Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imyaka ijana Ubwami bumaze buganza!

Imyaka ijana Ubwami bumaze buganza!

“Ya Mana y’amahoro . . . ibaronse ikintu ciza cose kugira ngo mukore ukugomba kwayo.”HEB. 13:20, 21.

INDIRIMBO: 136, 14

1. Kwamamaza Ubwami vyari bihambaye gute kuri Yezu? Sigura.

YEZU yarakunda kuvuga ivyereke Ubwami bw’Imana. Nk’uko Bibiliya ivyerekana, Ubwami ni bwo yavuga kuruta ikindi kintu cose, akaba yarabwerekejeko incuro zirenga 100 mu kiringo c’ubusuku bwiwe. Ubwami cari ikintu c’agaciro vy’ukuri kuri we.Soma Matayo 12:34.

2. Ni bangahe bashobora kuba barumvise itegeko riri muri Matayo 28:19, 20, kandi ni kubera iki dushobora kuvuga gutyo? (Raba akajambo k’epfo.)

2 Haciye igihe gito Yezu azutse, yarahuriye hamwe n’abantu barenga 500 bohavuye baba abamamaji b’Ubwami. (1 Kor. 15:6) Birashoboka ko ico gihe ari ho yatanga rya tegeko ryo gushira ubutumwa bwiza bw’Ubwami “abantu bo mu mahanga yose,” kikaba cari igikorwa kitoroshe! * Yezu yari yaravuze ko ico gikorwa gihambaye coranguwe gushika ku “nsozero y’ivy’isi,” kandi ni ko biriko biragenda. Ushobora kuba uriko uragira uruhara mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi.Mat. 28:19, 20.

3. Ni ibintu bitatu ibihe twaronkejwe kugira turangure igikorwa co kwamamaza inkuru nziza?

3 Yezu amaze guha abayoboke biwe iryo tegeko ryo kwamamaza, yaciye abasezeranira ati: “Ndi kumwe namwe.” (Mat. 28:20) Ku bw’ivyo, ico gikorwa amahero co kwamamaza ni we yokiyoboye. Vyongeye, Imana yacu yaraturonkeje “ikintu ciza cose” kugira idufashe kurangura ico gikorwa. (Heb. 13:20, 21) Muri iki kiganiro turihweza bitatu muri ivyo bintu vyiza, na vyo akaba ari (1) ibikoresho twahawe, (2) uburyo twakoresheje, (3) ukumenyerezwa twaronse. Reka tubanze turimbure bimwe mu bikoresho twakoresheje muri iyi myaka 100 iheze.

IBIKORESHO VYAFASHIJE ABASAVYI B’IMANA KWAMAMAZA

4. Ni kubera iki twakoresheje ibikoresho bitandukanye mu kwamamaza?

4 Yezu yagereranije “ijambo ry’ubwami” n’imbuto zibibwa mu bwoko butandukanye bw’ivu. (Mat. 13:18, 19) Umurimyi yoshobora gukoresha ibikoresho bitandukanye mu gutegura umurima wiwe imbere y’uko awubibamwo imbuto. Muri ubwo buryo nyene, haraheze imyaka n’iyindi Umwami wacu aduha ibikoresho bidufasha gutegura imitima y’abantu amamiliyoni kugira bakire ubutumwa bw’Ubwami. Ibikoresho bimwebimwe vyaradufashije igihe gito, ibindi na vyo turabandanya kubikoresha gushika n’ubu. Ariko rero ivyo bikoresho vyose vyaradufashije mu buryo bunaka kuba abamamazanjili babishoboye.

