Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukorere Yehova ata kigusamaza

Nukorere Yehova ata kigusamaza

“Mariya . . . aguma yumviriza ijambo [rya Yezu]. . . . Marita we yari yasamajwe no gukora udukorwa twinshi.”LUKA 10:39, 40.

INDIRIMBO: 94, 134

1, 2. Ni kubera iki Yezu yakunda Marita, mugabo ni igiki cerekana ko atari atunganye?

NI IGIKI uca ubona mu bwenge igihe uzirikanye ibijanye na Marita avugwa muri Bibiliya? Ni we mugore avugwa mw’izina ko yakundwa na Yezu. Ariko kandi Yezu yarakunda n’abandi bagore batinya Imana nka nyina wiwe wo kw’isi Mariya hamwe na Mariya mwene wabo na Marita. (Yoh. 11:5; 19:25-27) Kubera iki none Yezu yakunda Marita?

2 Yezu ntiyakunda Marita kubera gusa yari umwakiranyi n’umunyabikorwa, mugabo ategerezwa kandi kuba yamukunda kubera ko yari afise ukwizera gukomeye. Yari umugore yemera vy’ukuri inyigisho za Yezu. Yarizera bimwe biboneka ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe. (Yoh. 11:21-27) Ariko cokimwe na twebwe twese, Marita ntiyari atunganye. Igihe kimwe Yezu yari yaje kubatemberera i muhira, Marita aca ashaka kumubwira ico yari akwiye gukora kugira atunganye ibintu we yabona ko bitabereye. Marita yavuze ati: “Mukama, nta co bikubwiye kubona mwene wacu yantanye ibikorwa? Mubwire rero aze amfashe.” (Soma Luka 10:38-42.) None ni icigwa ikihe twokwigira kuri iyo nkuru?

MARITA YARASAMAJWE

3, 4. Ni gute Mariya yahisemwo “umugabane mwiza,” kandi ni icigwa ikihe Marita ategerezwa kuba atibagiye? (Raba ishusho itangura.)

3 Kugira ngo Yezu yereke Marita na Mariya ko akenguruka ubwakiranyi bwabo, yarabahaye ingabirano y’ivy’impwemu. Mariya ntiyagishije ako karyo ko kwironkera ubumenyi buvuye kuri uwo Mwigisha Ahambaye. Yaricaye “imbere y’ibirenge vy’Umukama, aguma yumviriza ijambo ryiwe.” Marita yari akwiye kubigenza gutyo nyene. Nta gukeka ko Yezu yari kumushimira iyo amutega yompi.

4 Ariko Marita yishinze gutegura ibifungurwa bidasanzwe no gukora utundi dukorwa kugira yakire Yezu mu buryo bwiza bushoboka. Mugabo ivyo bikorwa vyose vyatumye yiganyira bitari ngombwa, aca arashavurira Mariya. Yezu yarabonye ko Marita yariko agerageza gutegura ibirenze, aca amubwira n’umutima mwiza ati: “Marita, Marita, uriganyira kandi ugahagarika umutima ku bintu vyinshi.” Yaciye amubwira ko icibo kimwe gusa cari gihagije. Yezu yaciye yerekana ko Mariya atafashe ibintu minenerwe mu kuvuga ati: “Kuko Mariya we yahisemwo umugabane mwiza, kandi ntazowakwa.” Mariya ashobora kuba yaribagiye budakeye na kabiri ivyo yafunguye kuri ico kiringo kidasanzwe, mugabo ntiyokwigeze yibagira ukuntu Yezu yamukeje be n’ibifungurwa vyo mu vy’impwemu yaronse mu kumutega yompi. Haciye imyaka irenga 60 ivyo bibaye, intumwa Yohani yanditse ati: “Yezu yarakunda Marita na mwene wabo.” (Yoh. 11:5) Ivyo birerekana vy’ukuri yuko Marita atibagiye ukuntu Yezu yamukosoye abigiranye urukundo be n’uko yihatiye gukorera Yehova adahemuka igihe cose yari asigaje kubaho.

5. Ivyo muri iki gihe bitandukaniye he n’ivyo mu bihe vya Bibiliya, kandi ni ikibazo ikihe gica kivyuka?

5 Muri iki gihe hari ibintu vyinshi bisamaza ugereranije n’ivyariho mu bihe vya Bibiliya? Haraciye imyaka irenga 60 umugwi w’abanyeshure bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika babwiwe bati: “Abantu ntibari bwigere baronka ukuraho uburyo bwo guhanahana amakuru buhanitse, amamashini yo gucapura anyarutsa cane, ibinyamakuru birimwo amashusho ateye igomwe, amaradiyo, amasinema be na televiziyo. . . . Buri musi biraducucagira ibintu bishasha bisamaza.” Abo banyeshure babwiwe kandi ko ata gihe kinini kihaciye abantu biyumviriye birya akara yuko igihe turimwo ari ‘Ikiringo c’ukumurikirwa.’ Ubu hoho kirushiriza kuba ‘Ikiringo c’ugusamazwa.’ Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 1958 wavuze uti: “Birashoboka ko ibisamaza bizorushiriza kwongerekana uko iyi si yegereza iherezo ryayo.” Emwe ukwo ni ukuri nk’ukurima! Ivyo bica bivyura iki kibazo gihambaye: Twokora iki kugira twirinde ibidusamaza bidakenewe, tukamera nka Mariya mu kugumiza umutima ku bintu vy’impwemu?

