Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ca gikarabiro citwa ikiyaga, icari ku rusengero rwubatswe na Salomo, cangana gute?

Inkuru yo mu 1 Abami 7:26 ivuga yuko ico gikarabiro cajamwo “imibindi ibihumbi bibiri” y’amazi yakoreshwa n’abaherezi, mu gihe inkuru isa n’iyo dusanga mu 2 Ngoma 4:5 ivuga ko ico gikarabiro cajamwo “imibindi ibihumbi bitatu”. Ivyo vyatumye abantu bamwebamwe bavuga ko iryo tandukaniro ryatumwe n’ukuba abanditsi barihenze mu kwandika iyo nkuru yo mu gitabu c’ivyo ku Ngoma.

Ariko rero, Bibiliya Traduction du monde nouveau iradufasha kubona ingene iyo mirongo ibiri ishobora guhuzwa. Muri iyo Bibiliya, mu 1 Abami 7:26 hagira hati: “Imibindi ibihumbi bibiri ni yo yashirwa muri ico gikarabiro”. Mu 2 Ngoma 4:5 hoho hagira hati: “Bwa kintu co kuvomeramwo, imibindi ibihumbi bitatu ni yo cashobora kujamwo”. Ku bw’ivyo rero, mu 2 Ngoma 4:5 herekeza ku rugero rwuzuye rw’ico gikarabiro co ku rusengero, ni ukuvuga urugero rw’amazi yashobora kujamwo, mu gihe mu 1 Abami 7:26 havuga urugero rw’amazi rwari rusanzwe rushirwa muri ico gikarabiro co ku rusengero. Mu yandi majambo, ico gikarabiro nticigera cuzuzwa gushika ku mbiga. Biboneka yuko vyari bimenyerewe ko gishirwamwo ibice bibiri vya bitatu vy’amazi cashobora kujamwo.

Ni Kubera iki Yezu na Petero batanze igiceri kimwe gusa mu kuriha ikori ry’urusengero?

Mu gihe ca Yezu, Umuyuda wese w’igitsina-gabo arenza imyaka 20 y’amavuka yasabwa kuriha ku mwaka ku mwaka ikori ry’urusengero ryangana n’idarakima zibiri, canke igiceri gifise agaciro k’idarakima zibiri. Ayo mahera yangana n’umushahara w’imisi nk’ibiri. Igihe havyuka ikibazo ku bijanye no gutanga ikori,Yezu yaciye ategeka Petero ati: “Genda ku kiyaga, uterere igera, hanyuma ufate ifi ya mbere iza kuduga, maze niwayasamika, urasanga mu kanwa kayo igiceri c’isitateri. Uce ugitora ukibahe ku bwanje no ku bwawe”.​—Matayo 17:24-27.

Incabwenge nyinshi ziyumvira ko ico giceri c’isitateri cavuzwe ng’aho, mu bisanzwe cari igiceri gifise agaciro k’idarakima zine. Ico giceri cangana n’ikori ry’urusengero ry’abantu babiri. Ico giceri cari gifise agaciro k’idarakima zine ni co cakoreshwa cane kandi kikaboneka cane kuruta ca giceri cari gifise agaciro k’idarakima zibiri. Ni co gituma inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The New Bible Dictionary) ivuga ku bijanye n’ivyo iti: “Bisa n’uko Abayuda bakunda guteranya ari babiri kugira ngo barihe ikori ry’urusengero”.

Ikigeretseko, umuntu wese yaba yipfuza kuriha iryo kori ku gatwe k’umuntu umwe gusa yategerezwa kugira amahera arishe kubera yuko baba bamuvunjiye. Ayo mahera yariha kubera yuko baba bamuvunjiye yarashobora gushika ku bice 8 kw’ijana. Ariko rero, abantu baba barihiye hamwe iryo kori ari babiri, bobo ntibariha ayo mahera. Ku bw’ivyo rero, mbere no muri utwo tuntu tw’ido n’ido umenga nta co tuvuze, inkuru yanditswe na Matayo irahuza n’ibintu vyakunda kugirwa mu gihe ca Yezu.

[Picture Credit on page 15]

Igiceri c’agaciro k’idarakima zine cagizwe kinini