5. Agakarata ko gushinga intahe kari kameze gute, kandi kakoreshwa gute?

5 Igikoresho kimwe cafashije benshi gutangura kugira uruhara mu busuku ni agakarata ko gushinga intahe, abamamaji b’Ubwami bakaba batanguye kugakoresha mu 1933. Kari agakarata gatoyi kariko ubutumwa bugufi bushingiye kuri Bibiliya. Uko haciye igihe, harasohorwa agakarata gashasha kariko ubutumwa bushasha. Kashikirizwa mu buryo bworoshe. Uwitwa Charles W. Erlenmeyer yari afise imyaka cumi igihe yatangura kugira uruhara muri uwo muce wo gushinga intahe. Yavuze ati: “Mu gutangura twavuga duti: ‘Woba woshima gusoma aka gakarata?’ Uwo twasanze ku muhana ahejeje kugasoma, twaramuha igitabu tugaca twigira.”

6. Agakarata ko gushinga intahe kafashije gute?

6 Agakarata ko gushinga intahe karafashije abamamaji mu buryo butandukanye. Naho bamwebamwe bipfuza cane kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, wasanga bafise amasoni kandi batazi ico bovuga. Abandi na bo wasanga bavuga menshi. Barashobora kubwira uwo basanze ku muhana ivyo bazi vyose mu minota mikeya, ariko ubwo buryo ntibwama burimwo ukwiyubara! Ako gakarata koko, ni nk’aho kavuga mu kibanza c’umwamamaji gakoresheje amajambo magufi yacaguwe neza.

7. Ni ingorane izihe bamwebamwe bagira mu gukoresha agakarata ko gushinga intahe?

7 Ariko ntiwumve, ingorane ntizari zibuze. Uwitwa Grace Estep, akaba amaze igihe kirekire ari Icabona ca Yehova, yavuze ati: “Vyarashika umunyamuhana akatubaza ati: ‘None kavuga ibiki? Uca ugenda gutyo nyene ata co umbariye?’” Vyongeye, bamwebamwe mu bo twasanga ku muhana wasanga badashobora gusoma ibiri kuri ako gakarata. Abandi na bo wasanga biyumvira ko ako gakarata ari rwabo, bakakakira bagaca bugara umuryango. Mu gihe na ho uwo dusanze ku muhana yaba atatwerekwa, yaca agatabagura. Yamara rero, abavukanyi bariko bariga kubonana n’abantu no kwerekana ku mugaragaro ko baserukira Ubwami.

8. Sigura ukuntu ifono ngendanwa yakoreshwa. (Raba ishusho itangura.)

8 Ikindi gikoresho twakoresheje mu myaka ya 1930 no mu ntango za 1940 ni ifono ngendanwa. Abavukanyi bamwebamwe bari bayitaziriye Aroni kubera ko ari yo yavuga vyinshi mu kibanza cabo. (Soma Kuvayo 4:14-16.) Igihe umunyamuhana yaba avyemeye, umwamamaji yaca avuza insiguro ishingiye kuri Bibiliya yamara iminota ine n’igice, agaca amuha ibitabu. Vyarashika abagize umuryango bose bagaca bakoranira hamwe kugira bumvirize ubutumwa bwo muri Bibiliya bwafashwe amajwi! Mu 1934, ishirahamwe Watch Tower ryaratanguye guhingura amafono ngendanwa agenewe canecane gukoreshwa mu busuku. Mu nyuma, abavukanyi barafashe amajwi insiguro zitandukanye zishika 92.

9. Ifono yafashije gute?

9 Igihe umunyamuhana umwe yitwa Hillary Goslin yumva insiguro zafashwe amajwi zishingiye kuri Bibiliya, umwamamaji yaramwemereye kumutiza ifono iyinga ryose kugira amenyeshe ababanyi biwe ubwo butumwa bwo muri Bibiliya. Igihe uwo mwamamaji yagaruka, yasanze abari bashimishijwe benshi bamurindiriye. Mu nyuma, abatari bake bariyeguriye Yehova, abakobwa babiri ba Hillary na bo bakaba bahavuye bitaba Ishure rya Gileyadi maze barungikwa gukorera mu kindi gihugu. Cokimwe na ka gakarata ko gushinga intahe, ifono yarafashije benshi gutangura kwamamaza. Mu nyuma, Umwami yarashize amajambo ku minwa yabo biciye kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi.

