Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova ni Imana iyaga n’abasavyi bayo

Yehova ni Imana iyaga n’abasavyi bayo

“Enda niwumvirize, nanje mvuge.”YOBU 42:4.

INDIRIMBO: 113, 114

1-3. (a) Ni mu buryo ubuhe imvugo y’Imana be n’ukuntu iyaga biruta kure n’iyo ivy’abantu? (b) Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

YEHOVA yararemye ibiremwa bifise ubwenge kugira na vyo nyene bibeho kandi bihimbarwe. (Zab. 36:9; 1 Tim. 1:11) Intumwa Yohani yavuze ko uwatanguye kuba kumwe n’Imana ari “Jambo” akaba n’“intango y’ivyaremwe n’Imana.” (Yoh. 1:1; Ivyah. 3:14) Yehova Imana yarayaga n’uwo Mwana w’imfura, akamumenyesha ivyo yiyumvira be n’ukuntu yiyumva. (Yoh. 1:14, 17; Kol. 1:15) Intumwa Paulo aravuga ibijanye n’‘indimi z’abamarayika,’ akaba ari imvugo abo mw’ijuru bakoresha iruta cane imvugo y’abantu.1 Kor. 13:1.

2 Yehova arazi neza ibiremwa amamiliyaridi bifise ubwenge vyo kw’isi no mw’ijuru. Ku mwanya uwo ari wo wose, abantu badaharurika boshobora kuba bariko baramusenga mu ndimi nyinshi. Uretse ko yumviriza ayo masengesho, muri ico gihe nyene aba ariko araha ubuyobozi ibiremwa vyiwe vyo mw’ijuru yongera ayaga na vyo. Kugira ivyo abishobore, ivyiyumviro vyiwe, imvugo yiwe be n’ukuntu ayaga bitegerezwa kuba biruta kure n’iyo ivy’abantu. (Soma Yesaya 55:8, 9.) Biragaragara ko igihe Yehova ayaga n’abantu, yorosha uburyo bwo guserura ivyiyumviro vyiwe kugira bashobore kubitahura.

3 Turaza kurimbura ukuntu iyo Mana y’ubukerebutsi bwose yagiye iragira ivyo ikoze kugira yiyemeze neza ko iriko iyaga n’abasavyi bayo mu buryo butomoye. Turaza kandi kubona ukuntu ihindura uburyo bwayo bwo kuyaga bivanye n’ibikenewe be n’ukuntu ibintu vyifashe.

INGENE IMANA IYAGA N’ABANTU

4. (a) Ni ururimi uruhe Yehova yakoresheje mu kuyaga na Musa, Samweli na Dawidi? (b) Ni ibiki biri muri Bibiliya?

4 Yehova yarayaga na Adamu mu murima wa Edeni akoresheje imvugo y’abantu, akaba kumbure yakoresha igiheburayo ca kera. Mu nyuma yaramenyesheje ivyiyumviro vyiwe abanditsi ba Bibiliya bavuga igiheburayo, nka Musa, Samweli na Dawidi. Abo na bo baciye babishikiriza mu majambo yabo no mu buryo bwabo bwo kwandika. Uretse ko banditse ivyo Imana yaba ibibwiriye, baravuze n’ivyo yakoreye abasavyi bayo harimwo inkuru z’ukwizera be n’urukundo bagaragaje hamwe n’izerekana amakosa yabo be n’ubuhemu bwabo. Ayo makuru yose aradufitiye akamaro cane muri iki gihe.Rom. 15:4.

