Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukoreshe neza ububasha bw’ururimi rwawe

Nukoreshe neza ububasha bw’ururimi rwawe

‘Amajambo y’akanwa kanje nabe ayahimbaye imbere yawe, ewe Yehova.’ZAB. 19:14.

INDIRIMBO: 82, 77

1, 2. Kubera iki umuriro ari ikigereranyo kibereye c’ububasha bw’ururimi?

MURI Gitugutu 1871, umuriro waradutse mu kibira ca Wisconsin muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, uratema uratongora. Igihe wariko urabica bigacika, imbeya be n’ubushuhe bukaze vyarahitanye abantu barenga 1.200 vyongera birarigata ibiti nk’imiliyaridi zibiri. Iryo tanure wumva rishobora kuba ryatangujwe n’udusase ata co tuvuze twavuye ku magariyamoshi yariko ararengana. Ese ukuntu amajambo ari muri Yakobo 3:5 ari ay’ukuri! Agira ati: “Raba ingene bisaba akariro gakeyi kugira ngo umuntu adomeke ishamba rinini cane!” Kubera iki uwo mwanditsi wa Bibiliya yavuze ayo majambo?

2 Iciyumviro kiri mu kigereranyo ca Yakobo kiraboneka neza mu murongo wa 6, na co akaba ari iki: “Ururimi ni umuriro.” Ururimi rugereranya ubushobozi bwacu bwo kuvuga. Cokimwe n’umuriro, ivyo tuvuga birashobora gukwega akarambaraye. Bibiliya ivuga mbere ko “urupfu n’ubuzima biri mu bubasha bw’ururimi.” (Imig. 18:21) Mu bisanzwe, ntidushobora kunuma dutinya gusa ko twohava tuvuga ikintu kibabaza abandi, nk’uko nyene tutoreka gukoresha umuriro dutinya ko woshobora kwiha inkumbi. Igikuru ni ukubicungera neza. Igihe ducungereye neza umuriro, turashobora kuwukoresha mu gukinjika, mu kwota no mu kumurika mw’ijoro. Igihe ducungereye neza ururimi rwacu, turashobora gukoresha ububasha rufise mu gutera iteka Imana no mu gufasha abandi.Zab. 19:14.

3. Tugiye kurimbura ibintu bitatu ibihe dukwiye kwitwararika igihe tuvuga?

3 Twaba dukoresha amajambo canke ibimenyetso vy’amaboko, ubushobozi bwo guserura ivyo twiyumvira be n’ukuntu twiyumva ni ingabirano nziza igitangaza iva ku Mana. None twokoresha gute iyo ngabirano mu kuremesha abandi aho kubaca intege? (Soma Yakobo 3:9, 10.) Tugiye kurimbura ibintu bitatu dukwiye kwitwararika igihe tuvuga: igihe co kuvuga, ivyo dukwiye kuvuga be n’ukuntu dukwiye kubivuga.

IGIHE CO KUVUGA

4. Tanga uburorero bw’“igihe co kunuma.”

4 Imisi yose turavuga, ariko ntibikenewe ko tuvuga igihe cose. Nkako, Bibiliya ivuga yuko hariho “igihe co kunuma.” (Umus. 3:7) Kunuma igihe abandi bariko baravuga birashobora kugaragaza icubahiro. (Yobu 6:24) Kugumya ururimi kugira ntitumene ibanga biragaragaza ko dufise ubwenge n’ugutahura. (Imig. 20:19) Kugumya ururimi rwacu igihe dusomborokejwe birerekana ko turi inkerebutsi.Zab. 4:4.