UBURYO BWOSE BUSHOBOKA BWARAKORESHEJWE

10, 11. Ibinyamakuru n’iradiyo vyakoreshejwe gute mu gukwiragiza ukuri kwo muri Bibiliya, kandi ni kubera iki ubwo buryo bwabaye kirumara?

10 Abasavyi b’Imana bayobowe n’Umwami wacu barakoresheje uburyo butandukanye kugira babwire inkuru nziza abantu benshi bashoboka. Ivyo vyari bihambaye canecane igihe ‘abakozi bari bake.’ (Soma Matayo 9:37.) Mu ntango z’ikinjana ca 20, harakoreshejwe ibinyamakuru kugira inkuru nziza ishikire abantu benshi bo mu turere aho abasavyi ba Yehova bari bakiri bake. Buri ndwi, umuvukanyi Charles Taze Russell yararungikira insiguro ishirahamwe kanaka ryo kumenyesha amakuru biciye kuri telegrafe. Iryo shirahamwe na ryo ryaca riyirungikira ibinyamakuru vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Kanada n’i Buraya. Mu 1913, insiguro z’umuvukanyi Russell zari zimaze gusomwa n’abantu nka 15.000.000 biciye ku binyamakuru 2.000!

11 Umuvukanyi Russell amaze gupfa, haratanguye gukoreshwa ubundi buryo kirumara bwo gukwiragiza inkuru nziza. Ku wa 16 Ndamukiza 1922, umuvukanyi Joseph Rutherford yaratanze ari bwo bwa mbere imwe mu nsiguro yashikirije kw’iradiyo, akaba yumvirijwe n’abantu nka 50.000. Ku wa 24 Ruhuhuma 1924, iradiyo y’ishirahamwe ya mbere yitwa WBBR yaratanguye gusamirana. Ku bijanye n’ubwo buryo bushasha bwo gushikira abantu, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1924 wavuze uti: “Tubona ko iradiyo ari bwo buryo budatwara amahera menshi kandi bwiza butarakoreshwa bwo gukwiragiza ubutumwa bwerekeye ukuri.” Cokimwe na vya binyamakuru, iradiyo yarafashije cane abantu benshi bari mu turere turimwo abamamaji b’Ubwami bake.

Abamamaji b’Ubwami benshi barashinga intahe ku mugaragaro kandi barahimbarwa no kwerekeza abantu ku muhora wacu jw.org (Raba ingingo ya 12, 13)

12. (a) Ni imice iyihe yo kwamamaza ku mugaragaro ukunda kuruta iyindi? (b) Ni ibiki vyodufasha gutsinda ubwoba bwose twoba dufise ku bijanye no kwamamaza ku mugaragaro?

12 Muri iki gihe, abamamaji barihatira kwamamaza ku mugaragaro ku bituro vy’amabisi, vy’amagariyamoshi, ku maparikingi y’imiduga, mu bibanza bihuriramwo abantu benshi no mu masoko. Nimba muri iyo mice y’ubusuku hari iyitakworohera, ubona gute uzirikanye ujanisha n’isengesho kuri aya majambo yavuzwe n’umucungezi abumazemwo igihe kirekire yitwa Angelo Manera Junior? Yavuze ati: “Umuce wose mushasha w’umurimo twabona ko ari ubundi buryo bwo gukorera Yehova, ubundi buryo bwo kwerekana ko turi intahemuka kuri we be n’uko ari ikindi kintu kigeza ugutungana kwacu, kandi twaba dushashaye kwerekana ko dufise umutima ukunze wo kumukorera mu buryo bwose asavye.” Kugira uruhara mu muce mushasha w’igikorwa, kumbure uwo tudasanzwe twiyumvamwo, biradufasha kwizigira Yehova no kumwizera, bigatuma dukomera mu vy’impwemu.Soma 2 Abakorinto 12:9, 10.

