Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe umwana wawe w’umuyabaga gukorera Yehova

Niwigishe umwana wawe w’umuyabaga gukorera Yehova

“Yezu abandanya gutera imbere mu bukerebutsi no gukura ku mubiri no kugira ubutoni ku Mana no ku bantu.”LUKA 2:52.

INDIRIMBO: 41, 89

1, 2. (a) Ni imyitwarariko iyihe abavyeyi bamwebamwe bagira igihe abana babo babaye imiyabaga? (b) Abakirisu bakiri bato bashobora gute gutera imbere mu vy’impwemu mu gihe c’ubuyabaga?

SI IBINTU vyinshi bihimbara abavyeyi bakirisu nko kubona umwana wabo abatijwe. Uwitwa Berenice, abana biwe bane bakaba babatijwe batarashikana imyaka 14, avuga ati: “Twararengerwa n’umunezero. Ego ni ko twarashima kubona abana bacu bipfuza gukorera Yehova. Ariko kandi twari tuzi ko abo bana bacu boshikiwe n’ingorane nyinshi mu buyabaga.” Nimba umwana wawe ari umuyabaga canke yegereje ubuyabaga, woshobora gutahura uwo mwitwarariko wa Berenice.

2 Umuhinga umwe mu bijanye n’ukuntu abana bakura ntahakana ko ubuyabaga bushobora kubera urugamba abavyeyi be n’imiyabaga ubwayo. Ariko rero avuga ati: “Ubuyabaga si ikiringo c’ugukora ivy’ubusazi canke ivy’ubwana. Ni igihe gihambaye aho usanga umuntu afise ibishobisho bikomeye, agashaka kugira uruhara mu kibano no gukora ibintu bishasha.” Naho abana bawe boba bakiri imiyabaga, barashobora kugiranira ubugenzi bukomeye na Yehova, bakishingira imigambi mu busuku kandi bakagerageza kuyishikako, mbere bakifatira ingingo yo kwiyegurira Imana kandi bakabaho bayisunga. Boshobora gusanga ubuyabaga ari ikiringo gihimbaye co gutera imbere mu vy’impwemu, nka kumwe nyene vyagenze kuri Yezu akiri umuyabaga. (Soma Luka 2:52.) None ga muvyeyi, ni uruhara uruhe ufise muri iyo myaka itoroshe? Rimbura ukuntu Yezu yagaragaje urukundo, ukwicisha bugufi n’ugutahura igihe yari amaze gukura. Izo kamere zishobora gute kugufasha kwigisha umwana wawe w’umuyabaga kugira akorere Yehova?

NUKUNDE UMWANA WAWE W’UMUYABAGA

3. Ni kubera iki Yezu yise intumwa ziwe abagenzi biwe?

3 Yezu yari umugenzi akundana kandi adahemuka. (Soma Yohani 15:15.) Mu bihe vya Bibiliya, wasanga shebuja w’abashumba atababwira ivyo yiyumvira be n’ukuntu amerewe. Yezu wewe yarabaye shebuja w’intumwa ziwe z’intahemuka yongera azibera umugenzi. Yaramarana umwana na bo, akababwira ukuntu yumva amerewe kandi agatega yompi bariko baramubwira ibiri ku mutima. (Mrk. 6:30-32) Ukwo guseruranira akari ku mutima vyatumye Yezu n’intumwa bagiranira ubucuti burangwa igishika vyongera birazitegura ku bw’igikorwa zoranguye mu murimo w’Imana.

