Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yarakunda abantu

Yarakunda abantu

“Ibintu nakunda cane vyari ivyerekeye abana b’abantu.”IMIG. 8:31.

1, 2. Yezu yerekanye gute ko akunda cane abantu?

UMWANA w’imfura w’Imana ni we ubukerebutsi bwayo bw’akaburarugero bwatanguye kugaragariramwo mu buryo bushitse, akaba yarabaye “umukozi w’umuhanga” akorana na Se. Iyumvire ukuntu yahimbawe igihe Se wiwe “yategura amajuru” be n’igihe “yashinga ko haba imishinge y’isi.” Ariko rero, naho uwo Mwana w’imfura w’Imana yakunda ivyo bintu bitagira ubuzima, “ibintu [y]akunda cane vyari ivyerekeye abana b’abantu.” (Imig. 8:22-31) Ego cane, Yezu yariyumvamwo abantu kuva n’igihe atari bwaze ng’aha kw’isi.

2 Mu nyuma, kugira ngo iyo Mfura y’Imana yerekane ko ari intahemuka kuri Se, ko imukunda be n’uko ikunda cane “abana b’abantu,” “yarahevye vyose” acika uwusa n’abantu. Ivyo Yezu yabigize kugira ngo atange “incungu ya benshi.” (Flp. 2:5-8; Mat. 20:28) Mbega urukundo akunda abantu! Igihe yari kw’isi, Imana yaramuhaye ububasha bwo gukora ibitangaro vyerekanye ukuntu akunda cane abantu. Muri ubwo buryo, Yezu yarerekanye ibintu vyiza igitangaza bigiye kuba kw’isi yose.

3. Ni ibiki tugira turimbure?

3 Kuba Yezu yaraje kw’isi vyaratumye kandi ashobora “kumenyesha . . . inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Luka 4:43) Yezu yari azi ko ubwo Bwami bwotumye izina rya Se ryezwa bukaba n’umuti urama w’ingorane zose z’abantu. Ibitangaro bikomeye Yezu yakora ariko aramamaza vyaragaragaje rero ko yitwararika abantu vy’ukuri. Kubera iki none ivyo bihambaye kuri twebwe? Kubera ko ivyigwa tuhakura bituma turindira kazoza dufise icizigiro. Nimuze turimbure bine mu bitangaro Yezu yakoze.

“UBUBASHA BWA YEHOVA BWARI NG’AHO KUGIRA NGO AKIZE”

4. Vyagenze gute igihe Yezu yahura n’umunyamibembe?

4 Igihe Yezu yariko arangura ubusuku bwiwe, yaragiye mu karere ka Galilaya. Mu gisagara kimwe caho, yarahuye n’umugabo ateye akagongwe. (Mrk. 1:39, 40) Uwo mugabo yari arwaye indwara ikomeye y’imibembe. Mu kwerekana ukuntu iyo ndwara yari yaramusinzikaje, umuganga Luka avuga ko uwo mugabo yari “yuzuye imibembe.” (Luka 5:12) Bibiliya yigana iti: “Akubise ijisho Yezu yubarara hasi, aramwinginga ati: ‘Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.’” Uwo mugabo yari azi neza ko Yezu afise ububasha bwo kumukiza. Mugabo yari akeneye kumenya nimba Yezu yoba yari afise icipfuzo co kumukiza. Yezu yari kwakira gute ico kintu kivuye ku mutima amusavye? Yiyumviriye iki igihe yabona uwo mugabo bishoboka ko yari yarafutanye mu maso? Yezu yoba yari kumera nk’Abafarizayo, abatagirira impuhwe namba abantu bafise iyo ndwara? Wewe wari gukora iki?

5. Ni igiki catumye Yezu avuga ngo “Ndabishaka” igihe yagira akize umunyamibembe?

5 Biboneka ko uwo munyamibembe atari yasemereye ati: “‘Ndahumanye, ndahumanye!” nk’uko rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa ryabisaba. Aho gushimika kuri ivyo, Yezu yitwararitse nyabuna uwo mugabo be n’ivyo yari akeneye. (Lew. 13:43-46) Naho tutazi neza ivyo Yezu yariko ariyumvira, turazi ukuntu yiyumva. Abitumwe n’impuhwe, yarakoze ikintu gisiga ubwenge. Yararamvuye ukuboko, akora kuri wa munyamibembe, maze avuga n’ijwi ririmwo inkomezi n’ikibabarwe ati: “Ndabishaka. Humanuka.” Ubwo nyene “ya mibembe ica iramuvako.” (Luka 5:13) Ego cane, ububasha bwa Yehova bwari ng’aho kugira ngo Yezu akore ico gitangaro yongere yerekane ukuntu yakunda cane abantu.Luka 5:17.

