Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turashobora kuguma tutanduye

Turashobora kuguma tutanduye

“Mukarabe iminwe yanyu, . . . kandi mutyorore imitima yanyu.”YAK. 4:8.

1. Isi ibona gute ibijanye n’ukutandura?

UKUTANDURA ni kamere idafiswe na benshi, canecane muri iki gihe cacu. Mu bihugu vyinshi, ukuryamana kw’abasangiye igitsina be n’uguhuza ibitsina ku batabiranye usanga bibonwa nk’ibisanzwe. Ingeso nk’izo usanga mbere ziremeshwa mu vyo guhayanisha ibidandazwa canke kwisamaza. (Zab. 12:8) Ubusambanyi bwarabaye nk’akaranda ku buryo wokwibaza uti: ‘Vyoba vy’ukuri bishoboka ko umuntu abaho atanduye?’ Emwe, abakirisu b’ukuri barashobora koko kuguma batanduye babifashijwemwo na Yehova.Soma 1 Abatesalonika 4:3-5.

2, 3. (a) Kubera iki bihambaye cane ko turwanya ivyipfuzo bihumanye? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

2 Ariko rero, dutegerezwa kubanza kwemera ko kugira tubeho tutanduye tubwirizwa kwamirira kure ivyipfuzo vy’ubusambanyi. Nka kurya igera ririko icambo rikwegakwega ifi, ni ko ivyiyumviro vy’ubusambanyi be n’ivyipfuzo vy’ubushirasoni vyoshobora gutangura gukwegakwega umukirisu mu gihe adaciye avyikuramwo. Mu nyuma, ako kosho k’igicumuro karakomera cane ku buryo ca cipfuzo gihumanye gica gitwara inda. Ico gihe, mbere n’umusavyi wa Yehova yoshobora gusanga ashize mu ngiro ico cipfuzo igihe akaryo kabonetse. Ego cane,“icipfuzo . . . kivyara igicumuro.”Soma Yakobo 1:14, 15.

3 Birahambaye ko tuzirikana ku kuntu icipfuzo c’akanya gato gishobora kuvamwo igicumuro gikomeye. Ariko rero, twirinze ko ivyipfuzo bihumanye bishinga imizi, turashobora kwirinda ubusambanyi n’ingaruka zabwo zibabaje. (Gal. 5:16) Nimuze turimbure ibintu bitatu bizodufasha kurwanya ivyipfuzo bihumanye, na vyo akaba ari ubucuti dufitaniye na Yehova, impanuro zo mw’Ijambo ryiwe be n’ugufashwa n’abakirisu bahumuye.

“MWIYEGEREZE IMANA”

4. Kubera iki bihambaye ko twiyegereza Yehova?

4 Bibiliya ihanura abipfuza ‘kwiyegereza Imana’ iti: “Mukarabe iminwe yanyu, . . . kandi mutyorore imitima yanyu.” (Yak. 4:8) Igihe duha agaciro ubucuti dufitaniye na Yehova, turihatira kumuhimbara mu mice yose y’ubuzima bwacu, harimwo n’ivyiyumviro vyacu. Twipfuza kugira ‘umutima udahumanye’ mu kugumiza umuzirikanyi wacu ku bitanduye, ku ngeso nziza no ku kibereye gushimagizwa. (Zab. 24:3, 4; 51:6; Flp. 4:8) Ego ni ko, Yehova aratahura ko tudatunganye. Arazi ko bishika tukagira ivyipfuzo bitabereye. Mugabo turatahura ko bimubabaza cane igihe dutsimbataje ivyiyumviro bibi aho kwihatira kuvyikuramwo. (Ita. 6:5, 6) Kuzirikana kuri ico kintu birakomeza umwiyemezo wacu wo kuguma dufise ivyiyumviro bitanduye.

5, 6. Isengesho rishobora gute kudufasha igihe turwanya ivyipfuzo vy’ubusambanyi?

