Umwungere yitwararikana
Niwiyegereze Imana
Umwungere yitwararikana
‘UBWO Imana yoba inyitwararika?’ Nimba bimaze gushika ukibaza ico kibazo, nturi wenyene. Abenshi muri twebwe turamaze gushikirwa n’ibintu bitoroshe, kandi vyoshika tukibaza nimba Umuremyi w’iki kirere amahero yitwararika ibidushikira. Turakeneye kuronka inyishu y’iki kibazo: Ubwo Yehova Imana yoba atwitwararika umwumwe ku giti ciwe? Igihe Yezu, uwuzi neza cane Yehova gusumba abandi bantu bose, yari kw’isi, yaratanze ikigereranyo gitanga inyishu yeza umutima kuri ico kibazo.
Mu gutanga ikigereranyo gishingiye ku bintu bishika mu buzima bw’umwungere, Yezu yavuze ati: “Hamwe umuntu yoba afise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntazosiga none zimwe mirongo icenda n’icenda ku misozi hanyuma akaja kurondera imwe yazimira? Kandi bishitse akayitora, ndababwiye ukuri yuko anezerwa kubera yo kuruta zimwe mirongo icenda n’icenda zitazimiye. Na Data ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoya apfa” (Matayo 18:12-14). Reka turabe ukuntu muri ayo majambo Yezu adondora ingene Yehova yitwararika abigiranye ikibabarwe umwumwe wese mu basavyi biwe.
Uwo mwungere yarumva ko ategerezwa kwitwararika imwimwe mu ntama ziwe. Bishitse intama ikazimira, yarashobora kumenya iyazimiye iyo ari yo. Yari azi izina yahaye intama imwimwe yose (Yohani 10:3). Uwo mwungere yitwararika intama ziwe ntiyashobora kuruhuka atagarukanye mu busho ya ntama yazimiye. Mu kuja kurondera ya ntama yazimiye, ntiyaba ashize mu kaga zimwe 99 zasigara. Akenshi abungere bararagirira hamwe, bigatuma ubusho bwabo busukirana *. Ku bw’ivyo, wa mwungere yaja kurondera ya ntama yazimiye yarashoboye kuba arasigiye abungere bagenziwe za ntama zasigara. Uwo mwungere atoye ya ntama yazimiye agasanga ata co yabaye, yari afise imvo zo kunezerwa. Yarashobora gufata ico gitungwa caba catekewe n’ubwoba akagishira ku bitugu maze agaca agisubiza mu busho, ahatekanye kandi hatagira inkomanzi.—Luka 15:5, 6.
Mu kwerekana icigwa kiri muri ico kigereranyo, Yezu yavuze ko Imana idashaka ko “hagira n’umwe muri abo batoya apfa”. Imbere y’aho, Yezu yari yagabishije abigishwa biwe ku bijanye n’ugutsitaza “umwe muri aba batoyi ba[mwi]zera” (Matayo 18:6). None ico kigereranyo ca Yezu kitwigisha iki kubijanye na Yehova? Kitwigisha ko Yehova ari Umwungere yitwararika cane imwimwe yose mu ntama ziwe, harimwo na “batoya”, ni ukuvuga barya bashobora gusa n’abafise agaciro gatoyi twisunze ukuntu isi ibona ibintu. Ego cane, mu nyonga z’Imana, umwumwe wese mu basavyi bayo yitwararikwa ukwiwe kandi arafise agaciro.
Nimba wipfuza gushira amazinda yuko ufise agaciro ku Mana, ni kubera iki utokwiga n’ibindi vyinshi ku bijanye n’uwo Mwungere Ahambaye Yehova Imana, be no ku bijanye n’ingene worushiriza kumwiyegereza? Mu kubigenza gutyo, woshobora gushira amazinda nka kumwe kw’intumwa Petero, uwo akaba ata gukeka ko yiyumviye ca kigereranyo ca Yezu cerekeye ya ntama yatakara. Petero yahavuye yandika ati: “Muterer[e] amaganya yanyu yose [ku Mana], kuko ibababara”.—1 Petero 5:7.
[Akajambo k’epfo]
^ ing. 3 Gutandukanya ubusho ntivyari bigoye, kubera yuko intama imwimwe yose yaba izi ukuntu umwungere wayo ayihamagara.—Yohani 10:4.