Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba “ukunda mugenzawe nk’uko wikunda”?

Woba “ukunda mugenzawe nk’uko wikunda”?

“Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.”MAT. 22:39.

INDIRIMBO: 73, 36

1, 2. Ivyanditswe vyerekana gute ko urukundo ruhambaye?

URUKUNDO ni co kintu nyamukuru kiranga Yehova Imana. (1 Yoh. 4:16) Ikiremwa ciwe ca mbere ni Yezu, uwabanye na we mw’ijuru imyaka idaharurika maze ariga inzira ziwe ziranga urukundo. (Kol. 1:15) Mu vyo Yezu yakoze vyose, ushizemwo n’igihe yari ng’aha kw’isi, yarerekanye ko atahura bimwe bishitse ukuntu Yehova ari Imana y’urukundo, yongera aramwigana. Turashobora rero kwizigira yuko ubutegetsi bwa Yehova na Yezu buzogengwa n’urukundo ibihe bidahera.

2 Igihe babaza Yezu ibwirizwa risumba ayandi yose muri rya Tegeko, yavuze ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’”Mat. 22:37-39.

3. ‘Mugenzi wacu’ ni nde?

3 Urabona ko Yezu ahejeje kuvuga ivyo gukunda Yehova yaciye ubwo nyene avuga ibijanye no gukunda mugenzi wacu. Ivyo birerekana ko bihambaye cane yuko tugaragaza urukundo mu vyo tugiranira n’abandi vyose. Ariko none ‘mugenzi wacu’ ni nde? Nimba twubatse, mugenzi wacu wa hafi kuruta abandi bose ni uwo twubakanye. Abandi bagenzi bacu ba hafi ni abagize ishengero rya gikirisu, ni ukuvuga abo dusangiye ukwemera. Abandi ni abo duhura mu busuku. None abasenga Yehova bakongera bagakurikiza inyigisho z’Umwana wiwe bagaragariza gute urukundo bagenzi babo?

DUKUNDE UWO TWUBAKANYE

4. Kubera iki umubano w’ababiranye ushobora kuroranirwa naho tudatunganye?

4 Yehova yatanguje umubano w’ababiranye wa mbere mu kurema Adamu na Eva maze arabahuza. Yashaka ko bagira umubano uhimbawe kandi uramba bakongera bakuzuza isi uruvyaro rwabo. (Ita. 1:27, 28) Ariko rero, kugarariza ubusegaba bwa Yehova vyarononye uwo mubano wa mbere maze bizanira abantu bose igicumuro n’urupfu. (Rom. 5:12) Yamara rero, Ivyanditswe biratwereka ukuntu twororanirwa mu mubano w’ababiranye. Birimwo impanuro nziza kuruta izindi zose zerekeye umubano kubera ko bikomoka kuri Yehova nyene gutanguza umubano w’ababiranye.Soma 2 Timoteyo 3:16, 17.

5. Urukundo ruhambaye gute mu mubano w’abubatse?

5 Ijambo ry’Imana ryerekana ko urukundo, ni ukuvuga kwiyumvamwo umuntu mu buryo burimwo igishika canke ikibabarwe kigera kure, ari ntahara kugira abantu bagiranire ubucuti burangwa agahimbare. Ivyo ni na ko biri mu mubano w’abubatse. Mu vyo intumwa Paulo yabwiye ishengero ry’i Korinto, yagize ati: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe. Ntirunezererwa ibitagororotse, ahubwo runezeranwa n’ukuri. Rurenzako muri vyose, rwemera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.” (1 Kor. 13:4-8) Kuzirikana kuri ayo majambo yahumetswe no kuyashira mu ngiro nta gukeka ko bishobora gutuma umubano w’abubatse urushiriza kurangwa umunezero.

Ijambo ry’Imana rirerekana ukuntu twororanirwa mu mubano w’abubatse (Raba ingingo ya 6, 7)

6, 7. (a) Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubukuru? (b) Umugabo mukirisu akwiye gufata gute umugore wiwe?

