Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Umuhezagiro wa Yehova warantungishije

Umuhezagiro wa Yehova warantungishije

NAVUKIYE mu gasagara ka Wakaw i Saskatchewan muri Kanada mu 1927. Dawe na mawe bari bafise abana indwi, abahungu bane n’abakobwa batatu, nkaba rero namenye kubana n’abandi hakiri kare.

Umuryango wacu warashikiwe n’ingaruka za ca gihuhusi gikomeye mu vy’ubutunzi cabaye mu myaka ya 1930. Ntitwari abatunzi, ariko twararonka ivyo dufungura. Twari dutunze inkoko nkeyi n’inka imwe, tukaba rero tutigera tubura amagi, amata, amasoro n’iforomaji. Nk’uko ushobora guca uvyiyumvira, twese mu muryango twari dufise ivyo ducurumbamwo.

Hari ibintu vyinshi bihimbaye bijanye n’ico gihe ntazokwigera nibagira, nk’akarorero akamoto k’amapome wasanga kumvikana hose mu cumba. Igihe dawe yaba agiye mu gisagara mu gatasi ashoye ivyo twimbuye, akenshi yagaruka azanye ikarato y’amapome yamuriweho. Urazi ukuntu vyari bihimbaye kubona umwe wese muri twebwe yarironkera buri musi ipome irimwo amazi menshi!

INGENE UMURYANGO WACU WAMENYE UKURI

Igihe abavyeyi banje bamenya ukuri, nari mfise imyaka itandatu. Imfura yabo Johnny yari yapfuye haheze igihe gito avutse. Barabajije umupadiri wo muri ako karere intuntu yabishe, bati: “Mbega Johnny ari hehe?” Uwo mupadiri yavuze ko urwo ruyoya rutagiye mw’ijuru kuko rutari bwabatizwe. Yavuze kandi ko baramutse bamuhaye amahera yari gusengera Johnny akaja mw’ijuru. Iyaba wewe wari kuvyakira gute? Dawe na mawe baravunitse umutima cane ku buryo batasubiye kuvugisha uwo mupadiri. Ariko rero bagumye bibaza ukuntu Johnny yari amerewe.

Umusi umwe mawe yarubutse ku gatabu kavuga ngo Abapfuye bari hehe? (mu congereza) kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Yaciye agasoma abishashaye cane. Dawe atashe, mawe yamubwiye akamwemwe ari kose ati: “Namenye iyo Johnny ari! Ubu arasinziriye, ariko umusi umwe azokwikangura.” Uwo mugoroba, dawe yarasomye ako gatabu kose. Mawe na dawe barahumurijwe no kumenya ko Bibiliya ivuga yuko abapfuye basinziriye be n’uko hazobaho izuka.Umus. 9:5, 10; Ivyak. 24:15.

Ivyo basomye vyatumye ubuzima bwacu burushiriza kumera neza, turarema twongera turahimbarwa. Baratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona be no kwitaba amakoraniro mw’ishengero ritoyi ry’i Wakaw, benshi mu bari barigize bakaba bakomoka muri Ukraine. Mawe na dawe ntibatevye kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza.

Bidatevye twarimukiye muri Kolombiya yatwarwa n’Abongereza maze ishengero rimwe riratwakirana igishika cinshi. Ndahimbarwa cane nibutse ukuntu umuryango wacu wategura Umunara w’Inderetsi ku bw’amakoraniro yo ku wa mungu. Twese twariko turarushiriza gukunda Yehova be n’ukuri kwo muri Bibiliya. Naribonera ukuntu ubuzima bwacu burushiriza kumera neza be n’ukuntu Yehova yariko araduhezagira.

Twebwe abana ntivyatworohera kubwira abantu ivyo twemera. Ariko rero icadufashije cane ni uko twe na murumunanje Eva akenshi twategura ukuntu tuzoshikiriza inkuru nziza muri ukwo kwezi, tugaca tugira umwerekano kw’Ikoraniro ry’umurimo. Naho twari abanyamasoni, vyaradufashije cane kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya. Emwe, ndakenguruka rwose ukuntu twamenyerejwe kwamamaza!

