Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose”

“Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose”

“Umuntu atigera asoma ikinyamakuru ni ikijuju; uwemera ivyo asomye kubera gusa biri mu kinyamakuru wewe ni ikijuju kuruta.”—Vyavuzwe na August von Schlözer, umuhinga mu vya kahise akaba n’umwanditsi w’Umudagi (1735-1809).

NIMBA umuntu atashobora kwizera ibintu vyose vyandikwa mu binyamakuru mu myaka irenga 200 iheze, ivyo ni na ko biri ku bintu vyinshi dusoma kuri internet muri iki kinjana ca 21. Biciye ku buhinga bwa none, turashobora kuronka amakuru umuyoro, yaba ay’ukuri n’ay’ikinyoma, ayakenewe n’ayadakenewe, ayatonona n’ayonona. Dutegerezwa guhitamwo neza ayo dukwiye gusoma. Abatamenyereye gukoresha internet ni bo canecane boshobora kwiyumvira ko amakuru kanaka ari ay’ukuri kubera gusa bayabonye kuri internet canke bayarungikiwe n’umugenzi kuri internet, naho nyene vyoba ari ibintu bitabaho. Birumvikana rero kuba Bibiliya itugabisha iti: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”Imig. 14:15.

Dushobora gute none kuba ‘abanyabwenge’ maze tukamenya ibinyoma, inkuru z’ibitito zemerwa na benshi, ibiwani be n’ayandi makuru atari yo aza kuri orodinateri zacu? Nubanze wibaze uti: ‘Iyi nkuru yoba ivuye ku muhora wemewe kandi wizigiwe canke ivuye ahantu hatazwi neza? Yoba imaze gushirwa ku mihora irwanya ibinyoma?’ * Nuce ubaza “umutima.” (Imig. 7:7) Nimba inkuru kanaka isa n’iyidashoboka, hari aho yoba idashoboka nyene. N’ikindi kandi, igihe iyo nkuru ityoza abandi, niwibaze aboyungukirako mu gihe yokwiragizwa wongere wibaze nimba nyene kuyikwiragiza adafise izindi mvo zihishije.

WOBA UCA URUNGIKIRA ABANDI UBUTUMWA BWOSE URONSE?

Abantu bamwebamwe, akenshi bakaba ari abarondera gushimwa n’abandi, baripfuza cane kuba aba mbere mu gukwiragiza amakuru, bagaca bayarungikira abantu bose bazinanyi batarinze gusuzuma ko ari ay’ukuri canke kuraba inkurikizi biza kugira. (2 Sam. 13:28-33) Ariko rero nimba turi ‘abanyabwenge,’ turiyumvira ukuntu ivyo vyoshobora gutukisha umuntu canke ishirahamwe kanaka.

Gusuzuma amakuru bisaba akigoro. Ni co gituma hari abiyumvira ko uwuyarungikiwe ari we akwiye kuyasuzuma. Ariko none uwo muntu bizomutwara umwanya ungana gute? Na we nyene ntibizomworohera kuwuronka. (Ef. 5:15, 16) Aho gupfa rero kurungika ibintu utazi ko ari ukuri, vyoba vyiza wibwiye uti: “Ko ngize amakenga, ndakwiye kubifuta!”

Niwibaze uti: ‘Noba nca ndungikira abandi ubutumwa bwose ndonse kuri internet? Vyoba bimaze gushika bikaba ngombwa ko nandikira abo tuzinanyi kugira ndabasabe imbabazi kubona nabarungikiye amakuru vyagaragaye ko atari yo canke ko ari ikinyoma ceruye? Hoba hari uwumaze kunsaba ko noheba kuza ndarungika amakuru ndonse kuri internet?’ Niwibuke ko abo mwandikiranira na bo nyene bashobora kuja kuri internet bakarondera amakuru abashimisha utarinze kubafasha. Ntibikenewe ko wirirwa urabacucagira inkuru zitwenza, amavidewo canke amafoto. Ntibiranga kandi ubukerebutsi kurungikira abantu ivyafashwe amajwi canke utwo wiyandikiye mu gihe c’insiguro zishingiye kuri Bibiliya. * Vyongeye, kureka umuntu akigirira ubushakashatsi, akironderera ivyanditswe canke agategura inyishu azotanga ku makoraniro ni vyo bimugirira akamaro kuruta kubimurungikira.

