Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova ni Imana y’urukundo

Yehova ni Imana y’urukundo

“Imana [ni] urukundo.”1 YOH. 4:8, 16.

INDIRIMBO: 18, 91

1. Ikintu nyamukuru kiranga Imana ni ikihe, kandi kubimenya bituma wiyumva gute?

BIBILIYA itubwira ko “Imana ari urukundo.” Ntivuga gusa ko urukundo ari kimwe mu bintu vyinshi bihimbaye biranga Imana, ariko ivuga yuko “Imana ari urukundo.” (1 Yoh. 4:8) Urukundo ni rwo ahanini ruyiranga kandi ni rwo ruhambaye kuruta ibindi vyose. Yehova ntafise gusa urukundo, ahubwo ni rwo rumugize. Ese ukuntu bihimbaye kumenya ko Umuremyi w’isi n’ijuru be n’ibiriho vyose ari Imana y’urukundo! Ivyo akora vyose ni rwo rubimutuma.

2. Urukundo rw’Imana rudukura amazinda ku biki? (Raba ishusho itangura.)

2 Urukundo rurangwa igishika Imana ikunda ivyo yaremye ruradukura amazinda ko imigambi yose ifitiye abantu izoranguka mu buryo bwiza bushoboka be n’uko izozanira ivyiza vyinshi cane abo bose bemera kuyoborwa n’ubutegetsi bwayo. Nk’akarorero Imana ibitumwe n’urukundo, “ya[ra]shinze umusi aho izocira urubanza isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho” ari we Yezu Kristu. (Ivyak. 17:31) Turashobora kwemera tudakeka ko ivyo bizoranguka. Ivyo bizotuma abafise agatima kabereye kandi bagamburuka bironkera imihezagiro y’ibihe bidahera.

KAHISE KEREKANYE IKI?

3. Wibaza ko abantu bogize ubuzima bumeze gute iyo Imana itaba yarakunze abantu?

3 Mbega kazoza k’abantu kobaye kameze gute iyo Imana itaba yarakunze abantu? Abantu bobandanije gutegeka abandi, barongowe na ya mana y’isi yankana ari yo Shetani wa Mubesheranyi. (2 Kor. 4:4; 1 Yoh. 5:19; soma Ivyahishuwe 12:9, 12.) Kazoza kobaye gateye ubwoba iyo Imana itaba yarakunze abantu.

4. Kubera iki Yehova yaretse ubutegetsi bwiwe bugororotse bukagararizwa?

4 Igihe Shetani yagarariza ubutegetsi bwa Yehova, yaciye yosha umugabo n’umugore ba mbere kugira na bo babugararize. Yarahaririye ko Imana idafise uburenganzira bwo kuba segaba be n’uko itabikwiye. Ni nk’aho Shetani yavuze ko ubutegetsi bwiwe bwobaye bwiza kuruta ubw’Umuremyi. (Ita. 3:1-5) Naho Yehova yaretse Shetani ngo agerageze kwerekana ko ivyo yavuze ari vyo, ivyo vyari ivy’igihe gito. Kubera ko Yehova afise ubukerebutsi bwinshi, yararetse haraca igihe gihagije kugira yerekane neza ko ata bundi butegetsi na bumwe bubereye atari ubwiwe. Kahise k’abantu gateye ikigongwe karerekana ko baba abantu canke Shetani badashobora kutubera abategetsi beza.

5. Ni ibiki kahise k’abantu kerekanye neza?

5 Mu myaka 100 iheze, abantu barenga imiliyoni 100 barahitanywe n’intambara z’ibihugu. Muri iki gihe, ivyo mw’isi bibandanya kudabuka. Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ko ari ukwo nyene vyogenze mu “misi ya nyuma” y’ivy’isi, aho “abantu b’ababisha be n’abahumvyi [bogiye] barushiriza kuba babi.” (2 Tim. 3:1, 13) Kahise karerekanye neza ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri. Igira iti: “Ewe Yehova, ndazi neza yuko inzira y’umuntu yakuwe mw’ivu atari iyiwe. Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yer. 10:23) Emwe, Yehova ntiyaremanye abantu ubushobozi canke uburenganzira bwo kuyobora ivyabo atabibafashijemwo.

6. Kuba Imana ibaye irareka ububisha bukabandanya bifasha gute?

6 Kuba Imana ibaye irareka ububisha bukabandanya ntivyerekana gusa yuko ubutegetsi bw’abantu ata co bumaze, ariko kandi birafasha mu wundi mugambi w’igihe kirekire. Biratanga ikimenyamenya c’uko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene bubishoboye. Yehova niyamara gukuraho ububisha hamwe n’ababuteza, ntazosubira kureka ngo hagire abavyura umutwe kugira barwanye uburyo bwiwe bwo gutegeka burangwa urukundo. Azoshobora gufatira ku kuntu intwaro z’abantu zateje ingorane nyinshi muri kahise maze ace ubwo nyene akuraho abo bagarariji, aho kubareka ngo basubire gusasira indava ububisha.

