Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Twongerereze ukwizera”

“Twongerereze ukwizera”

“Mfasha aho mbuze ukwizera!”MRK. 9:24.

INDIRIMBO: 81, 135

1. Kubera iki ukwizera ari ikintu gihambaye? (Raba ishusho itangura.)

VYOBA birashika ukibaza uti: ‘Noba ndi umuntu Yehova azoshima kurokora mu gihe ca ya makuba akomeye maze akamushikana mw’isi nshasha?’ Ego ni ko kugira ngo umuntu azorokoke bisaba ibintu bitari bike, mugabo intumwa Paulo arerekana igihambaye cane muri vyo ati: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose.” (Heb. 11:6) Ico womenga ni ikintu gisanzwe, ariko ico twomenya co ni uko “ukwizera atari ikintu gifiswe na bose.” (2 Tes. 3:2) Ivyo vyanditswe biradufasha gutahura ukuntu bihambaye ko tugira ukwizera gukomeye.

2, 3. (a) Petero atwereka gute ko ukwizera ari ikintu gihambaye cane? (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze?

2 Intumwa Petero yarashimitse bimwe bidasanzwe ku kamaro k’ukwizera igihe yavuga ibijanye n’“agaciro kagejejwe” gufise koshobora “[gusangwa] ari imvo y’ugushimagizwa n’ubuninahazwa n’iteka kw’ihishurwa rya Yezu Kristu.” (Soma 1 Petero 1:7.) None ko ya makuba akomeye yegereje cane, ntidukwiye kwiyemeza neza ko dufise ukwizera gutuma tuba mu bo ukwizera kwabo kuzoshemezwa na wa Mwami wacu aninahaye niyahishurwa? Nta gukeka ko twipfuza kuba “muri bamwe bafise ukwizera ngo bazigamirwe ubuzima.” (Heb. 10:39) Dufise ivyo mu muzirikanyi, twoshobora gutakamba nka wa mugabo yavuga ati: “Mfasha aho mbuze ukwizera!” (Mrk. 9:24) Canke na ho twoshobora kuvuga nka za ntumwa za Yezu, duti: “Twongerereze ukwizera.”Luka 17:5.

3 Muri iki kiganiro, tugira twihweze ibibazo bikurikira: Dushobora gute kugira ukwizera? Twokwerekana gute ko dufise ukwizera? Ni igiki kidukura amazinda ko tuzokwishurwa nitwasaba kwongererezwa ukwizera?

TWOBA DUFISE UKWIZERA GUHIMBARA IMANA?

4. Ni uburorero bwa bande bushobora gutuma dukomeza ukwizera kwacu?

4 Kubera ko “ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe,” hari ibintu vyinshi dushobora kwigira ku bantu bavugwa muri Bibiliya bagaragaje ukwizera. (Rom. 15:4) Igihe dusomye ivyerekeye abantu nka Aburahamu, Sara, Izahaki, Yakobo, Musa, Rahabu, Gideyoni, Baraki be n’abandi benshi, vyoshobora gutuma dusuzuma ukwizera kwacu. (Heb. 11:32-35) Vyongeye, igihe dusomye inkuru zerekeye bene wacu na bashiki bacu bo mu gihe ca none bagaragaje ukwizera gukomeye, birashobora gutuma twihatira gukomeza ukwizera kwacu. *

5. Eliya yerekanye gute ko yizera cane Yehova, kandi akarorero kiwe gakwiye gutuma dukora iki?

5 Kamwe mu burorero bwo muri Bibiliya ni ak’umuhanuzi Eliya. Zirikana ibintu bikurikira vyerekana ukuntu yizigira Yehova aherejeko. Igihe Eliya yamenyesha Umwami Ahabu yuko Yehova yagira ateze uruzuba, yavuze ata gukekeranya ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova, . . . nta kime canke imvura bizohaba, kiretse kw’itegeko ry’ijambo ryanje!” (1 Abm. 17:1) Eliya yaremera ko mu gihe c’urwo ruzuba, Yehova yomuronkeje ivyo akeneye akabironsa n’abandi. (1 Abm. 17:4, 5, 13, 14) Yaravuze adakekeranya ko Yehova yari kuzura umwana w’umupfakazi. (1 Abm. 17:21) Ntiyakekeranya ko Yehova yorungitse umuriro kugira urigate ikimazi ciwe ku Musozi Karumeli. (1 Abm. 18:24, 37) Igihe hagera ko Yehova akuraho rwa ruzuba, naho ata kimenyetso na kimwe c’imvura cariho, Eliya yabwiye Ahabu ati: “Duga, urye wongere unywe; kuko hariho urwamo rw’imvura y’isegenya.” (1 Abm. 18:41) None izo nkuru ntizituma twisuzuma kugira turabe ko dufise ukwizera gukomeye nk’ukwo?