5. Yehova yoba yabona ko abasavyi biwe babwirizwa gukoresha igiheburayo gusa? Sigura.

5 Kubera ko ibintu vyagiye birahinduka, Imana ntiyagumye ikoresha igiheburayo gusa mu kuyaga n’abantu. Aho abasavyi b’Imana baviriye mu bunyagano i Babiloni, igiharameya ni co bamwebamwe bari basigaye bavuga buri musi. Kumbure kugira Yehova yerekane ivyoshitse, yarahumekeye umuhanuzi Daniyeli na Yeremiya be n’umuherezi Ezira kugira bandike mu giharameya ibihimba vy’ibitabu vyabo dusanga muri Bibiliya. *

6. Ijambo ry’Imana ryabonetse gute mu zindi ndimi atari igiheburayo?

6 Alegizandere Mukuru yahavuye yigarurira igice kinini c’isi, maze ikigiriki cavugwa n’abantu batobato ari co koyine gicika ururimi ruvugwa mu bihugu vyinshi. Abayuda benshi baratanguye kuvuga urwo rurimi, bica bituma Ivyanditswe vy’igiheburayo bihindurwa mu kigiriki. Iyo Bibiliya bahinduye, bikaba vyiyumvirwa ko yahinduwe n’abantu 72, yahavuye yitwa Septante. Ni yo Bibiliya ya mbere yahinduwe kandi ni imwe muri Bibiliya zihambaye kuruta izindi zose. * Hari abahinduye Ivyanditswe vy’igiheburayo ijambo ku rindi, ariko abandi ntibabigenjeje gutyo. Ivyo vyatumye haboneka Bibiliya nyinshi zihinduwe mu buryo butandukanye. Mugabo rero, Abayuda bavuga ikigiriki babona ko Bibiliya Septante ari Ijambo ry’Imana, kandi n’abakirisu ni ko bahavuye bayibona.

7. Ni ururimi uruhe Yezu ashobora kuba yarakoresha mu kwigisha abigishwa biwe?

7 Igihe Umwana w’imfura w’Imana yaza kw’isi, birashoboka ko yavuga igiheburayo. (Yoh. 19:20; 20:16; Ivyak. 26:14) Biboneka ko igiheburayo co mu kinjana ca mbere cari caravanganye n’igiharameya, bikaba bishoboka rero ko Yezu yakoresha imvugo zimwezimwe z’igiharameya. Mugabo yari azi n’igiheburayo ca kera Musa hamwe n’abahanuzi bavuga, icasomwa buri ndwi mu masinagogi. (Luka 4:17-19; 24:44, 45; Ivyak. 15:21) Vyongeye, ikigiriki n’ikilatini vyaravugwa muri Isirayeli. Ivyanditswe ntibitubwira ko Yezu yoba yaravuga n’izo ndimi.

8, 9. Kubera iki ibitabu bimwebimwe vyo muri Bibiliya vyanditswe mu kigiriki, kandi ivyo bihishura iki ku vyerekeye Yehova?

8 Abayoboke ba Yezu bo mu ntango bari bazi igiheburayo, ariko inyuma y’urupfu rwiwe, abigishwa biwe baravuga izindi ndimi. (Soma Ivyakozwe 6:1.) Uko ubukirisu bwakwiragira, ikigiriki ni co abakirisu bavuga cane. Nkako, Injili ya Matayo, Mariko, Luka na Yohani, izirimwo inkuru zahumetswe zerekeye ivyo Yezu yigishije be n’ivyo yakoze, zakwiragijwe hose ziri mu kigiriki. Ku bw’ivyo, abigishwa benshi bavuga ikigiriki aho kuvuga igiheburayo. * Amakete y’intumwa Paulo be n’ibindi bitabu vyahumetswe na vyo nyene vyakwiragijwe mu kigiriki.

9 Igihe abanditsi b’Ivyanditswe vy’ikigiriki baba basubiyemwo Ivyanditswe vy’igiheburayo, birashimishije kubona akenshi babikura muri ya Bibiliya Septante. Ivyo vyanditswe, ivyo usanga rimwe na rimwe hari ukuntu bitandukanye n’amajambo nyezina y’igiheburayo yakoreshejwe, ubu biri mu bigize Ivyanditswe vyahumetswe. Ku bw’ivyo, ibisomwa vyanditswe n’abahinduzi badatunganye vyahavuye biba mu bigize Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Ivyo biratwigisha ko Imana itabona yuko imico kama canke ururimi vy’umuntu ari vyiza kuruta ivy’uwundi.Soma Ivyakozwe 10:34.

