Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Uruhara Mariya afise mu mugambi w’Imana

Uruhara Mariya afise mu mugambi w’Imana

Uruhara Mariya afise mu mugambi w’Imana

MU KIRINGO c’ubusuku bwa Yezu, hari umukenyezi yavuze n’ijwi rirenga risumba uruyogoyogo rw’isinzi ry’abantu bari ng’aho, ati: “Hahiriwe inda yagutwaye n’amabere wonse!” Iyaba Yezu yaripfuza ko nyina wiwe yubahwa bimwe bidasanzwe, yari aronse akaryo keza igitangaza ko kubwira abantu ko bakwiye kumwubaha muri ubwo buryo. Aho kubigira, yishuye ati: “Oya, ahubwo, hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”​—Luka 11:27, 28.

Yezu ntiyigeze aha nyina wiwe icubahiro kidasanzwe na kimwe; eka ntiyigeze abwira n’abayoboke biwe kubigira. None ivyo wumva bihuye n’ugusenga Mariya kugirwa n’abantu benshi b’umutima nziraburyarya bemera Imana? Nimuze turimbure twisunze Ivyanditswe Vyeranda, inyigisho zimwezimwe zikwiragiye henshi zerekeye nyina wa Yezu.

“Wuzuye inema,” “Urahezagiwe mu bagore”

Umumarayika Gaburiyeli yaramenyesheje Mariya uruhara yoranguye mu mugambi w’Imana urwo ari rwo. Ico gihe, yamuramukije mu kuvuga ati: “Amahoro, wewe uwagiriwe ubutoni budasanzwe, Yehova ari kumwe nawe.” (Luka 1:28) Ubundi buryo iyo ndamukanyo nyene ishobora guhindurwa ni: “Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe.” Gatoya inyuma y’aho, Elizabeti yaramukije Mariya mu majambo agira ati: “Urahezagiwe mu bagore, kandi harahezagiwe n’icamwa co mu nda yawe!” (Luka 1:42) None ayo majambo ntiyoba yerekana ko Mariya akwiye kwubahwa bimwe bidasanzwe?

Mu vy’ukuri, si ukwo biri. Naho ayo majambo ashirwa mu gisabisho abagatolika batura Mariya, Bibiliya ubwayo ntiyerekana ko akwiye gusengwa. Gaburiyeli na Elizabeti baremeye agateka kadasanzwe Mariya yatewe ko kwibaruka Mesiya, ariko nta ciyumviro c’ukumusenga kiboneka mu Vyanditswe. Ahubwo, igihe abigishwa ba Yezu bamusaba ngo abigishe ukuntu bakwiye gusenga, yarerekanye ko amasengesho yari akwiye guturwa Se wiwe. Nkako, rya sengesho ry’akarorero rizwi cane Yezu yatanze ritangurwa n’amajambo agira ati: “Data wa twese uri mw’ijuru.”​—Matayo 6:9.

Ari mu bazoba abategetsi

Iyindi nyigisho imenyerewe yerekeye Mariya ni iy’uko ngo ubu ari “Umugabekazi w’ijuru.” Bibiliya nta na rimwe imuha izina ry’icubahiro nk’iryo. Ariko rero, irerekana ko afise ikibanza kidasanzwe mu ntwaro y’Imana yo mw’ijuru. None ico kibanza ni ikihe?

Yezu yarerekanye yuko bamwebamwe mu bigishwa biwe b’abizigirwa bofadikanije na we gutegeka mu Bwami bwiwe. (Luka 22:28-30) Yezu azoha ububasha abo batowe kugira ngo bakore ari “abaherezi ku Mana yacu, kandi babwirizwa kuganza isi nk’abami.” (Ivyahishuwe 5:10) Bibiliya iradushikana mu buryo butomoye ku ciyumviro c’uko Mariya ari muri abo bantu batewe ako gateka kaninahaye. Uti ni kuki twovuga gutyo?

Uribuka yuko inyuma y’urupfu rwa Yezu, Mariya yariko “[akovya] mu gusenga” ari kumwe n’abigishwa ba Yezu hamwe na bene wabo. Abantu nka 120 barakoraniye hamwe ku bw’iyo ntumbero, harimwo “n’abagore bamwe.” (Ibikorwa 1:12-15) Bibiliya ivuga yuko igihe “umusi mukuru wa Pentekoti wariko urabandanya, bari hamwe bose muri ca kibanza nyene” igihe basukwako impwemu nyeranda y’Imana, ikabaha ubushobozi bwo kuvuga mu ndimi zo mu mahanga.​—Ibikorwa 2:1-4.

Kuba Mariya yari muri abo bantu bahezagiwe muri ubwo buryo vyerekana ko we hamwe n’abandi bakenyezi baronse impwemu nyeranda, bari batowe kugira ngo babe mu bazoganza mu Bwami bwa Yezu bwo mw’ijuru. Ku bw’ivyo rero, turafise impamvu zumvikana zo kwemera ko Mariya ubu yicaranye na Yezu mu buninahazwa bwo mw’ijuru. (Abaroma 8:14-17) Rimbura uduteka tumwetumwe we hamwe n’abandi bazofadikanya na Yezu gutegeka, bazoterwa mu bijanye n’iranguka ry’imigambi y’Imana.

Bazotuma abantu baronka imihezagiro myiza utoraba

Igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe kivuga yuko abantu 144.000 ari bo bazozurirwa ubuninahazwa bwo mw’ijuru kugira ngo basukure bari kumwe na Yezu ari abaherezi, abacamanza be n’abami. (Ivyahishuwe 14:1, 4; 20:4, 6) Bwa baherezi, bazogira uruhara mu gutuma abantu bagamburuka bose baronka ivyiza biva ku nkuka ya Yezu, batume baba abatunganye mu bijanye n’ubucuti bafitaniye n’Imana, mu vy’ukwigenza runtu be no ku mubiri. (Ivyahishuwe 21:1-4) Ese ukuntu kwibonera ico gihe ciza igitangaza kazoba ari agateka ku bantu bose b’intadohoka basenga Yehova! a

Mariya yararanguye, kandi n’ubu aracarangura uruhara mw’iranguka ry’imigambi ya Yehova. Birabereye ko twigana ukwicisha bugufi kwiwe, ukwizera kwiwe, ukugamburuka kwiwe be n’ukuba yari inabibondo yitanga, na canecane ukwihangana kwiwe mu ngorane. Arakwiye kwubahwa cane kubera uruhara yaranguye mu kwibaruka Mesiya be n’urwo azorangura mu gutuma abantu baronka imihezagiro yamaho.

Ariko rero, icigwa gihambaye gusumba ibindi twigira kuri Mariya ni uko we, hamwe n’abandi basavyi b’Imana bose b’abizigirwa, asenga Yehova adasenga iyindi mana. Mariya, yifatanije n’abandi bantu bazofadikanya na Yezu gutegeka mw’ijuru, araduza ijwi mu kumenyesha ati: “Umuhezagiro n’iteka n’ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivy’Uwicaye kuri irya ntebe y’ubwami [Yehova Imana] n’ivy’urya Mwagazi w’intama [Yezu Kristu] ibihe bitazoshira.”​—Ivyahishuwe 5:13; 19:10.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’iyo mihezagiro, raba ikigabane ca 8 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro ku rup. 10]

Birabereye ko twigana ukwicisha bugufi kwa Mariya, ukwizera kwiwe be n’ukugamburuka kwiwe