13. Umuhora wacu jw.org uriko urafasha gute, kandi ni ibiki wiboneye igihe wariko urawerekezako abantu?

13 Abamamaji benshi barahimbarwa no kwerekeza abantu kuri wa muhora wacu jw.org. aho bashobora gusoma no kuvoma ibisohokayindikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 700. Buri musi, abantu barenga 1.600.000 baraja kuri uwo muhora. Nk’uko ya radiyo yabigize kera, umuhora wacu uriko uratuma inkuru nziza ishikira abantu, mbere no mu turere turi iyo catawe.

UKUMENYEREZA ABAMAMAJI B’INKURU NZIZA

14. Ni ukumenyerezwa ukuhe abamamaji b’Ubwami bari bakeneye, kandi ni ishure irihe ryabafashije kuba abigisha babishoboye?

14 Twamaze kurimbura bikeyi mu bikoresho be n’uburyo bumwebumwe twakoresheje mu gukwiragiza inkuru nziza. Ariko none, tuvuge iki ku bijanye n’ukumenyerezwa twaronse? Dufate ko umunyamuhana yanse ivyafashwe amajwi yaba yumvise kw’ifono canke ko ashimishijwe n’ivyo asomye kuri ka gakarata ko gushinga intahe. Abamamaji bari bakeneye kumenya ukuntu botsinda amajambo ahagarika ikiyago babigiranye ukwiyubara be n’ukuntu bokwigisha abantu b’imitima nziraburyarya babigiranye ubuhanga. Ata gukeka, Nathan Knorr ayobowe n’impwemu y’Imana, yarabonye ko abamamaji bari bakeneye kumenyerezwa gukoresha ingabirano yo kuvuga mu busuku. None hakozwe iki? Mu 1943, haciye hatunganywa ari bwo bwa mbere Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu mashengero. Iryo shure riradufasha cane kuba abigisha babishoboye.

15. (a) Ni ibiki vyashikiye bamwebamwe igihe bariko barashikiriza ibiganiro mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi? (b) Ni gute wiboneye ko ivyo Yehova yasezeranye muri Zaburi 32:8 ari ukuri?

15 Benshi vyabatwaye igihe kugira bamenyere kuvugira imbere y’abantu. Uwitwa Julio S. Ramu aribuka igihe yashikiriza ikiganiro ciwe ca mbere muri iryo shure mu 1944. Uti cavuga ibiki? Cari cerekeye Dowegi, akaba ari umugabo avugwa mu mirongo ine gusa yo muri Bibiliya! Julio yavuze ati: “Amavi yanje yariko aradegedwa, amaboko ajugumira, amenyo na yo akomanako.” Yavuze kandi ko yabwirizwa kwubakira ikiganiro ciwe cose kuri iyo mirongo ine. Yiganye ati: “Nashikirije ico kiganiro mu minota itatu. Ukwo ni ko vyangendeye igihe naja ku mukiruruko ari bwo bwa mbere, ariko sinatanye n’akabando.” Abana na bo nyene bariyandikishije muri iryo shure, naho nyene bamwebamwe bitaborohera gushikiriza ibiganiro mw’ishengero. Umwe Angelo Manera twavuga aribuka ikiganiro ca mbere cashikirijwe n’agahungu kamwe kari gaherutse gutangura ishure rya leta. Yavuze ati: “Kari kahagaritse umutima cane ku buryo igihe katangura ikiganiro cako, kaciye gatangura guhezagirika. Ariko kubera ko kari kiyemeje kugishikiriza, karahezagiritse gushika karangije ico kiganiro.” Vyoba bimaze gushika ukareka gushikiriza iciyumviro canke kugira uruhara mu makoraniro mu bundi buryo kubera amasoni canke ibindi ubona ko udashoboye? Nusabe Yehova agufashe gutsinda ubwoba ufise. Wosanga agufashije nk’uko yafashije abo banyeshure bo mw’Ishure rya gitewokarasi bo hambere.Soma Zaburi 32:8.