10. Kuba Yehova atuma abantu bashobora kuronka Ijambo ryiwe, bitwigisha iki ku bimwerekeye?

10 Umwihwezo mugufi tugize uratwigisha ko Yehova ayaga n’abantu yisunze ibikenewe be n’ukuntu ibintu vyifashe. Ntaduhata ngo twige ururimi kanaka kugira tumumenye canke tumenye imigambi yiwe. (Soma Zekariya 8:23; Ivyahishuwe 7:9, 10.) Yehova yarahumekeye abanditsi ba Bibiliya, mugabo yaremeye ko bashikiriza ibiri muri yo bakoresheje imvugo yabo bwite.

INGENE UBUTUMWA BW’IMANA BWAZIGAMWE

11. Kubera iki kuba abantu bavuga indimi nyinshi bitabujije Imana kuyaga na bo?

11 Kuba abantu bavuga indimi zitandukanye vyoba none vyaratumye Imana idashobora kuyaga na bo? Uwokubesha. Nk’akarorero, twoshobora kuba tuzi gusa amajambo makeyi cane yo mu rurimi rwo mu ntango Yezu yakoresheje. (Mat. 27:46; Mrk. 5:41; 7:34; 14:36) Yamara, Yehova yaritwararitse ko ubutumwa bwa Yezu bushikirizwa mu kigiriki, mu nyuma bushikirizwa mu zindi ndimi. Abayuda n’abakirisu bahavuye bimura incuro n’izindi ivyandikano vy’iminwe vya Bibiliya maze barazigama ivyanditswe vyeranda. Ivyo vyandikano vyarahinduwe mu zindi ndimi nyinshi. Nk’imyaka 400 inyuma ya Kristu, John Chrysostom yavuze yuko mu gihe ciwe inyigisho za Yezu zari zimaze guhindurwa mu ndimi zakoreshwa muri Siriya, mu Misiri, mu Buhindi, mu Buperesi, muri Etiyopiya no mu ndimi nyinshi zavugwa n’abandi bantu.

12. Abantu barwanije gute Bibiliya?

12 Guhindura Bibiliya mu ndimi nyinshi vyarahagaritse utwigoro tw’abayirwanya, nk’umwami w’abami w’Umuroma Dioclétien. Mu 303 inyuma ya Kristu, yarategetse ko amakopi yose y’Ivyanditswe aturirwa. Haragabwe ibitero vyinshi kw’Ijambo ry’Imana no ku barihinduye bongera bararikwiragiza. Mu kinjana ca 16, uwitwa William Tyndale yaratanguye guhindura Bibiliya mu congereza ayikuye mu giheburayo no mu kigiriki. Yabwiye umugabo umwe yari yaraminuje ko Imana niyamuzigama, ata myaka myinshi yohaciye ataratuma agahungu k’akirimizi kamenya Bibiliya kurusha uwo mugabo. Tyndale yabwirijwe guhunga ava mu Bwongereza aja mu Buraya kugira ahindure Bibiliya yongere ayicapure. Naho abakuru b’amadini bagize isekeza ryo guturira ku mugaragaro Bibiliya zose bashobora kuronka, Bibiliya yahinduwe na Tyndale yaratanguye gukwiragira ku bwinshi. Tyndale bahavuye bamufata, baramuniga maze baramuturira amanitse ku giti, ariko Bibiliya yahinduye yararusimvye. Barayikoresheje cane igihe bariko barategura Bibiliya yakwiragijwe cane yitwa King James version.Soma 2 Timoteyo 2:9.

