Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ubona ukuboko kw’Imana mu buzima bwawe?

Woba ubona ukuboko kw’Imana mu buzima bwawe?

“Ukuboko kwa Yehova ntikuzobura kumenyeshwa abasavyi biwe.”YES. 66:14.

INDIRIMBO: 65, 26

1, 2. Abantu bamwebamwe biyumvira iki ku vyerekeye Imana?

ABANTU benshi biyumvira ko Imana itanezwe ivyo bakora. Nkako, hari abiyumvira ko Imana ititwararika na gato ibishikira abantu. Inyuma y’aho ca gihuhusi gikomeye bise Haiyan cihereye inkumbi hagati muri Filipine muri Munyonyo 2013, umukuru w’igisagara kinini kimwe yavuze ati: “Imana itegerezwa kuba yari yibereye ahandi.”

2 Abandi na bo bifata nk’aho Imana itabona ivyo bakora. (Yes. 26:10, 11; 3 Yoh. 11) Bameze nka bamwe Paulo yadondora igihe yavuga ati: “[Ntiba]shimye kumenya Imana mu buryo butagira amakosa.” Abo bantu “bari buzuye ukutagororoka kwose, ububisha, umwina, ububi.”Rom. 1:28, 29.

3. (a) Ni ibibazo ibihe twokwibaza ku vyerekeye Imana? (b) Akenshi “ukuboko” kwa Yehova kwerekeza ku ki muri Bibiliya?

3 Tweho bite? Ntitumeze nk’abo bantu duhejeje kuvuga kuko dutahura ko Imana ibona ibintu vyose dukora. Ariko none twoba kandi tubona ko itwitwararika ikongera ikadushigikira mu buzima bwacu? Vyongeye, twoba turi mu bo Yezu yavuze ko “bazobona Imana”? (Mat. 5:8) Kugira tumenye ico ivyo bisobanura, nimuze tubanze dutereze ijisho ku bantu bavugwa muri Bibiliya babonye ukuboko kw’Imana kuriko kurakora be n’abanse kukubona. Mu nyuma turaraba ukuntu dushobora vy’ukuri kubona ukuboko kwa Yehova mu buzima bwacu dukoresheje amaso yacu y’ukwizera. Uko turimbura ivyo vyiyumviro, nugumize ku muzirikanyi yuko akenshi Bibiliya ivuga ibijanye n’“ukuboko” kw’Imana ishaka kuvuga ububasha bwayo, ubwo ikoresha mu gufasha abasavyi bayo no mu kurwanya abansi bayo.Soma Gusubira mu vyagezwe 26:8.

BARANSE KUBONA UKUBOKO KW’IMANA

4. Kubera iki abansi ba Isirayeli batabonye ukuboko kw’Imana?

4 Kera, abantu benshi bararonse akaryo ko kubona no kwumva ivyo Imana yakoreye Isirayeli. Yehova yarakuye mu Misiri abasavyi biwe ku gitangaro yongera aratsinda abami benshi. (Yos. 9:3, 9, 10) Naho abami bose bo mu burengero bwa Yorodani bari bariboneye bongera barumva ukuntu Yehova yarokoye abasavyi biwe, “[barakoraniye] hamwe bose kugira barwanye Yosuwa na Isirayeli bahuje inama.” (Yos. 9:1, 2) Mbere n’igihe abo bami batangura kurwana, bararonse akaryo ko kubona ukuboko kw’Imana. Biciye ku bubasha bwa Yehova, “izuba [ryagumye] rihagaze, n’ukwezi kurahagarara koko, gushika iryo hanga ryihoye abansi baryo.” (Yos. 10:13) Mugabo Yehova “yarareka imitima yabo igakomantara kugira bamenyeshe ko bagiye kurwana na Isirayeli.” (Yos. 11:20) Abo bansi ba Isirayeli baranse kwemera ko Imana yariko irayirwanira bica bituma batsindwa.

