abo bigana, canke mbere intwaro zikaburabuza igikorwa cabo co kwamamaza. Ivyo ntibidutangaza kuko Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje; mugabo uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”Mat. 10:22.

Shetani azokurwaho buhere (Raba ingingo ya 18)

18 None dushobora gute kurwanya Shetani kandi tukamutsinda? Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubuzima bwanyu.” (Luka 21:19) Nta kintu na kimwe umuntu yokora ngo gitume tumererwa nabi ibihe vyose. Nta n’umwe ashobora kutunyaga ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’Imana kiretse tubimwemereye. (Rom. 8:38, 39) Mbere n’urupfu rw’abasavyi ba Yehova ntirutuma Shetani atahukana intsinzi, kuko Yehova azokwitwararika ko bazurwa. (Yoh. 5:28, 29) Ivya Shetani vyo ni ivy’igihe gito cane. Iyi si itibanga Imana niyamara gutikizwa, Shetani azoca atererwa mu nyenga amareyo imyaka 1.000. (Ivyah. 20:1-3) Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi niyarangira, Shetani “azorekurwa ave mw’ibohero ryiwe” amare igihe gito kugira azimize ubwa nyuma abantu batunganye. Inyuma y’aho, Shetani azoca arandurwa. (Ivyah. 20:7-10) Imisi ya Shetani iraharuye, mugabo wewe si ko biri. Nurwanye Shetani ukomeye mu kwizera. Emwe, urashobora kurwanya Shetani kandi ukamutsinda!