Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba utinya abapfuye?

Woba utinya abapfuye?

Woba utinya abapfuye?

“OYAYE. Nobatinyira iki?” Iyo ni yo nyishu abantu benshi bakunda gutanga kuri ico kibazo. Baremera yuko abapfuye baba bapfuye koko. Ariko rero, abantu amamiliyoni baremera badakeka ko abapfuye babandanya kubaho ari impwemu.

Muri Bénin, igihugu co muri Afirika yo mu Burengero, abantu benshi baremera yuko abapfuye bashobora kugaruka baje kwica abo mu bagize umuryango wabo bwite. Abantu baragurisha ivyo batunze canke bakaja mu madeni kugira ngo baronke amahera yo kugura ibimazi vy’ibitungwa no kugira imisi mikuru vyo gutururuza incuti zabo zapfuye. Hari abakora ivy’ubupfumu, ivyo bikaba birimwo iciyumviro c’uko igihimba c’impwemu kiri mu bantu kibandanya kubaho bamaze gupfa kandi ko gishobora kuvugana n’abakiriho. Abandi na bo barashikirwa n’ibintu biteye ubwoba biyumvira ko biterwa n’imizimu y’abapfuye.

Umwe mu bashikiwe n’ibintu nk’ivyo ni Agboola, uno akaba ari umugabo aba hafi y’urubibe Bénin ihana na Nijeriya. Avuga ati: “Ivy’ubupfumu biriganje mu gace k’iwacu. Ni ikintu kimenyerewe kwoza ibiziga mu buryo bw’ibirori kugira ngo babitegurire kuja mu karere k’impwemu. Akenshi naregeranya utuvunji tw’isabuni twaba twasigaye nkatuvanga n’ubwoko bumwebumwe bw’amababi. Mu nyuma, igihe naba ndiko ndasiga ku nkoho yanje yo guhiga ivyo bintu navanze, naravuga n’ijwi ryumvikana igikoko naba nipfuza kurasa ico ari co. Imigenzo nk’iyo irakunze kugirwa kandi yasa n’iyigira ico ikoze cane. Ariko rero, imice imwimwe y’ivy’ubupfumu yari iteye ubwoba.

“Igihe babiri mu bahungu banje bapfa mu buryo bugoye itahura, naricuze yuko hari umuntu yariko araturoga. Kugira ngo menye ivyo ari vyo, narituye umugabo umwe yari ashaje, uno akaba yari azwi kubera ububasha yari afise mu vy’ubupfumu. Yarambwiye ko ivyo nikeka vyari ivy’ukuri. Kandundura, yansiguriye yuko abahungu banje bari barindiriye mu karere k’impwemu kugira ngo bazobe abasuku b’uwabishe niyamara gupfa. Uwo mutama yongeyeko yuko umuhungu wanje wa gatatu na we nyene yari ageramiwe no gushikirwa n’ikintu nk’ico. Haciye imisi mikeya, uwo muhungu na we nyene yarapfuye.”

Agboola yahavuye ahura na John, uno akaba ari Icabona ca Yehova aturuka mu gihugu kibanyi ca Nijeriya. Ivyo John yamusiguriye ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe vyari bishingiye kuri Bibiliya. Izo nyigisho zarahinduye ubuzima bwa Agboola. N’ubwawe zirashobora kubuhindura.

Abapfuye boba bakiri bazima?

Ni nde ashobora kwishura ico kibazo mu buryo bwiza gusumba abandi? Si umuntu munaka, naho yoba azwi cane gute. Ahubwo, Yehova Umuremyi w’ibifise ubuzima vyose biri “mw’ijuru no kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka,” ni we afise inyishu yaco. (Abakolosayi 1:16) Yaremye abamarayika kugira ngo babe mu karere k’impwemu, abantu n’ibikoko na vyo abirema kugira ngo bibe kw’isi. (Zaburi 104:4, 23, 24) Ibifise ubuzima aho biba hose ni we bibukesha. (Ivyahishuwe 4:11) Rimbura rero ico Ijambo ry’Imana ubwayo ari ryo Bibiliya, rivuga ku bijanye n’urupfu.

Yehova ni we yatanguye kuvuga ibijanye n’urupfu. Yaragabishije Adamu na Eva yuko bopfuye baramutse bamugambarariye. (Itanguriro 2:17) None ivyo vyasobanura iki? Yehova yasiguye ati: “Ur’umukungugu, kand’umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) Igihe umuntu apfuye, umubiri urabora. Usubira mw’ivu. Ubuzima buca buhagarara.