6. Ni igiki kigukora ku mutima uravye ibitangaro Yezu yakoze, kandi ivyo bitangaro vyerekana iki?

6 Ububasha bw’Imana bwaratumye Yezu Kristu ashobora gukora ibitangaro vyinshi bikora ku mutima. Ntiyakijije abantu imibembe gusa, ariko kandi yarabakijije ubwoko bwose bw’indwara n’ubumuga. Bibiliya itubwira iti: “Iryo sinzi ryumizwa no kubona ibiragi bivuga, n’abacumbagira bagendagenda, n’impumyi zongera kubona.” (Mat. 15:31) Kugira Yezu arangure ivyo bikorwa biranga ikibabarwe, ntiyari akeneye abamuha ibihimba vyabo bikomeye kugira abisubirize ivyaba birwaye, nk’uko abaganga bamwebamwe babigenza muri iki gihe. Yezu yakiza igihimba nyene caba kirwaye! Vyongeye, yakiza abantu uwo mwanya nyene, mbere rimwe na rimwe akabakiza batari kumwe. (Yoh. 4:46-54) None ivyo bintu bitangaje vyerekana iki? Vyerekana ko Yezu, uwamaze kwimikwa akaba Umwami mw’ijuru, afise ububasha bwo gukiza abantu rimwe rizima be n’uko yipfuza kubigira. Kumenya ukuntu Yezu yafata abantu biratuma twizigira ko mw’isi nshasha hazoranguka ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bugira buti: “Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo.” (Zab. 72:13) Emwe, ico gihe Yezu azokora ahuza n’icipfuzo afise co gukiza abarwaye bose.

“HAGURUKA UTORE UBURIRI BWAWE, UTAMBUKE”

7, 8. Vyagenze gute ngo Yezu ahurire ku kidengeri Bezata n’umugabo arwaye?

7 Haciye amezi makeyi Yezu akijije wa munyamibembe i Galilaya, yaragiye i Yudaya kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Abakozwe ku mutima n’ubutumwa Yezu yashikiriza be n’inyifato yagaragaza bategerezwa kuba bari ibihumbi. Yaripfuza vy’ukuri kubwira inkuru nziza aboro, kwamamaza ukubohorwa ku mbohe no gutubika abavunitse umutima.Yes. 61:1, 2; Luka 4:18-21.

8 Mu kwezi kwa Nisani, Yezu yaragiye i Yeruzalemu guhimbaza Pasika kugira agamburuke itegeko rya Se. Ico gisagara carimwo uruja n’uruza kubera ko abantu benshi bariko barashika baje kuri uwo musi mukuru udasanzwe. Mu buraruko bw’urusengero hari ikidengeri citwa Bezata, Yezu akaba yahasanze umugabo arwaye.

9, 10. (a) Ni igiki catuma abantu baza ku kidengeri Bezata? (b) Ni igiki Yezu yakoze kuri ico kidengeri, kandi ivyo bitwigisha iki? (Raba ishusho itangura.)

9 Amasinzi y’abarwaye n’abamugaye yarahurira kuri ico kidengeri Bezata. None baba baje gukora iki? Bivuye ku mvo itazwi, bibaza ko umurwayi yinjiye muri ico kidengeri iyo amazi asebuye yaca akira ku gitangaro. Ibaze ingene ibintu bitegerezwa kuba vyari vyifashe aho hantu! Nta gukeka ko wasanga huzuye abantu bavunitse umutima, bishwe n’amaganya kandi bihebuye. None ko Yezu yari umuntu atunganye atagira indwara canke ubumuga, yari ajanyweyo n’iki? Abitumwe n’akagongwe, yaregereye umugabo umwe yari arwaye igihe kirekire kuruta ico Yezu yamaze ng’aha kw’isi.Soma Yohani 5:5-9.