Kimwe mu bintu vyadushimishije cane mu bwana bwacu ni ukuba twaramarana igihe n’abasuku b’igihe cose. Nk’akarorero, twararyoherwa igihe umucungezi wacu w’umuzunguruko Jack Nathan yaba agendeye ishengero ryacu agashikira i muhira iwacu. * Inkuru nyinshi yadutera zaraduhimbara cane kandi kuba yaradukeza abikuye ku mutima vyatumye twipfuza gukorera Yehova tudahemuka.

Ndibuka ko igihe kimwe niyumviriye nti: “Ninakura, nshaka kuzomera nk’umuvukanyi Nathan.” Mu nyuma ni ho natahuye ko akarorero kiwe kariko karamfasha kwitegurira umurimo w’igihe cose. Igihe nari mfise imyaka 15, nariyemeje gukorera Yehova. Mu 1942, twe na Eva twarabatijwe.

UKWIZERA KWANJE KUGERAGEZWA

Mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, ivyo kwishimira igihugu vyari bikomeye cane. Umupfasoni Scott, akaba yari umwigisha aterekwa abo badasangiye ivyiyumviro, yarirukanye kw’ishure batoyi banje babiri na musazanje umwe abahora ko banse kuramutsa ibendera. Yaciye arondera umwigisha wanje amuhimiriza ngo anyirukane. Ariko uwo mwigisha wanje yamubwiye ati: “Turi mu gihugu c’umwidegemvyo kandi turafise uburenganzira bwo kutaja mu birori bijanye no kwishimira igihugu.” Naho umupfasoni Scott ata ko atagize, nya mwigisha wanje yavuze ashikamye ati: “Iyo ni ingingo nifatira.”

Umupfasoni Scott yishuye ati: “Oya, iyo si ingingo wifatira. Nzogutangira raporo nutirukana Melita.” Uwo mwigisha wanje yarasiguriye abavyeyi banje ko yabwirizwa kunyirukana kugira ntakurwe mu kazi, naho yabona ko bitari vyiza. Yamara rero, twararonse ivyigwa twigira i muhira. Bidatevye twarimukiye nko ku bilometero 32 maze turemererwa kwiga ku rindi shure.

Mu myaka yose iyo ntambara yamaze, ibisohokayandikiro vyacu vyari bibujijwe, ariko twaramamaza inzu ku nzu dukoresheje Bibiliya. Ivyo vyatumye tuba abahanga mu kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami dukoresheje Ivyanditswe gusa. Vyaradufashije rero gukura mu vy’impwemu no kwibonera ukuntu Yehova adushigikiye.

NTANGURA UMURIMO W’IGIHE COSE

Nari umuhanga mu vyo gutunganya imishatsi, nkaba mbere narabironkeye udushimwe dukeyi

Twe na Eva tukirangiza ishure, twaciye dutangura ubutsimvyi. Ku bijanye n’akazi k’umubiri, nabanje gukorera mu mangazini imwe. Mu nyuma, narakurikiye ivyigwa vy’amezi atandatu vyo gutunganya imishatsi, kikaba cari ikintu nakunda gukora i muhira. Nararonse salo nkoreramwo kabiri mu ndwi, kandi narigisha uwo mwuga kabiri mu kwezi. Gutyo, nararonka amahera nikorako ndi mu murimo w’igihe cose.

Mu 1955, nashaka kwitaba amahwaniro yataziriwe ngo “Ubwami butahukana intsinzi” yari kubera i New York City muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika be n’i Nuremberg mu Budagi. Ariko rero imbere y’uko nja i New York, narabonanye n’umuvukanyi Nathan Knorr wo ku cicaro gikuru. We n’umukenyezi wiwe bari baje kw’ihwaniro i Vancouver muri Kanada. Ico gihe narasabwe gutunganya imishatsi y’umukenyezi wa Knorr. Umuvukanyi Knorr yarashimye ukuntu nari namusokoje aca yipfuza ko tubonana. Turiko turayaga, naramubwiye ko mfise umugambi wo kuja i New York hanyuma nkaja mu Budagi. Yaciye ansaba ko noja kumara imisi icenda nkorera kuri Beteli y’i Brooklyn.

