Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Umuhero niwaza, ni ibintu bimwebimwe ibihe bizovaho?

Bimwebimwe mu bintu bizovaho ni intwaro z’abantu ata co zishoboye, intambara n’akarenganyo, amadini yahemukiye Imana n’abantu, hamwe n’abantu batibanga Imana.1/5, rup. 3-5.

Gogi w’i Magogi avugwa mu gitabu ca Ezekiyeli ni nde?

Biboneka ko Gogi w’i Magogi atari Shetani, ahubwo ko ari urunani rw’amahanga ruzogerageza kuzimanganya abasavyi b’Imana ya makuba akomeye amaze gutangura.15/5, rup. 29-30.

Ni ibintu bitandatu ibihe bishobora gutuma umuntu asaza neza?

Bibiliya idusaba (1) kwifata ruto, (2) kwitaho ukuntu tuboneka, (3) kubona ibintu mu buryo bwiza, (4) kuba abantu batanga, (5) kurondera ubugenzi, no (6) kuba abantu bakenguruka. Igihe umuntu akurikije izo mpanuro, arashobora gusaza neza.1/6, rup. 8-10.

Ibitangaro Yezu yakoze vyerekana gute ko atanga cane?

Igihe kimwe Yezu ari ku bugeni i Kana, yarafashe amalitiro 380 y’amazi ayahindura umuvinyu. Ikindi gihe, yaragaburiye ku gitangaro abantu barenga 5.000. (Mat. 14:14-21; Yoh. 2:6-11) Muri ivyo bihe vyompi, yariko arigana ugutanga cane kwa Se.15/6, rup. 4-5.

Kubera iki twokwemera tudakeka yuko dushobora guhimbara Imana naho tudatunganye?

Abagabo nka Yobu, Loti na Dawidi barakoze amakosa. Yamara rero, baripfuza gukorera Imana, akaba ari co gituma bicujije maze barahindura inyifato. Baratoneshejwe n’Imana, na twebwe nyene tukaba twoshobora gutoneshwa na yo.1/7, rup. 12-13.

Ugutikizwa kw’amadini agize Babiloni Akomeye kwoba kuzohitana abazoba bari muri yo bose?

Biboneka ko atari ukwo bizogenda. Muri Zekariya 13:4-6 hatanga iciyumviro c’uko n’indongozi zimwezimwe zizoheba inyifato y’amadini yazo maze zivuge ko zitigeze zija mw’idini ry’ikinyoma.15/7, rup. 15-16.

Kubera iki Baraki yemeye kuja ku rugamba mu gihe gusa Debora yojanye na we?

Baraki yari afise ukwizera. Aho gusaba Yehova ngo amwongerereze ibirwanisho, yipfuza kuba kumwe na Debora uwaserukira Imana, kugira amukomeze we n’ingabo ziwe. (Abac. 4:6-8; 5:7)1/8, rup. 13.

Ni ibintu bimwebimwe ibihe umukirisu ashobora kuzirikanako?

Bimwebimwe muri ivyo bintu ni ivyo Yehova yaremye, agaciro k’Ijambo ryiwe ryahumetswe, agateka dufise k’isengesho hamwe n’intunganyo iranga urukundo y’incungu.15/8, rup. 10-13.

Kwirinda kwifatanya n’ababi bifasha gute mu bijanye no kureshanya?

Ntitwanka abo tudasangiye ukwemera. Ariko rero, kureshanya n’umuntu atariyegurira Yehova canke atisunga ingingo ngenderwako ziwe kuba ari ukurenga ku buyobozi bw’Imana. (1 Kor. 15:33)15/8, rup. 25.

Vyagenze gute ngo Petero abure ukwizera mugabo mu nyuma agasubira kukugira?

Ukwizera kwaratumye Petero agendagendera ku mazi aja iyo Yezu ari. (Mat. 14:24-32) Mugabo Petero aravye ikirura, yaciye agira ubwoba. Yarasubiye guhanga amaso Yezu, aremera ko amufasha.15/9, rup. 16-17.

Mu Vyakozwe 28:4 havuga yuko abantu bo mw’izinga rya Malita biyumviriye ko intumwa Paulo yari umwicanyi. Kubera iki biyumviriye gutyo?

Igihe imamba yakomora Paulo, bashobora kuba baciye biyumvira bihenda ko ikimanakazi c’ubutungane citwa Dike cariko kiramuhana.1/10, rup. 9.

Kuba Marita yarasamajwe n’udukorwa twinshi bitwigisha iki?

Marita yarigeze gusamazwa no gutegura ibifungurwa vyinshi. Yezu yavuze yuko mwene wabo yari yahisemwo umugabane mwiza mu gutega yompi inyigisho yiwe. Turakwiye kuba maso kugira ngo ibintu bidahambaye ntibitubuze kwitwararika ivy’impwemu.15/10, rup. 18-20.