Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tugume turindiriye!

Tugume turindiriye!

“Naho vyoteba, ugume ubirindiriye!”HAB. 2:3.

INDIRIMBO: 128, 45

1, 2. Ni agatima akahe kamye karanga abasavyi ba Yehova?

ABASAVYI ba Yehova barigeze kumara igihe kirekire barindiriye iranguka ry’ubuhanuzi bwahumetswe. Nk’akarorero, Yeremiya yari yaravuze yuko igihugu ca Yuda cogizwe umusaka, kandi ivyo Abanyababiloni barabishikije mu 607 imbere ya Kristu. (Yer. 25:8-11) Yesaya, uwari yarahumekewe kumenyesha ko Yehova yotumye ico gihugu gisubira kwubakwa, yavuze ati: “Hahiriwe abo bose baguma bamurindiriye.” (Yes. 30:18) Mika, ubuhanuzi bwiwe bukaba na bwo nyene buvuga ivyerekeye abasavyi b’Imana ba kera, yiyemeje ati: “Yehova ni we nzoguma nderetse.” (Mika 7:7) Vyongeye, abasavyi b’Imana barigeze kumara ibinjana n’ibindi biteze iranguka ry’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya ari we Kristu.Luka 3:15; 1 Pet. 1:10-12. *

2 Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe na bo nyene baguma barindiriye kubera ko ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bukiriko buraranguka. Biciye ku Bwami burongowe na Mesiya, Yehova agiye gukuraho imibabaro ishikira abantu mu gutikiza ababisha maze arokore abasavyi biwe muri iyi si idurumbanye itwarwa na Shetani. (1 Yoh. 5:19) Nimuze rero tugume turi maso, tuzi neza ko iyi si iri hafi gukurwaho.

3. Nimba tumaze imyaka n’iyindi turindiriye ko iherezo rishika, ni ikibazo ikihe coshobora kuvyuka?

3 Twebwe abasavyi ba Yehova turashashaye kubona ukugomba kwiwe “[gukorwa] kw’isi nko mw’ijuru.” (Mat. 6:10) Ariko rero, kubera ko bamwebamwe bamaze igihe gisa n’uko ari kirekire biteze iherezo ry’iyi si, boshobora kwibaza bati: ‘Ubwo twoba tugifise imvo zumvikana zo kuguma turindiriye?’ Reka tubirabe.

KUBERA IKI TWOGUMA TURINDIRIYE?

4. Imvo nyamukuru ikwiye gutuma tuguma turi maso ni iyihe?

4 Bibiliya irerekana neza agatima dukwiye kugira mu kurindira ugutikizwa kw’ivy’iyi isi kwimirije. Yezu yabwiye abayoboke biwe ‘kuguma bari maso’ no ‘kuguma barikanuye.’ (Mat. 24:42; Luka 21:34-36) Kuba Yezu yaradusavye ico kintu vyonyene ni imvo yumvikana ikwiye gutuma tuguma turindiriye! Ishirahamwe rya Yehova riratanga akarorero muri ivyo. Ibisohokayandikiro vyacu vyama biduhimiriza ‘kurorera no kwamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova’ kandi tukagumiza umutima kw’isi nshasha Imana yasezeranye.Soma 2 Petero 3:11-13.

5. Ni kubera iki bikenewe ko tuba maso cane muri iki gihe cacu?

5 Naho vyari bibereye ko abakirisu bo hambere baguma barindiriye, birahambaye canecane kuri twebwe muri iki gihe. Uti kubera iki? Kubera ko tubayeho mu gihe c’ukuhaba kwa Kristu. Ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe cabonetse kuva mu 1914. Ico kimenyetso kigizwe n’ibintu vyinshi, ushizemwo n’ivyo kw’isi biguma bidabuka be n’ukwamamaza Ubwami kw’isi yose, kirerekana ko tubayeho mu gihe c’“insozero y’ivy’isi.” (Mat. 24:3, 7-14) Kubera ko Yezu atavuze igihe ico kiringo comaze kugira iherezo rishike, turakwiye kurikanura no kuba maso cane.