Urwo rugendo rwarahinduye ubuzima bwanje. Aho i New York, narabonanye n’umuvukanyi akiri muto yitwa Theodore Jaracz batazira Ted. Haheze igihe gito tubonanye, naratangaye ambajije ati: “Woba uri umutsimvyi?” Nanje nti: “Oya.” Umugenzi wanje LaVonne vyaramuguye mu matwi, aca avuga ati: “Banyina ni we.” Ted yarabuze ico afata n’ico areka, aca abaza LaVonne ati: “None ni nde abizi? Ni wewe canke ni we?” Naciye ndamusigurira ko nahora ndi umutsimvyi, nkaba nashaka gusubira kubukora mvuye kuri ya mahwaniro.

NUBAKANA N’UMUGABO AKUNDA CANE IMANA

Ted yavukiye i Kentucky muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1925, akaba yabatijwe afise imyaka 15. Naho ata n’umwe mu muryango iwabo yemeye ukuri, inyuma y’imyaka ibiri yarabaye umutsimvyi. Iyo yabaye intango y’imyaka hafi 67 yamaze mu murimo w’igihe cose.

Muri Mukakaro 1946, Ted yarasohotse Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi mu mugwi ugira indwi afise imyaka 20. Inyuma yaho, yarabaye umucungezi w’ingenzi muri Ohio. Haciye imyaka ine, yaragenywe ngo abe umusuku w’ishami muri Ostraliya.

Ted yari kuri rya hwaniro i Nuremberg mu Budagi, maze turamara igihe turi kumwe. Urukundo rwahavuye rukomera. Narahimbawe n’uko imigambi yiwe ahanini yari iyo gukorera Yehova n’umutima wiwe wose. Yari umuntu yihebeye Imana koko, adafyina ku kwiyegura kwiwe ariko w’umutima mwiza kandi akunda abandi. Narabonye ko inyungu z’abandi azishira imbere y’iziwe. Inyuma y’iryo hwaniro, Ted yarasubiye muri Ostraliya, nanje nsubira i Vancouver, ariko twagumye twandikiranira udukete.

Ted amaze imyaka nk’itanu muri Ostraliya, yarasubiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu nyuma aza kuba umutsimvyi i Vancouver. Narahimbawe n’ukuntu umuryango wacu wamukunze cane. Musazanje mukuru Michael yarankingira cane, akenshi akaba yarahagarika umutima hagize umuvukanyi akiri muto arondeye ko dukundana. Yamara rero, Michael ntiyatevye kwiyumvamwo Ted. Yavuze ati: “Melita, uraguyeko basi. Niwamwanjanjwako ni akazi kawe.”

Inyuma y’aho twubakiye urwacu mu 1956, twaramaranye imyaka myinshi iteye umunezero mu murimo w’igihe cose

Na jewe nari narakunze cane Ted. Twubakanye ku wa 10 Kigarama 1956. Twarakoranye ubutsimvyi i Vancouver, mu nyuma i Kaliforniya, maze turungikwa mu gikorwa co kugendera amashengero muri Missouri no muri Arkansas. Twaramaze imyaka nka 18 tuza turarara mu nzu zitandukanye buri ndwi igihe twari mu gikorwa co kugendera amashengero mu gice kinini ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Twariboneye ibintu bishimishije mu busuku, twongera turahimbarwa cane no kwifatanya n’abo dusangiye ukwemera. Naho bitari vyoroshe kuza turafata ingendo buri ndwi, ico gikorwa caraturyohera cane.