6 Kubera ko Imana yashinze ko haba ubukuru mu muryango, birahambaye cane ko urukundo rugaragazwa. Paulo yavuze ati: “Nshaka ko mumenya yuko umutwe w’umugabo wese ari Kristu; umutwe w’umugore na wo ni umugabo; umutwe wa Kristu na wo ni Imana.” (1 Kor. 11:3) Ariko rero ubukuru ntibukwiye gukoreshwa mu gucinyiza abandi. Nk’akarorero, Yehova arakoresha ubukuru afise kuri Yezu abigiranye umutima mwiza kandi ata bwikunzi, Yezu na we agaca amuyobokera. Yezu arashima cane ubukuru bw’Imana burangwa n’urukundo, kuko yavuze ati: “Nkunda Data.” (Yoh. 14:31) Birashoboka ko atari kwiyumva gutyo iyo Yehova aza gukoresha umukazo n’agahahazo mu vyo yakorana n’uwo Mwana wiwe yikundira.

7 Naho nyene umugabo ari umutwe w’umugore wiwe, Bibiliya imutegeka ‘kumutera iteka.’ (1 Pet. 3:7) Uburyo bumwe abagabo bashobora gutera iteka abagore babo ni ukwitwararika ivyo bakeneye, bakubahiriza ivyiyumviro vyabo mu bihe bimwebimwe. Nkako, Ijambo ry’Imana rigira riti: “Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero akaryigura.” (Ef. 5:25) Yezu yaratanze mbere n’ubuzima bwiwe ku bw’abayoboke biwe. Igihe umugabo yiganye ukuntu Yezu akoresha ubukuru mu buryo buranga urukundo, bica birushiriza kworohera umugore kumukunda, kumwubaha no kumuyobokera.Soma Tito 2:3-5.

DUKUNDE ABO DUSANGIYE UKWEMERA

8. Dukwiye gufata gute abakirisu bagenzi bacu?

8 Hirya no hino kw’isi, hariho abantu amamiliyoni basenga Yehova kandi bashingira intahe izina ryiwe n’umugambi wiwe. None dukwiye gufata gute Ivyabona bagenzi bacu? Ijambo ry’Imana ryishura riti: “Dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera.” (Gal. 6:10; soma Abaroma 12:10.) Intumwa Petero yanditse ati: “Ubu ko mwatyoroye ubuzima bwanyu biciye ku kugamburukira ukuri, bikavamwo ukwiyumvamwo abavukanyi kutagiramwo ubwiyorobetsi, mukundane cane bivuye ku mutima.” Petero yabwiye kandi abo basangiye ukwemera ati: “Hejuru ya vyose, mugiriranire urukundo rwinshi.”1 Pet. 1:22; 4:8.

9, 10. Ni kubera iki abasavyi b’Imana bunze ubumwe?

9 Kubera ko dukunda cane abo dusangiye ukwemera, tugize ishirahamwe ridasanzwe rikwiye kw’isi yose. Vyongeye, kubera ko dukunda Yehova kandi tukagamburuka amategeko yiwe, aradushigikira mu kuduha inguvu ikomeye kuruta izindi zose, ni ukuvuga impwemu yiwe nyeranda. Ivyo bituma tugira ubumwe budasanzwe uko tugize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.Soma 1 Yohani 4:20, 21.

10 Mu gushimika ku kuntu bikenewe ko abakirisu bakundana, Paulo yanditse ati: “Nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya. Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo. Mugabo ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.” (Kol. 3:12-14) Ese ukuntu dukenguruka kubona urukundo, wa “mugozi utagira akanenge wunga ubumwe,” ari rwo ruturanga naho twoba dukomoka hehe!

