Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tuzirikane ku rukundo rwa Yehova rudahera

Tuzirikane ku rukundo rwa Yehova rudahera

“Nzozirikana igikorwa cawe cose.”ZAB. 77:12.

INDIRIMBO: 18, 61

1, 2. (a) Kubera iki wemera udakeka ko Yehova akunda abasavyi biwe? (b) Ni icipfuzo ikihe abantu bose baremanywe?

NI KUBERA iki wemera udakeka ko Yehova akunda abasavyi biwe? Imbere y’uko wishura ico kibazo, rimbura utu turorero: Mushiki wacu umwe yitwa Taylene yaramaze imyaka itari mike ahanurwa n’abo basangiye ukwemera yuko adakwiye kwitega ibirenze urugero ku bimwerekeye. Avuga ati: “Iyo Yehova ataba ankunda, ntiyari kumara igihe kingana ukwo aguma ampanura.” Uwitwa Brigitte, umunega wiwe akaba yapfuye amusigiye abana babiri, avuga ati: “Kurerera abana muri iyi si ya Shetani ni kimwe mu bintu bigoye kuruta ibindi vyose, na canecane igihe ubarera uri wenyene. Mugabo ndazi neza ko Yehova ankunda kuko yanyoboye mu bihe vy’amarira n’intuntu, kandi ntiyigeze areka ngo nshikirwe n’ivyo ntashobora kwihanganira.” (1 Kor. 10:13) Uwitwa Sandra na we arwaye indwara idakira. Kw’ihwaniro rimwe, hari mushiki wacu yamwitwararitse cane. Umugabo wa Sandra avuga ati: “Naho tutari tumuzi, twaranezerejwe cane n’ukuntu yatwitayeho rwose. Mbere n’amajambo aranga urukundo bene wacu na bashiki bacu batubwira aranyereka ko Yehova adukunda cane.”

2 Abantu baremanywe icipfuzo co gukunda no gukundwa. Biroroshe ko twiyumvira yuko Yehova atakidukunda igihe dushikiwe giturumbuka n’ibintu bivuna umutima, nk’ukubura uwacu, ingorane z’ubutunzi canke ukutaroranirwa mu busuku. Nimba dutanguye kwiyumvira gutyo, vyoba vyiza twibutse yuko turi n’agaciro imbere yiwe be n’uko ‘adufata ukuboko kw’ukuryo’ maze akadufasha. Ntazokwigera atwibagira nimba turi abizigirwa kuri we.Yes. 41:13; 49:15.

3. Ni igiki codufasha kurushiriza kujijuka ko Yehova adukunda urukundo rudahera?

3 Abo bantu duhejeje kuvuga baremera badakeka ko Imana yari kumwe na bo mu bihe bitoroshe. Na twebwe turashobora kwemera tudakeka ko iri ku ruhande rwacu. (Zab. 118:6, 7) Iki kiganiro kirashimika ku kuntu urukundo rw’Imana rugaragarira ku vyo yaremye, kw’Ijambo ryayo, kw’isengesho no ku ncungu. Kuzirikana ku bintu vyiza Yehova yakoze birashobora rwose gutuma turushiriza gukenguruka urukundo rwiwe rudahera.Soma Zaburi 77:11, 12.

TUZIRIKANE KU VYO YEHOVA YAREMYE

4. Kuzirikana ku vyo Yehova yaremye bituma dutahura iki?

4 Twoba dushobora kubona ko Yehova adukunda urukundo rudahera turavye ivyo yaremye? Turabishobora kubera ko igikorwa c’irema ubwaco kigaragaza urukundo rw’Imana. (Rom. 1:20) Yaremye isi iriko ibintu bituma twiberaho ata nkomanzi kandi turyohewe. Ariko rero, ntishaka ko tubaho gusa. Turakenera gufungura kugira ngo tubandanye kubaho. Yehova yaritwararitse yuko isi itanga ubwoko bw’ibiterwa umuyoro dushobora gutegura bikavamwo imfungurwa nziza. Yaranatumye mbere gufungura biduhimbara cane! (Umus. 9:7) Mushiki wacu yitwa Catherine arahimbarwa cane no kwihweza ivyaremwe, na canecane mu gihe kiruhura c’impeshi muri Kanada. Avuga ati: “Biratangaje vy’ukuri uravye ukuntu ibintu vyose bica bisubirana: Amashurwe aca atangura gututuza, inyoni zikagaruka zivuye iyo zimukiye, harimwo n’umununi mutoyi uca usubira mu kantu karimwo imfungurwa zawo inyuma y’idirisha ry’igikoni canje. Nimba Yehova aduha ibintu bihimbaye gutyo, ategerezwa kuba adukunda.” Dawe wa twese wo mw’ijuru arahimbarwa n’ivyo yaremye, kandi yipfuza ko natwe biduhimbara.Ivyak. 14:16, 17.