16. Ishure rya Gileyadi ryitabwa na bande (a) kera, (b) kuva mu 2011?

16 Abasavyi b’Imana ntibamenyerezwa biciye kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi gusa. Abamisiyonari hamwe n’abandi barungukira cane ku kwitaba Ishure rya Gileyadi. Nk’uko umwe mu bigisha abivuga, intumbero yaryo ni iyo “gutuma abanyeshure bipfuza cane kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Injili.” Ishure rya Gileyadi ryatanguye mu 1943, kandi kuva ico gihe, abarenga 8.500 baramenyerejwe. Abamisiyonari bamenyerejwe muri iryo Shure barakoreye mu bihugu nka 170. Kuva mu 2011, iryo Shure ryitabwa gusa n’abasanzwe bari mu murimo udasanzwe w’igihe cose, ni ukuvuga abatsimvyi badasanzwe, abacungezi b’ingenzi, Abanyabeteli canke abamisiyonari batararyitaba.

17. Ishure rya Gileyadi ryavuyemwo ivyiza ibihe?

17 None ukwo kumenyerezwa kwiyongereye kwavuyemwo ivyiza ibihe? Rimbura aka karorero: Muri Myandagaro 1949, mu Buyapani hari abamamaji b’imvukira badashika cumi. Mu mpera z’uwo mwaka, abamisiyonari 13 bamenyerejwe mw’Ishure rya Gileyadi bariko baramamaza batiziganya muri ico gihugu. Ubu mu Buyapani hari abamamaji nka 216.000 kandi abashika 42 kw’ijana muri bo ni abatsimvyi!

18. Ayandi mashure yafashije Ivyabona bakwije ibisabwa kugira bakomere mu vy’impwemu ni ayahe?

18 Hariho ayandi mashure yatumye abasavyi ba Yehova barushiriza gukomera mu vy’impwemu no kuba kirumara. Aho twovuga Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami, Ishure ry’abatsimvyi, Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, Ishure ry’abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo be n’Ishure ry’abagize komite y’ishami n’abakenyezi babo. Vy’ukuri, wa Mwami arabandanya kumenyereza abatwarwa biwe!

19. Ni amajambo ayahe agaragaza ukubona kure Taze Russell yavuze ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza, kandi vyagaragaye gute ko ari ay’ukuri?

19 Haraciye imyaka irenga 100 Ubwami bw’Imana buvutse. Umwami wacu Yezu Kristu arabandanya kutumenyereza. Gatoyi imbere yuko Charles Taze Russell apfa mu 1916, yarerekanye ko abona kure bidasanzwe ku vyerekeye urugero igikorwa co kwamamaza coshitseko. Yabwiye umugenzi wiwe somambike ati: “Igikorwa kiriko kirongerekana ningoga, kandi kizobandanya kwongerekana kubera ko ‘injili y’ubwami’ itegerezwa kwamamazwa kw’isi yose.” * Emwe, yavuze ukuri nk’ukurima! Ese ukuntu dukenguruka kubona Imana yacu y’amahoro ibandanya kuturonsa ivyo dukeneye vyose kugira turangure ico gikorwa giteye umunezero kuruta ibindi vyose! Ego cane, iraduha “ikintu ciza cose” dukeneye kugira dukore ivyo igomba!

^ ing. 2 Birashoboka ko benshi mu bari ng’aho ico gihe bacitse abakirisu. Mw’ikete Paulo yandikiye Abakorinto, avuga ko bari ‘bene wacu amajana atanu.’ Yongerako kandi ati: “Benshi muri bo bakaba bakiriho n’ubu, mugabo bamwe barasinziriye mu rupfu.” Biboneka rero ko Paulo be n’abandi bakirisu bo mu kinjana ca mbere bamenyanye na benshi mu bari bariyumviye iryo tegeko igihe ryatangwa.

^ ing. 19 Vyakuwe mu gitabu Ukwizera kuriko kuratera imbere (mu congereza) rup. 69, canditswe na A. H. Macmillan.