Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Abakirisu boba bakwiye gusenga Yezu Kristu?

Oya. Yezu ubwiwe yatwigishije gusenga Yehova, kandi yaratanze akarorero mu gusenga Se wiwe. (Mat. 6:6-9; Yoh. 11:41; 16:23) Abayoboke biwe bo mu ntango na bo nyene basenga Imana, ntibasenga Yezu. (Ivyak. 4:24, 30; Kol. 1:3)1/1, urupapuro rwa 14.

Twokora iki buri mwaka kugira twitegurire kwibuka urupfu rwa Yezu?

Ikintu kimwe twokora ni ugukurikiza urutonde rw’ugusoma Bibiliya rujanye n’ico kiringo. Turashobora kandi kwigora tukongereza umwanya tumara mu busuku muri ico kiringo. Vyongeye turashobora kuzirikana tubijanisha n’isengesho ku cizigiro Imana yaduhaye.15/1, urupapuro rwa 14-16.

Vyagendeye gute za mbohe zibiri z’Abanyamisiri ziganira Yozefu indoto zigoye gutahura?

Yozefu yabwiye uwahereza ibinyobwa Farawo yuko uno yomusubije mw’ibanga ryiwe. Indoto y’uwotsa imikate yoyo yasobanura yuko Farawo yomwishe maze akamumanika ku mugogo w’igiti. Izo nsobanuro zompi zararangutse. (Ita. 40:1-22)—1/2, urupapuro rwa 12-14.

Ni ingabirano iyihe abavukanyi bo mu Buyapani baronse batavyiteze?

Baronse agatabu karimwo Injili ya Matayo yakuwe muri Bibiliya y’isi nshasha. Ubu kariko karashikirizwa mu busuku kandi karashimisha abantu benshi batamenyereye Bibiliya.15/2, urupapuro rwa 3.

Ni ibintu ibihe vyatumye inkuru nziza ikwiragira mu kinjana ca mbere?

Umutekano wazanywe n’Amahoro y’Abaroma (Pax Romana) waragabanije intambara. Abigishwa bo mu ntango barashobora guca mu mabarabara meza. Ikigiriki caravugwa mu turere twinshi, bigatuma vyoroha kubwira inkuru nziza abantu, mbere n’Abayuda baba hirya no hino muri iyo nganji. Vyongeye, abigishwa barashobora gukoresha amategeko y’Abaroma mu kuburanira inkuru nziza.15/2, urupapuro rwa 20-23.

Ni kubera iki abakirisu b’ukuri badahimbaza Pasika?

Yezu yategetse abayoboke biwe guhimbaza urupfu rwiwe. Ntiyabategetse guhimbaza izuka ryiwe. (Luka 22:19, 20)1/3, urupapuro rwa 8.

Kubera iki muri iyi myaka ibisohokayandikiro vyacu bitakivuga kenshi ivyabaye n’ivyo bigereranya?

Ivyanditswe birerekana yuko abantu bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya bagereranya ibintu bihambaye kuruta vyobaye. Akarorero kamwe tugasanga mu Bagalatiya 4:21-31. Igihe atari ukwo biri, biraba vyiza tutiyumviriye ko umuntu canke inkuru kanaka biba biri n’ico bigereranya. Ariko rero, hari ivyigwa dushobora gukura ku bantu no ku bintu bivugwa muri Bibiliya. (Rom. 15:4)15/3, urupapuro rwa 17-18.

Ni kubera igihimba c’icandikano co ku rupapuro rw’urufunzo catowe mu kirundo ca kera c’umwavu mu Misiri gihambaye cane?

Mu kinjana giheze, hari igihimba c’icandikano batoye basanga kiriko ibice vy’Injili ya Yohani. Gishobora kuba canditswe haheze imyaka nka mirongo gusa Yohani yanditse igitabu ciwe. Vyongeye, ibiri kuri ico candikano birashigikira igisomwa dufise muri iki gihe, bigaca vyemeza ko Bibiliya ari iyo kwizigirwa.1/4, urupapuro rwa 10-11.

Kubera iki guca mw’ishengero umuntu atigaya biranga urukundo?

Bibiliya irerekana ibintu bikomeye bituma umuntu acibwa, bikaba bishobora kuvamwo ivyiza. (1 Kor. 5:11-13) Biratera iteka izina ry’Imana, bigakingira ishengero rityoroye kandi vyoshobora gutuma umucumuzi agarukana ubwenge.15/4, urupapuro rwa 29-30.