13. Ivyigwa vyagizwe ku vyandikano vya kera vyerekana iki?

13 Ego ni ko, Bibiliya zimwezimwe za kera zarusimvye usanga zirimwo udukosa be n’utuntu tudafashe zitandukaniyeko. Ariko rero, abahinga mu vya Bibiliya baragereranije bongera baratohoza bitonze ibicebice vy’ivyandikano, ivyandikano be na Bibiliya za kera bishika ibihumbi. Basanze imirongo mikeyi gusa ari yo irimwo udukosa tudafashe. Iyo mirongo mikeyi ntihindura ubutumwa nyamukuru buri muri bibiliya. Ivyigwa vyagizwe ku vyandikano vya kera birajijura abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya yuko bafise ivyo Yehova yahumekeye abanditsi ba Bibiliya mu ntango ngo bandike.Yes. 40:8. *

14. Ubutumwa bwo muri Bibiliya buboneka ku rugero rungana gute?

14 Naho abansi barwanije bimwe bikomeye Bibiliya, Yehova yaritwararitse ko kiba co gitabu gikwiragizwa kuruta ibindi vyose muri kahise k’abantu. Mbere n’igihe abantu benshi baba bizera Imana buhoro canke ntibayizere na gato, usanga Bibiliya ari yo igurwa cane, ubu ikaba iboneka mu ndimi zirenga 2.800 yaba ari yose canke igice cayo. Nta kindi gitabu gikwiragiye cane nka Bibiliya. Naho Bibiliya zimwe zidatomora neza ivyiyumviro canke ngo zibe izo kwizigirwa cokimwe n’izindi, nka zose zirashobora gutuma umuntu amenya ubutumwa bw’ishimikiro butanga icizigiro kandi burokora.

HAKENERWA BIBILIYA NSHASHA

15. (a) Intambamyi ziterwa n’indimi zatorewe umuti gute mu gihe ca none? (b) Kubera iki ibisohokayandikiro vyacu bibanza kwandikwa mu congereza?

15 Mu ntango z’ikinjana giheze, umugwi mutoyi w’abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete waragenywe ngo ube “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Icongereza ni co ahanini bakoresha mu guhanahana amakuru n’‘abakozi bo mu nzu.’ (Mat. 24:45) Uwo “mushumba” yaritaye ku rutare kugira haboneke ibifungurwa vy’impwemu mu ndimi zirushiriza kwongerekana, ubu zikaba zirenga 700. Cokimwe na ca kigiriki citwa koyine cakoreshwa mu kinjana ca mbere, icongereza ubu kirakoreshwa mu vy’ubudandaji no mu mashure kandi kirazwi n’abantu benshi. Ku bw’ivyo, ibisohokayandikiro vyacu bibanza kwandikwa mu congereza maze bigahindurwa mu zindi ndimi.

16, 17. (a) Ni igiki abasavyi b’Imana babonye ko gikenewe? (b) Bakironse gute? (c) Ni igiki umuvukanyi Knorr yari yizigiye ku bijanye na Bibiliya y’isi nshasha?

16 Bibiliya ni yo ibisohokayandikiro vyacu bishingiyeko. Hagati mu kinjana ca 20, ya Bibiliya (King James Version) yahinduwe mu 1611 ni yo Bibiliya y’icongereza yakoreshwa cane. Ariko rero, icongereza cakoreshejwe muri yo cari carataye igihe. Vyongeye, izina ry’Imana ryaboneka incuro nkeyi gusa muri ico gisomwa, mu gihe ryaboneka incuro ibihumbi mu vyandikano vya Bibiliya vya kera. Iyo Bibiliya yarimwo amakosa amwamwe be n’imirongo yongewemwo itaboneka mu vyandikano vya kera. N’izindi Bibiliya z’icongereza zariho ico gihe zari n’agahaze.