5. Urukundo rwa Yehova rugaragarira gute mu kuntu yaremye abantu?

5 Yehova yaturemanye ubushobozi bwo gukora ibintu ngirakamaro bituma ubuzima burushiriza kuturyohera. (Umus. 2:24) Yari afise umugambi w’uko abantu buzura isi, bakayigaba bakongera bakaganza amafi, inyoni be n’ibindi binyabuzima. (Ita. 1:26-28) Emwe, kuba Yehova yaturemanye kamere zituma dushobora kumwigana biragaragaza ko adukunda cane!Ef. 5:1.

DUHE AGACIRO IJAMBO RY’IMANA

6. Ni kubera iki dukwiye guha agaciro cane Ijambo ry’Imana?

6 Imana yarerekanye ko idukunda cane mu kuduha Ijambo ryayo ryahumetswe. Riratwereka ivyo dukeneye kumenya ku biyerekeye be n’ivyo yakoreye abantu. Nk’akarorero, Ivyanditswe biratubwira ukuntu yafashe Abisirayeli, bano bakaba barayigambarariye kenshi. Muri Zaburi 78:38 hagira hati: “Yari inyembabazi; yarapfuka ikosa, ntihonye. Kenshi yarasubiza inyuma ishavu ryayo, kandi ntiyavyura ubushangashirwe bwayo bwose.” Kuzirikana kuri uwo murongo vyoshobora kugufasha gutahura ko Yehova agukunda kandi akwitwararika. Nureme, uri n’agaciro kuri Yehova.Soma 1 Petero 5:6, 7.

7. Kubera iki dukwiye guha agaciro cane Bibiliya?

7 Turakwiye guha agaciro Bibiliya kubera ko Yehova atuganiriza ahanini biciye kuri yo. Igihe abavyeyi n’abana baganira mu buryo ngirakamaro kandi buranga ikibabarwe bituma bizigirana kandi bakumva ko bakundwa. Ni igiki none twokwitega kuri Yehova? Naho tutarigera tumubona canke ngo twumve ijwi ryiwe, ni nk’aho atuvugisha biciye kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe, kandi turakwiye kumutega yompi. (Yes. 30:20, 21) Yehova yipfuza kutuyobora no kudukingira twebwe abasavyi biwe bamwiyeguriye. Yipfuza kandi ko tumumenya tukongera tukamwizigira.Soma Zaburi 19:7-11; Imigani 1:33.

Naho Yehu yabwirijwe gukangira Yehoshafati, Yehova yarabona “ibintu vyiza” muri uwo mwami (Raba ingingo ya 8, 9)

8, 9. Ni igiki Yehova yipfuza ko tumenya? Tanga akarorero ko muri Bibiliya.

8 Yehova yipfuza ko tumenya yuko adukunda kandi ko yirengagiza udusembwa twacu. Arondera iciza muri twebwe. (2 Ngo. 16:9) Nk’akarorero, ivyo yarabigize ku bijanye n’Umwami Yehoshafati wa Yuda. Igihe kimwe, Yehoshafati yaremeye n’ubupfu n’akantu kujana n’Umwami Ahabu wa Isirayeli mu ntambara yo gukura Ramoti-gileyadi mu maboko y’Abasiriya. Naho abahanuzi b’ikinyoma 400 bemeje uwo mwami mubi Ahabu yuko yotsinze, umuhanuzi w’ukuri wa Yehova ari we Mikaya yari yaramenyesheje ko yotsinzwe ata kabuza. Ahabu yaguye ku rugamba, Yehoshafati na we ararusimba. Amaze kugaruka i Yeruzalemu, yarakangiriwe kubera ko yari yifatanije na Ahabu. Naho vyagenze ukwo, Yehu mwene Hanani umubonyi yabwiye Yehoshafati ati: “Hari ibintu vyiza vyabonetse muri wewe.”2 Ngo. 18:4, 5, 18-22, 33, 34; 19:1-3.