11. Ishirahamwe rya Yehova rirangwa n’iki?

11 Urukundo n’ubumwe nyakuri ni vyo vyerekana ko abasavyi ba Yehova ari bo bari mw’idini y’ukuri, kuko Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:34, 35) Intumwa Yohani na we yanditse ati: “Abana b’Imana be n’abana ba Shetani babonekera kuri iki kintu: Umuntu wese adashishikara ubugororotsi ntakomoka ku Mana, eka n’uwudakunda mwene wabo ni ukwo. Kuko ubu ari bwo butumwa mwumvise guhera mu ntango: yuko dukwiye gukundana.” (1 Yoh. 3:10, 11) Urukundo rutuma haba ubumwe budasanzwe ni rwo rwerekana ko Ivyabona vya Yehova ari abayoboke ba Kristu b’ukuri, abo Yehova ariko arakoresha kugira bashitse umugambi afise wo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mw’isi yose.Mat. 24:14.

GUTOROROKANYA “ISINZI RININI”

12, 13. Rya “sinzi rinini” ririko rirakora iki muri iki gihe, kandi ni ivyiza ibihe abarigize bagiye kwironkera?

12 Benshi mu basavyi ba Yehova ni abo muri rya “sinzi rinini . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.” Abo “bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami [y’Imana] n’imbere ya wa Mwagazi w’intama [Yezu Kristu].” None ni bande? “Ni abavuye muri ya makuba akomeye, kandi bamesuye amakanzu yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama” kubera ko bizera inkuka y’incungu ya Yezu. Abagize iryo “sinzi rinini” rirushiriza kwongerekana barakunda Imana n’Umwana wayo kandi “bariko bayikorera igikorwa ceranda umurango n’ijoro.”Ivyah. 7:9, 14, 15.

13 Imana igiye gutikiza iyi si mbi mu gihe ca ya “makuba akomeye.” (Mat. 24:21; soma Yeremiya 25:32, 33.) Ariko kubera Yehova akunda abasavyi biwe, azobakingira uko bagize umugwi maze abinjize mw’isi yiwe nshasha. Nk’uko haciye imyaka hafi 2.000 bivuzwe, Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” Woba none ushashaye kuba mw’Iparadizo, “ivya kera vyagiye”?Ivyah. 21:4.

14. Rya sinzi rinini ryongerekanye ku rugero uruhe?

14 Igihe imisi ya nyuma yatangura mu 1914, kw’isi yose hari abasavyi ba Yehova ibihumbi bikeyi gusa. Amasigarira y’abakirisu barobanuwe barumiyeko mu gikorwa co kwamamaza Ubwami kubera bakunda bagenzi babo kandi bakaba bari bashigikiwe n’impwemu y’Imana. Ivyo bituma muri iki gihe isinzi rinini ry’abafise icizigiro co kuba kw’isi ritororokanywa. Twarongerekanye dushika ku Vyabona nka 8.000.000, tukaba turi mu mashengero arenga 115.400 hirya no hino kw’isi kandi turabandanya kwongerekana. Nk’akarorero, Ivyabona barenga 275.500 barabatijwe mu mwaka w’umurimo wa 2014, ni ukuvuga ko buri ndwi habatijwe abantu nka 5.300.

15. Igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko kirangurwa ku rugero uruhe?

15 Igikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa ku rugero rudasanzwe. Ubu ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya birasohorwa mu ndimi zirenga 700. Umunara w’Inderetsi ni co kinyamakuru gihabwa abantu kuruta ibindi vyose kw’isi. Buri kwezi haracapurwa amakopi arenga 52.000.000 mu ndimi 247. Amakopi arenga 200.000.000 y’igitabu cacu gifasha kwiga Bibiliya ari co Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? aramaze gucapurwa mu ndimi zirenga 250.

16. Ni ibiki bituma igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova gisagamba mu vy’impwemu?

16 Iyongerekana ridasanzwe tubona muri iki gihe riva ku kuba twizeye Imana no ku kuba twemera duherejeko yuko Bibiliya ari Ijambo rya Yehova ryahumetswe ku gitangaro. (1 Tes. 2:13) Abasavyi ba Yehova barabandanya gusagamba mu vy’impwemu naho Shetani ya “mana y’iki gihe” abanka akongera akabarwanya.2 Kor. 4:4.

