Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tube maso ku bo twifatanya muri iyi misi ya nyuma

Tube maso ku bo twifatanya muri iyi misi ya nyuma

“Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”1 KOR. 15:33.

INDIRIMBO: 73, 119

1. Tubayeho mu kiringo ikihe?

TUBAYEHO mu bihe bitoroshe na gato. Ikiringo catanguye mu 1914, Bibiliya icita “imisi ya nyuma.” Ivyo “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira” birangwa n’ibintu bibi cane bitari bwashikire abantu imbere y’uwo mwaka udasanzwe. (2 Tim. 3:1-5) Vyongeye, ivyo kw’isi bizobandanya kudabuka kuko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwavuze yuko “abantu b’ababisha be n’abahumvyi bazogenda barushiriza kuba babi.”2 Tim. 3:13.

2. Abantu benshi bo muri iyi si bisamaza gute? (Raba ishusho itangura.)

2 Mu bijanye no kwisamaza, abantu benshi bararaba canke bagakora ibintu Bibiliya yerekana neza ko ari ubukozi bw’ikibi, ubusambanyi, ubupfumu canke ibindi bintu bidahimbara Imana. Nk’akarorero, internet, ibiganiro vyo kuri televiziyo, amasinema, ibitabu be n’ibinyamakuru, usanga akenshi vyerekana ko ubukozi bw’ikibi be n’ubusambanyi ata co bitwaye. Inyifato zigeze kuba zibonwa ko ari mbi zisigaye mbere zemerwa n’amategeko mu mihingo imwimwe. Mugabo ivyo ntibica bituma Imana izemera.Soma Abaroma 1:28-32.

3. Abantu babaho bisunga ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe akenshi babonwa gute?

3 Mu kinjana ca mbere, abayoboke ba Yezu baririnda ibintu vyo kwisamaza bihumanye. Abantu barabasiga iceyi bakongera bakabahama babahora ico kintu hamwe n’inyifato yabo muri rusangi yahimbara Imana. Intumwa Petero yanditse ati: “Kubera ko [mwebwe abakirisu] mutabandanya kwiruka hamwe na bo muri iyo nzira muja mu rushanga rumwe rw’ubuhumbu, barazazanirwa bakabandanya kubatuka.” (1 Pet. 4:4) No muri iki gihe nyene ababaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana, isi ibona ko ari abantu batameze nk’abandi. Vyongeye, “abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.”2 Tim. 3:12.

“KWIFATANYA N’ABABI KWONONA INGESO NZIZA”

4. Ni igiki Ivyanditswe bitubuza gukora ku bijanye n’iyi si?

4 Ivyanditswe bihanura abipfuza gukora ivyo Imana igomba ngo ntibakunde isi n’ibikorwa vyayo. (Soma 1 Yohani 2:15, 16.) Ivy’amadini, ivya politike be n’ivy’ubudandaji vyo muri iyi si, ushizemwo n’imihora bikoresha mu gutanga amakuru, biganzwa n’“imana y’iki gihe,” ari yo Shetani wa Mubesheranyi. (2 Kor. 4:4; 1 Yoh. 5:19) Ni co gituma twebwe abakirisu dukwiye kuba maso ku bo twifatanya. Ijambo ry’Imana ryahumetswe rivuga uku kuri kw’ishimikiro riti: “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”1 Kor. 15:33.

5, 6. Dukwiye kwirinda gucudika na bande, kandi kubera iki?

5 Kugira twirinde kwonona ingeso zacu nziza, dutegerezwa kwirinda gucudika n’abakora ibintu bibi. Ivyo ntibiraba gusa abo tudasangiye ukwemera bakora ibibi, ariko kandi biraraba n’abivugisha ko basenga Yehova mugabo barenga ku mategeko yiwe n’ibigirankana. Igihe mwene abo bakirisu bo kw’izina bakoze igicumuro gikomeye maze ntibigaye, ntitubandanya kwifatanya na bo.Rom. 16:17, 18.