9 Yehoshafati agitangura kuganza, yari yarategetse abaganwa, Abalewi be n’abaherezi ngo bakwiragire mu bisagara vyose vya Yuda kugira bigishe abanyagihugu Itegeko rya Yehova. Iryo sekeza ryaravuyemwo ivyiza ku buryo n’amahanga yari abakikuje yatanguye gutinya Yehova. (2 Ngo. 17:3-10) Naho Yehoshafati yakoze ikintu kiranga ubupfu, Yehova ntiyirengagije ibintu vyiza yari yarakoze. Iyo nkuru yo muri Bibiliya iratwibutsa ko naho tudatunganye, Yehova azodukunda urukundo rudahera nitwarondera kumuhimbara n’umutima wacu wose.

DUKENGURUKE AGATEKA DUFISE K’ISENGESHO

10, 11. (a) Ni kubera iki dukwiye kubona ko isengesho ari intunganyo idasanzwe Yehova yadushiriyeho? (b) Imana yoshobora kwishura gute amasengesho yacu? (Raba ishusho itangura.)

10 Umuvyeyi munyarukundo arafata akanya agatega yompi abana biwe igihe bashaka kumuyagira. Aripfuza kumenya ibibaraje ishinga kubera yitwararika ibiri mu mitima yabo. Na Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova aradutega yompi igihe tumwiyegereje biciye ku gateka gahambaye dufise ko kumutura isengesho.

11 Turashobora kwiyegereza Yehova mw’isengesho igihe cose. Nta turimbi adushiriraho. Ni umugenzi yama yiteguriye kutwumviriza. Umwe Taylene twavuga mu ntango, agira ati: “Urashobora kumubwira vyose.” Igihe duseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho, yoshobora kutwishura ikoresheje icanditswe co muri Bibiliya, ikiganiro co mu kinyamakuru canke ijambo riremesha tubwiwe n’uwo dusangiye ukwemera. Yehova arumva ugutakamba kwacu kandi akadutahura mbere n’igihe ata wundi aba adutahura. Inyishu atanga ku masengesho yacu ziragaragaza neza ko adukunda urukundo rudahera.

12. Ni kubera iki dukwiye kuzirikana ku masengesho ari muri Bibiliya? Tanga akarorero.

12 Turashobora kwigira vyinshi ku masengesho ari mw’Ijambo ry’Imana. Ariko rero, rimwe na rimwe vyoshobora kuba ngirakamaro cane tuyarimbuye mu gihe c’ugusenga kwo mu muryango. Kuzirikana ukuntu abasavyi ba Yehova ba kera bamuserurira akari ku mutima vyoshobora kudufasha kuryohora amasengesho yacu. Nk’akarorero, rimbura isengesho ry’ukwigaya Yona yatuye ari mu nda y’urufi runini. (Yona 1:17–2:10) Zirikana kw’isengesho rikora ku mutima Salomo yatuye igihe rwa rusengero rwegurirwa Yehova. (1 Abm. 8:22-53) Zirikana kuri rya sengesho ry’akarorero Yezu yatwigisha. (Mat. 6:9-13) N’ikiruta vyose, ‘ivyo musaba nivyame bimenyeshwa Imana.’ Gutyo, “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.” Tuzoca turushiriza gukenguruka urukundo rudahera rwa Yehova.Flp. 4:6, 7.

DUKENGURUKE INCUNGU

13. Ni akaryo akahe abantu baronse kubera intunganyo iranga urukundo y’incungu?

13 Ingabirano tutabereye y’inkuka y’incungu ya Yezu yaratanzwe kugira “turonke ubuzima.” (1 Yoh. 4:9) Mu kuvuga ibijanye n’ukwo kuntu Imana yaseruye urukundo rwayo mu buryo bw’agaheta, intumwa Paulo yanditse ati: “Kristu yapfiriye abatibanga Imana, ku gihe cashinzwe. Kuko bitoroshe ko umuntu apfira umugororotsi; mu vy’ukuri, umuntu mwiza kumbure umuntu yokwubahuka kumupfira. Mugabo Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.” (Rom. 5:6-8) Kuba Imana yaragaragaje urukundo rwayo muri ubwo buryo budasanzwe vyatumye abantu bashobora gucudika na yo.