YEHOVA YEREKANYE GUTE URUKUNDO RWIWE?

7, 8. Yehova yerekanye urukundo rwiwe rukomeye mu buryo bumwebumwe ubuhe?

7 Yehova yaragaragaje mu buryo bwinshi urukundo rwiwe rukomeye. Nk’akarorero, raba ukuntu isi n’ijuru ari vyiza igitangaza. Hari amagalagisi amamiliyaridi, imwimwe yose ikaba irimwo ibinyenyeri be n’imibumbe amamiliyaridi menshi. Kimwe mu binyenyeri biri mw’igalagisi turimwo yitwa Nzira Nyamweru ni izuba, ritariho ubuzima bukaba butoshoboka kw’isi. Ivyo biremwa vyose biratanga ikimenyamenya c’uko Yehova ari Umuremyi, bikanatwereka kamere zayo nk’ububasha, ubukerebutsi n’urukundo. Ego cane, “kamere zayo zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo.”Rom. 1:20.

8 Yehova yararemye kw’isi ikintu cose cogirira akamaro ibiremwa vyiwe bigenewe kuba kw’isi. Yarateguriye abantu umurima w’iparadizo uryoheye ijisho yongera arabaha ubwenge n’imibiri bitunganye kugira bashobore kubaho ibihe bidahera. (Soma Ivyahishuwe 4:11.) Vyongeye, “a[ra]ha ibifungurwa ibiri n’umubiri vyose: kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero.”Zab. 136:25.

9. Naho Yehova ari Imana y’urukundo, ni igiki yanka?

9 Naho Yehova yerekana ko ari Imana y’urukundo, aranka ikibi. Nk’akarorero, muri Zaburi 5:4-6 havuga ku vyerekeye Yehova hati: “Nturi Imana ihimbarwa n’ububisha . . . Uranka koko abaza barakora ibintu bibabaza bose.” Haca hongerako hati: “Umuntu asesa amaraso kandi akoresha ubuhendanyi Yehova aramwanka urunuka.”

UBUBISHA BUGIYE KURANGIRA

10, 11. (a) Yehova azokorera iki ababisha? (b) Yehova azoha impera iyihe abagororotsi?

10 Kubera ko Yehova ari Imana y’urukundo kandi yanka ububisha, yarishingiye umugambi wo kubukura kw’isi no mw’ijuru, ikibazo kijanye n’ubutegetsi bwiwe nicatorerwa umuti nk’uko avyipfuza. Ijambo ry’Imana risezerana riti: “Inkozi z’ikibi zizorandurwa, ariko abizigira Yehova ni bo bazokwigabira isi. Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho . . . Abansi ba Yehova na bo bakazomera nk’akaryoshe k’amaragiriro; bategerezwa guherengetera. Emwe, bazoherengetera bacike umwotsi.”Zab. 37:9, 10, 20.

11 Ariko rero, Ijambo ry’Imana risezerana kandi riti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zab. 37:29) Abo bagororotsi “bazokwinovora amahoro menshi.” (Zab. 37:11) Ivyo bizoshoboka kubera ko Imana yacu y’urukundo yama ikora ibigirira akamaro abasavyi bayo b’abizigirwa. Bibiliya itubwira iti: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.” (Ivyah. 21:4) Mbega kazoza keza igitangaza katurindiriye twebwe twese dukenguruka urukundo rwa Yehova kandi tukamugamburukira nka we Mutegetsi wacu!

12. “Uwutagirako umugayo” ni nde?

12 Ijambo rya Yehova ritubwira riti: “Itegereze uwutagirako umugayo, ugume uraba uwugororotse, kuko kazoza k’uyo muntu kazorangwa n’amahoro. Ariko abagabitanya bazozimanganirizwa icarimwe ata kabuza; kazoza k’ababisha kazorandurwa koko.” (Zab. 37:37, 38) “Uwutagirako umugayo” aramenya Yehova n’Umwana wiwe kandi akemera gukora ivyo Imana igomba. (Soma Yohani 17:3.) Uwo muntu arafatana uburemere amajambo dusanga muri 1 Yohani 2:17 agira ati: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” Kubera ko iherezo ry’isi riri hafi, birihutirwa ko ‘twizigira Yehova, tukagumya inzira yiwe.’Zab. 37:34.

