Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twitegurire muri iki gihe ubuzima bwo mw’isi nshasha

Twitegurire muri iki gihe ubuzima bwo mw’isi nshasha

“Ubategeke gukora ivyiza, . . . kugira bacakire ubuzima nyakuri.”1 TIM. 6:18, 19.

INDIRIMBO: 125, 40

1, 2. (a) Ni imihezagiro iyihe yo mu vy’umubiri ushashaye cane kwironkera mw’Iparadizo yo kw’isi? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni imihezagiro yo mu vy’impwemu iyihe izoba iri mw’isi nshasha?

“UBUZIMA NYAKURI.” Twese iyo mvugo itwibutsa icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi. Nkako, intumwa Paulo yagereranije “ubuzima budahera” n’“ubuzima nyakuri.” (Soma 1 Timoteyo 6:12, 19.) Twiteze kubaho ibihe bidahera twifitiye agahimbare n’umunezero vyamaho. Niwihe ishusho ukuntu tuzoba tumerewe tuvyutse buri musi tumeze neza cane ku mubiri, mu bwenge no mu nyiyumvo. (Yes. 35:5, 6) Ibaze ukuntu bizoba bihimbaye kuba kumwe n’incuti be n’abagenzi, harimwo n’abazoba bazutse! (Yoh. 5:28, 29; Ivyak. 24:15) Tuzoronka kandi akaryo ko kuryohora ubuhanga dufise mu vy’ubuhinga, mu vy’umuziki, mu vy’ubwubatsi canke mu bindi bintu twipfuza kumenya.

2 Naho dushashaye cane ivyo bintu vyiza, imihezagiro nyamukuru mw’isi nshasha izoba ari iyo mu vy’impwemu. Ese ukuntu bizoba bihimbaye kumenya ko izina rya Yehova ryejejwe be n’uko ubusegaba bwiwe bwemejwe! (Mat. 6:9, 10) Tuzohimbarwa cane no kwibonera ukuntu umugambi Yehova yari afitiye abantu n’isi kuva mu ntango uranguka. Ibaze kandi ukuntu bizorushiriza kutworohera kwiyegereza Yehova uko tuzogenda twegereza ugutungana, mu nyuma tukagushikira!Zab. 73:28; Yak. 4:8.

3. Ni igiki dukwiye kwitegurira ubu?

3 Iyo mihezagiro irashobora kuba rwacu, kubera ko Yezu adukura amazinda ati: “Ku Mana vyose birashoboka.” (Mat. 19:25, 26) Ariko rero nimba twipfuza kuba muri iyo si nshasha no kubandanya kubaho inyuma y’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, dutegerezwa kugira ico dukoze muri iki gihe, gutyo ‘ducakire’ ubuzima budahera. Dutegerezwa kubaho turindiriye iherezo ry’iyi si mbi kandi tukagira ibintu vyiza dukoze ubu kugira twitegurire ubuzima bwo mw’isi nshasha. None ivyo twobigira gute mu gihe tukiri muri iyi si mbi?

INGENE TWOKWITEGURA

4. Tanga akarorero k’ukuntu muri iki gihe twokwitegurira ubuzima bwo mw’isi nshasha.

4 Twokwitegurira gute muri iki gihe kuzoba mw’isi nshasha y’Imana? Dufate ko dutegekanya kwimukira mu kindi gihugu. Twokwitegurira gute ico kintu? Hari aho twobanza kwiga ururimi abantu baho bavuga. Kwiga imico kama yabo vyoshobora kuba ngirakamaro. Twoshobora guhonja imfungurwa zabo zimwezimwe. Ku rugero runaka, twoshobora gutangura kubaho nk’aho twoba twamaze kuba muri ico gihugu. Nkako, ukwo ni ko twiteze kuzobaho tumaze gushikayo. Muri ubwo buryo nyene, turashobora kwitegurira kuzoba mw’isi nshasha mu kubaho uko bishoboka kwose ubu nk’uko twiteze kuzobaho tumaze gushikayo. Ku bijanye n’ivyo, rimbura uburorero bukurikira.

5, 6. Kwimenyereza kuyoboka intunganyo za gitewokarasi bidufasha gute kwitegurira kuzoba mw’isi nshasha?