5. Twokwerekana gute ko dukenguruka ingabirano Imana yaduhaye yo kuvuga?

5 Ariko rero, Bibiliya iravuga kandi ko hariho “igihe co kuvuga.” (Umus. 3:7) Igihe umugenzi aguhaye ingabirano nziza, na we nu ntiwoca uyinyegeza. Ahubwo nyabuna, wokwerekana ko ukenguruka mu kuyikoresha neza. Turerekana ko dukenguruka ingabirano Yehova yaduhaye yo kuvuga mu kuyikoresha mu buryo buranga ubukerebutsi. Ivyo vyoshobora kuba birimwo guserura ukuntu twiyumva, kuvuga ivyo dukeneye, kuremesha abandi no gushemeza Imana. (Zab. 51:15) Dushobora gute none kumenya “igihe co kuvuga” ciza kuruta ibindi?

6. Bibiliya yerekana gute ko bihambaye guhitamwo igihe kibereye co kuvuga?

6 Amajambo ari mu Migani 25:11 arerekana igituma bihambaye guhitamwo igihe kibereye co kuvuga. Hagira hati: “Kurya kw’ivyamwa vy’amapome y’inzahabu mu duhingurano tw’ifeza, ni ko ijambo rivuzwe ku gihe caryo rimera.” Amapome y’inzahabu ubwayo arabereye ijisho. Kuyashira mu duhingurano tw’ifeza bituma arushiriza kuba ayateye igomwe. Muri ubwo buryo nyene, guhitamwo twitonze igihe kibereye co kuvuga birashobora gutuma ivyo tuvuga birushiriza kuba vyiza no kuba ngirakamaro. Uti gute?

7, 8. Abavukanyi bacu bo mu Buyapani biganye gute akarorero ka Yezu mu guhitamwo igihe kibereye co kuvuga ivyerekeye izuka?

7 Ivyo tuvuga vyoshobora kuba ari vyo nyene uwutwumviriza akeneye vy’ukuri. Ariko tutamenye igihe ciza co kubivuga, yoshobora kutabitahura canke kuvyanka. (Soma Imigani 15:23.) Nk’akarorero muri Ntwarante 2011, ikinyamugigima be n’igisebuzi bataziriye tsunami vyaratemye biratongora ibisagara vyinshi vyo mu buseruko bw’Ubuyapani. Abantu barenga 15.000 barahasize ubuzima. Naho Ivyabona vya Yehova bo muri ako karere bashikiwe n’ingorane cokimwe n’ababanyi babo, ntibagishije akaryo kose baronse ko gukoresha Bibiliya kugira bahoze abagandaye. Ariko rero, benshi mu bantu baho usanga inyigisho z’ababuda zarashinze imizi muri bo, ugasanga bazi bike canke batazi namba ku vyerekeye inyigisho zo muri Bibiliya. Abavukanyi bacu baratahuye yuko ico gisebuzi kikimara kurangira atari co gihe kibereye co kubwira abo bantu bari batuntuye ivyerekeye icizigiro c’izuka. Ahubwo riho, barakoresheje ingabirano yabo yo kuvuga mu kubaremesha no mu kubasigurira bisunze Bibiliya igituma ivyago nk’ivyo bishikira abantu ata co bazira.

8 Yezu yari azi igihe co kunuma be n’igihe kibereye co kuvuga. (Yoh. 18:33-37; 19:8-11) Igihe kimwe yabwiye abigishwa biwe ati: “Ndacafise ibintu vyinshi vyo kubabwira, mugabo ntimushobora kuvyihanganira ubu.” (Yoh. 16:12) Ivyo Vyabona bo mu buseruko bw’Ubuyapani bariganye akarorero ka Yezu. Haciye imyaka ibiri n’igice ca gisebuzi kibaye, baragize uruhara mw’isekeza ryabaye kw’isi yose ryo gushikiriza Inkuru y’Ubwami No. 38 ivuga ngo “Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?” Ico gihe, abantu benshi baremeye guhozwa n’ubutumwa bukora ku mutima bwerekeye izuka, kandi abatari bake barakiriye ako gapapuro k’inkuru nziza. Mu bisanzwe, imico kama be n’inyigisho z’amadini biratandukanye cane, akaba ari co gituma dukwiye kumenya guhitamwo igihe kibereye co kuvuga.