6 Hamwe twokwifatanya n’abatagamburuka amategeko y’Imana, twoshobora gusanga twakoze ivyo bakora kugira batwemere. Nk’akarorero ducuditse n’abasambanyi, twoshobora gusanga twakoze ubusambanyi. Ivyo vyarashikiye abakirisu bamwebamwe biyeguye, kandi bamwe muri bo baraciwe kubera ko batigaye. (1 Kor. 5:11-13) Ivyabo birashobora kumera nk’ivyo Petero yavuze, kiretse gusa bigaye.Soma 2 Petero 2:20-22.

7. Ni bande dukwiye kugira abagenzi somambike?

7 Naho twipfuza kugaragariza abantu bose umutima mwiza, abadakurikiza amategeko y’Imana ntidukwiye kubagira abagenzi somambike. Vyoba rero ari bibi Icabona ca Yehova areheje umuntu atariyegura, atari umwizigirwa ku Mana canke atubaha ingingo ngenderwako zayo ziri hejuru. Kuguma ku gutungana kwacu birahambaye cane kuruta kwemerwa n’abantu batisunga amategeko ya Yehova. Dukwiye gucudika n’abakora ivyo Imana igomba. Yezu yavuze ati: “Uwo wese akora ukugomba kw’Imana, ni we mwene wacu na mushikanje na mawe.”Mrk. 3:35.

8. Kwifatanya n’abantu babi vyagize ingaruka izihe ku Bisirayeli?

8 Abisirayeli barashikiwe n’ingaruka ziteye agahinda zo kwifatanya n’abantu babi. Igihe Yehova yabarokora abakuye mu buja mu Misiri akabajana muri ca Gihugu c’isezerano, yababwiye ku bijanye n’ukuntu bokwifashe imbere y’abantu baho, ati: “Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo. Kandi mutegerezwa gukorera Yehova Imana yanyu.” (Kuv. 23:24, 25) Abisirayeli benshi bahavuye bareka kugamburuka ubuyobozi bw’Imana. (Zab. 106:35-39) Kubera ko bahemukiye Imana, mu nyuma Yezu yababwiye ati: “Ehe inzu yanyu murayitanywe.” (Mat. 23:38) Yehova yarahevye Isirayeli ayisubiriza ishengero rya gikirisu ryari riherutse kuvuka.Ivyak. 2:1-4.

TUBE MASO KU VYO DUSOMA NO KU VYO TURABA

9. Kubera iki ibimenyeshamakuru vyo mw’isi bishobora kutugeramira?

9 Vyinshi mu bintu bisohorwa n’ibimenyeshamakuru vyo mw’isi birashobora kugeramira abakirisu mu vy’impwemu. Ivyo bintu ntibigenewe kudufasha kwizera Yehova n’ivyo yasezeranye. Ahubwo, bigaragaza agatima k’isi ya Shetani be n’imigambi yayo. Turakwiye rero kwiyubara cane kugira ntiduhitemwo ibintu vyoshobora gutuma tugira “ivyipfuzo vy’isi.”Tito 2:12.

10. Ni ibiki bizoshikira ivyo abantu basoma canke baraba vyonona?

10 Vuba ivyo abantu basoma canke baraba vyonona ntibizosubira kubaho. Vyose bizokurwaho isi ya Shetani niyakurwaho. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yoh. 2:17) Muri ubwo buryo nyene, umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Inkozi z’ikibi zizorandurwa, ariko abizigira Yehova ni bo bazokwigabira isi. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.” None bazoyinovora igihe kingana gute? “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”Zab. 37:9, 11, 29.

11. Imana ironsa gute abasavyi bayo ibifungurwa vyiza vy’impwemu?

11 Ivyo ishirahamwe rya Yehova risohora muri iyi misi ya nyuma vyovyo biremesha abantu kugira inyifato izotuma baronka ubuzima budahera. Mw’isengesho Yezu yatuye Yehova, yavuze ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yoh. 17:3) Dawe wa twese wo mw’ijuru abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, ariko araturonsa ibifungurwa vy’impwemu vyinshi kandi bikomeza. Ese ukuntu ari umuhezagiro kuba twironkera ibinyamakuru, udutabu, ibitabu, amavidewo be n’amayagwa yo kuri internet aremesha ugusenga kw’ukuri! N’ikindi kandi, ishirahamwe ry’Imana riratunganya amakoraniro adahorereza mu mashengero arenga 110.000 hirya no hino kw’isi. Kuri ayo makoraniro, ku mahwaniro no ku materaniro, turarimbura amayagwa ashingiye kuri Bibiliya atuma turushiriza kwizera Imana be n’ivyo yasezeranye.Heb. 10:24, 25.