Adamu na Eva baragambaraye n’ibigirankana, akaba ari co gituma baciriwe urwo gupfa. Ariko rero, si bo batanguye gupfa. Umuhungu wabo Abeli ni we yatanguye gupfa. Mukuruwe Kayini yaramwishe. (Itanguriro 4:8) Kayini ntiyari afise ubwoba bw’uko mwene wabo yapfuye yomwihoye. Ahubwo riho, yari afise ubwoba ku bijanye n’ivyo abantu bazima bari gushobora kumugira.​—Itanguriro 4:10-16.

Ibinjana n’ibindi inyuma y’aho, Umwami Herodi yarahagaritse umutima igihe abantu baragurira ku nyenyeri bamumenyesha yuko hari “umwami w’Abayuda” yari yavukiye mu karere yatwara. Kubera yuko Herodi yari yiyemeje kwica uwo yohavuye aba umukeba wiwe, yaciye agira umugambi wo kwicisha utwana twose tw’uduhungu tw’i Betelehemu twari dufise imyaka ibiri n’iyiri munsi yayo. Ariko umumarayika yaraburiye Yozefu ngo afate Yezu na Mariya “[a]hungire mu Misiri.”​—Matayo 2:1-16.

Igihe Herodi yapfa, umumarayika yarabwiye Yozefu ngo asubire muri Isirayeli, “kuko abariko barondera ubuzima bw’uwo mwana mutoyi [bari] bapfuye.” (Matayo 2:19, 20) Uwo mumarayika, we ubwiwe akaba yari ikiremwa c’impwemu, yari azi yuko Herodi atari agishoboye kugirira nabi Yezu. Yozefu ntiyatinya Umwami Herodi, uwari yapfuye. Ariko rero, Yozefu yaratinya ico umuhungu w’umubisha wa Herodi, uwitwa Arikelayo, yari gushobora kugira. Ni co gituma Yozefu yaciye ajana umuryango wiwe kuba i Galilaya, hano hakaba hari mu ntara itatwarwa na Arikelayo.​—Matayo 2:22.

Izo nkuru ziradufasha kubona ko abapfuye ataco bashoboye. None ivyashikiye Agboola be n’abandi bantu bishobora gusigurwa gute?

“Amadayimoni,” canke impwemu zihumanye

Igihe Yezu yari amaze gushika mu bigero, yarahanganye n’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. Ivyo biremwa vyaramenye Yezu maze bimwita ko ari “Umwana w’Imana.” Na Yezu yari azi ivyo biremwa ivyo ari vyo. Ntiyari imizimu y’abapfuye. Ahubwo, Yezu yerekanye ko ari “amadayimoni,” canke impwemu zihumanye.​—Matayo 8:29-31; 10:8; Mariko 5:8.

Bibiliya iravuga ibijanye n’ibiremwa vy’impwemu vy’intadohoka ku Mana be n’ivyayigararije. Igitabu c’Itanguriro kivuga yuko igihe Yehova yirukana mw’itongo ryo muri Edeni Adamu na Eva abari bagambaraye, yaciye ashira abakerubi, canke abamarayika, mu Buseruko bw’iryo tongo kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe aryinjiramwo. (Itanguriro 3:24) Biboneka ko ubwo bwari bwo bwa mbere abantu babona ibiremwa vy’impwemu.

Haheze igihe inyuma y’aho, hari abamarayika baje kw’isi maze biyambika umubiri w’abantu. Nta gikorwa na kimwe Yehova yari yabatumye kurangura kw’isi. Ahubwo, “[bataye] ahantu habo bwite ho kuba hababereye” mu karere k’impwemu. (Yuda 6) Imigambi yabo yari iy’ubwikunzi. Baritoranirije abagore, bano bakaba bavyaye abana b’imvange biswe Abanefili. Abo Banefili be na ba se babo b’abagarariji barujuje isi ubukazi be n’ibindi bibi bikomeye. (Itanguriro 6:1-5) Yehova yarakosoye ukwo kuntu ibintu vyari vyifashe mu kuzana wa Mwuzure waba kw’isi yose mu gihe ca Nowa. Isegenya ry’amazi ryarasanganguye abagabo n’abagore b’inkozi z’ikibi hamwe na ba bantu b’imvange. Ni igiki cashikiye ba bamarayika?

Iryo Segenya ryatumye babwirizwa gusubira mu karere k’impwemu. Ariko rero, Yehova ntiyabemereye gusubira mu “kibanza cabo ca mbere.” (Yuda 6) Bibiliya ivuga iti: “Imana [ntiyaretse] guhana ba bamarayika bacumura, mugabo, mu kubata muri Tarutaro, . . . yabahereje ivyobo vy’umwiza w’umuzitanya ngo babikirwe urubanza.”​—2 Petero 2:4.