Ikintu catuma nubaha Ted bimwe bidasanzwe ni uko atigeze afata minenerwe ubucuti yari afitaniye na Yehova. Yarakunda cane umurimo yarangurira uwo Segaba w’ijuru n’isi. Twarakunda gusoma no kwigira hamwe Bibiliya. Mw’ijoro imbere yo kuryama, twarapfukama imbere y’igitanda, agaca asenga ku bwacu twempi. Mu nyuma umwe wese yaca asenga ukwiwe. Igihe cose haba hari ikintu kimuhagaritse umutima, sinabiyoberwa. Yaca avyuka akongera agapfukama, maze agasenga mu gacerere umwanya utari muto. Narashima cane kubona yarasenga Yehova ku bintu bikomeye no ku vyoroshe.

Haciye imyaka nk’ingahe twubakanye, Ted yarambwiye ko agiye gutangura kwihereza ku bimenyetso vy’Icibutso. Yavuze ati: “Narasenze cane ku bijanye n’ico kintu kugira niyemeze neza ko ndiko ndakora ivyo Yehova agomba ko nkora.” Kuba yari yararobanujwe impwemu y’Imana kugira azohave aja gusukurira mw’ijuru ntivyantangaje cane. Nabona ko ari agateka kuba ndiko ndashigikira umwe muri bene wabo na Kristu.Mat. 25:35-40.

UWUNDI MUCE W’UMURIMO MWERANDA

Mu 1974, twaratangaye cane Ted asabwe kuba umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Twahavuye dutumirwa ngo tuje gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn. Igihe Ted yariko arangura amabanga yiwe mu Nama Nyobozi, jewe nakorera mw’isuku canke muri salo y’imishatsi.

Mu mabanga Ted yari afise harimwo ivyo kugendera amashami atandukanye. Yararazwa ishinga canecane n’ibihugu aho igikorwa cacu cari kibujijwe, nk’akarorero ibihugu vyo mu Buraya bwo mu Buseruko vyatwarwa na Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Igihe kimwe turi mu karuhuko twari twafashe dukeneye cane muri Suwede, Ted yambwiye ati: “Melita, igikorwa co kwamamaza kirabujijwe muri Polonye. Noshima kujayo kugira mfashe abavukanyi baho.” Twararonse rero impapuro z’inzira maze turagenda muri Polonye. Ted yarabonanye na bamwebamwe mu bavukanyi bitwararika igikorwa cacu, maze baratemberana n’amaguru gushika kure kugira ntihagire uwumva ivyo bayaga. Baramaze imisi bagira amanama ata guhema, ariko narahimbawe no kubona ukuntu Ted yanezerejwe no kuba yafashije umuryango wiwe wo mu vy’impwemu.

Twasubiye kugendera Polonye muri Munyonyo 1977. Abavukanyi Frederick Franz, Daniel Sydlik na Ted baragiyeyo barungitswe n’Inama Nyobozi ari ryo rya mbere. Igikorwa cacu cari kikibujijwe, mugabo abo bavukanyi batatu bo mu Nama Nyobozi barashoboye kuvugana n’abacungezi, abatsimvyi hamwe n’Ivyabona bo mu bisagara bitandukanye bari bamaze igihe kinini bizeye.

Ted ari kumwe n’abandi mu Bushikiranganji bw’ubutungane i Moscou, igikorwa cacu kimaze kwemerwa n’amategeko

Mu mwaka wakurikiye, igihe Milton Henschel na Ted bagendera Polonye, barabonanye n’abategetsi bari batanguye kudutezurira mu bikorwa vyacu. Mu 1982, leta ya Polonye yaremereye abavukanyi bacu kugira amateraniro y’umusi umwe. Mu mwaka wakurikiye, haragizwe amahwaniro maninimanini, menshi akaba yabereye mu nyubakwa bakotesheje. Mu 1985, twaremerewe kugira amahwaniro ane mu bibuga vy’inkino bininibinini naho igikorwa cacu cari kikibujijwe. Mu nyuma, muri Rusama 1989, igihe hariko harategekanywa ivyo kugira amahwaniro manini kuruta ayo, Ivyabona vya Yehova baremewe n’amategeko muri leta ya Polonye. Ni ibintu bike vyoba vyaranezereje cane Ted nk’ico.

