Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova azogushigikira

Yehova azogushigikira

“Yehova ubwiwe azomushigikira ku busaswa arwariyeko.”ZAB. 41:3.

INDIRIMBO: 23, 138

1, 2. Ni ibiki rimwe na rimwe twoshobora kwibaza, kandi ni uburorero bwo muri Bibiliya ubuhe duca twibuka?

VYOBA bimaze gushika ukibaza uti: ‘Mbega yemwe nzokira iyi ndwara?’ Canke woshobora kuba waribajije nimba incuti kibure umugenzi bazokira indwara kanaka. Ni ibisanzwe kugira umwitwarariko igihe umuntu arwaye indwara ikomeye. Abami babiri bo mu gihe c’abahanuzi Eliya na Elisha baraseruye umwitwarariko nk’uwo. Umwami Ahaziya, akaba yari umuhungu wa Ahabu na Yezebeli, yarigeze kugwa hasi aramererwa nabi, aca asaba ngo bamubarize nimba ‘azokira iyo ndwara.’ Mu nyuma, Umwami Beni-hadadi wa Siriya yararwaye cane maze abaza ati: “Mbega nzokira iyi ndwara?”2 Abm. 1:2; 8:7, 8.

2 Ego ni ko turizigira yuko bizotugendera neza hamwe n’abo turwaje. Ariko rero, benshi baribaza nimba hari ico Imana izokora kugira ibafashe. Mu gihe c’abo bami, vyarashika Imana igakora ibitangaro vyo gukiza abantu. Yehova yaranazuye abapfuye akoresheje abahanuzi biwe. (1 Abm. 17:17-24; 2 Abm. 4:17-20, 32-35) Hoba hariho imvo yotuma twitega ko Imana ikora ibintu nk’ivyo muri iki gihe?

3-5. Ni ububasha ubuhe Imana na Yezu bafise, kandi ivyo bituma twibaza ibibazo ibihe?

3 Ntawoharira ko Imana ifise ububasha ku magara y’umuntu, kandi ivyo Bibiliya iravyemeza. Vyarashika igahana abantu mu kubateza indwara. Nk’akarorero yarabigiriye Farawo wo mu gihe ca Aburahamu, mu nyuma ibigirira Miriyamu mushiki wa Musa. (Ita. 12:17; Guh. 12:9, 10; 2 Sam. 24:15) Imana yagabishije Abisirayeli yuko baramutse bayihemukiye, yobateje “indwara yose n’icago cose.” (Gus. 28:58-61) Ku rundi ruhande, Imana yarashobora gukura indwara ku bantu canke kuzibakingira. (Kuv. 23:25; Gus. 7:15) Vyongeye, yarashobora gukiza abantu. Yobu amaze kuremba cane ku buryo yipfuza gupfa, Imana yaramukijije.Yobu 2:7; 3:11-13; 42:10, 16.

4 Ego cane, Imana irafise ububasha bwo kuhaseruka igihe umuntu arwaye maze ikamukiza. N’Umwana wayo arafise ubwo bubasha. Bibiliya ivuga ko Yezu yakijije ku gitangaro abarwaye imibembe, intandara, impumyi n’abamugaye. (Soma Matayo 4:23, 24; Yoh. 9:1-7) Turakomezwa cane no kumenya yuko kuba Yezu yarakijije indwara yari imponjo gusa y’ivyo azokora ku rugero runini mw’isi nshasha. Ico gihe “nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”Yes. 33:24.

5 Ariko none, twoba dukwiye kwitega ko Yehova canke Yezu badukiza ku gitangaro muri iki gihe? Dukwiye kubona gute indwara zikomeye canke ubumuga, kandi ni igiki dukwiye kurimbura igihe duhitamwo uburyo bwo kwivuza?