5 Mw’isi nshasha, ubusegaba bw’Imana buzoshigikirwa bimwe bishitse. Ese ukuntu bizoba bihumuriza kandi bitandukanye rwose n’agatima ko kwigaba karemeshwa muri iyi si itwarwa na Shetani! Abantu benshi barashigikira cane ivyo kwigenga kandi bagashimika birenze urugero ku vyo bikundira. Mugabo none woba uzi ico vyavuyemwo? Kutisunga ubuyobozi buva ku Mana vyarakweze imibabaro, amagorwa be n’ivyago. (Yer. 10:23) Si twe tuzobona harageze igihe abantu bose bazoyobokera ubusegaba bwa Yehova burangwa urukundo!

6 Bizoba bihimbaye gukora twisunga intunganyo Yehova azoshiraho mw’isi nshasha igihe tuzoba turiko turayishariza, twigisha abazutse twongera dukora ivyo Yehova agomba ku vyerekeye abantu. Bite ho nitwasabwa gukora igikorwa tutiyumvamwo? Twoba tuzoyoboka mu kwihatira kukirangura, mbere tukagihimbarirwa? Twese twoshobora kwishura duti: ‘Ego!’ Twoba none twama tuyoboka ubuyobozi bwa gitewokarasi duhabwa muri iki gihe? Nimba tubigira, turiko turitegurira kubaho ibihe bidahera dutegekwa na Yehova.

7, 8. (a) Ni kubera iki dukwiye kwimenyereza kugamburuka? (b) Ni amahinduka ayahe yashikiye abakirisu bamwebamwe? (c) Ni igiki twoherako amazinda ku bijanye n’ukuba mw’isi nshasha?

7 Turashobora kwitegurira ubuzima bwo mw’isi nshasha mu kuyoboka intunganyo Yehova ashiraho muri iki gihe no mu kwimenyereza guhimbarwa n’uko ivyacu vyifashe kandi tukagamburuka. Nimba tugamburukira abatuja imbere muri iki gihe, kumbure tugahimbarwa n’igikorwa gishasha dushinzwe, birashoboka ko tuzogira ako gatima nyene mw’isi nshasha. (Soma Abaheburayo 13:17.) Muri ca Gihugu c’isezerano, Abisirayeli bahawe intoranwa biciye ku bupfindo. (Guh. 26:52-56; Yos. 14:1, 2) Ego ni ko, muri iki gihe ntituzi aho umwe wese muri twebwe azosabwa kuba mw’isi nshasha. Ariko rero, kugamburuka bizotuma duhimbarwa cane no gukora ivyo Yehova agomba naho tuzoba tuba hehe kw’isi ico gihe.

8 Kazoba ari agateka kubaho dutwarwa n’Ubwami. Birabereye rero ko muri iki gihe twihatira kugamburukira ishirahamwe rya Yehova kandi tukitwararika ibikorwa vya gitewokarasi dushingwa. Ariko ntiwumve, ivyacu birashobora guhinduka uko igihe kihaca. Nk’akarorero, hari abo mu muryango wa Beteli muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika barungitswe mu karere, ubu bakaba bariko barironkera imihezagiro myinshi mu yindi mice y’umurimo w’igihe cose. Abandi na bo bahoze mu gikorwa co kugendera amashengero, ubu ni abatsimvyi basanzwe, bitumwe n’uko bitereye mu myaka canke izindi mvo. Nimba duhimbarwa n’uko ivyacu vyifashe, tugasenga Yehova kugira adufashe kandi tugakora ivyo dushoboye vyose mu murimo wiwe, tuzogira umunezero twongere twironkere imihezagiro myinshi mbere no muri iyi misi ya nyuma igoye. (Soma Imigani 10:22.) Tuvuge iki ku bijanye n’ivyo twiteze muri kazoza? Twoshobora kuba twipfuza kuzoba ahantu hanaka mw’isi nshasha, ariko hari aho twosabwa kuja kuba ahandi. Ico gihe, twaba dusukurira hehe canke dukora iki, turashobora guhera amazinda ko tuzobikenguruka kandi tubihimbarirwe.Neh. 8:10.

9, 10. (a) Ni mu mice iyihe vyoshobora kuba ngombwa ko twihangana mw’isi nshasha? (b) Twokwerekana gute ko twihangana?

9 Mw’isi nshasha, vyoshobora gushika tugakenera kwihangana. Nk’akarorero, twoshobora kwumva ko hari abazutse bigatuma incuti n’abagenzi babo banezerwa, ariko bikaba ngombwa ko twebwe tuba turarindiriye ko abacu bazurwa. Ivyo nivyashika, twoba tuzonezeranwa n’abandi maze tukihangana? (Rom. 12:15) Nitwimenyereza muri iki gihe kurindira twihanganye iranguka ry’ivyo Yehova yasezeranye, bizodufasha kwihangana ico gihe.Umus. 7:8.