5 Uburyo buhambaye bwo kwerekana ko twizigira Yehova duherejeko ni ukumubwira mw’isengesho ibijanye n’urugamba turimwo rwo kurwanya ivyipfuzo bihumanye. Twiyegereje Yehova mw’isengesho, na we aratwiyegereza. Araduha impwemu yiwe atitangiriye itama, gutyo agakomeza umwiyemezo dufise wo kunanira ivyipfuzo vy’ubusambanyi maze tukaguma tutanduye. Nimuze rero tumenyeshe Imana ko twipfuza cane yuko ivyiyumviro vyacu biyihimbara. (Zab. 19:14) Twoba tuyisaba twicishije bugufi ngo idusuzume irabe ko hoba hari “inzira n’imwe ibabaza,” ni ukuvuga ivyipfuzo bitabereye, vyoshobora gutuma dukora igicumuro? (Zab. 139:23, 24) Twoba twama tuyitakambira ngo idufashe kuguma ku gutungana kwacu igihe tuba turi mu kigeragezo?Mat. 6:13.

6 Ukuntu twarezwe canke ivyo twakoze muri kahise vyoshobora kuba vyaratumye dukunda ibintu Yehova yiyamiriza. No muri ico gihe, arashobora kudufasha guhindura ibikenewe kugira tubandanye kumusukurira mu buryo yemera. Umwami Dawidi ivyo yarabitahuye. Amaze gusambana na Batisheba, yatakambiye Yehova ati: “Nureme muri jewe umutima utyoroye, . . . ushire muri jewe impwemu nshasha, ihamye.” (Zab. 51:10, 12) Naho igicumuro coshobora gukwegakwega umubiri wacu ugoyagoya, Yehova arashobora kudushiramwo umutima wo kumugamburukira. N’igihe nyene ivyipfuzo bibi bishinze imizi bigashaka kunyoha ivyiyumviro vyacu bidahumanye, Yehova arashobora kutuyobora kugira tugamburuke amabwirizwa yiwe kandi dushobore kubaho tuyisunga. Arashobora kubuza ikintu cose kibi ngo ntikituganze.Zab. 119:133.

Nimba icipfuzo kibi gitanguye kudutsimbataramwo dukwiye kukirandurana n’imizi tudatebaganye (Raba ingingo ya 7)

“MUBE ABASHIRA MU NGIRO RYA JAMBO”

7. Ijambo ry’Imana rishobora gute kudufasha kwikingira ivyiyumviro bihumanye?

7 Yehova arashobora kwishura amasengesho tumutura tumusaba ngo adufashe, akoresheje Ijambo ryiwe Bibiliya. Ubukerebutsi buri mw’Ijambo ry’Imana “imbere ya vyose ni ubutanduye.” (Yak. 3:17) Gusoma Bibiliya ku musi ku musi no kuzirikana ku vyo dusoma birashobora kurinda ubwenge bwacu ivyiyumviro vy’ubusambanyi. (Zab. 19:7, 11; 119:9, 11) Vyongeye, Bibiliya irimwo uburorero n’impanuro zidomako zishobora kudufasha kwirinda gutwarwa n’ivyipfuzo bihumanye.

8, 9. (a) Vyagenze gute ngo umusore umwe asambane n’umugore w’igihumbu? (b)Akarorero ko mu Migani ikigabane ca 7 kodufasha kwirinda ibintu ibihe vyo mu gihe ca none?

8 Dusoma mu Migani 5:8 duti: “Gumiza inzira yawe kure y’aho [umugore w’igihumbu] ari, kandi ntiwegere ubwinjiriro bw’inzu yiwe.” Ingaruka zo kwirengagiza iyo mpanuro zirerekanwa mu Migani ikigabane ca 7, ahavugwa umusore aja kuyebayeba hafi y’inzu y’umugore w’igihumbu mu gahwibi. Ageze mw’ikorosi, arahura na nya mugore, uwushobora kuba yambaye impuzu zerekana uko yaremwe. Nya mugore aramufata akamusoma. Amajambo yiwe asosa aratuma uwo musore agira ivyipfuzo adashobora kwihanganira. Baca basambana naho nyene biboneka ko uwo musore ata ntumbero yari afise yo gukora ico gicumuro. Kubera atazi utuntu n’utundi, ntamenya gutandukanya icatsi n’ururo. Naho biri ukwo, abwirizwa gushikirwa n’ingaruka zibabaje z’ivyo yakoze. Ese iyo amenya agaca kure y’uwo mugore!Imig. 7:6-27.