10 Woba ubona mu bwenge ukuntu uwo murwayi yaravye Yezu yihebuye cane igihe yamubaza nimba ashaka gukira? Yarabishaka vy’ukuri, mugabo ntiyabona ukuntu vyoshoboka, kuko atari afise uwumufasha kwinjira mu kidengeri. Yezu yaciye amusaba gukora ikintu casa n’ikidashoboka. Yamubwiye ngo atore uburiri bwiwe atambuke. Uwo mugabo yaremeye ivyo Yezu amubwiye, aratora uburiri bwiwe maze atangura gutambuka. Mbega imponjo ikora ku mutima y’ivyo Yezu azokora mw’isi nshasha! Ico gitangaro kiratwereka kandi ko Yezu afise impuhwe. Yararondera abarushwa. Akarorero ka Yezu gakwiye gutuma tubandanya kurondera mu cibare cacu abantu bavunwa umutima n’ibintu vy’agahomerabunwa biba muri iyi si.

“NI NDE AKOZE KU MPUZU ZANJE ZO HEJURU?”

11. Ibivugwa muri Mariko 5:25-34 vyerekana gute ko Yezu afitiye impuhwe abarwaye?

11 Soma Mariko 5:25-34. Uwo mugore yari amaze imyaka 12 ari ikimaramare. Indwara yiwe yaragira ico ihinduye ku mice yose y’ubuzima bwiwe, harimwo n’ugusenga kwiwe. Naho “yari yararuhijwe cane n’abaganga benshi, yarakoresheje n’utwiwe twose,” indwara yiwe yarushiriza kwunyuka. Umusi umwe, uwo mugore yaratoye uwundi mugambi w’ukuntu yokira. Yarakoze uko ashoboye kwose arashika aho Yezu ari. Yaracengetereye mw’isinzi ry’abantu maze akora ku mpuzu yo hejuru ya Yezu. (Lew. 15:19, 25) Yezu yarumvise ko hari ububasha bumuvuyemwo, aca abaza uwumukozeko uwo ari we. “N’ubwoba n’akantu kandi ajugumira,” nya mugore yaciye “yikubita hasi imbere yiwe, amubwira ukuri kwose.” Yezu abonye ko ari Se wiwe Yehova yari yakijije uwo mugore, yaramugaragarije umutima mwiza amubwira ati: “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro, ukire indwara yawe isesereza.”

Ibitangaro Yezu yakoze vyarerekanye neza ko atwitwararika vy’ukuri akongera akitwararika ingorane zacu (Raba ingingo ya 11, 12)

12. (a) Wisunze ivyo tumaze kurimbura, wodondora gute Yezu? (b) Ni akarorero akahe Yezu yadusigiye?

12 Yezu yari afise umutima mwiza pe! Turabona ko yumvira ikibabarwe abantu barwaye. Shetani ashaka kutwemeza yuko tudakundwa be n’uko ata co tumaze. Ibitangaro Yezu yakoze vyarerekanye neza ko atwitwararika vy’ukuri akongera akitwararika ingorane zacu. Ese ukuntu Umwami akaba n’Umuherezi Mukuru twifitiye ari umunyempuhwe! (Heb. 4:15) Hari aho bitotworohera gutahura ingene abantu barwaye indwara idakira biyumva, na canecane igihe tutarigera turwara iyo ndwara. Turakwiye kwibuka ko Yezu yatahura ukuntu abarwaye bamerewe naho ubwiwe atigeze arwara. Ese akarorero ka Yezu kotuma tumwigana uko dushoboye kwose!1 Pet. 3:8.

“YEZU ARAKORORA AMOSOZI”

13. Izuka rya Lazaro ryerekana ko Yezu ameze gute?

13 Yezu yarababazwa cane n’umubabaro abandi barimwo. Kubera ko yari atuntujwe cane n’ukuntu abandi bamerewe kubera urupfu rw’umugenzi wiwe Lazaro, ‘yaranishe’ maze “abura amahoro.” Yezu yaramerewe gutyo naho nyene yari azi ko agira azure Lazaro. (Soma Yohani 11:33-36.) Ntiyatewe isoni no guserura umubabaro ukomeye yari afise. Abariko baramwihweza barabonye ko yiyumvamwo Lazaro n’umuryango wiwe. Ese impuhwe Yezu yagaragaje mu gukoresha ubushobozi Imana yamuhaye kugira azure uwo mugenzi wiwe!Yoh. 11:43, 44.