4. Ushobora gute kuba umugenzi w’umwana wawe ukaguma uri n’umuvyeyi wiwe? (Raba ishusho itangura.)

4 Uwitwa Michael, akaba ari se w’abana babiri, avuga ati: “Naho twebwe abavyeyi tudashobora kuba urunganwe rw’abana bacu, turashobora kuba abagenzi babo.” Abagenzi baramarana umwanya. Nurimbure ubijanisha n’isengesho nimba woshobora guhindura akazi canke ibindi bintu ukora kugira urushirize kumarana umwanya n’abana bawe. Vyongeye, abagenzi usanga bakunda bimwe. Nugerageze rero gukunda ibintu umwana wawe w’umuyabaga akunda, nk’imiziki, amasinema canke inkino akunda cane. Uwitwa Ilaria aba mu Butaliyano, avuga ati: “Abavyeyi banje bararyoherwa n’imiziki numviriza. Nkako, dawe asigaye ari we mugenzi andutira abandi bose, kandi sinitinya kumuyagira ibibazo vy’inkoramutima.” Igihe ubaye umugenzi w’abana bawe b’imiyabaga kandi ukabafasha kugiranira “ubugenzi somambike na Yehova,” ntuba uretse kubabera umuvyeyi. (Zab. 25:14) Ahubwo nyabuna, uba werekanye ko ubakunda kandi ububaha, bigaca birushiriza kuborohera kukuyagira. Ivyo vyoshobora gutuma bakubwira ibibaraje ishinga.

5. Yezu yafashije gute abigishwa biwe kwironkera umunezero uva ku kugira vyinshi bakora mu murimo wa Yehova?

5 Yezu yashaka yuko abigishwa biwe bakaba n’abagenzi biwe yikundira bironkera umunezero uva ku kuba umuntu afise vyinshi akora mu murimo wa Yehova. Ni co gituma yipfuza ko bagira uruhara n’umwete mu bikorwa vya gikirisu. Ego cane, Yezu yashaka ko baba abanyamwete mu guhindura abantu abigishwa. Yarabasezeraniye ko yobafashije kugira barangure neza ico gikorwa.Mat. 28:19, 20.

6, 7. Ni kubera iki biranga urukundo ko abavyeyi bashingira abana babo urutonde rw’ivy’impwemu kandi bakarwumirako?

6 Uripfuza yuko abana bawe b’imiyabaga baguma bakomeye mu vy’impwemu. Imana na yo nyene iripfuza ko urera abana bawe “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Nukoreshe rero ubukuru Imana yaguhaye kugira ushinge urutonde rw’ivy’impwemu kandi urwumireko. Tubitangire akarorero: Uritwararika cane ko abana bawe baja kw’ishure kubera uzi yuko bihambaye kandi uripfuza ko bakunda kwiga. Muri ubwo buryo nyene, abavyeyi bafise urukundo baritwararika yuko abana babo bitaba amakoraniro y’ishengero be n’izindi porogarama z’ivy’impwemu kugira ngo ‘ivyiyumviro vyabo biyoborwe nk’uko Yehova yashinze.’ Kubera ko inyigisho iva ku Mana ihambaye cane, urihatira gutuma abana bawe bakunda ivy’impwemu no gutuma baha agaciro ubukerebutsi. (Imig. 24:14) Niwigishe abana bawe b’imiyabaga kuja mu busuku badahorereza. Niwigane akarorero ka Yezu mu kubafasha guhimbarwa no kwigisha abandi Ijambo ry’Imana.

7 Urutonde rw’ivy’impwemu rudahindagurika rushobora gute gufasha abana b’imiyabaga? Uwitwa Erin aba muri Afrika y’Epfo, avuga ati: “Twebwe abana twarakunda kwidoga ku bijanye n’ukwiga Bibiliya, amakoraniro be n’umurimo wo mu ndimiro. Rimwe na rimwe twarahungabanya inyigisho y’umuryango n’ibigirankana kugira tuyivemwo. Mugabo abavyeyi bacu ntibatanye n’akabando.” Yongerako ati: “Ivyo vyaramfashije kuba umuntu yumirako. Ubu, iyo hari ibintu bitumye ntakurikiza urutonde rwanje rw’ivy’impwemu, nca numva nshashaye kurusubirako ningoga bishoboka. Sinibaza ko nari gutsimbataza ako gatima iyo abavyeyi bacu batumira ku rutonde rw’ivy’impwemu. Iyo batana n’akabando, ndazi neza ko ubu mba noroherwa cane no gusiba amakoraniro be n’ibindi bikorwa vy’impwemu.”