9 Vyoba vyoshobora gushika tugafata ingingo itabereye mu buryo nk’ubwo, kumbure tukisuka mu bintu biteye akaga vyoshobora gutuma tugira ivyipfuzo bibi? Nk’akarorero, mw’ijoro usanga amateleviziyo amwamwe yerekana ibiganiro vy’ubuhumbu. Vyoshobora kubamwo akaga tugiye turahindagura imirongo kugira gusa twirabire ibivugwa. Vyoshobora kandi gushika tugasanga twuguruye imihora yo kuri internet idusaba kuraba amashusho y’ibiterasoni canke irimwo amakuru ajanye n’ivy’igitsina. Vyoba none vyoshika mu bihe nk’ivyo tukagwa ku kintu coshobora gutuma tugira ivyipfuzo bitabereye, maze tukaneshwa mu rugamba rwacu rwo kuguma tutanduye?

10. Kubera iki kumenyerana mu buryo butabereye n’uwo mudasangiye igitsina birimwo akaga? (Raba ishusho itangura.)

10 Bibiliya iradufasha kandi mu kuduha impanuro itwereka ukuntu twofata abo tudasangiye igitsina. (Soma 1 Timoteyo 5:2.) Iyo mpanuro iratubuza kumenyerana mu buryo butabereye n’abo tudasangiye igitsina. Hari abobona ko ata co bitwaye kwereka umuntu ko umukunda cane ukoresheje ibimenyetso vy’umubiri canke vyo mu maso, ngo kubera mutaba mwakoranyeko. Ariko rero, kumenyerana mu buryo butabereye n’uwo mudasangiye igitsina vyoshobora gutuma ugira ivyiyumviro bihumanye bishobora kugushikana ku gusambana. Ivyo vyarashitse kandi n’ubu birashobora gushika.

11. Ni akarorero keza akahe Yozefu yadusigiye?

11 Yozefu yarakoranye ubukerebutsi muri uwo muce. Igihe umugore wa shebuja Potifari yagerageza kuryosharyosha Yozefu, yaramwiyamirije. Ariko uwo mugore ntiyataye hasi. Buri musi yaramusaba ngo bagumane. (Ita. 39:7, 8, 10) Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga ko ari nk’aho muka Potifari yaba ariko avuga ngo “ ‘Ingo twigumanire gatoyi,’ yizigiye ko biza gutuma [Yozefu] agira ico yibwirije.” Ariko rero, Yozefu yari yiyemeje kutigera akora canke arekerana ikintu cotuma uwo mugore abandanya kumuryosharyosha. Yaranse kugiranira imimenyerano n’uwo mugore, bica bituma ata cipfuzo kibi gishinga imizi mu mutima wiwe. Igihe nya mugore yagerageza kumuhata ngo basambane, Yozefu yaciye agira ico akoze ata gufyina. Bibiliya ivuga iti: “Amutana impuzu yiwe mu kuboko, arahunga, aja hanze.”Ita. 39:12.

12. Tuzi gute ko ivyo turaba bigira ico bikoze ku mutima wacu?

12 Bibiliya kandi iratugabisha ku kaga kari mu kureka amaso yacu akazimiza umutima wacu. Ijisho rikebaguzwa rirashobora gukabura inambu y’umubiri. Yezu yagabishije ati: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” (Mat. 5:28) Niwibuke ivyashikiye Umwami Dawidi. Dusoma duti: “[Dawidi] ari hejuru kuri nya gisenge abona umugore ariko yiyuhagira.” (2 Sam. 11:2) Vyaranse ko ahindukiza amaso n’ivyiyumviro vyiwe. Ivyo vyatumye yipfuza umugore w’uwundi mugabo maze atera intambwe zamushikanye ku kurenga ibigo.

13. Kubera iki dukwiye ‘kugiranira isezerano n’amaso yacu,’ kandi ivyo birimwo ibiki?

13 Kugira twirinde kwangaza umutima mu vy’ubuhumbu, turakeneye ‘kugiranira isezerano n’amaso yacu,’ nk’uko wa mwizigirwa Yobu yabigize. (Yobu 31:1, 7, 9) Dutegerezwa gufata ingingo yo kutigera twitegereza uwundi muntu ku buryo twipfuza gusambana na we. Ivyo birimwo kwirinda kuraba amashusho yuzuyemwo ibiterasoni, haba kuri orodinateri, ku vyapa, ku binyamakuru canke ahandi hose.

