Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ponsiyo Pilato yoba yari afise imvo yo gutinya Sezari?

Kugira ngo abakuru b’idini ry’Abayuda bahatire buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato kwica Yezu, bavuze bati: “Niwarekura uyo muntu, ntuzoba uri umugenzi wa Sezari.” (Yohani 19:12) “Sezari” avugwa ng’aho yari Umwami w’abami w’Umuroma yitwa Tiberiyo. None Pilato yoba yari afise imvo n’imwe yo gutinya uwo Sezari?

Tiberiyo Sezari yari umuntu ameze gute? Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The New Encyclopædia Britannica) kivuga yuko imyaka myinshi yahaciye imbere yuko ivyo gucira urubanza Yezu biba, Tiberiyo yari amaze gucika “umugabo yasa n’uwitwararika gusa ibijanye no guhaza ivyipfuzo vyiwe bwite be n’ibijanye n’uburyo bwarushiriza kuba bubi bwo gushitsa ivyo vyipfuzo.” Kubera yuko yikeka abantu bimwe birengeje urugero, vyatuma asinzikariza ubuzima akongera akica umuntu uwo ari we wese yaba yiketse ko yamuhemukiye. Ico gitabu nyene kivuga giti: “Nimba ibivugwa n’abatohozakahise babayeho nko mu kiringo kimwe na Tiberiyo ari ivy’ukuri, ibintu yakunda mu vyo kwisamaza vyari ibintu birimwo ubukazi be n’ubushegabo. N’igihe mbere yaba yatahuye ibintu nk’uko avyishakiye, yarashobora guca yica umuntu uwo ari we wese abigiranye ubukazi bwinshi, kandi ivyo akabigira igihe ico ari co cose.”

Ku bw’ivyo rero, ukuntu Tiberiyo yari azwi na vyo nyene vyoshobora kuba vyaratumye Pilato afata ingingo yo kutanana igihe abakuru b’idini ry’Abayuda bamushirako umukazo maze aca atanga itegeko ryo kwica Yezu.​—Yohani 19:13-16.

Ni kubera iki Yezu yogeje ibirenge intumwa ziwe?

Muri Isirayeli ya kera, abantu basanzwe batari bake bashobora kuba bararangura imirimo yabo ya misi yose ata birato bambaye. Abambara ibirato, bambara amasandala, ano akaba yari agizwe n’igihimba bahonyorako be n’imigozi yaba iboheye ku birenge be no haruguru yavyo. Kubera yuko amabarabara be n’imirima vyaba birimwo umukungugu canke ivyondo, ibirenge vy’abantu vyategerezwa kwandura.

Ku bw’ivyo rero, vyari bimenyerewe ko umuntu akura amasandala yiwe igihe yaba agira yinjire mu nzu yinaka. Kuba umwakiranyi vyasaba ko umuntu yoza ibirenge vy’uwamugendeye. Ico gikorwa carashobora gukorwa na nyene urugo canke kigakorwa n’umusuku. Bibiliya irimwo inkuru zitari nke zivuga ibijanye n’uwo mugenzo wari umenyerewe. Nk’akarorero, Aburahamu yabwiye abashitsi bari bamugendeye kw’ihema ryiwe ati: “Nuko bazane utuzi mwoge ibirenge, muruhukire musi y’igiti: nanje nzane utwo kurya, mwihēmbūre.”​—Itanguriro 18:4, 5; 24:32; 1 Samweli 25:41; Luka 7:37, 38, 44.

Ayo makuru ajanye n’ibintu vyari bisanzwe bigirwa aradufasha gutahura igituma Yezu yogeje ibirenge abigishwa biwe mu kiringo ca Pasika ya nyuma yagiranye na bo. Ico gihe, nta nyene urugo canke umusuku yariho kugira ngo arangure ico gikorwa, kandi biboneka ko ata n’umwe mu bigishwa yitanze kugira ngo agikore. Gutyo rero, mu gufata ibesani y’amazi be n’igitambara kugira ngo yoze yongere ahanagure ibirenge intumwa ziwe, Yezu yarahaye abo bagabo icigwa kijanye n’urukundo be n’ukwicisha bugufi.​—Yohani 13:5-17.