Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukenguruke kubona imvura igwa

Nukenguruke kubona imvura igwa

Nukenguruke kubona imvura igwa

IMVURA! Mbega twokoze iki iyaba itagwa? Ego ni ko, imvura nyinshi irashobora gutuma haba amasegenya abica bigacika. N’ikindi kandi, abantu baba ahantu nk’aho hama hagwa imvura kandi hakama hakanye, boshobora kutama bahimbarwa n’imvura. (Ezira 10:9) Ariko, tuvuge iki ku bantu amamiliyoni usanga akenshi babwirizwa kwihanganira uruzuba be n’ubushuhe? Ese ukuntu amaherezo igihe akavura kaguye bumva baruhuriwe cane!

Ukwo ni ko ibintu vyari bimeze mu bihugu bivugwa muri Bibiliya, nko hagati muri Aziya Ntoya, aho intumwa Paulo yaranguriye igikorwa c’ubumisiyonari. Igihe yari ng’aho, Paulo yabwiye Abanyalikawoniya ba kera ati: “[Imana ntiyaretse] ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza, ikabaha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze.” (Ibikorwa 14:17) Urabona ko Paulo yabanje kuvuga ibijanye n’imvura, kuko itaguye ata kintu na kimwe coshoboye kumera kandi ntihobayeho “ibiringo vyimbuka.”

Bibiliya iratubwira ibintu vyinshi ku bijanye n’imvura. Ijambo ry’igiheburayo be n’iry’ikigiriki ahindurwa ngo imvura araboneka muri Bibiliya incuro zirenga ijana. Woba ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’iyo ngabirano idasanzwe, ni ukuvuga imvura? Woba kandi ushaka gukomeza ukwizera kwawe ku bijanye n’uko Bibiliya ivuga ukuri mu vya siyansi?

Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’imvura

Yezu Kristu yarakwegereye ivyiyumviro vyacu ku kintu kimwe gikenewe cane kugira ngo imvura ishobore kuboneka. Yavuze ati: “So . . . atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotse n’abatagororotse.” (Matayo 5:45) Woba wabonye ko Yezu yabanje kuvuga ibijanye n’izuba imbere yuko avuga ivyerekeye imvura? Ivyo birabereye kubera yuko izuba ridaha gusa ibiterwa ubushuhe bikeneye kugira ngo bikure, ariko kandi ni ryo rituma inzinguzingu y’amazi ishoboka. Ego cane, ku mwaka ku mwaka ubushuhe bw’izuba ni bwo butuma kilometero kibe zishika nka 400.000 z’amazi yo mu biyaga zicika imyuka y’amazi apfutse iduga mu kirere. Kubera yuko Yehova Imana ari we yaremye izuba, yitwa mu buryo bubereye uwuduza amazi kugira ngo ayahinguremwo imvura.

Bibiliya iradondora inzinguzingu y’amazi iti: “Imana . . . idūza udutonyanga tw’ikiduhu, ikaduhindura ibicu bikagwisha imvura. Ijuru rikayijogotereza, ikagwa ku bantu benshi.” (Yobu 36:26-28) Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi kuva ayo majambo avuga ukuri mu vya siyansi yanditswe, abantu bararonse umwanya munini wo kugerageza gutahura inzinguzingu y’amazi. Igitabu kimwe co mu 2003 kivuga ibijanye n’imvura (Water Science and Engineering) kigira giti: “Muri iki gihe, ukuntu amama y’imvura aboneka ntibizwi neza.”

Ico abanyasiyansi bazi ni uko amama y’imvura aboneka bivuye ku duhimba dutoduto cane tudashobora kubonwa n’amaso duheza tugacika intimatima y’utuma tunzwinya tw’amazi tuba turi mu bicu. Kamwekamwe muri utwo tuma tunzwinya gategerezwa kwongerekana mu bunini incuro umuliyoni canke zirenga kugira kavemwo ima rimwe gusa ry’imvura. Ni ikintu kigoye gutahura gishobora gutwara amasaha atari make. Igitabu kimwe kivuga ivya siyansi (Hydrology in Practice) kigira giti: “Hariho ivyiyumviro bitari bike bishikirizwa ku bijanye n’ingene utuma tunzwinya turi mu bicu tuba tunini tugacika amama y’imvura, kandi biracakenewe ko abashakashatsi basuzuma ibintu vy’ido n’ido vyerekeye uburyo butari buke bwashikirijwe ku bijanye n’ingene amama y’imvura aboneka.”