14, 15. (a) Ni igiki cerekana ko Yehova yipfuza cane gukiza abantu imibabaro? (b) Ni igiki gishimishije ku bijanye n’ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “imva”?

14 Bibiliya ivuga ko Yezu ari “ishusho nyayo y’akamere nyene” k’Umuremyi. (Heb. 1:3) Ku bw’ivyo, ibitangaro Yezu yakoze vyarerekanye ko we na Se bafise icipfuzo co kurandurana n’imizi umubabaro uva ku ndwara n’urupfu. Abazokwungukira kuri ico cipfuzo bazoba ari benshi cane kuruta barya bakeyi bazutse bavugwa muri Bibiliya. Yezu yavuze ko ‘isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazozivamwo.’Yoh. 5:28, 29.

15 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “imva” rivuye mu rivuga ry’ikigiriki risobanura ngo “kwibuka.” Ivyo birabereye kuko Imana Mushoboravyose yaremye isi n’ijuru amahero ishobora kwibuka utuntu twose twari tugize abacu bapfuye, harimwo na kamere zabo. (Yes. 40:26) Vyongeye, uretse ko Yehova ashobora kubibuka, we n’Umwana wiwe baripfuza kubigira. Izuka rya Lazaro hamwe n’ayandi avugwa muri Bibiliya ni imponjo gusa y’ibizoba kw’isi yose mw’isi nshasha.

IBITANGARO VYA YEZU BITWIGISHA IKI?

16. Ni agateka akahe abakirisu benshi bagumana ugutungana kwabo muri iki gihe bazokwironkera?

16 Tugumye ku gutungana kwacu, twoshobora kwibonera kimwe mu bitangaro bikomeye kuruta ibindi vyose vyabayeho, na co kikaba ari ukurokoka ya makuba akomeye. Gatoyi inyuma ya Harumagedoni, hazoca haba ibindi bitangaro, abantu basubire kugira amagara meza. (Yes. 33:24; 35:5, 6; Ivyah. 21:4) Niwihe ishusho abantu bariko barata nka hariya amarori, inkoni, ibibando vyo kwishimikiza, udukinga tw’ibimuga, utwuma dufasha kwumva be n’ibindi nk’ivyo. Birabereye kubona Yehova azotuma abarokotse Harumagedoni bagira amagara meza kuko bazoba bafise ibintu vyinshi vyo gukora. Bazokorana umwete mwinshi mu gutuma iyi si Imana yaduhaye yose icika iparadizo.Zab. 115:16.

17, 18. (a) Ni kubera iki Yezu yakoze ibitangaro? (b) Ni kubera iki ukwiye kwihata kugira uzobe mw’isi nshasha y’Imana?

17 Kuba Yezu yarakijije abantu muri kahise biraremesha abagize “isinzi rinini” muri iki gihe, bigakomeza icizigiro gihimbaye bafise c’uko bazokira indwara zose. (Ivyah. 7:9) Ukwo gukiza abantu kwarerekanye urukundo rukomeye uwo Mwana w’imfura w’Imana abafitiye. (Yoh. 10:11; 15:12, 13) Impuhwe za Yezu zirerekana kamere ikora ku mutima Yehova afise yo kwitwararika umwe wese mu basavyi biwe.Yoh. 5:19.

18 Ubu abantu baraniha kubera intuntu, imibabaro be n’urupfu. (Rom. 8:22) Turakeneye isi nshasha Imana yadusezeraniye, aho indwara zizoranduranwa n’imizi. Ibivugwa muri Malaki 4:2 biratuma twizigira yuko “[tuzok]wikina amatavu nk’inyana zadoheshejwe,” duhimbawe n’uko twakuweko agasembwa. Ese ukuba dukengurukira Imana be n’ukuba twizera cane imihango yayo vyotuma dukora ibikenewe vyose ubu kugira tuzokwemererwe kuba muri iyo si nshasha! Birakora ku mutima koko kumenya yuko ibitangaro Yezu yakoze igihe yari ng’aha kw’isi vyari imponjo y’ukuruhurirwa kwamaho abantu bazokwironkera vuba, igihe azoba aganza ari Mesiya.