9. Ni ryari guhitamwo igihe kibereye co kuvuga bishobora kurushiriza kuvamwo ivyiza?

9 Mu vy’ukuri, hariho ibihe tuba dukeneye kumenya neza igihe kibereye co kuvuga. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kuvuga ibintu bitubabaza, mbere ata mvo mbi abigiranye. Vyoba vyiza dufashe akanya ko kuzirikana tukaraba nimba ivyo ibintu bikomeye cane ku buryo vyoba ngombwa ko tugira ico tuvuze. Nimba bibaye ngombwa ko tuvuga, ntivyoba biranga ubukerebutsi tuvuganye n’uwo yatubabaje tugishavuye kuko wosanga tuvuze tutiyumviriye. (Soma Imigani 15:28.) Muri ubwo buryo nyene, turakwiye kumenya igihe co kubwira ivyerekeye ukuri incuti zacu zitari Ivyabona. Turipfuza ko bamenya Yehova, mugabo dutegerezwa kwihangana kandi tukabatahura. Kuvuga amajambo abereye ku gihe kibereye vyoshobora gutuma bemera kudutega yompi.

IVYO DUKWIYE KUVUGA

10. (a) Kubera iki dukwiye kuba maso igihe duhitamwo ivyo tuvuga? (b) Tanga akarorero k’imvugo ibabaza.

10 Amajambo arafise ububasha bwo kubabaza be n’ubwo kuvūra. (Soma Imigani 12:18.) Gukoresha amajambo kugira umuntu ababaze uwundi biriraye mw’isi ya Shetani. Ivyo kwinezereza biratuma benshi “[bakarisha] ururimi rwabo nk’inkota,” maze “bagatumbereza umwampi wabo,” ni ukuvuga “imvugo irura.” (Zab. 64:3) Umukirisu arakeneye kwirinda iyo nyifato igirira nabi abandi. Akarorero kamwe k’“imvugo irura” ni uguhemana, akaba ari amajambo yo gucumitana umuntu avuga afise intumbero yo gusuzugura abandi canke kubahambarira. Akenshi uguhemana womengo ni ugutebura, ariko birashobora guca bihinduka imvugo yo kugayana no gutukana. Uguhemana kubabaza ni imwe mu mvugo zo gutukana abakirisu bakwiye ‘gukura muri bo.’ Gutebura birashobora gutuma imvugo yacu irushiriza kuryoha, mugabo turakwiye kwirinda kugwa mu mutego wo kurondera gutwenza abantu mu kuvuga ibijajuro bituma abandi bababara canke bamaramara. Bibiliya iduhanura iti: “Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva.”Ef. 4:29, 31.

11. Ibiri mu mutima wacu bidufasha gute guhitamwo amajambo abereye twovuga?

11 Yezu yigishije ko “ibibogaboga mu mutima ari vyo akanwa kavuga.” (Mat. 12:34) Ku bw’ivyo, guhitamwo amajambo abereye twovuga bitangurira mu mutima. Ivyo tuvuga akenshi birerekana ukuntu tubona abandi vy’ukuri. Nimba dukunda cane abandi kandi tukaba tubumvira impuhwe, birashoboka ko ivyo tuvuga biba vyiza kandi bikubaka.