10 Turashobora kandi kwitegurira ubuzima bwo mw’isi nshasha mu kwihangana ku bijanye n’ukuri guhishurwa. Twoba twiga n’umwete ibintu bigenda biraryohorwa mu bijanye n’ukuntu dutahura ukuri kwo muri Bibiliya kandi tukihangana igihe tutabitahuye neza? Nimba ari ukwo biri, birashoboka ko bitazotugora kwihangana mw’isi nshasha, igihe Yehova azoba ariko aramenyesha ivyo asaba abantu.Imig. 4:18; Yoh. 16:12.

11. Ni kubera iki dukwiye kwimenyereza kubabarira abandi muri iki gihe, kandi ivyo bizodufasha gute mw’isi nshasha?

11 Ikindi kintu kizotuma tuba ababereye kuba mw’isi nshasha ni agatima ko kubabarira abandi. Mu kiringo ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, vyoshobora kuzofata igihe kugira abagororotsi n’abatari abagororotsi bakurweko ukudatungana. (Ivyak. 24:15) Twoba tuzoshobora kubana mu rukundo ico gihe? Nitwimenyereza kubabarira abandi ata gahigihigi tukihatira no kubana amahoro n’abandi muri iki gihe, bizotworohera cane kubigira no muri ico gihe.Soma Abakolosayi 3:12-14.

12. Sigura isano riri hagati y’ukuntu twiteze kubaho muri kazoza be n’ukuntu tubaho muri iki gihe.

12 Mw’isi nshasha, twoshobora kutama turonka ivyo twipfuza igihe cose tubishakiye. Ahubwo nyabuna, bizosaba ko dukenguruka kandi tugahimbarirwa uko ivyacu bizoba vyifashe kwose. Bizosaba rero ko dushira mu ngiro kamere Yehova ariko aratwigisha gutsimbataza muri iki gihe. Twimenyereje kubaho muri iki gihe nk’uko twiteze kuzobaho ico gihe, tuba turiko turatsimbataza kamere tuzokenera kugaragaza ibihe bidahera. Turarushiriza kwizera ko ya “si izoza” atari umugani. (Heb. 2:5; 11:1) Vyongeye, tuba twerekanye ko dushashaye rwose ubugororotsi buzoba buri kw’isi ico gihe. Vy’ukuri, tuba turiko turitegurira kuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha, aho bose bazoba bagamburukira Yehova.

TWITWARARIKE IMIGAMBI YO MU VY’IMPWEMU UBU

Tugire uruhara mu busuku mu buryo bushitse

13. Ni ibikorwa ibihe tuzoshira imbere y’ibindi vyose mw’isi nshasha?

13 Rimbura ubundi buryo twokwitegurira ubuzima nyakuri buri imbere. Naho mw’isi nshasha dusezeranirwa kuronka ibifungurwa umukimba be n’ibindi bintu vya nkenerwa, ikizotuma duhimbarwa kuruta ibindi vyose ni ukuronka ivyo dukeneye mu vy’impwemu. (Mat. 5:3) Ibikorwa vy’impwemu ni vyo tuzoshira imbere y’ibindi vyose, kandi tuzokwerekana ko dusoserwa na Yehova. (Zab. 37:4) Iyo dushize imbere ivy’impwemu muri iki gihe, tuba turiko turitegurira ubuzima nyakuri bwo muri kazoza.Soma Matayo 6:19-21.

14. Ni imigambi iyihe yo mu vy’impwemu yofasha abakiri bato kuguma biteze ubuzima budahera?

14 Dushobora gute kurushiriza guhimbarwa n’ibikorwa vya gitewokarasi? Uburyo bumwe ni mu kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu. Nimba ukiri muto kandi ukaba uriko urarimbura ata gufyina ivyo gusukurira Yehova igihe cose, ubona gute usuzumye ibiganiro bimwebimwe vyasohowe bivuga ibijanye n’imice itandukanye y’ubusuku bw’igihe cose maze ukishingira umugambi wo gushika kuri umwe muri yo? * Woshobora kuyaga na bamwebamwe mu bamaze imyaka myinshi mu murimo w’igihe cose. Ubusuku niwabugira umwuga wawe, uzoba uriko uritegurira kubandanya umurimo w’Imana mw’isi nshasha, ukumenyerezwa waronse mu vya gitewokarasi be n’utuntu n’utundi uzi bikazoba bikenewe cane.

