Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twakomotse he?

Twakomotse he?

Twakomotse he?

Ni kubera iki bihambaye ko turonka inyishu y’ico kibazo? Abantu benshi bigishwa yuko ubuzima kw’isi bwabonetse ku gihamana. Babwirwa yuko biciye ku rukurikirane rw’ibintu bishobora kuba vyapfuye kwiyadukiza, umuryango w’abantu hamwe n’ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira, ubwo kugira inyiyumvo be n’ubwo kwitwararika ivy’Imana, wabonetse biciye kw’ihindagurika.

Ariko rero, rimbura iki kintu: Nimba vy’ukuri twabayeho biciye kw’ihindagurika, gutyo akaba ata Muremyi ariho, ivyo vyoba bisigura yuko mu buryo bunaka abantu ari impfuvyi. Abantu ntibobaye bafise isôko ry’ubukerebutsi ntangere bokwisunga, ivyo bikaba bisigura ko tutobaye dufise umuntu n’umwe yodufasha gutorera umuti ingorane zacu. Vyobaye ngombwa ko twisunga ubukerebutsi bw’abantu kugira ngo duhagarike ihonywa ry’ibidukikije, dutorere umuti amatati y’ivya politike, no kugira ngo butuyobore mu ngorane zishikira umwe wese ku giti ciwe.

Ubwo ivyo vyizigiro vyoba bikuronsa amahoro yo mu mutima? Nimba bitayakuronsa, nurimbure rero ivyo uwufise ubukerebutsi ntangere avuga. Ivyo avuga si ibirushirije kuba ibishimishije gusa ariko kandi ni n’ibirushirije kuba ivyumvikana.

Ivyo Bibiliya ivuga

Bibiliya yigisha yuko abantu baremwe n’Imana ubwayo. Ntitwabayeho biciye kw’ihindagurika, iridashobora kugira ikintu na kimwe ryitwararika kandi ritagiramwo ubwenge. Ahubwo riho, turi abana b’Umuvyeyi w’umunyarukundo kandi afise ubwenge. Raba aya majambo atomoye dusanga muri Bibiliya:

Itanguriro 1:27. “Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri”.

Zaburi 139:14. “Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo, umutima wanje urabizi neza”.

Matayo 19:4-6. “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’? Ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye”.

Ibikorwa 17:24, 25. “Imana yakoze isi n’ibintu vyose biri muri yo, nk’uko Iyo nyene iri ikaba ari yo Mukama w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zakozwe n’amaboko y’abantu, eka mbere ntikorerwa n’amaboko y’abantu nk’aho yoba igira ico ikenera, kuko ubwayo ari yo iha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose”.

Ivyahishuwe 4:11. “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye ibintu vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, kandi vyararemwe”.

Ukuntu inyishu Bibiliya itanga zituma tugira amahoro nyakuri yo mu mutima

Kubera tuzi yuko Imana ari yo “umuryango uwo ari wo wose wo . . . kw’isi ukesha izina ryawo”, biratuma duhindura uburyo tubona abandi bantu (Abanyefeso 3:15). Kuba tuzi ivyo, biragira kandi ico bikoze ku buryo tubona ibitwerekeye be no ku buryo tubona ingorane zacu. Ukuntu twiyumvira kuzohinduka muri ubu buryo bukurikira:

Igihe tuzoba duhanganye no gufata ingingo zitoroshe, ntituzoteshwa umutwe cane n’ivyiyumviro bivuguruzanya vy’abantu. Ahubwo riho, tuzokwiheka ku mpanuro Bibiliya itanga tubigiranye ukwizigira. Uti kubera iki? Kubera yuko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi [ari] ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi, ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose”.​—2 Timoteyo 3:16, 17.

Ego ni ko, gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga bisaba kugira utwigoro be n’ukwigumya. Rimwe na rimwe, ubuyobozi itanga bwoshobora mbere kuba busaba ko dukora mu buryo butandukanye n’impengamiro tuba dufise (Itanguriro 8:21). Naho ari ukwo, mu gihe twemera yuko twaremwe n’Umuvyeyi w’umunyarukundo wo mw’ijuru, bica rero biba ivyumvikana cane ko ari we azi ingendo twokurikirana yotubera nziza kuruta izindi (Yesaya 55:9). Ku bw’ivyo rero, Ijambo ryiwe ridukura amazinda riti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe” (Imigani 3:5, 6). Nitwashira mu ngiro iyo mpanuro, menshi mu maganya tugira igihe tuba duhanganye n’ingorane be no gufata ingingo, azovaho.

Igihe tuzoba dushikiwe n’ukwinubana, ntituzobuzwa amahoro n’ukwiyumva ko tutangana n’abandi, twiyumvira yuko hari ukuntu dufise agaciro gatoya tugereranije n’ak’abandi bantu bo mu bundi bwoko canke mu mico kama itandukanye n’iyacu. Ahubwo riho, tuzotsimbataza agatima kari ku burimbane ko kwumva ko dufise agaciro. Uti kubera iki? Kubera yuko Umuvyeyi wacu Yehova Imana ‘atagira nkunzi, mugabo ko mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu amutinya kandi agakora ivy’ubugororotsi amwemera’.​—Ibikorwa 10:34, 35.

Gutahura ivyo bizotuma kandi twirinda kureka ngo ukwinubana kwonone ukuntu tubona abandi. Tuzotahura ko ata shingiro na rimwe ryumvikana dufise ryo kwumva ko turi n’agaciro kuruta abantu bo mu bundi bwoko, kanatsinda Imana “yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi”.​—Ibikorwa 17:26.

Ata gukeka, kumenya yuko twaremwe be n’uko Umuremyi wacu atwitwararika biratuma tugira ishingiro ryo kuronka amahoro nyakuri yo mu mutima. Ariko rero, hariho n’ibindi bintu bikenewe kugira ngo tugumane amahoro yo mu mutima.

[Ifoto ku rup. 4]

Abantu boba babayeho biciye kw’ihindagurika?

[Ifoto ku rup. 5]

Kumenya yuko Umuremyi wacu atwitwararika birashobora gutuma tugira amahoro yo mu mutima