14, 15. Incungu imariye iki (a) abakirisu barobanuwe? (b) abafise icizigiro co kuba kw’isi?

14 Hari abantu bakeyi bungukira bimwe bidasanzwe ku rukundo rudahera rwa Yehova. (Yoh. 1:12, 13; 3:5-7) Kubera ko barobanujwe impwemu nyeranda, barabaye “abana b’Imana.” (Rom. 8:15, 16) Paulo yavuze ko abo bakirisu barobanuwe ‘bazuriwe hamwe, bicarikwa hamwe mu bibanza vyo mw’ijuru mu bumwe na Kristu Yezu.’ (Ef. 2:6) Bari muri ico kibanza co mw’ijuru kubera ko ‘badomweko ikidodo ca ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe, ikaba ari icemeza bahawe hakiri kare c’intoranwa yabo,’ ni ukuvuga ‘icizigiro babikiwe mw’ijuru.’Ef. 1:13, 14; Kol. 1:5.

15 Abandi bantu benshi bizera incungu barafise akaryo ko kuba abagenzi ba Yehova, bizigiye kugirwa abana b’Imana no kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo yo kw’isi yasezeranywe. Yehova rero arerekana urwo akunda abantu bose biciye ku ncungu. (Yoh. 3:16) Nimba dufise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi kandi tukaba tubandanya gukorera Yehova tudahemuka, turashobora guhera amazinda yuko azotuma ubuzima buturyohera mw’isi nshasha. Birabereye rero ko tubona yuko incungu ari ikimenyamenya gikomeye c’urukundo rudahera Imana idukunda.

TWEREKANE NATWE KO DUKUNDA YEHOVA

16. Kuzirikana ku buryo bwinshi Yehova yagaragajemwo urukundo rwiwe bidufasha gute?

16 Ntitwodonda ngo duheze uburyo butandukanye Yehova yagaragaje urukundo rudahemuka adukunda. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yaririmvye ati: “Ese rero ukuntu ivyiyumviro vyawe ari ivy’agaciro kuri jewe! Ewe Mana, ese ukuntu igitigiri cavyo cose hamwe ari kinini cane! Hamwe nogerageza kubiharura, biruta udutete tw’umusenyi.” (Zab. 139:17, 18) Turakwiye kureka ivyo vyiyumviro bigatuma natwe dukunda cane Yehova kubera atwitwararikana urukundo. Uko bishoboka kwose rero, nimuze tumuhe ivyiza kuruta ibindi vyose mu vyo dufise.

17, 18. Dushobora kugaragaza ko dukunda Imana mu buryo bumwebumwe ubuhe?

17 Hariho uburyo bwinshi bwo guserura urwo dukunda Yehova. Nk’akarorero, turerekana ko dukunda Imana na bagenzi bacu mu kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Turerekana ko dukunda Yehova mu kwihanganira ibintu bigerageza ukwizera kwacu maze tukaguma ku gutungana kwacu. (Soma Zaburi 84:11; Yakobo 1:2-5.) Igihe ibigeragezo vyacu birushirije gukomera, turashobora kwizigira tudakeka ko Imana izi imibabaro turimwo kandi ko izodufasha, kuko turi n’agaciro imbere yayo.Zab. 56:8.

18 Urwo dukunda Yehova ruratuma tuzirikana ivyo yaremye be n’ibindi bintu bitangaje yakoze. Turerekana yuko dukunda Imana be n’uko duha agaciro cane Ijambo ryayo mu kwiyigisha Bibiliya n’umwete. Urwo dukunda Yehova rutuma turushiriza kumwiyegereza mw’isengesho. N’ikindi kandi, urwo dukunda Yehova rurarushiriza gukomera uko tuzirikana ku nkuka y’incungu yatanze ku bw’ibicumuro vyacu. (1 Yoh. 2:1, 2) Izo ni nkeyi gusa mu mvo zikwiye gutuma natwe dukunda Yehova kubera urukundo rudahera adukunda.