Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dukenguruke ugutanga cane kwa Yehova

Dukenguruke ugutanga cane kwa Yehova

YEHOVA ni Imana itanga cane. (Yak. 1:17) Uhereye ku majuru amahero yuzuye inyenyeri gushika ku mashamba atotahaye apfutse isi, ivyo Yehova yaremye biraririmba ugutanga cane kwiwe.Zab. 65:12, 13; 147:7, 8; 148:3, 4.

Umwanditsi w’amazaburi yarakengurukira cane Umuremyi wiwe ku buryo yatunganije indirimbo yo gushemeza ibikorwa vya Yehova. Soma Zaburi ya 104 maze urabe ko udaca wiyumva nk’uko yumvise amerewe. Uwo mwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Nzoririmbira Yehova ubuzima bwanje bwose; nzohibongoreza Imana yanje igihe cose nzoba nkiriho.” (Zab. 104:33) Woba nawe ari vyo wipfuza?

AKARORERO RUHETA KO GUTANGA CANE

Yehova ashaka ko tumwigana mu gutanga cane. Vyongeye, aratwereka imvo zumvikana zotuma dutanga cane. Raba ivyo yahumekeye intumwa Paulo ngo yandike. Yavuze ati: “Tegeka abatunzi bo muri iki gihe kutihambaza, no kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa, mugabo bagishingire ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe; ubategeke gukora ivyiza, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi, bibikire nk’ubutunzi ahatagira inkomanzi umushinge mwiza ku bwa kazoza, kugira bacakire ubuzima nyakuri.”1 Tim. 6:17-19.

Igihe Paulo yandikira ishengero ry’i Korinto ikete ryiwe rigira kabiri ryahumetswe, yarashimitse ku bijanye n’ukubona mu buryo bwiza ivyerekeye ugutanga. Yavuze ati: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” (2 Kor. 9:7) Ubukurikira, Paulo yaravuze ibijanye n’abungukira kuri ukwo gutanga cane, ni ukuvuga abahabwa ivyo baba bakeneye. Yaravuze n’abatanga, bano bakaba batungishwa mu buryo bw’impwemu.2 Kor. 9:11-14.

Paulo yasozereye ico gice c’ikete ryiwe mu kuvuga ikintu gikomeye cerekana ko Imana itanga cane. Yanditse ati: “Hashimirwe Imana ku bw’ingabirano yayo ya gusa itagira uko yovugwa.” (2 Kor. 9:15) Ingabirano ya Yehova irimwo ibintu vyose bijanye n’ukumera neza Imana yagaragarije abasavyi bayo biciye kuri Yezu Kristu. Iyo ngabirano irahambaye cane ku buryo tutoronka amajambo dukoresha kugira tudondore neza agaciro kayo.

None twokwerekana gute ko dukenguruka ibintu vyose Yehova n’Umwana wiwe badukoreye be n’ivyo bazodukorera? Uburyo bumwe ni ugutanga cane umwanya wacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze kugira duteze imbere ugusenga Yehova gutyoroye, vyaba vyinshi canke bike.1 Ngo. 22:14; 29:3-5; Luka 21:1-4.