Ihwaniro ry’intara muri Polonye

NIHANGANIRA INGORANE Z’AMAGARA

MU 2007, twarafashe urugendo tugiye kwitaba ibirori vyo kwegurira Yehova ishami ryo muri Afrika y’Epfo. Tugeze mu Bwongereza, umutima wa Ted waratanguye gutera cane bidasanzwe, umuganga aca amugira inama yo gusivya urwo rugendo. Ted amaze gutora mitende, twaciye dusubira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mugabo haciye amayinga makeyi, yarafashwe n’indwara ikomeye yonona ubwonko yaciye ikongataza uruhande rwiwe rw’iburyo.

Ted yagiye aratora mitende buhorobuhoro, mu ntango akaba atashobora kuja mu biro. Ariko rero, twarakengurutse kubona yarashobora kuvuga neza. Naho yari afise amagara make cane, yaragerageza kuguma akora ivyo yahora akora, mbere akagira uruhara mu manama Inama Nyobozi igira buri ndwi ari mu cumba twabamwo, biciye kuri telefone.

Ted yarakengurutse cane ukuntu mw’ivuriro ryo kuri Beteli bamukanda bakongera bakamugorora neza. Buhorobuhoro ibihimba vyiwe nka vyose vyarasubiye gukora neza. Yarashobora kurangura bimwebimwe mu bikorwa vya gitewokarasi yari ajejwe kandi akama yihatira kugumana umunezero.

Haciye imyaka itatu, yarasubiye gufatwa na ya ndwara yonona ubwonko maze yipfira mu mahoro ku wa gatatu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2010. Naho nari nsanzwe nzi ko umusi uri izina Ted yorangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi, sinoshobora kubabwira ukuntu natuntujwe cane n’urupfu rwiwe be n’ukuntu numva ndamukumbuye cane. Yamara rero, buri musi ndakengurukira Yehova ku vyo nashoboye gukora kugira mfashe Ted. Twamaranye imyaka irenga 53 mu murimo w’igihe cose. Ndakengurukira Yehova kuba Ted yaramfashije kurushiriza kwiyegereza Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru. Sinkekeranya na gato ko igikorwa gishasha yashinzwe gituma agira umunezero mwinshi.

NSHIKIRWA N’IZINDI NGORANE MU BUZIMA

Narahimbawe cane no gukorera muri salo y’imishatsi yo kuri Beteli hamwe no kumenyereza abandi muri ico gikorwa

Inyuma y’iyo myaka itari mike y’ibikorwa vyinshi kandi yari ihimbaye namaranye n’umunega wanje, ntivyanyoroheye kumenyera ukuntu ibintu vyari bisigaye vyifashe. Twe na Ted twarakunda kwifatanya n’abantu bagendeye Beteli be n’ababa baje ku Ngoro y’Ubwami yacu. Kubera ko umukunzi wanje Ted atakiriho kandi nkaba ntagikomeye nk’uko nahora, abagenzi banje baragabanutse. Ariko rero, ndacahimbarwa no kuba kumwe n’abo dusangiye ukwemera nikundira, haba kuri Beteli canke mw’ishengero. Urutonde rw’ibikorwa vyo kuri Beteli ntirworoshe. Mugabo kuba nshobora gukorera Imana muri ubwo buryo biratuma ngira umunezero. Vyongeye, urwo nakunda igikorwa co kwamamaza ntirwagabanutse na gato. Naho nduha kandi nkaba ntashobora kumara umwanya munini ndiko ndagenda n’amaguru, ndahimbarwa cane no kwamamaza ku mabarabara be no kuyobora inyigisho za Bibiliya.

Iyo ndavye ibintu biteye ubwoba biriko biraba muri iyi si, ndahimbarwa cane no kuba naramaze igihe ndi mu murimo wa Yehova ndi kumwe n’umunega mwiza igitangaza nk’uwo. Umuhezagiro wa Yehova warantungishije vy’ukuri.Imig. 10:22.

^ ing. 13 Inkuru y’ubuzima ya Jack Nathan yasohowe mu Munara w’Inderetse (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1990, rup. 10-14.