AZOGUSHIGIKIRA KU BUSASWA URWARIYEKO

6. Ni igiki twigira ku “ngabirano z’ugukiza” abakirisu bamwebamwe bo mu ntango bari bafise?

6 Bibiliya iratubwira ko mu kinjana ca mbere Imana yahaye abakirisu barobanuwe bamwebamwe ubushobozi bwo gukora ibitangaro. (Ivyak. 3:2-7; 9:36-42) Mu “ngabirano zitandukanye” z’impwemu bahawe, harimwo “ingabirano z’ugukiza.” (1 Kor. 12:4-11) Mugabo izo ngabirano hamwe n’izindi, nko kuvuga izindi ndimi no kuvuga ubuhanuzi, zohagaze. (1 Kor. 13:8) Muri iki gihe ntizikiriho. Ku bw’ivyo, nta mvo dufise yo kwitega ko Imana ikora ibitangaro vyo kudukiza canke gukiza abacu.

7. Ibivugwa muri Zaburi 41:3 bituremesha gute?

7 Yamara rero, igihe turwaye turashobora kwitega ko Imana iduhoza, ikaturonsa ubukerebutsi ikongera ikadufasha, nk’uko abasavyi bayo b’ukuri ba kera babigize. Umwami Dawidi yanditse ati: “Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi. Ku musi w’ivyago Yehova azomukiza. Yehova ubwiwe azomurinda, amuzigamire ubuzima.” (Zab. 41:1, 2) Mu bisanzwe, umuntu wo mu gihe ca Dawidi yaba yitwararitse umuntu mutoyi ntiyaca abaho ibihe bidahera. Dawidi ntiyashaka rero kuvuga yuko mwene uwo muntu yitwararikana yociye azigamirwa ubuzima ku gitangaro, gutyo akabaho ibihe bidahera. Ayo majambo yahumetswe asobanura ko Imana yofashije uwo muntu yitwararika abandi adahemuka. Uti gute? Dawidi yasiguye ati: “Yehova ubwiwe azomushigikira ku busaswa arwariyeko; igitanda ciwe cose ntuzobura kugihindura mu gihe c’indwara yiwe.” (Zab. 41:3) Uwaba yitwararitse umuntu mutoyi yarashobora kwizigira ko Imana imuzi, ikamenya n’ivyo yakoze biranga ubwizigirwa. Vyongeye, ubushobozi umubiri Imana yamuhaye ufise bwo gusubirana bwarashobora gutuma yoroherwa, agakira indwara yiwe.

8. Twisunze ibivugwa muri Zaburi 41:4, ni igiki Dawidi yasavye Yehova ngo amukorere?

8 Dawidi yisunze ivyamushikiye, yagize ati: “Nayo jewe navuze nti: ‘Ewe Yehova, ngirira ubutoni. Nkiza, kuko nagucumuyeko.’” (Zab. 41:4) Ivyo ashobora kuba yavyanditse yibutse ingene Abusalomu yagerageje kwigarurira ingoma igihe Dawidi yari arwaye adashobora kwifatira ibintu mu minwe. Naho Imana yari yaramubabariye, Dawidi ntiyibagiye igicumuro yari yarakoranye na Bati-sheba be n’ingaruka zaco. (2 Sam. 12:7-14) Yamara, uwo mwami yari yizigiye yuko Imana yomushigikiye ku busaswa arwariyeko. Ariko none Dawidi yoba yariko asaba ngo akizwe ku gitangaro maze arushirize kuramba?

9. (a) Ivya Dawidi vyari bitandukaniye he n’ivy’Umwami Hezekiya? (b) Ni igiki Dawidi yari yiteze ko Yehova amukorera?