17 Hari hakenewe Bibiliya iserura ata makosa ivyiyumviro biri mu vyandikano vyo mu ntango ikoresheje imvugo igezweho. Haciye hashingwa Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha. Bibiliya bahinduye yasohowe ari ibitabu bitandatu mu myaka cumi, ni ukuvuga kuva mu 1950 gushika mu 1960. Igihe ica mbere casohorwa ku wa 2 Myandagaro 1950, umuvukanyi Nathan Knorr yabwiye abari bitavye ihwaniro ati: “Twararushirije kubona ko hakenewe Bibiliya ikoresha imvugo ya none, ihuye n’ukuri kwahishuwe, ariko kandi ituma turushiriza gutahura ukuri mu gushikiriza neza insobanuro iri mu vyandikano vyo mu ntango, ni ukuvuga Bibiliya abasomyi ba none batahura nk’uko ivyandikano vy’abigishwa ba Yezu vyatahurwa n’abasomyi basanzwe, babayabaye kandi baciye bugufi bo mu gihe cabo.” Yavuze ko yizigiye yuko iyo Bibiliya yofashije abantu amamiliyoni mu vy’impwemu.

18. Ni ibiki vyatumye Bibiliya y’isi nshasha ihindurwa mu ndimi nyinshi?

18 Ico cizigiro carangutse mu buryo bukomeye mu 1963, igihe Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki yasohorwa mu zindi ndimi, ni ukuvuga igifaransa, igiholande, igiportigale, igisupanyoli, igitaliyano n’ikidagi. Mu 1989, Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yarashinze urwego ku cicaro gikuru kugira rufashe mu vyo guhindura Bibiliya. Ku bw’ivyo mu 2005, ivyo guhindura Bibiliya mu ndimi iki kinyamakuru kibonekamwo vyaritwararitswe cane. Ivyo vyatumye Bibiliya y’isi nshasha iboneka mu ndimi zirenga 130 muri iki gihe, yaba yose canke igice cayo.

19. Ni ikintu c’intibagirwa ikihe cabaye mu 2013, kandi ni ibiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

19 Uko igihe carengana, vyaragaragaye ko integuro y’icongereza y’iyo Bibiliya y’isi nshasha yari ikeneye guhuzwa n’icongereza kigezweho. Ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania riragira iteraniro buri mwaka. Irigira 129 ryabaye ku wa 5 no ku wa 6 Gitugutu 2013, abantu 1.413.676 bo mu bihugu 31 bakaba bararyitavye canke bararikurikirana biciye ku buhinga bwa none. Bose barahimbawe no kwumva umwe mu bagize Inama Nyobozi atangaza yuko hasohowe Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu congereza. Benshi barakoroye amosozi igihe abakira abantu bariko barabahereza iyo Bibiliya yasubiwemwo. Igihe ivyanditswe vyasomwa muri iyo Bibiliya, abariko barakurikirana iryo teraniro barabonye ko Ijambo ry’Imana ritari bwigere rihindurwa neza mu congereza ukuraho. Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino vyinshi ku vyerekeye iyo Bibiliya be n’ukuntu iriko irahindurwa mu zindi ndimi.

^ ing. 5 Ibivugwa muri Ezira 4:8–6:18, 7:12-26; muri Yeremiya 10:11 no muri Daniyeli 2:4b–7:28, mu ntango vyari mu giharameya.

^ ing. 6 Septante bisobanura “Mirongo indwi.” Bivugwa ko yatanguye guhindurirwa mu Misiri mu kinjana ca gatatu imbere ya Kristu kandi ishobora kuba yarangiye mu mwaka wa 150 imbere ya Kristu. Iyo Bibiliya iracahambaye kubera ko ifasha incabwenge gutahura insobanuro y’amajambo n’imirongo imwimwe vyo mu giheburayo bigoye gutahura.

^ ing. 8 Hari abiyumvira ko Matayo yanditse Injili yiwe mu giheburayo, be n’uko nyuma yashizwe mu kigiriki, kumbure ihinduwe na Matayo nyene.

^ ing. 13 Raba Inyongera ya A3 muri Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu congereza, be n’ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya inkuru itangaje y’ukuntu yazigamwe” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2009.