Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abasinzikajwe n’igihuhusi gikomeye muri Myanmar baratabawe

Abasinzikajwe n’igihuhusi gikomeye muri Myanmar baratabawe

Abasinzikajwe n’igihuhusi gikomeye muri Myanmar baratabawe

KU WA 2 Rusama 2008, igihuhusi gikomeye ciswe Nargis carateye muri Myanmar kiratema kiratongora kandi nticatevye kuvugwa mu binyamakuru vyo hirya no hino kw’isi. Vyavuzwe ko abantu hafi 140.000 bapfuye canke barabura irengero ryabo inyuma y’aho igihuhusi gikomeye gitumiye amazi yo mu kiyaga akubita akuzura mu karere k’ishamikiro ry’uruzi rwitwa Irrawaddy.

Igitangaje ni uko mu Vyabona vya Yehova benshi bo muri ako karere ata n’umwe yagize ico aba. Ahanini, barokotse kubera yuko bahungiye mu Ngoro zabo z’Ubwami zubatse neza. Mu gasagara kamwe, Ivyabona 20 be n’abandi bantu 80 bo muri ako gasagara bamaze amasaha icenda bicaye hejuru ku bisakazo vy’Ingoro y’Ubwami, mu gihe amazi yari yaduze gushika ku metero nka zine n’igice. Bose bararokotse. Ikibabaje, abandi bantu 300 bo muri ako gasagara barahasize ubuzima. Mu dusagara twinshi, Ingoro y’Ubwami ni yo nyubakwa yonyene wasanga igihagaze.

Haheze imisi ibiri ico gihuhusi giteye, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova biri i Yangon vyararungitse umugwi wo gutabara mw’ishengero ry’i Bothingone, rino rikaba riri aho urwo ruzi rushamikira ku kiyaga. Abagize uwo mugwi bagenda baca mu karere kari kononekaye, bagerageza kwirinda abambuzi bongera baca mu mivyimba yari itanguye kunuka, amaherezo barashika i Bothingone bajanye ibintu vyinshi bigizwe n’umuceri, ibifungurwa vyitwa amakaroni, amazi be n’amabuji. Ni wo wabaye umugwi wa mbere wo gutabara washitse muri ako karere. Bamaze guha Ivyabona bo muri ako karere iyo mfashanyo bari babazaniye, abagize uwo mugwi barabashikirije insiguro zishingiye kuri Bibiliya zo kubaremesha bongera barabasigira amabibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, kubera yuko ivyabo vyose vyari vyahitanywe n’ico gihuhusi.

Agatima ivyo Vyabona bari basinzikajwe n’ico gihuhusi bari bafise vy’ukuri ntikari gasanzwe. Umwe muri bo wo mw’ishengero ryo mu karere k’uruzi Irrawaddy kari kasinzikaye yavuze ati: “Twatakaje ivyo twari dufise vyose. Amazu yacu yose yasambutse. Imirima yacu yose yatwawe. Amazi yo kunywa yose yacitse ibirohe kubera uwo mwuzure. Yamara, abavukanyi n’abavukanyikazi ntibari mu mwiheburo nk’uko abandi bameze. Barizigiye Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Tuzokurikiza ubuyobozi ubwo ari bwo bwose tworonka, twaba tugumye muri aka gasagara canke tugiye ahandi hantu.”

Umugwi w’Ivyabona 30, na bo nyene batakaje ibintu vyose, bararirimvye indirimbo z’Ubwami buzuye umunezero mu rugendo rw’amasaha cumi bagize baja aho imigwi y’abatabara yari yabateguriye imfungurwa, ivyambarwa be n’aho gukika umusaya. Batarashikayo, barumvise yuko mu gisagara kiri hafi yaho hariko harabera iteraniro ry’umuzunguruko ry’Ivyabona vya Yehova. Baciye bafata ingingo yo kubanza kwitaba iryo teraniro kugira ngo baronke imfungurwa z’ivy’impwemu bongere bifatanye n’abakirisu bagenzi babo.

Hirya no hino muri ako karere kari kasinzikajwe na nya gihuhusi, amazu 35 y’Ivyabona yari yabomotse, ayashika 125 na yo yari yononekaye ibice bimwebimwe, kandi Ingoro z’Ubwami 8 zari zononekaye bukebuke. Igishimishije ni uko inyubakwa z’ibiro vy’ishami ata kintu kinini zari zabaye.