TWUBAKE “MU MUKAMA GUSA”

12. Sigura impanuro Bibiliya itanga isaba kwubaka “mu Mukama gusa.”

12 Abakirisu bipfuza kwubaka izabo barakwiye kuba maso cane ku bo bifatanya. Ijambo ry’Imana riduhanura ata guca ku ruhande riti: “Ntimuboherwe ku ngǒgo hamwe n’abatemera kandi bitajana. Kuko, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki? Canke umuco usangiye iki n’umwiza?” (2 Kor. 6:14) Abasavyi b’Imana bariko bararondera uwo bazokwubakana, Bibiliya ibahanura kwubaka “mu Mukama gusa.” Ivyo bisobanura kwubakana gusa n’umusavyi wa Yehova yiyeguye kandi yabatijwe, abaho yisunga inyigisho zo mu Vyanditswe. (1 Kor. 7:39) Igihe abakirisu bubakanye n’abo basangiye ukwemera barironkera abagenzi biyeguriye Yehova kandi bazobafasha kuguma ari intahemuka ku Mana.

13. Ni itegeko rijanye no kwabirana irihe Imana yahaye Abisirayeli?

13 Yehova arazi icobera ciza abasavyi biwe kuruta ibindi, kandi ntiyigeze ahengeshanya kuvuga ukuntu abona ibijanye n’umubano w’abubatse. Raba itegeko ryoroshe gutahura yahaye Abisirayeli abicishije kuri Musa. Ku bijanye n’abantu bo mu mahanga yari abakikuje, bakaba batasenga Yehova, Abisirayeli bategetswe bati: “Ntuze wunge na bo ubucuti bw’ukwabirana. Umukobwa wawe ntuze umuhe umuhungu wiwe, n’umukobwa wiwe ntuze umusabire umuhungu wawe. Kuko azokevya umuhungu wawe akamubuza kunkurikira, kandi ntibazobura gukorera izindi mana. Ishavu rya Yehova na ryo rizobarurumbira koko, kandi ntazobura kukuzimanganya ningoga.”Gus. 7:3, 4.

14, 15. Kwirengagiza itegeko rya Yehova vyagize ingaruka iyihe kuri Salomo?

14 Mu ntango y’ingoma ya Salomo mwene Dawidi, uwo musore yari akiri muto yarasavye Imana ubukerebutsi kandi yarabumuhaye ititangiriye itama. Ku bw’ivyo, Umwami Salomo yaramenyekanye cane ko ari umutegetsi w’inkerebutsi w’igihugu gitunze cane. Nkako, igihe wa mwamikazi w’i Sheba yagendera Salomo, yaratangaye ati: “Sinemeye nya majambo gushika nje kugira ngo amaso yanje bwite avyibonere; none nsanze ata n’ica kabiri bambwiye. Mu bukerebutsi no mu gutunganirwa wararenganye ibintu numvise.” (1 Abm. 10:7) Ariko rero, akarorero kabi ka Salomo karatwigisha ibishobora gushika igihe umuntu yirengagije itegeko Imana yatanze ritubuza kwubakana n’uwutemera.Umus. 4:13.

15 Naho Imana yari yarakoreye Salomo ibintu vyinshi, uno yarirengagije itegeko ryayo ryasaba kutubakana n’abagore bo mu mahanga yari abakikuje batasenga Yehova. Salomo “[yarakunze] abagore benshi b’abanyamahangakazi,” akaba yahavuye agira abagore 700 n’incoreke 300. None vyavuyemwo iki? Mu busaza bwa Salomo, abo bagore biwe b’abapagani “barahengekeye umutima wiwe ku gukurikira izindi mana, . . . Salomo atangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova.” (1 Abm. 11:1-6) Kwifatanya n’ababi vyarononye ubukerebutsi bwa Salomo, bituma aheba ugusenga kw’ukuri. Ese ukuntu ivyo bigabisha abakirisu boba bariko bariyumvira kwubakana n’umuntu adakunda Yehova!