6. Kubera iki twokwitega ko ivyo kw’isi bizorushiriza kudabuka uko twegereza iherezo?

6 Twokwibaza duti: ‘Ubwo “insozero y’ivy’isi” ntiyoba yerekeza ku gihe co muri kazoza aho ivyo kw’isi bizorushiriza kudabuka?’ Bibiliya irerekana ko ububisha buzokwongerekana cane “mu misi ya nyuma.” (2 Tim. 3:1, 13; Mat. 24:21; Ivyah. 12:12) Turashobora rero kwitega ko ivyo kw’isi bizobandanya kumera nabi, naho n’ubu atari yororo.

7. Muri Matayo 24:37-39 herekana iki ku bijanye n’ukuntu ivyo kw’isi vyobaye bimeze mu misi ya nyuma?

7 Ariko none witeze ko ivyo kw’isi bizoba bibi ku rugero rungana iki imbere ya “ya makuba akomeye”? (Ivyah. 7:14) Nk’akarorero, woba witeze ko hazoba intambara mu bihugu vyose, abantu bose bakabura ibifungurwa kandi bose bakarwara? Bigenze ukwo, mbere n’abatemera Bibiliya boshobora kwumva ko bategerezwa kwemera yuko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka. Ariko rero, Yezu yavuze ko abantu benshi batogize “ico bitaho” ku bijanye n’ukuhaba kwiwe, bakibandaniriza imirimo ya misi yose gushika aho bakanguka ata co bagishobora gukiza. (Soma Matayo 24:37-39.) Ivyanditswe birerekana rero yuko ivyo kw’isi bitodabutse rwose mu misi ya nyuma ku buryo abantu babwirizwa kwemera ko iherezo riri hafi.Luka 17:20; 2 Pet. 3:3, 4.

8. Ni igiki abakurikiza itegeko rya Yezu ribasaba ‘kuguma bari maso’ bibonera?

8 Ariko rero kugira ca kimenyetso kigizwe n’ibintu vyinshi gishike ku ntumbero yaco, cobwirijwe kwibonekeza bihagije kugira kigabishe abagamburuka impanuro ya Yezu yo ‘kuguma bari maso.’ (Mat. 24:27, 42) Ukwo ni ko vyagenze kuva mu 1914. Ibintu bigize ico kimenyetso birabandanya kuranguka. Biragaragara rero ko ubu turi mu gihe c’“insozero y’ivy’isi,” kikaba ari ikiringo kigufi kizodushikana ku gutikizwa kw’ivy’iyi si mbi.

9. Kubera iki dukwiye kuguma turindiriye iherezo ry’ivy’iyi si?

9 Kubera iki none muri iki gihe twebwe abakirisu dukwiye kuguma turindiriye? Kubera ko tugamburukira Yezu Kristu. Vyongeye, turatahura ca kimenyetso c’ukuhaba kwiwe. Ntitubitumwa n’uko dupfa kwemera ibintu ivyo ari vyo vyose, ahubwo tubitumwa n’uko ibimenyamenya bikomeye bishingiye ku Vyanditswe bituvyurira umutima wo kuguma turikanuye kandi turi maso, turindiriye iherezo ry’ivy’iyi si mbi.

TWORINDIRA GUSHIKA RYARI?

10, 11. (a) Kubera iki Yezu yabwiye abigishwa biwe ngo ‘bagume bari maso’? (b) Ni igiki Yezu yabwiye abayoboke biwe gukora bishitse bakabona ko barindiriye igihe kirekire kuruta uko bari bavyiteze? (Raba ishusho itangura.)

10 Benshi muri twebwe baramaze imyaka mirongo bari maso mu buryo bw’impwemu. Ariko rero, nimuze ntitureke ngo igihe kihaciye gitume dutakaza umwiyemezo wacu wo kuguma turindiriye. Turakeneye kuguma twiteguriye ko Yezu ashika aje gutikiza ivy’iyi si ya Shetani. Twibuke ko Yezu yahimirije abayoboke biwe ati: “Mugume mureretse, mugume murikanuye, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera. Bimeze nk’umuntu afashe urugendo aja mu mahanga agasiga inzu yiwe, agaha ububasha abashumba biwe, umwe wese akamuha igikorwa ciwe, hanyuma agategeka umurinzi w’umuryango kuguma ari maso. Nuko rero mugume muri maso, kuko mutazi igihe nyen’urugo azozirako, namba azoza buhwibiriye canke mu gicugu canke mu nkoko canke mu gatondo ka kare; kugira ngo niyashika giturumbuka, ntasange musinziriye. Mugabo ico ndababwiye, ndakibwiye bose: Mugume muri maso.”Mat. 24:27, 42.