5. Ni igiki wa Mwami mubi Ahabu yanse kwemera?

5 Mu nyuma Umwami mubi Ahabu yararonse akaryo ko kubona ukuboko kw’Imana incuro nyinshi. Eliya yamubwiye ati: “Nta kime canke imvura bizohaba, kiretse kw’itegeko ry’ijambo ryanje!” (1 Abm. 17:1) Vyaragaragara ko ari Yehova yavuze ayo majambo ariko Ahabu yaranse kuvyemera. Mu nyuma Ahabu yarabonye umuriro ukoroka uva mw’ijuru igihe Eliya yasenga asaba ko ikimazi ciwe giturirwa. Eliya yaciye amenyesha ko Yehova yotumye rwa ruzuba ruhera, abwira Ahabu ati: “Umanuke kugira ngo imvura y’isegenya ntikubuze kugenda!” (1 Abm. 18:22-45) Ivyo vyose vyarabaye Ahabu arabibona, mugabo aranka kwemera yuko Imana yariko yerekana ububasha bwayo mu buryo bukomeye. Hariho icigwa gihambaye dukura muri ako karorero hamwe n’utundi twabonye: Dutegerezwa kumenya ukuboko kwa Yehova igihe kuriko kurakora.

BARABONYE UKUBOKO KWA YEHOVA

6, 7. Ni igiki abantu bamwebamwe bo mu gihe ca Yosuwa biboneye?

6 Mu buryo butandukanye n’abo bami babi, hari abandi babonye ukuboko kw’Imana naho ibintu vyari vyifashe kumwe. Nk’akarorero, Abanyagibeyoni ntibabaye nk’amahanga menshi yarwanije Isirayeli mu gihe ca Yosuwa. Bobo baragiraniye amahoro na Isirayeli. Uti kubera iki? Bavuze yuko bari bumvise ivyerekeye Yehova be n’ivyo yari yarakoze vyose. (Yos. 9:3, 9, 10) Baratahuye neza ko Isirayeli yari ishigikiwe n’Imana y’ukuri.

7 Rahabu na we nyene yarabonye ukuboko kw’Imana mu bintu vyashitse mu gihe ciwe. Amaze kumenya ukuntu Yehova yarokoye abasavyi biwe, yabwiye abatasi babiri b’Abisirayeli ati: “Ndazi yuko Yehova atazobura kubaha iki gihugu.” Naho ivyo vyari gutuma ubuzima bwiwe buja mu kaga, yarizeye ko Yehova yomurokoye n’umuryango wiwe.Yos. 2:9-13; 4:23, 24.

8. Abisirayeli bamwebamwe babonye gute ukuboko kw’Imana?

8 Abisirayeli bamwebamwe ntibabaye nka wa Mwami mubi Ahabu. Baratahuye ko Yehova ari we yishuye isengesho Eliya yari amutuye. Igihe babona umuriro uvuye kuri Yehova urigase ca kimazi, baciye bavuga bati: “Yehova ni we Mana y’ukuri!” (1 Abm. 18:39) Barabonye neza ko bwari ububasha bw’Imana!

9. Dushobora gute kubona Yehova n’ukuboko kwiwe muri iki gihe?

9 Uburorero bwose twihweje bwaba bwiza canke bubi, buradufasha gutahura ico bisobanura kubona Imana canke ukuboko kwayo mu bintu kanaka. Tuyimenye, na twebwe turashobora kubona ukuboko kwayo kubera ko tubona ukuntu imeze be n’ivyo ikora dukoresheje “amaso y’umutima” wacu. (Ef. 1:18) Nta gukeka ko twipfuza kumera nk’abantu ba kera n’ab’ubu biboneye neza ko Yehova ashigikira abasavyi biwe. Ariko none, twoba vy’ukuri dufise ibimenyamenya vy’uko Imana ifasha abantu muri iki gihe?

TURABONA UKUBOKO KW’IMANA MURI IKI GIHE

10. Ni ikimenyamenya ikihe cerekana ko Yehova afasha abantu muri iki gihe? (Raba ishusho itangura.)

10 Turafise imvo yumvikana yo kwemera ko Yehova abandanya gufasha abantu. Twarumvise akatari gake ivyerekeye abantu basenze basaba imfashanyo y’ivy’impwemu bagaca bayironka. (Zab. 53:2) Igihe uwitwa Allan yariko aramamaza inzu ku nzu mu kazinga kamwe ko muri Filipine, yarahuye n’umugore umwe, uno aca atangura kurira. Allan yigana ati: “Muri ico gitondo nyene, yari yasenze asaba Yehova ko Ivyabona vyiwe bomuserukako. Akiri umuyabaga yari yarize Bibiliya n’Ivyabona mugabo amaze kwubaka urwiwe akimukira muri ako kazinga, ntiyasubiye kubabona. Imana yarishuye iryo sengesho ryiwe ningoga ku buryo vyamukoze ku mutima cane.” Mu mwaka umwe gusa yaciye yegurira ubuzima bwiwe Yehova.