Tugire uruhara mu bikorwa vya gitewokarasi

15. Ni imigambi iyihe yo mu vy’impwemu abamamaji b’Ubwami boshobora kwishingira?

15 Ni imigambi iyihe yo mu vy’impwemu twebwe abamamaji b’Ubwami twokwishingira? Twoshobora kwishingira umugambi wo kuryohora ubuhanga bwacu mu muce kanaka w’ubusuku. Canke twoshobora kwihatira kurushiriza gutahura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be n’ukuntu zoshirwa mu ngiro. Bite ho turushirije kuba kirumara mu gusoma no mu kuvugira imbere y’abantu canke mu gutanga insasanuro ku makoraniro? Nta gukeka ko ushobora kwiyumvira n’iyindi migambi wokwishingira. Ico womenya co ni iki: Kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu bizotuma urushiriza kurangurana umwete ibikorwa vya gitewokarasi maze bigufashe kwitegurira ubuzima bwo mw’isi nshasha.

TWARATANGUYE KWIRONKERA IMIHEZAGIRO

Twerekane ko dukenguruka ibifungurwa vy’impwemu

16. Ni kubera iki gukorera Yehova ari bwo buryo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose?

16 Gukoresha umwanya wacu mu kwitegurira isi nshasha y’Imana vyoba bisobanura ko ata buzima bwiza twogira muri iki gihe? Uwokubesha! Gukorera Yehova ni bwo buryo bwo kubaho buhimbaye kuruta ubundi bwose. Ntibisobanura ko dukora ibintu ku gahato canke kugira gusa turabe ko tworengana ya makuba akomeye. Twaremwe kugira tubeho dukorera Yehova, ivyo bikaba bituma tugira akanyamuneza kenshi. Kuba Yehova atuyobora kandi akatugaragariza urukundo rudahemuka nta ho bisa bisana no kubaho ata bucuti dufitaniye na we. (Soma Zaburi 63:1-3.) Ariko ntiwumve, si ngombwa ngo turindire isi nshasha kugira ngo twironkere imihezagiro yo mu vy’impwemu iva ku gusukurira Yehova n’umutima wacu wose kuko n’ubu dushobora kuyironka! Nkako, bamwebamwe muri twebwe baramaze imyaka mirongo bironkera imihezagiro nk’iyo. Dufatiye ku vyo twiboneye, turazi ko ata bundi buryo bwo kubaho bwotuma tugira akanyamuneza kuruta ubwo.Zab. 1:1-3; Yes. 58:13, 14.

Turondere ubuyobozi bwo mu Vyanditswe

17. Gukora ivyacu no kwinezereza bizoba bifise ikibanza ikihe mw’Iparadizo?

17 Gukora ivyacu no kwinezereza bizoronka ikibanza cavyo mw’isi nshasha y’Imana. Yehova yoba none yari kuturemana icipfuzo co kugira ivyo dushitseko be n’ico kwinezereza mu buryo bubereye iyo ataba ashaka ko duhaza ivyo vyipfuzo bimwe bishitse? (Umus. 2:24) Muri ubwo buryo no mu bundi bwinshi, Yehova azokwama “[ahaza] icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.” (Zab. 145:16) Ukwisamaza n’ukwiruhura birafise ikibanza cavyo, mugabo birarushiriza kuryoha iyo dushize imbere ubucuti dufitaniye na Yehova. Ukwo ni na ko bizogenda mw’Iparadizo yo kw’isi. Ese ukuntu biranga ubukerebutsi twimenyereje kugumiza ivyacu mu kibanza kibereye, tukabanza kurondera Ubwami no kwitwararika imihezagiro yo mu vy’impwemu dushobora kwironkera ubu!Mat. 6:33.

18. Twokwerekana gute ko twiteguriye kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo?

18 Mw’Iparadizo igiye kuza, tuzoronka agahimbare tutarigera turonka. Ese twokwerekana ko twipfuza cane ubuzima nyakuri mu kubwitegurira ubu! Nimuze dutsimbataze kamere zishimwa n’Imana twongere duhimbarwe cane no kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami twashinzwe. Ese twososerwa no gukurikirana ivy’impwemu! Kubera ko twizeye duherejeko ivyo Imana yasezeranye, nimuze tubeho ubu turindiriye ubuzima bwo mw’isi nshasha!