11 Igihe abayoboke ba Yezu batahura ko ukuhaba kwiwe kwatanguye mu 1914, baciye babona yuko iherezo rishobora gushika umwanya uwo ari wo wose maze bararyitegurira. Ivyo babigize mu kurushiriza kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Yezu yarerekanye ko yoshoboye kuza atevye, ni ukuvuga “mu nkoko canke mu gatondo ka kare.” None ivyo bishitse, abayoboke biwe bovyifashemwo gute? Yavuze ati: “Mugume muri maso.” Kurindira igihe kirekire ntiyobaye ari imvo yumvikana ituma babona ko iherezo rikiri kure canke ngo bahebe rwose kuririndira.

12. Ni igiki Habakuki yabajije Yehova, kandi yamwishuye gute?

12 Rimbura ivyerekeye umuhanuzi Habakuki, uwari yashinzwe kumenyesha ko Yeruzalemu yotikijwe. Igihe yatangura ico gikorwa, ingabisho z’uko ico gisagara cocitse umusaka zari zimaze imyaka zishikirizwa. Ibintu vyari bigeze aho ‘umubisha akikuza umugororotsi, ubutungane na bwo bukagorekwa.’ Ntibitangaje rero kuba Habakuki yabajije ati: “Yehova we, nzogeza ryari gutabaza?” Aho guca yishura ico kibazo, Yehova yasubirije umutima mu nda uwo muhanuzi wiwe w’umwizigirwa ko ugutikizwa kwari kwaravuzwe ‘kutocerewe.’ Imana yabwiye Habakuki iti: “Ugume ubirindiriye.”Soma Habakuki 1:1-4; 2:3.

13. Ni ivyiyumviro ibihe Habakuki yari gushobora kugira, kandi ni kubera iki bitari kuba biranga ubukerebutsi?

13 Dufate ko Habakuki yahavuye yihebura maze akiyumvira ati: ‘Maze imyaka n’iyindi numva ko Yeruzalemu izotikizwa. None nka hamwe bitoshika vuba, vyogenda gute? Ntibibereye ko mbandanya nshikiriza ubuhanuzi nk’aho umenga ico gisagara kigira gitikizwe ubu nyene. Abandi bazobikora.’ Iyo Habakuki yishiramwo ivyo vyiyumviro, Yehova yari guca areka kumutonesha, bikaba bishoboka ko n’ubuzima bwiwe bwari kuhasigara igihe Abanyababiloni batikiza Yeruzalemu.

14. Kubera iki twokwemera tudakeka ko tugumye turindiriye tutazomaramara?

14 Mw’isi nshasha, tuzoba dufise imvo yo kuzirikana ukuntu ibintu vyose vyari vyaravuzwe ku bijanye n’insozero y’ivy’iyi si vyahavuye biranguka. Kwibuka ukuntu ibintu vyagiye biragenda bizotuma turushiriza kwizigira Yehova be n’ivyo yasezeranye bizoba bitararanguka. (Soma Yosuwa 23:14.) Nta gukeka ko tuzokenguruka kubona ya Mana ‘yashize ibihe n’ibiringo mu bubasha bwayo bwite,’ yaraduhimirije kubaho tubona ko ‘iherezo ry’ibintu vyose ryegereje.’Ivyak. 1:7; 1 Pet. 4:7.

TURINDIRE TUTAREZE AMABOKO

Woba wamamaza inkuru nziza n’umwete? (Raba ingingo ya 15)

15, 16. Ni kubera iki dukwiye kwihatira cane kwamamaza muri iki gihe c’iherezo?