Twoba tubona ibimenyamenya vy’uko muri iki gihe Yehova ariko arafasha abasavyi biwe? (Raba ingingo ya 11-13)

11, 12. (a) Yehova afasha abasavyi biwe mu buryo butandukanye ubuhe? (b) Igana ingene Yehova yafashije mushiki wacu Amy?

11 Benshi mu basavyi b’Imana bariboneye yuko ibafasha igihe bavavanuye n’ingeso ziba zarabiziziye nko kunywa itabi, ibiyayuramutwe, canke kuraba amasanamu y’ibiterasoni. Hari abavuga ko baba baragerageje kenshi kubiheba ku bwabo bikanka. Ariko igihe bitura Yehova ngo abafashe, yarabaronkeje “ububasha burengeye ubusanzwe,” amaherezo baratsinda ubugoyagoye bwabo.2 Kor. 4:7; Zab. 37:23, 24.

12 Yehova yarafashije benshi mu basavyi biwe kwihanganira ingorane zibashikira. Nk’akarorero, uwitwa Amy yararwanye urugamba igihe yarungikwa gufasha kwubaka Ingoro y’Ubwami n’inzu y’abamisiyonari mu kazinga gatoyi ka Pasifike. Avuga ati: “Twaba mu gahoteli gatoyi, kandi buri musi twaragenda n’amaguru duca mu mabarabara yuzuye ivyondo tuja kw’ishantiye.” Vyongeye yabwirijwe guhuza n’imico yaho, kandi akenshi umuyagankuba n’amazi vyarabura. Amy yongerako ati: “N’icavyunyuye, naravuganye nabi n’umwe mu bavukanyikazi twakorana. Natashe numva umengo nta co maze. Igihe nari mu cumba c’ihoteri hatabona, narasukiye Yehova ibiri mu mutima ndamusaba ngo amfashe.” Umuyagankuba umaze kugaruka, Amy yarasomye Umunara w’Inderetsi warimwo ikiganiro cerekeye ibirori vyo gushikiriza impapuro z’umutsindo abasohotse Ishure rya Gileyadi. Carigana ibintu vyose yariko arihanganira nk’imico mishasha, inkumbu be no kubana n’abantu utamenyereye. Avuga ati: “Iryo joro nabonye umengo Yehova ariko avugana nanje. Vyaratumye mbandanya igikorwa nari nashinzwe.”Zab. 44:25, 26; Yes. 41:10, 13.

13. Ni igiki cerekana ko Yehova afasha abasavyi biwe “kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko”?

13 Ukuba Ivyabona vya Yehova bashobora “kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko” ni ikindi kimenyamenya c’uko bashigikiwe n’ukuboko kw’ububasha kwa Yehova. (Flp. 1:7) Intwaro zimwezimwe zaragerageje guhagarika rwose igikorwa c’abasavyi ba Yehova. Mugabo kuva mu 2000, Ivyabona vya Yehova baramaze gutsinda n’imiburiburi imanza 268 mu masentare makurumakuru harimwo 24 batsinze muri ya Sentare y’Abanyaburaya iharanira agateka ka zina muntu. Ivyo biragaragaza ko ata muntu n’umwe ashobora guhagarika ukuboko kw’Imana.Yes. 54:17; soma Yesaya 59:1.

14. Ni ibindi bimenyamenya ibihe vyerekana ko Imana iri kumwe n’abasavyi bayo?

14 Imana itadufashije ntidushobora kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose. (Mat. 24:14; Ivyak. 1:8) Vyongeye, Imana itadufashije ntitwoshobora kugira umuryango w’abavukanyi wunze ubumwe kw’isi yose muri iki gihe. Ico ni ikintu isi idashobora kwigana kandi turatahura igituma abatubona bavuga bati: “Ni ukuri Imana iri kumwe namwe.” (1 Kor. 14:25) Uko tugize umugwi rero, turafise ibimenyamenya umuyoro vyerekana ko Yehova ari kumwe n’abasavyi biwe. (Soma Yesaya 66:14.) Bite ho kuri wewe ku giti cawe? Woba ubona neza ukuboko kwa Yehova mu buzima bwawe?

WOBA UBONA UKUBOKO KWA YEHOVA MU BUZIMA BWAWE?