Noba nkwiye kurungikira uwundi muntu inkuru ishushe ndonse kuri internet?

Bite ho ubonye kuri internet amakuru atyoza ishirahamwe rya Yehova? Nuce uyazimya udatebaganye. Hari ababona ko boca bayabwira abandi kugira bumve ico bayavugako, ariko ivyo nta kindi bimara atari ugukwiragiza ayo makuru mabi. Nimba duhagaritswe umutima n’ikintu tubonye kuri internet, dukwiye gusaba Yehova ubukerebutsi tukongera tukakibwira abavukanyi bahumuye. (Yak. 1:5, 6; Yuda 22, 23) Yezu, uwigeze kwagirizwa ibinyoma, yagabishije abayoboke biwe yuko abansi bobahamye bakongera “bakababeshera ibintu bibi vy’ubwoko bwose.” (Mat. 5:11; 11:19; Yoh. 10:19-21) Turakeneye gukoresha “ubushobozi bwo kwiyumvira” be n’“ugutahura” kugira tumenye “umuntu avuga ibintu bigoramye” be n’“abanyaruyeri mu ngendo yabo.”Imig. 2:10-16.

NIWUBAHE UBURENGANZIRA BW’ABANDI

Dutegerezwa kandi kuba maso ku makuru tubwirwa n’abandi yerekeye abavukanyi bacu canke ivyabaye mw’ishirahamwe. Naho amakuru kanaka yoba ari ay’ukuri, ntibica bisobanura yuko akwiye gukwiragizwa. Hari igihe biba bitabereye canke bitaranga urukundo kubwira abandi inkuru z’ukuri. (Mat. 7:12) Nk’akarorero, ntibiranga urukundo kandi ntivyubaka gukwiragiza urusaku, naho ayo makuru yoba ari ay’ukuri. (2 Tes. 3:11; 1 Tim. 5:13) Amakuru amwamwe yoshobora kuba ari ay’ibanga, tukaba rero dukwiye kwubaha uburenganzira abandi bafise bwo kumenyesha ayo makuru ku gihe kibereye babicishije ku mihora ibereye. Gukwiragiza amakuru hataragera birashobora kwica ibintu vyinshi.

Muri iki gihe birashoboka ko abantu bakwiragiza amakuru buravyo, yaba ay’ukuri canke ay’ikinyoma, ayakenewe canke ayadakenewe, ayatonona canke ayonona. Uwo wese arungitse ubutumwa biciye kuri internet canke kuri telefone naho yoba aburungikiye umuntu umwe, ategerezwa kumenya yuko bushobora gukwira isi yose mu kanya isase, yaba abishaka canke atabishaka. Ese rero twokwirinda agatima ko kwihutira kurungikira abantu bose tuzinanyi amakuru turonse. Igihe dusomye inkuru ishushe, nitwibuke yuko urukundo rutikeka abandi bidakenewe; eka kandi ntirupfa kwemera akantu kose. N’ikiruta vyose, urukundo ntirwemera amajambo y’ububisha afobetse avugwa ku vyerekeye ishirahamwe rya Yehova canke ibinyoma vyerekeye abavukanyi bacu bikwiragizwa n’abantu bashumbira umwe “se w’ikinyoma” ari we Shetani wa Mubesheranyi. (Yoh. 8:44; 1 Kor. 13:7) Ubushobozi bwo kwiyumvira be n’ugutahura bizodufasha kuba “abanyabwenge” maze turimbure ukuntu dufata amakuru arushiriza kwongerekana turonka buri musi. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “abantu batazi utuntu n’utundi ntibazobura kwigarurira ubupfu, mugabo abanyabwenge bazokwambara ubumenyi.”Imig. 14:18.

^ ing. 4 Numenye neza ko amakuru vyamaze kugaragara yuko ari ibinyoma canke ibitito vyemerwa na benshi, bishika akagaruka bayahinduye gatoyi kugira aboneke ko ari ay’ukuri.

^ ing. 8 Raba ikiganiro kivuga ngo “Inyishu ku bibazo vyanyu” mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 2010.