NUMWIGISHE KWICISHA BUGUFI BICIYE KU KARORERO UTANGA

8. (a) Yezu yerekanye gute ko yicisha bugufi? (b) Ukwicisha bugufi kwa Yezu kwafashije gute abigishwa biwe?

8 Naho Yezu yari atunganye, yaremera yicishije bugufi ko hari ivyo adashoboye maze akiheka kuri Yehova. (Soma Yohani 5:19.) Kuba Yezu yaricisha bugufi vyoba vyaratumye abigishwa biwe batamwubaha cane? Uwokubesha. Nkako, uko yarushiriza kwiheka kuri Yehova ni ko abigishwa biwe barushiriza kumwizigira. Mu nyuma, bariganye ukwicisha bugufi kwiwe.Ivyak. 3:12, 13, 16.

9. Igihe usaba imbabazi wicishije bugufi kandi ukemera ko hari ivyo udashoboye, bishobora gute gufasha abana bawe b’imiyabaga?

9 Hari ibintu vyinshi tudashoboye. Turatandukanye na Yezu kubera ko tudatunganye tukaba dukora amakosa. Niwemere wicishije bugufi ko hari ivyo udashoboye kandi wemange amakosa yawe. (1 Yoh. 1:8) Nakare, ni nde wewe wubaha cane hagati y’umukeresha yemera amakosa be n’uwutigera asaba imbabazi? Igihe umwana wawe w’umuyabaga akwumvise usaba imbabazi, biba bishoboka ko arushiriza kukwubaha. Yoshobora kandi kwiga kwemera amakosa yiwe. Uwitwa Rosemary, akaba ari inabibondo w’abana batatu bakuze, avuga ati: “Twaremera amakosa, kandi ivyo vyaratuma abana bacu baduserurira akari ku mutima igihe bafise ingorane. Twaremera ko hari ivyo tudashoboye, tukaba rero twarigishije abo bana uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gutorera umuti ingorane zabo. Igihe baba bakeneye gufashwa, twama tuberekeza ku bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya tukongera tugasengera hamwe.”

10. Ni gute Yezu yagaragaza ukwicisha bugufi igihe yaba ariko araha amategeko abayoboke biwe?

10 Yezu yari afise uburenganzira bwo gushingira amategeko abayoboke biwe. Ariko rero, akenshi yaca abereka yicishije bugufi imvo zitumye atanga itegeko kanaka. Nk’akarorero, ntiyapfuye kubabwira gusa ngo babanze kurondera Ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ariko yaciye avuga ati: “Ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.” Yezu amaze kuvuga ngo “Nimureke guca urubanza,” yaciye yerekana igituma ati: “Kugira ntimuzocirwe urubanza; kuko urubanza muca ari rwo namwe muzocirwa.”Mat. 6:31–7:2.

11. Igihe bibereye, ni kubera iki ari vyiza ko umuvyeyi asigura igituma yatanze itegeko rinaka canke yafashe ingingo yinaka?

11 Igihe bibereye, nusigure igituma utanze itegeko rinaka canke ufashe ingingo yinaka. Igihe umwana w’umuyabaga atahuye igituma, biba bishoboka rwose ko akwubaha abikuye ku mutima. Uwitwa Barry, akaba yareze abana bane, avuga ati: “Kwerekana imvo birafasha abana b’imiyabaga kukwizigira kubera ko baba babona yuko atari ingingo wafashe ata co wisunze canke uhindagura uko wishakiye, ahubwo ko ari ingingo zumvikana.” Vyongeye, umwana w’umuyabaga aba ariko agana ku kuba umuntu akuze afise “ububasha [bwiwe] bwo kwiyumvira.” (Rom. 12:1) Barry avuga ati: “Abana b’imiyabaga barakeneye kwiga gufata ingingo zibereye babitumwe n’imvo zumvikana aho kubitumwa n’ibishobisho.” (Zab. 119:34) Igihe weretse umwana wawe w’umuyabaga wicishije bugufi igituma wafashe ingingo zinaka, arashobora kubona ko utahura yuko ariko arakura, maze akiga kwifatira ingingo akoresheje “ububasha [bwiwe] bwo kwiyumvira.”