12. Dushobora gute kuryohora ubushobozi bwacu bwo guhitamwo amajambo abereye?

12 Guhitamwo amajambo abereye birasaba kandi kuzirikana cane be no kubona ibintu mu buryo bwiza. Mbere n’Umwami Salomo w’inkerebutsi “[yarazirikanye] yongera aracukura” arondera “gutora amajambo aryoshe no kwandika amajambo y’ukuri atagira amakosa.” (Umus. 12:9, 10) Vyoba akenshi bikugora gutora “amajambo aryoshe”? Nimba ari ukwo biri, hari aho woba ukeneye kwongereza amajambo uzi. Uburyo bumwe bwo kubigira ni ukuraba ingene amajambo akoreshwa muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro vyacu. Nutahure insobanuro y’imvugo utamenyereye. N’igihambaye kuruta, niwige gukoresha amajambo mu buryo bufasha abandi. Ku bijanye n’ubucuti buri hagati ya Yehova n’Umwana wiwe w’imfura, dusoma duti: “Yehova ubwiwe yampaye [jewe Yezu] ururimi rw’abigishijwe, ngo menye ingene nishurisha ijambo uwurushe.” (Yes. 50:4) Gufata akanya tukazirikana ku vyo tugira tuvuge birashobora kudufasha gutora amajambo abereye. (Yak. 1:19) Twokwibaza duti: ‘Aya majambo yoba vy’ukuri aza guserura ico nshaka kuvuga? Uwo ndayabwira aza kuyakira gute?’

13. Kubera iki bihambaye ko dukoresha imvugo yoroshe gutahura?

13 Muri Isirayeli, inzumbete zarakoreshwa mu gukoraniriza abantu hamwe, mu kubarungika mu mahema yabo no mu guhimiriza ingabo ngo zije ku rugamba. Birabereye kubona Bibiliya ikoresha ijwi ry’urumbete mu kwerekana ko dukeneye gukoresha imvugo yoroshe gutahura. Igihe urumbete rwaba ruvugije akamo katamenyekana, vyarashobora guta mu kaga ingabo ziri ku rugamba. Muri ubwo buryo nyene, igihe tuvuga tudatomora, turashobora kuvuruga ubwenge abantu canke bagatahura ibitari vyo. Ariko ntiwumve, naho twihatira kuvuga amajambo yoroshe kandi adomako, ntidukwiye kwibagira gukoresha urupfasoni n’ukwigengesera.Soma 1 Abakorinto 14:8, 9.

14. Tanga akarorero k’ukuntu Yezu yakoresheje imvugo yoroshe gutahura.

14 Yezu yaratanze akarorero ruheta mu bijanye no guhitamwo amajambo abereye. Rimbura ya nsiguro yiwe ngufi mugabo ikora ku mutima iri muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku ca 7. Yezu ntiyakoresheje imvugo ihanitse canke ihinyitse; eka kandi ntiyakoresheje amajambo avuna umutima canke ababaza abandi. Ahubwo nyabuna, yahisemwo amajambo atomoye kandi yoroshe kugira akore ku mutima abamwumviriza. Nk’akarorero, kugira ngo afashe abantu kutiganyira ku bijanye n’ibifungurwa bakenera buri musi, yababwiye ukuntu Yehova aronsa inyoni zo mu kirere ivyo zifungura. Yaciye yereka abariko baramwumviriza ko batandukanye n’inyoni mu kubabaza ati: “None mwebwe ntimuzirusha agaciro?” (Mat. 6:26) Mbega impanuro iranga urukundo yatanze akoresheje amajambo yoroshe gutahura kandi akora ku mutima! Ubu na ho nimuze twihweze ikintu gihambaye kigira gatatu dukwiye kwitwararika igihe tuvuga.

UKUNTU DUKWIYE KUVUGA

15. Kubera iki dukwiye kugaragaza igikundiro igihe tuvuga?

15 Ukuntu tuvuga kurahambaye cokimwe n’ivyo tuvuga. Igihe Yezu yavugira mw’isinagogi yo mu gisagara yavukiyemwo ca Nazareti, abantu “[baratangajwe] n’amajambo y’igikundiro ava mu kanwa kiwe.” (Luka 4:22) Amajambo y’igikundiro arakora ku mutima kandi ntagabanya namba ububasha ururimi rwacu rufise. Nkako, amajambo y’igikundiro arashobora gutuma imvugo yacu irushiriza kuba iyijijura. (Imig. 25:15) Turashobora kwigana imvugo y’igikundiro ya Yezu mu kugaragaza umutima mwiza n’urupfasoni no mu kwitwararika ukuntu abandi biyumva. Yezu abonye akigoro isinzi ryari ryagize kugira rimwumvirize, vyaramuteye akagongwe aca “atangura kubigisha ibintu vyinshi.” (Mrk. 6:34) Mbere n’igihe yatukwa, ntiyasubizayo amajambo mabi.1 Pet. 2:23.