ICO TWOKORA KUGIRA DUKOMEZE UKWIZERA

6. Ni igiki dukwiye gusaba Yehova kugira turonke ukwizera?

6 Ntidushobora kuronka ukwizera dukoresheje inkomezi zacu gusa. Ukwizera ni umuce w’icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana. (Gal. 5:22) Ku bw’ivyo, twoba tubaye inkerebutsi dukurikije impanuro ya Yezu ijanye no gusaba iyo mpwemu kuko adusubiriza umutima mu nda ko Data “[azoha] impwemu nyeranda abayimusaba.”Luka 11:13.

7. Tanga akarorero k’ukuntu dushobora kuguma dukomeza ukwizera kwacu.

7 Tumaze kuronka ukwizera, dutegerezwa kubandanya tugukomeza. Ukwizera kwacu twokugereranya n’umuriro. Igihe umaze gufatwa, woshobora kwaka ukagira urubeya rukomeye. Ariko rero igihe ata kindi gikozwe, amaherezo urazima hagasigara amakara, mu nyuma na yo agacika umunyota. Mugabo igihe ugumye ushiramwo izindi nkwi, uwo muriro urashobora kuguma waka. Ukwizera kwacu na kwo nyene kurashobora kuguma gukomeye mu gihe tugumye twiyigisha Ijambo ry’Imana. Tugiye turiga Bibiliya, turashobora kurushiriza kuyikunda no gukunda uwo ikomokako maze bigatuma tugira ukwizera gukomeye.

8. Ni ibintu ibihe bizodufasha kugira ukwizera gukomeye no kukuzigama?

8 Ni ibindi bintu ibihe twokora kugira tugire ukwizera gukomeye kandi tukuzigame? Ntidukwiye kubumbwa gusa n’ivyo twize gushika tubatijwe. (Heb. 6:1, 2) Turakwiye kuzirikana ku buhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse. Turashobora kandi gukoresha Ijambo ry’Imana mu kwisuzuma kugira tumenye nimba vy’ukuri ukwizera kwacu gukomeye.Soma Yakobo 1:25; 2:24, 26.

9, 10. Ibintu bikurikira bifasha gute gukomeza ukwizera: (a) abagenzi beza? (b) amakoraniro y’ishengero? (c) indimiro?

9 Intumwa Paulo yabwiye abakirisu bagenzi we ko bari gushobora “guhanahana indemesho muri [bo], umwe wese akaremeshwa biciye ku kwizera kw’uwundi.” (Rom. 1:12) Igihe twifatanije n’abo dusangiye ukwemera, turashobora gukomeza ukwizera kwabo na bo bagakomeza ukwacu, na canecane igihe twifatanije n’abamaze kwerekana “agaciro kagejejwe” k’ukwizera kwabo. (Yak. 1:3) Abagenzi babi barasenyura ukwizera, mugabo abagenzi beza baragukomeza. (1 Kor. 15:33) Iyo ni imvo imwe ituma duhanurwa kudaheba “kwa gukoranira hamwe kwacu,” ahubwo tukaguma “turemeshanya.” (Soma Abaheburayo 10:24, 25.) Iyindi mvo ni uko amakoraniro ubwayo aturonsa inyigisho ikomeza ukwizera. Ivyo birahuye n’amajambo Paulo yavuze ati: “Ukwizera . . . kuva ku co umuntu yumvise.” (Rom. 10:17) None kwitaba amakoraniro coba ari kimwe mu bintu twama twitwararika mu buzima?