Umuremyi w’ubuhinga butuma imvura iboneka yari ashoboye kubaza umusavyi wiwe Yobu ibi bibazo bituma umuntu aca bugufi bigira biti: “Mbeg’imvura iri na se? Canke ni nde yavyaye udutonyanga tw’ikime? [“Ni nde yashize ubukerebutsi mu bicu bigerekeranye?”, NW] . . . Ni nde yogira ubgenge bgomushoboza guharūra ibicu? Canke ni nde yoshobora gucuranura amazi yo mu mibindi yo mw ijuru?” (Yobu 38:28, 36, 37) Inyuma y’imyaka nka 3.500 ihaciye, abanyasiyansi baracagwa bavyuka barondera inyishu z’ivyo bibazo bigoye.

Inzinguzingu y’amazi ijana inzira iyihe?

Abafilozofe b’Abagiriki barigishije yuko ngo amazi y’inzuzi atava ku mvura ahubwo ko ava mu mazi y’ibiyaga aba yatemvye mu buryo bunaka aca mu kuzimu agashika kw’isonga ry’imisozi, agaca acika amasôko y’amazi apfutse. Igitabu kimwe kigira ico kivuze ku bijanye na Bibiliya kivuga ko Salomo yabona ibintu muri ubwo buryo. Rimbura amajambo Salomo yavuze ahumekewe, ati: “Inzūzi zose zitembera mu kiyaga, yamar’ikiyaga nticuzura; ahantu inzūzi zija ni ho zama zishishikara.” (Umusiguzi 1:7) Ubwo vy’ukuri Salomo yashatse kuvuga yuko amazi yo mu biyaga hari ukuntu yatemba aca mu misozi kugira ngo azohave acika amasôko y’inzuzi? Kugira ngo twishure ico kibazo, nimuze turabe ibintu abantu bava mu gihugu kimwe na Salomo bemera ku bijanye n’inzinguzingu y’amazi. Boba bagengwa n’ivyiyumviro bitari vyo?

Haciye imyaka idashika ijana inyuma y’igihe ca Salomo, umuhanuzi w’Imana Eliya yarerekanye ubumenyi yari afise ku bijanye n’ahantu umuntu yokwitega ko imvura izanana. Mu gihe ciwe, igihugu caramaze imyaka irenga itatu gituragajwe n’uruzuba rukaze. (Yakobo 5:17) Yehova Imana yateje ihanga ryiwe ico cago kubera yuko ryari ryamuteye akagere rigatangura gusenga Bayali, ikimana c’Abanyakanani c’imvura. Yamara Eliya yarafashije Abisirayeli barigaya, akaba ari co gituma ico gihe yari afise umutima ukunze wo gusenga asaba ko imvura yogwa. Igihe Eliya yariko arasenga, yarasavye umusuku wiwe ngo yitegereze amaja “ku kiyaga.” Igihe Eliya yamenyeshwa yuko hariho “agacu gatoya kangana ikiganza c’umuntu, [kariko] kadūga kava mu kiyaga,” yaciye amenya ko isengesho ryiwe ryishuwe. Mu kanya gatoya, “ijuru [ryaciye] ryubikiza ibicu, umuyaga urakubeba, hagwa imvura y’isegenya.” (1 Abami 18:43-45) Muri ubwo buryo, Eliya yarerekanye ko atahura ibijanye n’inzinguzingu y’amazi. Yari azi yuko ibicu vyokwibumbabumbiye hejuru y’ikiyaga maze bigatwarwa n’umuyaga vyerekezwa mu Buseruko hejuru y’Igihugu c’isezerano. Gushika n’uno musi, ukwo ni ko bigenda kugira ngo ico gihugu kironke imvura.