15. Sigura igituma vyoshobora gushika ntitubone ukuboko kwa Yehova mu buzima bwacu.

15 Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyoshobora gutuma tutabona neza ukuboko kw’Imana mu buzima bwacu? Ingorane zo mu buzima zirashobora kuturengera. Ivyo bishitse, twoshobora kwibagira ko Yehova amaze kudufasha kenshi. Igihe Umwamikazi Yezebeli yariko arondera kwica umuhanuzi Eliya, uno na we nyene mu mwanya mutoyi yaribagiye ukuntu Yehova yari yaramufashije. Bibiliya igira iti: “Atangura gusaba ko yokwipfira.” (1 Abm. 19:1-4) None ingorane ya Eliya yari gutorerwa umuti gute? Yari akeneye kwitura Yehova kugira amuremeshe.1 Abm. 19:14-18.

16. Twokora iki kugira tubone Imana igihe turi mu ngorane?

16 Yobu yaritwararitse cane ingorane ziwe ku buryo atari akibona ibintu nk’uko Imana ibibona. (Yobu 42:3-6) Cokimwe na Yobu, na twebwe twoshobora kuba dukeneye kwihata cane kugira tubone ukuboko kw’Imana. None twobigira gute? Turakwiye kuzirikana ku biba biriko biradushikira, twisunze Ivyanditswe. Dutahuye ukuntu Yehova adushigikira, tuzoca turushiriza kubona ko abaho koko. Nka kumwe kwa Yobu rero, turashobora kuvuga duti: “Numvise ivyawe ku matwi, ariko ubu ijisho ryanje rirakubonye koko.”

Yehova yoba ariko aragukoresha kugira ufashe abandi kumubona? (Raba ingingo ya 17, 18)

17, 18. (a) Ni mu buryo ubuhe dushobora gutahura ko Yehova ariko aradufasha? (b) Igana ikintu cabaye cerekana ukuntu Yehova ariko aradufasha muri iki gihe.

17 None twoshobora gute kubona ukuboko kwa Yehova? Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe. Kumbure uratahura neza ko Imana ari yo yagufashije kumenya ukuri. Vyoba bimaze gushika ukitaba amakoraniro maze ukumva ikiganiro, ugaca uvuga uti: “Ivyo nyene ni vyo nari nkeneye”? Canke woshobora kuba wariboneye ukuntu isengesho ryishurwa. Kumbure warishingiye umugambi wo kwagura ubusuku bwawe maze uratangazwa n’ukuntu Yehova yagufashije kuwushikako. Canke na ho woba warahevye akazi kubera ivy’impwemu maze ukibonera ukuntu Imana ishitsa umuhango wayo ugira uti: “Sinzogenda nguhevye”? (Heb. 13:5) Igihe tubaye maso mu vy’impwemu, turashobora kubona ukuntu Yehova adufasha mu buryo bwinshi.

18 Uwitwa Sarah wo muri Kenya yigana ati: “Narasenze ku bijanye n’uwo nigisha Bibiliya nabona ko adaha agaciro inyigisho yaronka. Narabajije Yehova nimba nohagarika kumwigisha. Nkimara kuvuga ngo ‘Amen,’ nagiye numva itelefone yanje ivuze. Uwo mutohoji wa Bibiliya yari aterefonye kugira ambaze ko twojana mu makoraniro. Numvise ndengewe!” Na wewe nyene ubaye maso, woshobora kubona ukuntu Imana igufasha mu buzima bwawe. Mushiki wacu yitwa Rhonna aba muri Aziya, avuga ati: “Gutahura ko Yehova ariko aradufasha ni ikintu tubwirizwa kwiga. Ariko iyo tumaze kubitahura, turatangazwa n’ingene atwitwararika cane!”

19. Ni ikindi kintu ikihe tubwirizwa gukora kugira dushobore kubona Imana?

19 Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abatyoroye mu mutima, kuko bazobona Imana.” (Mat. 5:8) Dushobora gute kuba “abatyoroye mu mutima”? Dutegerezwa kuba abadahumanye mu mutima kandi tugaheba ingeso mbi zose. (Soma 2 Abakorinto 4:2.) Kugira dushobore kubona Imana, tubwirizwa kubandanya twikomeza cane mu vy’impwemu kandi tukagaragaza inyifato ibereye. Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza ukuntu ukwizera gushobora kudufasha kurushiriza kubona ukuboko kwa Yehova mu buzima bwacu.