10 Igihe tugira uruhara mu ndimiro, ntidutuma gusa abandi bagira ukwizera, ariko kandi turakomeza n’ukwizera kwacu. Cokimwe n’abakirisu bo mu ntango, turiga kurushiriza kwizera Yehova maze tukavugana ubutinyutsi uko ibintu vyoba vyifashe kwose.Ivyak. 4:17-20; 13:46.

11. Ni igiki catumye Kalebu na Yosuwa bagira ukwizera gukomeye, kandi twoshobora gute kumera nka bo?

11 Igihe twiboneye ukuntu Yehova adufasha mu buzima be n’ukuntu yishura amasengesho yacu, ukwizera kwacu kurakomera. Ukwo ni ko vyagendeye Kalebu na Yosuwa. Igihe baja gutata ca Gihugu c’isezerano, baragaragaje ko bizeye Yehova. Ariko rero igihe cose baba babonye ko Yehova abafashije, ukwizera kwabo kwaca kurushiriza gukomera. Ntibitangaje kuba Yosuwa yabwiye Abisirayeli ajijutse ati: “[Nta] jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse.” Mu nyuma yongeyeko ati: “Ubu rero nimutinye Yehova mwongere mumukorere ata mahinyu no mu kuri . . . Ariko jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova.” (Yos. 23:14; 24:14, 15) Igihe duhonjeje tukwumva ukuntu Yehova aryoshe, na twebwe nyene turashobora kujijuka muri ubwo buryo.Zab. 34:8.

INGENE TWOGARAGAZA UKWIZERA KWACU

12. Yakobo yerekana ko hakenewe iki ku bijanye n’ukwizera?

12 Twerekana gute ko dufise ukwizera gukomeye? Umwigishwa Yakobo arishura ico kibazo mu kuvuga ati: “[Nzokwereka] ukwizera kwanje biciye ku bikorwa vyanje.” (Yak. 2:18) Ivyo dukora ni vyo vyerekana ko dufise ukwizera gukomeye. Reka turabe uburorero bumwebumwe.

Abitanga mu busuku baragaragaza ko bafise ukwizera gukomeye (Raba ingingo ya 13)

13. Ni kubera iki igikorwa co kwamamaza ari uburyo bwo kwerekana ukwizera kwacu?

13 Kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ni uburyo bwiza bwo kwerekana ukwizera kwacu. Uti kubera iki? Ico gikorwa gisaba ko twizera yuko ikiringo Imana yashinze co gukuraho ivy’iyi si cegereje, tukemera ko ‘kitazocererwa!’ (Hab. 2:3) Ikintu kimwe codufasha kumenya nimba ukwizera kwacu gukomeye ni ukuraba urugero dushikanako mu kwitanga mu busuku. Twoba turiko turakora ivyo dushoboye vyose, kumbure tukanarondera uturyo two kurushiriza kugira uruhara muri ico gikorwa? (2 Kor. 13:5) Emwe, ‘kwatura icese kugira ngo turonke ubukiriro’ ni uburyo buhambaye bwo kwerekana ko dufise ukwizera mu mutima.Soma Abaroma 10:10.

14, 15. (a) Twogaragaza gute ukwizera mu buzima bwacu bwa misi yose? (b) Igana ikintu cerekanye ukwizera gukomeye kwagaragariye mu bikorwa.

14 Turashobora kandi kugaragaza ukwizera igihe twihanganira ingorane zo mu buzima. Twaba turiko turanyinyana n’indwara, ugucika intege, akabonge, ubukene canke ibindi bigeragezo, turizigira yuko Yehova n’Umwana wiwe “[bazodutabara] ku gihe nyaco.” (Heb. 4:16) Turagaragaza ukwo kwizigira mu gusenga tudasaba gusa ivyo dukeneye mu vy’impwemu. Yezu yavuze ko dushobora no gusenga dusaba ivy’umubiri, harimwo “ibifungurwa vyacu vy’uno musi.” (Luka 11:3) Inkuru zo muri Bibiliya ziradukura amazinda ko Yehova ashobora kuturonsa ivyo dukeneye. Igihe rwa ruzuba rwatera muri Isirayeli, Yehova yararonkeje Eliya ibifungurwa n’amazi. Nk’uko Yehova yari yarabivuze, “ibikona vyaramuzanira umukate n’inyama mu gitondo bikongera bikamuzanira umukate n’inyama ku mugoroba, kandi yanywa kuri uwo mwonga,” ni ukuvuga Keriti. (1 Abm. 17:3-6) Turizera ko Yehova ashobora gutunganya ibintu ku buryo na twebwe turonka ivyo dukeneye.