Tarutaro si ahantu hanaka; ni imimerere yo gucishwa bugufi imeze nk’ibohero, ituma ivyo bivume bitidegemvya ngo bikore ico bishatse cose. Amadayimoni ntagishobora kwiyambika umubiri w’abantu, ariko aracafise ububasha be n’akosho bikomeye ku mizirikanyi no ku buzima bw’abantu. Arashobora kwizizira abantu be n’ibikoko. (Matayo 12:43-45; Luka 8:27-33) Arazimiza kandi abantu mu kwigira imizimu y’abapfuye. Uti kubera iki? Kugira ngo abantu ntibasenge Yehova mu buryo bumuhimbara no kugira ngo abavuruge ubwenge ku bijanye n’ukuntu mu vy’ukuri abapfuye bamerewe.

Ingene twotsinda ubwoba

Agboola yarabonye ko insobanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’urupfu be n’ukuntu ibiremwa vy’impwemu bimeze, zumvikana. Yaratahuye ko yari akeneye kwiga n’ibindi. Yaciye atangura gusoma Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo ari kumwe na John. Agboola yarahumurijwe n’ukumenya yuko abahungu biwe bari basinziriye mu mva, batari barindiririye mu karere k’impwemu kuzoba abasuku b’uwabishe.​—Yohani 11:11-13.

Agboola yaratahuye kandi ko yategerezwa kuvavanura n’imigenzo irimwo ivy’ubupfumu. Yaraturiye ibintu vyose yari atunze vyari bifitaniye isano n’ubupfumu. (Ibikorwa 19:19) Abantu bamwebamwe bo mu kibano bamugabishije bamubwira yuko ngo imizimu yomugiriye nabi. Ariko Agboola nta bwoba yari afise. Yarakurikije impanuro dusanga mu Banyefeso 6:11, 12 igira iti: “Mwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana . . . kuko dufise intambara yo kunigana . . . n’ibinyankomezi vy’impwemu bibi.” Uwo mwambaro w’ibirwanisho biva ku Mana urimwo ukuri, ubugororotsi, inkuru nziza y’amahoro, ukwizera be n’inkota y’impwemu ari ryo Jambo ry’Imana. Uwo mwambaro ukomoka ku Mana kandi urafise ububasha!

Igihe Agboola yavavanura n’imigenzo ifitaniye isano n’ubupfumu, bamwebamwe mu bagenzi biwe n’incuti ziwe baciye bamukumira. Ariko yararonse abagenzi bashasha ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova yo mu karere abamwo, bano bakaba bemera ivyo Bibiliya yigisha.

Ubu Agboola arazi ko Yehova agiye gukura kw’isi ubukozi bw’ikibi be n’uko azotuma amadayimoni ata kintu na kimwe aba agishoboye gukora. Amaherezo, azoyasangangura. (Ivyahishuwe 20:1, 2, 10) Imana izozurira ng’aha kw’isi “abari mu mva bose.” (Yohani 5:28, 29) Aho hazoba harimwo Abeli, ba bana ataco bazira Umwami Herodi yica be n’abandi bantu amamiliyoni. Agboola arizeye ko abahungu biwe batatu na bo nyene bazoba barimwo. Abawe bapfuye na bo nyene boshobora kuzoba barimwo. Abo bantu bose bazoba bazutse bazokwemeza yuko kuva bapfuye gushika bazutse, ata kintu na kimwe bari bazi, ko batigeze babona umugenzo n’umwe mu yo babagiriye.

Nta mvo n’imwe ikwiye gutuma utinya abapfuye. Ahubwo riho, urashobora kwitegana umushasharo kuzosubira kubonana n’abawe bapfuye. Mu kiringo ivyo bitaraba, ubona gute wize Bibiliya kugira ngo ukomeze ukwizera kwawe? Niwifatanye n’abemera ivyo Bibiliya yigisha. Nimba hari ikintu uhora ugira gifitaniye isano na ritoyi n’ubupfumu, nuhagarike udatebaganye. Niwikingire mu kwambara “umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana.” (Abanyefeso 6:11) Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha. Baragirira abantu inyigisho za Bibiliya zo ku mihana ataco barinze kuriha, bakoresheje igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? a

Agboola ntagitinya abapfuye, kandi yaramenye ingene yonanira amadayimoni. Avuga ati: “Sinzi uwatumye abahungu banje batatu bapfa. Ariko kuva aho ntanguriye gusukurira Yehova, nararonse abandi bana indwi. Nta muntu n’umwe ari mu karere k’impwemu arigera abagirira nabi.”

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro ku rup. 13]

Agboola ntagitinya abapfuye, kandi yaramenye ingene yonanira amadayimoni

[Ifoto ku rup. 12]

Kayini nta bwoba yari afise bw’uko mwene wabo yapfuye yomwihoye