IKINTU GIKOMEYE KIRANGA URUKUNDO IMANA YAKOZE

13. Ni ikintu gikomeye kiranga urukundo ikihe Yehova yakoze?

13 Naho tudatunganye, turashobora ‘kugumya inzira ya Yehova.’ Turashobora kandi kugiranira ubucuti somambike na Yehova kubera ikintu gikomeye kiranga urukundo yakoze. Yaratanze inkuka y’incungu ya Yezu Kristu, aba atumye bishoboka ko abantu bagamburuka bakurwako igicumuro n’urupfu barazwe na Adamu. (Soma Abaroma 5:12; 6:23.) Yehova yarizigiye rwose uwo Mwana wiwe w’ikinege, uwari yaramaze imyaka idaharurwa mw’ijuru ari umwizigirwa kuri Yehova. Kubera ko Imana ari Umuvyeyi akundana, nta gukeka ko yababajwe cane n’ukuntu abantu bafashe nabi Yezu igihe yari kw’isi. Ariko Yezu yarashigikiye ubusegaba bw’Imana adahemuka yongera arerekana ko umuntu atunganye ashobora kuguma ari intahemuka kuri Yehova igihe ari mu bigeragezo bikomeye kuruta ibindi vyose.

Urukundo rwatumye Imana irungika Umwana wayo kw’isi, na we aremera abikunze (Raba ingingo ya 13)

14, 15. Urupfu rwa Yezu rwamariye iki abantu?

14 Yezu yaragumanye ugutungana kwiwe yongera arashigikira ubusegaba bwa Yehova mu bigeragezo bikomeye kuruta ibindi vyose, apfa ari umwizigirwa kuri Se wiwe. Ese ukuntu dukwiye gukenguruka kubona Yezu yaranarishe biciye ku rupfu rwiwe ikiguzi c’incungu cari gikenewe kugira abantu bacungurwe maze bashobore kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha Imana yasezeranye! Intumwa Paulo yarerekanye ukuntu ico cari ikintu kiranga urukundo Yehova na Yezu bakoze, mu kuvuga ati: “Kuko mu vy’ukuri igihe twari tukiri abagoyagoya ari ho Kristu yapfiriye abatibanga Imana, ku gihe cashinzwe. Kuko bitoroshe ko umuntu apfira umugororotsi; mu vy’ukuri, umuntu mwiza kumbure umuntu yokwubahuka kumupfira. Mugabo Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.” (Rom. 5:6-8) Intumwa Yohani yanditse ati: “Iki ni co urukundo rw’Imana rwerekaniweko mu bitwerekeye, kuko Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we. Muri ivyo urukundo ni uru: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko ari yo yadukunze igatuma Umwana wayo ngo abe ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu.”1 Yoh. 4:9, 10.

15 Ku bijanye n’urukundo Imana ikunda abantu, Yezu yavuze ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yoh. 3:16) Urwo Imana ikunda abantu rurakomeye cane ku buryo yabakoreye iciza itaravye ico vyari kuyisaba. Urukundo rwayo rwamaho. Tuzokwama turwizigira. Paulo yanditse ati: “Kuko najijutse yuko rwaba urupfu, canke ubuzima, canke abamarayika, canke intwaro, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha, canke uburebure bw’igihagararo, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.”Rom. 8:38, 39.

UBWAMI BW’IMANA UBU BURAGANZA

16. Ubwami ni iki, kandi ni nde Yehova yagenye ngo aburongore?

16 Urwo Imana ikunda abantu ruragaragarira mu ntunganyo yashizeho y’Ubwami burongowe na Mesiya. Yehova yaramaze gushira iyo ntwaro mu maboko y’Umwana wiwe, uno akaba akunda abantu kandi akaba ashoboye rwose gutegeka. (Imig. 8:31) Imana yaracaguye abantu 144.000 bazofatanya na Kristu kuganza mw’ijuru. Igihe bazutse ntibaca bibagira ivyo baciyemwo bakiri kw’isi, bakaba rero bazovyisunga mu gufasha abantu. (Ivyah. 14:1) Ubwo Bwami ni bwo Yezu yashingirako inyigisho ziwe. Yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Mat. 6:9, 10) Ese ivyiza abantu bagamburuka bazokwironkera ayo masengesho niyishurwa!

17. Ubutegetsi bwa Yezu n’ubw’abantu bitandukaniye he?

17 Hariho itandukaniro rinini hagati y’ubutegetsi bwa Yezu burangwa urukundo be n’ubw’abantu, ubwatumye abashika amamiliyoni basiga ubuzima mu ntambara. Yezu aritwararika vy’ukuri abatwarwa biwe kandi aragaragaza kamere nziza igitangaza z’Imana, na canecane urukundo. (Ivyah. 7:10, 16, 17) Yezu yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.” (Mat. 11:28-30) Mbega umuhango uranga urukundo!

18. (a) Ubwami bw’Imana buriko burakora iki kuva bushinzwe? (b) Ni ibiki tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

18 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana ko Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru bwashinzwe igihe ukuhaba kwa Kristu kwatangura mu 1914. Inyuma yaho, abasigaye mu bazofatanya na Yezu kuganza mw’ijuru bagiye barakoranirizwa hamwe. Rya “sinzi rinini” ry’abazorokoka umuhero w’iyi si bakinjizwa mw’isi nshasha na ryo nyene ririko riregeranywa. (Ivyah. 7:9, 13, 14) None iryo sinzi rinini ringana gute muri iki gihe? Abo muri uwo mugwi basabwa iki? Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ivyo bibazo.