Turagaragaza ukwizera igihe twihanganira ingorane zo mu buzima bwa misi yose (Raba ingingo ya 14)

15 Turizigira yuko gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bishobora kudufasha kuronka ivyo dukeneye. Mushiki wacu yubatse urwiwe yitwa Rebecca wo muri Aziya yariboneye ico kintu mu muryango wiwe. Barashize mu ngiro ibivugwa muri Matayo 6:33 no mu Migani 10:4 mu gushira ivyungura Ubwami imbere y’ibindi no mu kuba abanyamwete. Rebecca avuga yuko hageze igihe umugabo wiwe abona ko akazi yakora be n’ukuntu kamushira mu mukazo vyari gushobora kugeramira ubucuti bafitaniye na Yehova, aca aragaheba. Yamara rero bari bafise abana bane bategerezwa gutunga. Rebecca arigana ivyashitse ati: “Twaratanguye gukora no kudandaza mwene twa tuntu dusosa. Mu myaka n’iyindi yahaciye tubayeho muri ubwo buryo, twariboneye ko Yehova atigeze aduheba. Ntitwigeze tubwirirwa canke ngo tuburare.” Woba nawe warashoboye kugaragaza yuko wemera ko Bibiliya itanga ubuyobozi bwiza kuruta ubundi bwose abantu bashobora kuronka muri iki gihe?

16. Bizotugendera gute nitwizigira Imana?

16 Ntidukwiye kwigera dukekeranya yuko bizotugendera neza nitwakurikiza ubuyobozi Imana iduha. Mu gusubiramwo amajambo yahumetswe Habakuki yanditse, Paulo yagize ati: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.” (Gal. 3:11; Hab. 2:4) Birahambaye cane rero ko twizera umwe ashobora kudufasha vy’ukuri. Paulo atwibutsa ko Yehova ari we “ashobora gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira, nk’uko ububasha bwiwe buriko bukorera muri twebwe buri.” (Ef. 3:20) Abasavyi ba Yehova barihatira kurangura ivyo agomba. Mugabo kubera bazi yuko hari ivyo badashoboye, barizigira ko azohezagira utwigoro twabo. Ntiduhimbarwa none n’uko Imana yacu iri kumwe natwe?

ABASABA KWONGEREREZWA UKWIZERA BARISHURWA

17. (a) Igihe intumwa zasaba kwongererezwa ukwizera zishuwe gute? (b) Kubera iki twokwitega ko Imana izotwishura nitwayisaba ngo itwongerereze ukwizera?

17 Twisunze ivyo tumaze kuganira, twoshobora kuvuga nk’uko intumwa zabwiye Umukama ziti: “Twongerereze ukwizera.” (Luka 17:5) Ico kintu basavye carishuwe, na canecane kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu igihe basukwako impwemu nyeranda maze bararushiriza gutahura umugambi w’Imana. Ivyo vyarakomeje ukwizera kwabo. Kuva ico gihe rero, baciye batangura isekeza rikomeye ryo kwamamaza. (Kol. 1:23) Igihe dusavye Imana ngo itwongerereze ukwizera, twoba twokwitega ko itwishura? Bibiliya iradukura amazinda yuko twovyitega igihe ‘dusavye twisunze ukugomba kwayo.’1 Yoh. 5:14.

18. Yehova ahezagira gute abakomeza ukwizera kwabo?

18 Biragaragara ko Yehova ahimbarwa n’abamwizigira baherejeko. Azotwishura nitwamusaba ngo atwongerereze ukwizera, kandi ukwizera kwacu kuzokomera cane kudushikane ku “kubonwa ko [t]ubereye ubwami bw’Imana.”2 Tes. 1:3, 5.