15 Turashobora kwitega ko ishirahamwe rya Yehova rizobandanya kutwibutsa yuko dukwiye gukorera Imana tubona ko ibintu vyihutirwa. Ntiduhabwa ivyo vyibutsa kugira gusa tugume dufise vyinshi dukora mu murimo w’Imana, mugabo tubihabwa kugira bidufashe kuguma tubona ko ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Kristu kiriko kiraranguka. Ni ikintu ikihe gihambaye kuruta ibindi vyose dukwiye kuba turiko turakora muri iki gihe? Emwe, ni ukuguma tubanza kurondera Ubwami n’ubugororotsi bw’Imana mu kwamamaza n’umwete inkuru nziza!Mat. 6:33; Mrk. 13:10.

16 Mushiki wacu umwe yavuze ko igihe twamamaje inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, dushobora gutuma abantu barokoka icago kigiye gushika kw’isi yose. Arazi ico bisobanura kurokorwa, kuko we n’umunega wiwe barokotse rimwe mu masanganya yo mu mazi akomeye kuruta ayandi yose yigeze kuba, rikaba ryabaye igihe ubwato amahero bwitiriwe Wilhelm Gustloff bwanyika mu 1945. Mbere no mu gihe c’akaga nk’ico, umuntu yoshobora kutabona neza igihambaye ico ari co vy’ukuri. Uwo mushiki wacu yaribuka ko hari umugore umwe yaguma aboroga ngo: “Amavalisi yanje! Amavalisi yanje! Udusharizo twanje twose turi mu kumba ko musi. Nta na kimwe nsigaranye!” Ariko rero, ingenzi zitari nke zari zifise agatima ko gufasha zaremeye gushira ubuzima bwazo mu kaga, zihatira kurokora abari baguye muri ico kiyaga cari gikanye cane. Cokimwe n’izo ngenzi zitagira ubwikunzi, turihatira gufasha abantu. Tuguma tubona ko igikorwa cacu co kwamamaza cihutirwa maze tugafasha abandi kugira baze barokoke icago cimirije gushika kw’isi, amazi atararenga inkombe.

Woba ufata ingingo ziranga ubukerebutsi kugira ntihagire ibisamaza bituma utaba ukibona ko ibintu vyihutirwa? (Raba ingingo ya 17)

17. Ni kubera iki dukwiye kwemera ko iherezo rishobora gushika umwanya uwo ari wo wose?

17 Ibintu biba kw’isi birerekana neza ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka be n’uko iherezo ry’ivy’iyi si mbi riri hafi. Ariko rero, ntidukwiye kwiyumvira ko hagikenewe igihe kinini kugira ya “mahembe cumi” na ca “gikoko” bivugwa mu Vyahishuwe 17:16 bihindukirire Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Twame twibuka ko Imana izoshira “mu mitima [yavyo]” iciyumviro co gukora ico kintu, kandi ivyo birashobora gushika bukwi na bukwi umwanya uwo ari wo wose! (Ivyah. 17:17) Iherezo ry’ivy’iyi si yose ntiriri kure. Turi n’imvo yumvikana yo kwumvira ingabisho ya Yezu igira iti: “Mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako ako kanya nyene nk’umutego.” (Luka 21:34, 35; Ivyah. 16:15) Nimuze twiyemeze gukorera Yehova tubona ko ibintu vyihutirwa, twizigiye ko ‘azogira ico akoreye uwuguma amwiteze.’Yes. 64:4.

18. Ni ikibazo ikihe tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

18 Magingo turindiriye iherezo ry’ivy’iyi si mbi, nimuze dukurikize amajambo umwigishwa Yuda yahumekewe agira ati: “Mwebwe ga bakundwa, mu kwiyubaka ku kwizera kwanyu kweranda rwose, no mu gusengana impwemu nyeranda, mwigumize mu rukundo rw’Imana, mu gihe murindiriye imbabazi z’Umukama wacu Yezu Kristu ngo muronke ubuzima budahera.” (Yuda 20, 21) Ariko none, twokwerekana gute ko tubayeho turindiriye isi nshasha Imana yasezeranye be n’uko vy’ukuri tuyishashaye? Ivyo ni vyo tuzorimbura mu kiganiro gikurikira.

^ ing. 1 Wipfuza urutonde rw’ubuhanuzi bumwebumwe bwo muri Bibiliya bwerekeye Mesiya be n’ukuntu bwarangutse, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? urupapuro rwa 200.