16, 17. (a) Dushobora gute kwigana Yezu igihe tuvugana n’abo mu muryango be n’abagenzi somambike bo mw’ishengero? (Raba ishusho itangura.) (b) Tanga akarorero kerekana ivyiza biva ku gukoresha imvugo y’igikundiro.

16 Kuvugana ubwitonzi n’ukwigengesera birashobora kutatworohera igihe tuvugisha umuntu tumenyeranye cane. Twoshobora kubona umenga dufise umwidegemvyo wo kumuvugisha uko twishakiye. Ivyo birashobora gushika twaba turiko tuyaga n’umuntu wo mu muryango canke umugenzi wo mw’ishengero. Yezu yoba yabona ko ubugenzi somambike afitaniye n’abigishwa biwe bumuha umwidegemvyo wo kubavugisha uko yishakiye? Habe namba! Igihe abayoboke biwe somambike baguma bahazuka barondera kumenya uwari mukuru muri bo, Yezu yarabakosoye akoresheje amajambo aranga umutima mwiza be n’ikigereranyo c’umwana mutoyi. (Mrk. 9:33-37) Abakurambere barigana akarorero ka Yezu mu gutanga impanuro babigiranye “umutima w’ubwitonzi.”Gal. 6:1.

17 N’igihe nyene umuntu avuze ikintu kitubabaza, kumwishura dukoresheje amajambo y’igikundiro birashobora kuvamwo ivyiza. (Imig. 15:1) Nk’akarorero, inabibondo umwe yireranye abana yari afise umuhungu w’umuyabaga afise ubuzima burimwo tubiri. Mushiki wacu umwe yarabwiye uwo inabibondo ata mvo mbi abigiranye ati: “Birababaje cane kubona umwana wawe yakunaniye kurera.” Uwo inabibondo yaramaze akanya ariko ariyumvira, aca amwishura ati: “Ni ivy’ukuri yuko ubu ibintu bitariko biragenda neza, mugabo kumutoza indero ni igikorwa kibandanya. Uze ubimbwire inyuma ya Harumagedoni, ni ho tuzomenya aho ukuri kuri.” Iyo nyishu iranga ubwitonzi yarafashije abo bashiki bacu kuguma bafitaniye amahoro yongera iraremesha wa muhungu, kuko ico kiyago cari camuguye mu matwi. Yaratahuye ko nyina wiwe atari bwamukureko amaboko. Ivyo vyatumye avavanura n’abagenzi biwe babi. Yahavuye abatizwa, mu nyuma aja gukorera kuri Beteli. Twaba turi kumwe n’abavukanyi bacu, incuti zacu canke abandi bantu, imvugo yacu ikwiye kwamana “igikundiro, irunze umunyu.”Kol. 4:6.

18. Dushobora gute kwigana Yezu mu kuntu tuvuga?

18 Ubushobozi bwo guserura ivyo twiyumvira be n’ukuntu twiyumva dukoresheje amajambo ni igitangaza vy’ukuri. Nimuze twigane akarorero ka Yezu mu guhitamwo igihe kibereye, mu gucagura amajambo abereye no mu kwihatira gukoresha imvugo y’igikundiro. Gutyo, ububasha bw’ururimi rwacu buzovūra abatwumviriza bwongere bunezereze Yehova, we yaduhaye ingabirano y’agaciro yo kuvuga.