9 Imyaka n’iyindi inyuma y’aho, Imana yarahisemwo gukiza Umwami Hezekiya, “[uwarwaye] agera hafi yo gupfa.” Imana yarahaserutse iramukiza, kikaba ari ikintu kitakunda gushika. Hezekiya yarabandanije kubaho iyindi myaka 15. (2 Abm. 20:1-6) Ariko rero, Dawidi ntiyasavye Imana ngo imukize ku gitangaro. Ivyo yari ahejeje kuvuga vyerekana ko yasavye Yehova ngo amufashe nk’uko nyene yari gufasha uwitwararika umuntu mutoyi. Muri ukwo kumufasha, harimwo ukumushigikira “ku busaswa arwariyeko.” Kubera ko Dawidi yari yarababariwe igicumuro ciwe, yarashobora gusaba ko Imana yomuhoza kandi ikamushigikira be n’uko ubushobozi bw’umubiri wiwe bwomufasha gukira. (Zab. 103:3) Na twebwe turashobora kubigenza gutyo nyene.

10. Ni ibiki vyashikiye Tirofimo na Epafurodito, kandi ivyo bitwereka iki?

10 Nk’uko nyene Dawidi atakijijwe ku gitangaro canke ngo ahabwe kuramba cane, ni na ko vyagenze kuri Tirofimo, umwe mu bakoranye n’intumwa Paulo. Turazi yuko vyashika Paulo agahabwa ububasha bwo gukiza abarwaye. (Soma Ivyakozwe 14:8-10.) Ivyo yarabigiriye “se wa Pubiliyo yari aryamye arembejwe n’inyonko n’amacinya.” Paulo yaraje “arasenga, amurambikako ibiganza aramukiza.” (Ivyak. 28:8) Yamara Paulo ntiyabigiriye Tirofimo, uwo bari barajanye ku rugendo rumwe rw’ubumisiyonari. (Ivyak. 20:3-5, 22; 21:29) Igihe Tirofimo yarwara ntashobore kuguma ajana na Paulo, iyo ntumwa ntiyamukijije, ahubwo yamusize i Mileto kugira abanze yoroherwe. (2 Tim. 4:20) Muri ubwo buryo nyene, igihe Epafurodito ‘yarwara agahakwa no gupfa,’ nta na hamwe Bibiliya yerekana ko Paulo yakoresheje ububasha kanaka bwo gukora ibitangaro kugira akize uwo mugenzi wiwe somambike.Flp. 2:25-27, 30.

NIWIRINDE KURENZA URUGERO

11, 12. Ni kubera iki Luka yari ashoboye gufasha Paulo, kandi twovuga iki ku bijanye n’amashure yize?

11 “Luka umuganga mukundwa,” uwanditse igitabu c’Ivyakozwe, na we nyene yaragendanye na Paulo. (Kol. 4:14; Ivyak. 16:10-12; 20:5, 6) Birumvikana ko Luka yahaye Paulo impanuro zijanye n’amagara yongera aramuvura be n’abandi bari kumwe muri uwo mugwi w’abamisiyonari. Kubera iki Luka yabwirizwa gukora ico kintu? Kubera ko na Paulo yarwara igihe yaba ari ku rugendo. (Gal. 4:13) Luka yarashobora kubavura, bikaba vyari bihuye n’ivyo Yezu yari yaravuze ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”Luka 5:31.

12 Bibiliya ntiyerekana aho Luka yigiye ivy’ubuganga canke igihe yavyigiye. Vyiyumvirwa ko Paulo yabwiye abakirisu b’i Kolosayi ibijanye n’uruhara Luka yarangura ari umuganga kubera ko bari bamuzi. Igishimishije ni uko i Lawodiseya hafi y’i Kolosayi hariho ishure ry’ubuganga. Ivyo ari vyo vyose, Luka ntiyari umuntu apfa kwiyadukiza atanga impanuro mu vy’amagara atavyigiye. Yari umuganga. Ivyo biragaragarira mu mvugo y’ivy’ikiganga idomako Luka akoresha mu Njili no mu gitabu c’Ivyakozwe yanditse, be no mu kuntu ashimika ku kuba Yezu yarakijije abantu.