NTIDUKORESHE ISI RWOSE

6. Ni gute abasavyi ba Yehova bakoresheje neza ubuhinga bwo mw’isi?

6 Igice co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana camye gikoresha neza ubuhinga bwo muri iyi si kugira giteze imbere ugusenga kw’ukuri. Nk’akarorero, rimbura ibijanye na rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema,” ikaba yari isinema yarimwo amafoto, amabara be n’amajwi. Mu Ntambara ya mbere y’isi yose be n’imbere yayo, abantu amamiliyoni bararemeshejwe n’iyo sinema, iyasozera ivuga ibijanye n’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi yimirije izoba irangwa amahoro. Mu nyuma, ubutumwa bw’Ubwami bwarashikirijwe kw’iradiyo maze abandi bantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi barabwumva. Muri iki gihe, ubuhinga bwa orodinateri na internet buriko burakoreshwa mu buryo budasanzwe mu gukwiragiza inkuru nziza, ikaba iriko irashikira abantu bo mu mazinga ya kure no mu mihingo yose y’isi.

Ntureke ngo ibintu bidahambaye bikubuze kwitwararika ivy’impwemu (Raba ingingo ya 7)

7. (a) Ni kubera iki gukoresha cane isi birimwo akaga? (b) Ni igiki dukwiye kwitwararika kuruta ibindi? (Raba akajambo k’epfo.)

7 Nk’uko Bibiliya itugabisha, gukoresha cane ivyo isi itanga birimwo akaga. (Soma 1 Abakorinto 7:29-31.) Umukirisu arashobora gusanga yatakaje umwanya munini bitagoranye ku bintu ubwavyo atari bibi, nko kwiruhura, gusoma urondera kwisamaza, kuraba televiziyo, kwitemberera mu mangazini, kuratira ijisho ahantu kanaka, kurondera ivyuma vyo mu buhinga bwa none bigezweho canke kurondera ibihinda. Kuja kuri vya bibanza vyo kuri internet abantu bashirako amakuru aberekeye, kwandikiranira ubutumwa kuri telefone no kuri internet, kwama turondera amakuru agezweho be n’ivyerekeye inkino, na vyo nyene birashobora kudutwara umwanya, bikanadutwara umutima. * (Umus. 3:1, 6) Tutagabanije umwanya tumara ku bintu bidahambaye, twoshobora gusanga twafashe minenegwe igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose, ni ukuvuga ugusenga Yehova.Soma Abanyefeso 5:15-17.

8. Ni kubera iki impanuro idusaba kudakunda ibintu vyo mw’isi ihambaye cane?

8 Shetani aratuma isi yiwe idukwegakwega ikongera ikadusamaza. Ukwo ni ko yabigenza mu kinjana ca mbere, muri iki gihe ho akaba yiva inyuma. (2 Tim. 4:10) Turakeneye rero kwumvira impanuro igira iti: “Ntimukunde . . . ibiri mw’isi.” Nitwabandanya kubaho duhuza n’iyo mpanuro, tuzokwirinda ibintu vyodusamaza maze dushobore gukura mu “rukundo rwa Data.” Ivyo bizoca bituma turushiriza kworoherwa no gukora ukugomba kw’Imana maze tugume dushimwa na yo ibihe bidahera.1 Yoh. 2:15-17.

NUGUME UREMURUYE IJISHO RYAWE

9. Yezu yavuze iki ku bijanye n’ijisho ryacu ry’ikigereranyo, kandi yatanze akarorero gute?

9 Impanuro iranga umutima mwiza Yezu yahaye Marita yari ihuye neza n’ivyo yigisha be n’akarorero yatanga. Yezu yaremesheje abigishwa biwe kuguma ‘baremuruye’ ijisho ryabo ry’ikigereranyo kugira ngo bitwararike ivyungura Ubwami ata kibasamaza. (Soma Matayo 6:22, 33.) Yezu ntiyiremereza amatunga y’ivy’umubiri. Nkako, nta nzu canke itongo yari afise.Luka 9:58; 19:33-35.