NUBONE KURE, UTAHURE UMWANA WAWE W’UMUYABAGA

12. Yezu yerekanye gute ko abona kure igihe yafasha Petero?

12 Yezu yarabona kure maze agatahura aho abigishwa biwe baba bakeneye gufashwa. Nk’akarorero, igihe intumwa Petero yahimiriza Yezu ngo yibabarire kugira ntiyicwe, nta ntumbero mbi yari afise. Ariko rero, Yezu yari azi ko amajambo ya Petero aserura iciyumviro kitabereye. Kugira ngo Yezu afashe Petero n’abandi bigishwa, yaratanze impanuro adakikiriza, arababwira ingaruka ziva ku kwibabarira cane yongera arabereka ivyiza biva ku kugira agatima ko kwitanga. (Mat. 16:21-27) Petero yarahakuye icigwa.1 Pet. 2:20, 21.

13, 14. (a) Ni igiki coshobora kukwereka ko ukwizera kw’umwana wawe w’umuyabaga kuriko kuragoyagoya? (b) Kubona kure bishobora gute kugufasha gutahura umwana wawe no kumufasha neza?

13 Nusenge Yehova agufashe kubona kure kugira ushobore gutahura aho umwana wawe w’umuyabaga akeneye gufashwa. (Zab. 32:8) Nk’akarorero, ni igiki coshobora kukwereka ko ukwizera kw’umwana wawe kuriko kuragoyagoya? Kumbure umunezero wiwe uriko uragabanuka, aravuga nabi abo basangiye ukwemera canke atanguye kuza arahisha ibimwerekeye. Ntiwihutire gushika ku ciyumviro c’uko ivyo ari ibimenyetso vy’ubuzima burimwo tubiri bigaragaza ko akora igicumuro gikomeye. * Eka kandi ntukwiye kwirengagiza ivyo bimenyetso canke ngo ubone ko kuba umwana wawe w’umuyabaga yigungira ukwiwe ari ikintu gisanzwe.

Nurondere uturyo two gutuma abana bawe bagiranira ubugenzi n’abo mw’ishengero rya gikirisu (Raba ingingo ya 14)

14 Cokimwe na Yezu, numubaze ibibazo ubigiranye umutima mwiza n’icubahiro. Igihe ukweze ningoga na ningoga indobo y’amazi uyikura mw’iriba biratuma amazi aseseka. Muri ubwo buryo nyene, igihe uhase umwana wawe w’umuyabaga ngo akuyagire vyoshobora gutuma utakaza akaryo keza ko kumenya ivyiyumviro vyiwe n’imigambi afise. (Soma Imigani 20:5.) Umwe Ilaria twavuga, agira ati: “Igihe nari umuyabaga, narabura ico mfata n’ico ndeka hagati yo kugendera mu kuri no kumarana umwanya munini n’abo twigana. Iyo ntambara yari muri jewe yaratuma nihebura kandi abavyeyi banje barabibonye. Umusi umwe ku mugoroba, barivugiye gusa ko bari bamaze kubona ko hari ikitagenda neza muri jewe, baca barambaza ingorane mfise iyo ari yo. Naciye nturikisha ndarira, ndabasigurira ukuntu ibintu vyifashe nongera ndabasaba ngo bamfashe. Barangumbiriye, bambwira ko bantahura maze banyemerera kumfasha.” Abavyeyi ba Ilaria baciye batangura kumufasha kurondera abagenzi bashasha kandi beza mw’ishengero.