13. Ni gute tutorenza urugero igihe dutanga canke duhabwa impanuro zijanye n’amagara?

13 Muri iki gihe nta mukirisu mugenzi wacu ashobora gukoresha “ingabirano z’ugukiza” kugira atuvure. Mugabo abavukanyi bamwebamwe ata mvo mbi babigiranye, baratanga impanuro mu vy’amagara kandi ata wuzibasavye. Mu bisanzwe, umuntu yoshobora gushikiriza ivyiyumviro ngirakamaro vyo muri rusangi gusa. Ivyo Paulo yarabigize igihe Timoteyo yari arwaye umushishito, bikaba kumbure vyari vyatewe n’uko amazi yo muri ako karere yari yanduye. * (Soma 1 Timoteyo 5:23.) Ariko rero, ivyo biratandukanye no kugerageza kujijura Icabona mugenzi wacu ngo akoreshe imiti kanaka, ngo arye canke yirinde ibifungurwa kanaka vyoshobora kutamufasha canke mbere wosanga bimugiriye nabi. Vyarashitse bamwebamwe baragerageza kujijura abandi mu kubasigurira bati: ‘Hariho incuti yanje yari irwaye nk’uko nyene, irafata . . . kandi ubu yarakize.’ Naho iyo mpanuro yoba ivuye ku mutima, vyoba vyiza twibutse yuko hoshobora kuba ingaruka, n’igihe nyene yoba ari imiti canke uburyo bwo kuvurwa bikoreshwa n’abantu benshi.Soma Imigani 27:12.

NIWIYUBARE

14, 15. (a) Abantu bamwebamwe babona ko iyo abandi barwaye ari akaryo ko kugira iki? (b) Ibivugwa mu Migani 14:15 vyodufasha gute igihe duhawe impanuro zijanye n’amagara?

14 Ni ibisanzwe ko twebwe abakirisu twipfuza kugira amagara meza kugira tunezererwe ubuzima twongere tugire uruhara mu murimo w’Imana mu buryo bushitse. Ariko rero, twararazwe ukudatungana, akaba ari co gituma dutegerezwa kurwara. Igihe turwaye, harashobora kuba hariho uburyo butandukanye bwo kwivuza. Umwe wese arafise uburenganzira bwo guhitamwo ubwo yokwemera. Ikibabaje ni uko muri iyi si yuzuye umwina, usanga hari abafatira ku ndwara zishikira abantu kugira bicire amahera. Hari abagurisha ivyo bita ngo ni imiti, bagaca babwira abantu amajambo y’uruhendo canke bakabereka ivyo bavuga ngo ni ibimenyamenya. Abandi bantu canke amashirahamwe bararemesha ivyo gukoresha imiti izimvye kugira bironkere inyungu y’umurengera. Ivyo bita ngo ni imiti vyoshobora gukwegēra umuntu arwaye, arondera yihebuye icomutabara canke uburyo bwo kuba aramaze kabiri. Ariko rero, ntitwigere twibagira yuko Ijambo ry’Imana riduhanura riti: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”Imig. 14:15.

15 “Umunyabwenge” ariyubara canecane igihe “ijambo” ari yo mpanuro, rivuzwe n’umuntu afise ubumenyi buteye amakenga. “Umunyabwenge” yoshobora kwibaza ati: ‘Avuga yuko uwu muti canke ibi bifungurwa ngo hari uwo vyafashije. Ariko none hoba hariho abantu boshingira intahe ico kintu koko? None ko abantu bari kune bari gutanu, hoba hariho imvo yumvikana yo kwizigira ko na jewe bizomfasha? Noba nkwiye kugira ubundi bushakashatsi canke mbere kubaza abazwi ko bavyigiye?’Gus. 17:6.