Nk’imyaka ijana inyuma y’aho Eliya asengeye asaba ko imvura yogwa, umurimyi aciye bugufi yitwa Amosi yarashimitse ku kintu c’ido n’ido gihambaye ku bijanye n’aho inzinguzingu y’amazi ikomoka. Amosi yarakoreshejwe n’Imana kugira ngo amenyeshe ubuhanuzi bukubita Abisirayeli intahe mu gahanga kubera ko bahahaza aboro bakongera bagasenga imana z’ikinyoma. Kugira ngo Imana ntibahonye, Amosi yabahimirije ‘gusiguza Uhoraho kugira ngo babone kubaho.’ Amosi yaciye asigura yuko Yehova wenyene ari we akwiye gusengwa kubera yuko ari we Muremyi, “[uwuhamagara] amazi yo mu kiyaga, akayasendanisha kw isi.” (Amosi 5:6, 8) Mu nyuma Amosi yarasubiyemwo ico kintu c’ukuri gihimbaye cerekeye inzinguzingu y’amazi be n’inzira ijana. (Amosi 9:6) Amosi rero yarerekanye yuko amabahari ari yo masôko nyamukuru atuma imvura igwa kw’isi.

Ico kintu c’ukuri caremejwe hisunzwe ubuhinga bwa siyansi n’uwitwa Edmond Halley mu 1687. Ariko rero, vyafashe igihe kugira ngo abandi bantu bemere ico kimenyamenya catanzwe na Halley. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica Online) kivuga giti: “Iciyumviro c’uko ngo hariho ibintu bibera mu kuzimu biguma vyisubiriza, biciye kuri vyo amazi yo mu biyaga akaba atemba aja ku masonga y’imisozi maze akazoheza avayo, carabandanije gushika mu ntango z’ikinjana ca 18.” Muri kino gihe, ukuri kwerekeye inzira inzinguzingu y’amazi ijana ni ikintu kimenyerewe. Ico gitabu nyene gisigura giti: “Amazi yo mu biyaga aracika umwuka ukaduga mu kirere, mu nyuma uwo mwuka ugeze mu kirere ugacika utuma tw’amazi, tukagwa kw’isi ari amama y’imvura, maze amaherezo ayo mazi y’imvura agatemba aja mu nzuzi agasubira mu biyaga.” Biratomoye rero ko amajambo Salomo yavuze, yanditswe mu Musiguzi 1:7, yerekeza kuri izo ntambwe nyene zerekana ingene ibicu hamwe n’imvura biboneka.

None ivyo bikwiye gutuma ukora iki?

Ukuba abanditsi batandukanye ba Bibiliya baradondoye ibijanye n’inzinguzingu y’amazi mu buryo butagiramwo agakosa na kamwe, ni kimwe mu bimenyamenya bihambaye vy’uko Bibiliya yahumetswe n’Uwaremye abantu, ari we Yehova Imana. (2 Timoteyo 3:16) Ego ni ko, ukuba abantu bakoresha nabi isi vyaratumye urutonde rw’ukuntu ikirere gikwiye kumera ruhungabana, ivyo bituma mu bice bimwebimwe haba imyuzure ikomeye mu bindi na ho hakaba uruzuba rukaze. Ariko Umuremyi w’inzinguzingu y’amazi, ni ukuvuga Yehova Imana, yari yarasezeranye kuva kera yuko amaherezo yogize ico akoze maze “[aga]honya abariko barahonya isi.”​—Ivyahishuwe 11:18.

Mu gihe ivyo bitaraba, woshobora gute kwerekana ko ukenguruka ingabirano zitandukanye Imana iduha, nk’imvura? Ivyo urashobora kubigira mu kwiga Ijambo ryayo Bibiliya be no mu kubaho wisunga ivyo wiga. Uzoheza ugire icizigiro co kuzorokoka winjire mw’isi nshasha y’Imana, aho uzoba ushoboye kwinovora ibihe bidahera ingabirano zose Imana itanga. Nakare, “ingabirano nziza yose be n’impano itunganye yose” iva kuri Umwe imvura ikomokako, ari we Yehova Imana.​—Yakobo 1:17.

[Diagram/​Ifoto ku rup. 16, 17]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

UMWUKA UCIKA UTUMATUMA TW’AMAZI

AMAZI ATEMBA

UMWUKA UVA MU BIMERA

AMAZI ACIKA UMWUKA

IMVURA

AMAZI ACA MU KUZIMU

[Ifoto ku rup. 16]

Eliya yariko arasenga, umusuku wiwe na we ariko yitegereza amaja “ku kiyaga”