14. Dutegerezwa gukora iki kugira tugume tutanduye?

14 Nimba hari na kimwe mu bihejeje kuvugwa cakweretse aho ukeneye kuryohora mu rugamba rwo kurwanya ivyipfuzo bibi, nugire ico ukoze udatebaganye. Niwisunge impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana ubikunze, zino zikaba zishobora kugufasha kwirinda ubusambanyi maze ukaguma utanduye.Soma Yakobo 1:21-25.

‘NUHAMAGARE ABAGABO B’INARARIBONYE’

15. Nimba turiko turanyinyana n’ivyipfuzo bihumanye, kubera iki bihambaye ko turondera gufashwa?

15 Nimba turiko turanyinyana n’ivyipfuzo vy’ubusambanyi, turashobora kandi kwitura abakirisu bagenzi bacu kugira badufashe. Ego ni ko ntivyoroshe kubwira abandi ibibazo mwene ivyo vyega umuntu ku giti ciwe. Ariko rero, turiye umutima amenyo tukitura umukirisu ahumuye kugira adufashe kwisuzuma abigiranye umutima mwiza, vyoshobora kudufasha kutarekerana ivyipfuzo bibi. (Imig. 18:1; Heb. 3:12, 13) Kubwira ubugoyagoye bwacu umukirisu ahumuye vyoshobora kudufasha kubona utunenge tutahora twibonako. Ivyo biratuma duhindura ibikenewe kugira tugume mu rukundo rwa Yehova.

16, 17. (a) Abakurambere bashobora gute gufasha abariko baranyinyana n’ivyipfuzo bihumanye? Tanga akarorero. (b) Ni kubera iki ari vyiza ko abaraba amashusho y’ibiterasoni barondera gufashwa badatebaganye?

16 Abakurambere ni bo canecane bakwije ibisabwa kugira badufashe. (Soma Yakobo 5:13-15.) Umusore umwe wo muri Brezile yaramaze imyaka myinshi anyinyana n’ivyipfuzo bibi. Yigana ati: “Nari nzi ko ivyiyumviro vyanje bidahimbara Yehova, ariko nabona ntokwubahuka kubwira abandi ukuntu niyumva.” Igishimishije, umukurambere umwe wo mw’ishengero yarimwo yaramwitwararitse maze amuremesha kurondera gufashwa. Nya musore avuga ati: “Naratangajwe n’ukuntu abakurambere bangaragarije ubuntu bongera barantahura kandi nabona ko ntabibereye. Barumvirije ingorane zanje bitonze. Barakoresheje Bibiliya mu kunyereka ko Yehova ankunda, bongera baratura isengesho turi kumwe. Vyatumye noroherwa cane no kwemera impanuro bampaye zo muri Bibiliya.” Ubu haraciye imyaka, kandi uwo musore aramaze gutera imbere mu vy’impwemu. Avuga ati: “Ndatahura ko bihambaye kurondera gufashwa aho kugerageza kwikorera imizigo yacu twenyene.”

17 Kurondera gufashwa birahambaye cane nimba akamenyero ko kuraba amashusho y’ibiterasoni ari ko gatuma twipfuza gusambana. Uko duteba kurondera gufashwa ni ko turushiriza gutuma ivyipfuzo bihumanye ‘bitwara inda maze bikavyara igicumuro’ kizobabaza abandi kikongera kigasiga iceyi izina rya Yehova. Icipfuzo co guhimbara Yehova no kuguma mw’ishengero rya gikirisu caratumye benshi mu basavyi biwe bemera imfashanyo iranga urukundo bahawe.Yak. 1:15; Zab. 141:5; Heb. 12:5, 6.

NIWIYEMEZE KUGUMA UTANDUYE

18. Wiyemeje iki?

18 Inyifato runtu yo mw’isi ya Shetani ibandanya gutituka. Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa abonye abasavyi biwe bamwiyeguriye bariko barihata kugira bagumane ivyiyumviro bitanduye bongere bashigikire ingingo ngenderwako ziwe ziri hejuru zigenga inyifato runtu! Kugira tubishikeko, ese umwe wese muri twebwe yokwiyemeza kuguma yiyegereje Yehova no kwemera ubuyobozi atanga biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishengero rya gikirisu. Kuguma tutanduye bituma tugira agahimbare n’amahoro yo mu mutima. (Zab. 119:5, 6) Muri kazoza Shetani amaze gukurwaho, tuzoterwa agateka ko kwiberaho ibihe bidahera mw’isi yakuwemwo akosho kiwe konona.