Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Abantu nk’abo mugume mubafatana iteka”

“Abantu nk’abo mugume mubafatana iteka”

KUVA mu 1992, Inama Nyobozi yaragenye abakurambere bazi utuntu n’utundi kandi bahumuye kugira bafashe amakomite yayo mu bikorwa arangura. * Abo bakurambere bo mu “zindi ntama” barafasha cane Inama Nyobozi. (Yoh. 10:16) Baritaba inama komite baba barimwo igira buri ndwi, bagashikiriza amakuru y’ukuntu ibintu vyifashe bakongera bagatanga ivyiyumviro. Abagize Inama Nyobozi ni bo bafata ingingo za nyuma, ariko abo bakurambere babafasha ni bo bashira mu ngiro ubuyobozi iyo komite iba yatanze maze bakarangura ibikorwa vyose bahawe. Abo bafasha baraherekeza abagize Inama Nyobozi ku mahwaniro adasanzwe no ku mahwaniro mpuzamakungu. Barashobora kandi gusabwa kugendera ibiro vy’amashami, baserukiye icicaro gikuru.

Umwe muri abo bakurambere yatanguye gufasha kuva iyo ntunganyo ishizweho, avuga ati: “Igihe mba ndiko ndarangura ibikorwa njejwe, Inama Nyobozi iraheza ikitwararika amabanga yayo mu buryo bushitse.” Uwundi muvukanyi, azirikanye ku myaka irenga mirongwibiri amaze afasha, avuga ati: “Ni agateka karengeye ibintu vyose nari gushobora kwitega.”

Inama Nyobozi irizigira rwose abo bavukanyi b’intahemuka bakora batiziganya ikongera igakenguruka igikorwa ciza barangura. Nimuze twese ‘tugume dufatana iteka abantu nk’abo.’Flp. 2:29.

^ ing. 2 Kugira umenye muri make amabanga arangurwa na ya makomite atandatu y’Inama Nyobozi, raba uruzitiro ruvuga ngo “Ingene Inama Nyobozi yitwararika ivy’Ubwami” mu gitabu Ubwami bw’Imana buraganza! ikigabane ca 12.