Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kurondera inyishu

Kurondera inyishu

Kurondera inyishu

“Tumaze gutorera umuti ikibazo kijanye n’‘ukuntu’ twokwironsa ibitubeshaho, tumaze kwironsa ibintu vyorohereza umuntu mu buzima tutari tuzi ko tworonse, nka vya vyuma vyo mu mazu bitanga akayaga gapfutse, ivyuma bihanitse vyo kwumviriza akaziki . . . usanga dusigaye twibaza ‘igituma’ turiho. Ni kubera iki none twoguma muri uku guhiganwa kuranga ubuzima bwa kino gihe? Intumbero yavyo ni iyihe?”​—Vyavuzwe na David G. Myers, uwo akaba ari umwigisha w’ivy’inyifato y’abantu, kuri kaminuza imwe (Hope College) y’ahitwa Holland, Michigan muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

WOKWISHURA gute ivyo bibazo vyabajijwe n’uwo mwigisha? Hari abokwibaza nimba binakenewe ko umuntu yofata umwanya ngo abironderere inyishu. Ariko rero, kugerageza kwirengagiza ivyo bibazo ni nk’ukugerageza kwirengagiza akabuye koba kakorokeye mu kirato wambaye. Ego ni ko woshobora kubandanya urugendo, mugabo rero urwo rugendo rwawe ntirwoba uruhimbaye.

Hamwe vyoba bimaze gushika ukibaza nimba ubuzima bufise intumbero, nturi wenyene. Twisunze icigwa cagizwe n’urwego rumwe rw’ivy’ubushakashatsi (Enquête sur les valeurs universelles), ico kikaba ari kimwe mu vyigwa vyagizwe ku bantu benshi kuruta ibindi vyose bimaze kugirwa ku vyerekeye inyifato z’abantu, usanga mu bihugu bitari bike abantu biyumvira ibijanye n’“insobanuro y’ubuzima be n’intumbero yabwo” baguma bongerekana.

Nimba wipfuza kuronka amahoro nyakuri yo mu mutima, urakeneye kuronka inyishu z’ibibazo bitatu bihambaye.

Twakomotse he?

Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Kazoza katubikiye iki?

None ni hehe wokura inyishu zo kwizigirwa z’ivyo bibazo bihambaye? Ibiganiro bikurikira biratanga inyishu zishingiye kw’Ijambo ry’Imana Bibiliya, aho gutanga inyishu zishingiye ku vyiyumviro bitagira ifatiro canke ku mafilozofiya y’abantu. Turakwinginze uzingurure Bibiliya yawe maze uheze wisomere ivyo ivuga.