DUKUNDE ABANDI IGIHE COSE

17, 18. Abasavyi b’Imana bakwiye gufata gute abo badasangiye ukwemera?

17 Abasavyi ba Yehova basabwa gufata gute abadasenga ya Mana yonyene y’ukuri? Igihe turi mu gikorwa cacu co kwamamaza turahura n’abantu bavyakira ugutandukanye, bamwe bakavyakira neza abandi bakabirwanya. Mugabo uko abantu bovyakira kwose, Ijambo ry’Imana rirerekana ingingo ngenderwako abasavyi bayo babwirizwa kwisunga. Rigira riti: “Imvugo yanyu yamane igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.” (Kol. 4:6) Igihe twiburanira imbere y’umuntu wese adusavye impamvu y’icizigiro cacu, tubigirana “ubwitonzi n’icubahiro kigera kure” kubera ko dukunda bagenzi bacu.1 Pet. 3:15.

18 Turagaragariza icubahiro bagenzi bacu n’igihe nyene uwo dusanze ku muhana yiyamirije ubutumwa bwacu yashangashiwe. Turigana Yezu. Bibiliya ivuga iti: “Igihe yatukwa, ntiyasubizayo igitutsi. Igihe yababazwa, ntiyahiga, mugabo yaguma yiha umwe aca imanza mu bugororotsi.” (1 Pet. 2:23) Twaba turi kumwe n’abo dusangiye ukwemera canke abandi, turicisha bugufi tugashira mu ngiro impanuro itubuza “kwishura ikibi ku kindi canke igitutsi ku kindi.”1 Pet. 3:8, 9.

19. Ni ingingo ngenderwako iyihe Yezu yatanze ku bijanye n’abaturwanya?

19 Igihe abasavyi ba Yehova bagumye bicishije bugufi, baba bagamburutse ingingo ngenderwako ihambaye Yezu yatanze. Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, yavuze ati: “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe ukanka umwansi wawe.’ Ariko jewe ndababwiye nti: Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama; kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru, kuko atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Mat. 5:43-45) Ego cane, twebwe abasavyi b’Imana dutegere kwiga gukunda ‘abansi bacu’ naho boba badufata gute.

20. Kubera iki gukunda Imana na bagenzi bacu ari vyo bizoba vyiganje mw’isi nshasha? (Raba ishusho itangura.)

20 Mu mice yose y’ubuzima, abasavyi ba Yehova bategerezwa kwerekana mu mvugo no mu ngiro ko bakunda Yehova be na bagenzi babo. Nk’akarorero, naho bamwebamwe batoba bakira neza ubutumwa bw’Ubwami, turagaragaza ko dukunda bagenzi bacu igihe bari n’ivyo bakeneye. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ntihagire uwo mugirira umwenda w’ikintu na kimwe, atari ugukundana; kuko uwukunda mugenziwe aba ashikije itegeko. Kuko ya mategeko ngo: ‘Ntukarenge ibigo, Ntukice, Ntukibe, Ntukagire umwina,’ hamwe n’irindi bwirizwa iryo ari ryo ryose rihari, apoperanirijwe muri iri jambo, ari ryo: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’” Urukundo ntirukorera ikibi umugenzi; urukundo rero ni ryo ranguka ry’itegeko.” (Rom. 13:8-10) Twebwe Ivyabona vya Yehova turagaragaza urukundo nyakuri muri iyi si mbi yiciyemwo ibice kandi yuzuye ububisha itwarwa na Shetani. (1 Yoh. 5:19) Nta gukeka ko mw’isi nshasha igikorwa cose kizoba kirangwa n’urukundo, igihe Shetani, amadayimoni yiwe be n’abantu b’abagarariji bazoba bamaze gukurwaho. Ese ukuntu bizoba ari agahore igihe abantu bose bari kw’isi bazoba bakunda Imana na bagenzi babo!