16. Ni impanuro iyihe yo mu Vyanditswe ihabwa umusavyi w’Imana yubakanye n’uwutemera?

16 Bite ho mu gihe umuntu abaye umusavyi wa Yehova yaramaze kwubakana n’uwutemera? Bibiliya ivuga iti: “Namwe bagore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere abagabo banyu bwite, kugira ngo nimba hari abatagamburukira rya jambo, bagondozwe ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo.” (1 Pet. 3:1) Ivyo bibwirwa abakenyezi bakirisu, mugabo birerekeye n’umugabo acitse umusavyi wa Yehova yaramaze kwubakana n’uwutemera. Impanuro Bibiliya itanga iratomoye: Nube umunega canke umukenyezi mwiza wongere ubeho wisunga ingingo ngenderwako ziri hejuru Imana itanga zigenga umubano w’abubatse. Abagabo n’abagore benshi baremeye ukuri kubera bihweje ukuntu uwo bubakanye yahindutse bitumwe n’uko yisunga ivyo Imana isaba.

TWIFATANYE N’ABAKUNDA YEHOVA

17, 18. Ni igiki catumye Nowa arokoka rya Segenya, kandi ni igiki catumye abakirisu bo mu kinjana ca mbere barokoka igihe Yeruzalemu yatikizwa?

17 Naho kwifatanya n’ababi vyonona ingeso nziza, kwifatanya n’abantu beza bivamwo ivyiza. Rimbura ivyerekeye Nowa, uwabayeho mw’isi y’ububisha ariko akaba atipfuza kugiranira ubugenzi somambike n’ababa muri yo. Ico gihe, “Yehova [y]abona ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi be n’uko impengamiro yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose.” (Ita. 6:5) Imana yaciye rero ifata ingingo yo gukuraho iyo isi mbi ikoresheje umwuzure wateye kw’isi yose. Mugabo “Nowa yari umuntu w’umugororotsi. Yarerekana ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe. Nowa yagendana n’Imana y’ukuri.”Ita. 6:7-9.

18 Nta gukeka ko Nowa atarondeye kugiranira ubugenzi n’abantu badakunda Imana. We hamwe n’abantu indwi bari bagize umuryango wiwe bagumye bitwararika igikorwa Imana yari yabashinze co kwubaka ubwato. Muri ico gihe kandi, Nowa yari “umwamamaji w’ubugororotsi.” (2 Pet. 2:5) Kubera ko Nowa yamamaza, akabaza ubwato akongera akifatanya n’umuryango wiwe, yaguma afatiriwe n’ibintu vyiza bihimbara Imana. Ivyo vyatumye Nowa n’umuryango wiwe barokoka rya Segenya. Turakwiye kubakengurukira kubera ko twese abariho dukomoka kuri abo bantu bakoreye Yehova, ari bo wa mwizigirwa Nowa, umukenyezi wiwe, abahungu biwe be n’abakenyezi babo. Muri ubwo buryo nyene, abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’abizigirwa kandi bagamburuka bagumye bitandukanije n’abantu badakunda Imana maze bararokoka igihe Yeruzalemu be n’ivy’Abayuda vyatikizwa mu 70 inyuma ya Kristu.Luka 21:20-22.

Kwifatanya mu buryo bwiza n’abo dusangiye ukwemera biradufasha kubona ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha (Raba ingingo ya 19)

19. Dutegerezwa gukora iki nimba twipfuza kwemerwa n’Imana?

19 Twebwe abasavyi ba Yehova turakwiye kwigana Nowa n’umuryango wiwe be n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere bagamburuka. Dutegerezwa kuguma twitandukanije n’isi mbi idukikuje maze tukarondera abagenzi beza muri bene wacu na bashiki bacu amamiliyoni b’abizigirwa. Kuguma twifatanije n’abayoborwa n’ubukerebutsi buva ku Mana bizodufasha ‘guhagarara dushikamye mu kwizera’ muri ibi bihe bigoye cane. (1 Kor. 16:13; Imig. 13:20) Zirikana gatoyi ibintu vyiza igitangaza twiteze! Nimba turi maso ku bo twifatanya muri iyi misi ya nyuma, turashobora kwiberaho gushika kw’iherezo ry’iyi si mbi maze tukinjira muri ya si nshasha igororotse ya Yehova iri ku rugi.