16. Ni ibibazo ibihe vyodufasha kugaragaza “ukurorana kw’umuzirikanyi” ku bijanye n’impanuro zerekeye amagara?

16 Ijambo ry’Imana riduhanura “kubaho dufise ukurorana kw’umuzirikanyi . . . muri iki gihe.” (Tito 2:12) Turakwiye gukoresha “ukurorana kw’umuzirikanyi,” ni ukuvuga kugira ubwenge bubangutse, igihe bariko baradusigurira uburyo bunaka bwo kwivuza busa n’ubutamenyerewe canke busiga ubwenge. Nyene gukoresha uwo muti canke uwuriko araremesha abandi kuwukoresha yoba asigura bihagije ukuntu ukora? Uwo muti woba uhuye n’ibintu bimenyerewe? Abaganga benshi boba babona ko ari uwo kwizigirwa? (Imig. 22:29) Canke yoba ahanini yironderera kukuryosharyosha? Kumbure hari uwukubwiye ko umuti kanaka wubuwe mu turere twa kure be n’uko abaganga bataramenya ibiwerekeye. Ivyo none vyoba ari ibimenyamenya vyemeza ko uwo muti ubaho koko? Ibikoresho bimwebimwe bikoreshwa mu gupima indwara canke mu kuzivura bivugwa ko ari ‘ibintu vy’akabanga’ canke ‘ibintazi.’ Ivyo bisaba ko tugira ukwiyubara kudasanzwe kuko Imana ibuza “ikoreshwa ry’ububasha bw’ivy’amageza” be n’ibiremwa vy’impwemu.Yes. 1:13; Gus. 18:10-12.

“MUGIRE AMAGARA MEZA!”

17. Ni icipfuzo cumvikana ikihe dufise?

17 Inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yararungikiye amashengero ikete rihambaye cane. Iryo kete rimaze kwerekana ibintu abakirisu bategerezwa kwirinda, ryasozereye riti: “Nimwaguma mwitandukanije neza n’ivyo bintu, muzotunganirwa. Mugire amagara meza!” (Ivyak. 15:29) Naho iryo ryungane rya nyuma ari uburyo busanzwe bwo gusezera, rirashobora kandi guhindurwa ngo “mukomere.” Turipfuza vy’ukuri kugira “amagara meza” no gukomera kugira dusukurire Imana yacu ihambaye.

Twipfuza gutunganirwa no gukomera igihe dusukurira Imana (Raba ingingo ya 17)

18, 19. Ni igiki twiteganye umushasharo mw’isi nshasha?

18 Mu gihe ivy’iyi si bikibandanya kandi tukaba tudatunganye, indwara ni ikintu gitegerezwa kudushikira. Muri iki gihe ntitwokwitega gukira ku gitangaro. Ariko rero, mu Vyahishuwe 22:1, 2 harerekana igihe tuzokira ubutagisubira kurwara. Intumwa Yohani yareretswe “uruzi rw’amazi y’ubuzima” be n’“ibiti vy’ubuzima” bifise amababi “yo kuvūra amahanga.” Ivyo ntivyerekeza ku miti kanaka ishobora gukoreshwa ubu canke muri kazoza. Ahubwo ni intunganyo Yehova yashizeho biciye kuri Yezu kugira abantu bagamburuka bazoronke ubuzima budahera, ico akaba vy’ukuri ari ikintu twiteganye umushasharo.Yes. 35:5, 6.

19 Magingo tukirindiriye ako kazoza kaninahaye, turatahura ko Yehova yitwararika umwe wese muri twebwe, mbere n’igihe tuba turwaye. Nka kumwe kwa Dawidi, turashobora guhera amazinda ko Imana yacu izodushigikira igihe cose tuzoba turwaye. Vyongeye, turashobora kuvuga nka Dawidi duti: “Nayo jewe, kubera ugutungana kwanje waranshigikiye, kandi uzonshira imbere y’amaso yawe gushika igihe kitagira urugero.”Zab. 41:12.

^ ing. 13 Igitabu citwa Inkomoko y’umuvinyu na kahise kawo (mu congereza) kivuga giti: “Abahinga baragerageje basanga umukorobi utera tifoyide be n’iyindi mikorobi iteye akaga ipfa ningoga iyo ivanganye n’umuvinyu.”