10. Ni akarorero akahe Yezu yatanze mu ntango y’ubusuku bwiwe?

10 Igihe Yezu yariko ararangura ubusuku bwiwe, harashitse ibintu vyinshi vyari kumusamaza, mugabo ntiyigeze agwa muri uwo mutego. Mu ntango y’ubusuku bwiwe amaze kwigisha amasinzi no gukora ibitangaro i Kaperinawumu, abantu baramwinginze ngo agume mu gisagara cabo. None Yezu yakiriye gute ico kintu bari bamusavye bamuryosharyosha? Yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:42-44) Mu guhuza n’ayo majambo yiwe, Yezu yaragize ingendo n’amaguru mu gihugu cose ca Palestina yamamaza yongera yigisha. Naho yari atunganye, yarakenera ibintu nk’ivyo abantu bakenera kandi vyarashika akaruha cane kubera yaba yitanze rwose mu murimo w’Imana.Luka 8:23; Yoh. 4:6.

11. Yezu yabwiye iki umugabo umwe yari afise umuryango urimwo amatati, kandi ni ingabisho iyihe yatanze?

11 Mu nyuma, igihe Yezu yariko arigisha abigishwa biwe ukuntu bokwihanganira uruhamo, hari umuntu yamuciriyemwo avuga ati: “Mwigisha, bwira mwene wacu tugabure intoranwa.” Mugabo Yezu yaranse kwisuka muri ayo matati. Yamwishuye ati: “Wa muntu we, ni nde yanshinze kubabera umucamanza canke umugabuzi?” Yaciye yibandaniriza kwigisha, agabisha abariko baramwumviriza ku bijane n’akaga kari mu gusamazwa n’ukwipfuza ibintu vy’umubiri, bakareka gukorera Imana.Luka 12:13-15.

12, 13. (a) Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, ni igiki catangaje Abagiriki bamwebamwe bari barinjiye idini ry’Abayuda? (b) Yezu yavyifashemwo gute igihe hashika ikintu cari gushobora kumusamaza?

12 Indwi ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu yarimwo ibintu bihagarika umutima cane. (Mat. 26:38; Yoh. 12:27) Yari afise vyinshi vyo gukora, kandi yari azi ko agiye gucirwa urw’agasuzuguro akongera akicwa bunyamaswa. Rimbura nk’akarorero ivyashitse ku wa mungu igenekerezo rya 9 Nisani mu 33 inyuma ya Kristu. Nk’uko vyari vyaravuzwe, Yezu yarinjiye i Yeruzalemu ari ku ndogobwa maze isinzi rimuvugiriza impundu kuko yari “uwuje bwa Mwami mw’izina rya Yehova.” (Luka 19:38) Bukeye bwaho, Yezu yarinjiye mu rusengero maze ahindira hanze n’umutima rugabo abadandaza b’abanyamwina bariko bakoresha inzu y’Imana mu kugunga Abayuda bagenzi babo.Luka 19:45, 46.

13 Muri ayo masinzi yari i Yeruzalemu harimwo Abagiriki bamwebamwe bari barinjiye idini ry’Abayuda biboneka ko batangariye cane Yezu baca basaba intumwa Filipo ngo abaronderere ukuntu bobonana na we. Ariko rero, Yezu yaranse ibintu vyomusamaza akareka gushira umutima ku bintu bihambaye kuruta vyari bimurindiriye. Nta gukeka ko atarondeye yuko abantu bamuhurumbira kugira bamukingire urupfu rwo kwitangako inkuka yokwishwe n’abansi b’Imana. Amaze rero gusigura ko hari hasigaye igihe gito ngo yicwe, yaciye abwira Andereya na Filipo ati: “Uwukunda cane ubuzima bwiwe aba abwishe, mugabo uwanka ubuzima bwiwe muri iyi si azobuzigama ku bw’ubuzima budahera.” Aho gukora ivyo abo Bagiriki bipfuza, yaremesheje abantu kwigana ako gatima kiwe ko kwitanga maze asezerana ati: “Nimba umuntu ashaka kunsukurira, Data azomutera iteka.” Nta gukeka ko Filipo yaciye ashira ubwo butumwa buremesha ba bantu bari bamusavye kubonana na Yezu.Yoh. 12:20-26.

14. Naho igikorwa co kwamamaza ari co Yezu yashira imbere y’ibindi mu buzima bwiwe, ni igiki cerekana ko atarenza urugero?