15. Erekana ukuntu Yezu yagaragaje ko abona kure mu kuntu yabona abandi.

15 Yezu yarerekanye kandi ko abona kure mu kumenya aho abigishwa biwe bagoyagoya be n’aho bakomeye. Nk’akarorero, igihe umugabo umwe yitwa Natanayeli yumva ko Yezu yari yaje avuye i Nazareti, yavuze ati: “Hari ikintu ciza cova i Nazareti?” (Yoh. 1:46) Uravye ayo majambo, woca uvuga ko Natanayeli yari umuntu ameze gute? Anebagurana? Yinubana? Atagira ukwizera? Yezu yaragaragaje ukubona kure maze ararondera iciza muri Natanayeli. Yezu yamwise “Umwisirayeli vy’ukuri, atarimwo ubuhendanyi.” (Yoh. 1:47) Yezu yarashobora kubona ibiri mu mutima kandi yarakoresha ubwo bushobozi mu kurondera iciza mu bandi.

16. Ushobora gute gufasha umwana wawe w’umuyabaga gutsimbataza kamere nziza?

16 Ntushobora kumenya ibiri mu mitima, mugabo Imana igufashije urashobora kubona kure. Woba uzokoresha ubwo bushobozi kugira urondere iciza kiri mu mwana wawe w’umuyabaga? Nta n’umwe yoshima kwitwa “injavyi.” Mu vyo wiyumvira no mu vyo uvuga, ntukigere wita umwana wawe “umugarariji” canke “ikinani.” Naho umwana wawe w’umuyabaga yoba ateza ingorane, numwereke ko ubona yuko ashobora kuvamwo iciza be n’uko ubona icipfuzo afise co gukora ikibereye. Niwitwararike ibintu vyose akora vyerekana ko ariko arakura maze umukeze. Numufashe gutsimbataza kamere nziza afise mu kumuzeza ibikorwa vyiyongereye igihe cose bishoboka. Ivyo ni vyo Yezu yagirira abigishwa biwe. Haciye nk’umwaka n’igice Yezu abonanye na Natanayeli (uwitwa kandi Barutelemi), yaramucaguye ngo abe intumwa kandi yarabaye umukirisu w’umunyamwete. (Luka 6:13, 14; Ivyak. 1:13, 14) Niwakeza umwana wawe ukongera ukamuremesha bizomufasha kubona ko atari umuntu yama akora amakosa mugabo ko ari umukirisu nyawe Yehova ashobora gukoresha.

KWIGISHA ABANA BAWE BIRATUMA UGIRA UMUNEZERO NTANGERE

17, 18. Utwigoro ugira udatezura two gufasha umwana wawe w’umuyabaga gukorera Yehova dushobora kuvamwo iki?

17 Igihe urera abana bawe, vyoshobora gushika ukiyumva nk’intumwa Paulo, uwabereye benshi umuvyeyi wo mu vy’impwemu. Yaragize “amakuba menshi n’umubabaro mwinshi wo mu mutima” kubera ‘urukundo rudasanzwe’ yakunda abana biwe bo mu buryo bw’impwemu b’i Korinto. (2 Kor. 2:4; 1 Kor. 4:15) Uwitwa Victor, akaba yareze abahungu babiri n’umukobwa umwe, avuga ati: “Imyaka y’ubuyabaga ntiyari yoroshe. Yamara rero, ibihe vyiza twamarana vyararuta kure n’iyo ingorane twagira. Yehova yaradufashije kugiranira n’abana bacu ubucuti somambike.”

18 Nubandanye kwigisha abana bawe gukorera Yehova utarambirwa. Uko ugaragariza abana bawe urukundo rugera kure, ese wogira umunezero ntangere wo kubabona bemeye ukuri kandi bakaguma mu gitigiri c’abana bo mu buryo bw’impwemu “babandanya kugendera mu kuri.”—3 Yoh.  4.