14 Naho Yezu yanse ibintu vyomusamaza ngo ntarangure igikorwa ciwe nyamukuru co kwamamaza inkuru nziza, ntiyaguma yiyumvira ico gikorwa gusa. Yaritavye n’imiburiburi ubutumire bumwe bw’ubugeni, mbere aragira ico akoze kugira urwo rubanza rube uruteye umunezero mu guhindura amazi umuvinyu ku gitangaro. (Yoh. 2:2, 6-10) Yaremera kandi kuja gusangira imfungurwa zo ku mugoroba n’abagenzi biwe somambike hamwe n’abohavuye bacika abigishwa biwe. (Luka 5:29; Yoh. 12:2) N’igihambaye kuruta, akenshi Yezu yarafata umwanya wo gusenga, kuzirikana ari wenyene no kuruhuka.Mat. 14:23; Mrk. 1:35; 6:31, 32.

‘TWIYAMBURE UBUREMERE BWOSE’

15. Ni impanuro iyihe intumwa Paulo yatanze, kandi ni gute yatanze akarorero keza?

15 Intumwa Paulo yagereranije ubuzima bw’umukirisu yiyeguye n’isiganwa risaba ukwihangana. Yanditse ati: “Twiyambure kandi uburemere bwose.” (Soma Abaheburayo 12:1.) Paulo yarashize mu ngiro ico kintu yigishije, araheba akazi gakomeye mw’idini ry’Abayuda kari gutuma aba umutunzi akaba na rurangiranwa. Yaritwararitse “ibihambaye kuruta ibindi,” arakora nk’umushumba mu murimo w’Imana, aza aragira ingendo muri Siriya, muri Aziya Ntoyi, i Makedoniya n’i Yudaya. Paulo yanditse ku bijanye n’icizigiro yari afise co kubaho ibihe bidahera mw’ijuru, ati: “Mu kwibagira ibiri inyuma nkaramiriza ku biri imbere, ndashishikara urugendo rwanje ngana kw’ihangiro ngo ndonke agashimwe.” (Flp. 1:10; 3:8, 13, 14) Kuba atari yubatse urwiwe vyatumye ashobora ‘kuguma akorera Umukama ata kimusamaza.’1 Kor. 7:32-35.

16, 17. Twaba twubatse canke tutubatse, twokwigana gute akarorero ka Paulo? Tanga akarorero k’ababigize.

16 Cokimwe na Paulo, abasavyi b’Imana bamwebamwe barahitamwo kutubaka izabo kugira bagire amabanga make yo mu muryango maze bashobore kwihebera umurimo w’Ubwami. (Mat. 19:11, 12) Abasavyi b’Imana bubatse izabo usanga akenshi bafise amabanga menshi yo mu muryango. Ariko rero twaba twubatse canke tutubatse, twese turashobora ‘kwiyambura uburemere bwose’ maze tugakorera Imana dufise ibidusamaza bike bishoboka. Ivyo vyoshobora gusaba ko duheba ibintu bidutesha umwanya maze tukishingira imigambi yo kwongereza umwanya tumara mu murimo w’Imana.

17 Rimbura ivyerekeye Mark n’umukenyezi wiwe Claire bo mu gihugu ca Galles. Umwe wese muri bo yatanguye gukora ubutsimvyi akirangiza amashure kandi bamaze kwubakana barabandanije kubukora. Mark avuga ati: “Twarashoboye kurushiriza kworosha ubuzima bwacu mu kugurisha inzu yacu y’ivyumba bitatu no mu guheba akazi k’igihe gitogito twakora kugira tube abubatsi mvamakungu.” Mu myaka 20 iheze, baragize ingendo hirya no hino muri Afrika kugira bafashe kwubaka Ingoro z’Ubwami. Vyarigeze gushika basanga basigaranye udufaranga tw’intica ntikize mugabo Yehova yarabitwararitse. Claire avuga ati: “Turahimbarwa cane no gukorera Yehova buri musi. Twagiye turironkera abagenzi benshi, kandi nta co tubuze. Ibintu bikeyi twahevye nta ho bihuriye n’umunezero uva ku gukorera Yehova igihe cose.” Abasavyi ba Yehova benshi bari mu murimo w’igihe cose bariboneye ibisa n’ivyo. *

18. Ni ibibazo ibihe bamwebamwe bakeneye kwibaza?

18 Weho bite? Wokora iki hamwe wobona yuko utacitwararikana umwete umurimo urangurira Yehova kubera usamazwa n’ibintu bidakenewe? Hari aho woba ukeneye gusoma Bibiliya no kwiyigisha mu buryo burushiriza kuba ngirakamaro. None wobigira gute? Ikiganiro gikurikira kirabikwereka.

^ ing. 17 Raba kandi inkuru y’ubuzima ya Hadyn Sanderson n’umukenyezi wiwe Melody mu kiganiro kivuga ngo “Kumenya ikibereye no kugikora.” (Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2006) Barahevye urudandaza rwabo rwabinjiriza cane muri Ostraliya kugira baje mu murimo w’igihe cose. Niwisomere ivyashitse igihe amahera yabaherana ari abamisiyonari mu Buhindi.