Mu ntango, ico gihuhusi cari catumye ata wushobora gusohoka canke kwinjira mu biro vy’ishami kubera yuko ibiti amahero vyari vyaguye maze bizibira amabarabara yo hafi yaho. Haheze amasaha makeyi gusa ico gihuhusi gitururuye, abantu barenga 30 bari mu bakorera ku biro vy’ishami baraje gufasha mu gukuraho ivyo biti bakoresheje amaboko. Magingo bariko barakora, abantu barabitegereza bajorewe. Mu mwanya mutoya, umugwi w’abavukanyikazi barazanye ibinyobwa bikanye be n’ivyamwa bikiri bitoto babizaniye abo bakozi hamwe n’ababanyi babo, bano bakaba bari barengewe n’ivyo bariko barabona. Igihe umumenyeshamakuru yihweza ivyariko biraba, yabajije ati: “Aba bantu bakora nk’abikorera gutyo ni bande?” Amaze kubwirwa abo ari bo, yavuze ati: “Ese hobaho abantu benshi bagaragaza mwene aka gatima ko gufatana mu nda vy’ukuri nk’uko Ivyabona vya Yehova babigira!”

Ivyabona baciye bihutira gushinga amakomite abiri ajejwe ivyo gutabara mu bice bitandukanye vy’igihugu kugira ngo atunganye neza ico gikorwa. Abavukanyi amajana bavyishakiye barakoreye mu migwi yo gutabara. Inyuma y’imisi mikeyi gusa, Ivyabona bari babuze ingo zabo barubakiwe amazu mashasha. Igihe umwe muri iyo migwi yo gutabara wari uje kwubakira Icabona inzu nshasha, ababanyi biwe baratamariwe batumva ivyo ari vyo. Umubanyi umwe yavuze ati: “Uwu mugore w’Icabona wewe ishengero ryiwe ririko riramwubakira inzu. Nta n’umwe mu bagenzi banje b’Ababuda yigeze aza kumfasha. Ese iyo nemera ngacika Icabona igihe yambwira inkuru nziza!”

Igihe abubatsi be na komite ijejwe ivyo gutabara bariko barasuzuma inzu imwe i Thanlyn yasa n’iyasambutse yose, barakozwe ku mutima cane igihe umuryango w’Ivyabona bene iyo nzu wababwira uti: “Erega nta kibazo. Inzu yacu ntiyasambutse cane. Turashobora kuyibamwo, nta ngorane! Hari Ivyabona badafise mbere n’aho bakika umusaya. Nimugende mubafashe!”

Mu karere kamwe ka Yangon, hari abantu bagerageje guhungira muri imwe mu masengero yaho. Ariko rero, urugi rw’iyo sengero rwari rwugaye n’urufunguruzo kandi nta washobora kwinjira. Abo bantu barashavuye cane baca bashaka kumena urwo rugi. Igihushanye n’ivyo, Ivyabona vya Yehova barafashije abantu benshi barahungira mu Ngoro z’Ubwami mu kiringo c’ico gihuhusi. Nk’akarorero, mu Ngoro y’Ubwami y’i Dala, umugabo umwe be n’umugore wiwe b’Ivyabona barakiriye ababanyi babo 20 bari bihebuye, bano bakaba bari baje ng’aho barondera ubuhungiro. Mu gitondo, abagize iyo miryango ntibari bafise aho bari butahe, kandi bari bashonje. Uwo munega yararonse umuntu yariko aragurisha umuceri maze aca aragura uwukwiye kugira ngo agaburire abari ng’aho bose.

Bamwe mu bagize umuryango umwe w’i Yangon ni Ivyabona vya Yehova, mu gihe abandi bari mu madini atandukanye. Ico gihuhusi kimaze kurangira, uwo muryango wose waraje kw’ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Uti kubera iki? Umwe mu bawugize yasiguye ati: “Abo mw’idini ryacu bavuze yuko boje kutugendera inyuma y’ico gihuhusi, ariko ntibigeze baza. Ivyabona bonyene ni bo baje. Mwaraduhaye umuceri n’amazi. Ntimumeze nk’ayandi madini!” Abo muri uwo muryango atari Ivyabona barahimbawe n’ikiyago cari gishingiye ku kiganiro c’Umunara w’Inderetsi cavuga ngo “Yehova arumva ugutakamba kwacu,” bakaba baranatanze insasanuro zitari nke.

Umupfasoni umwe yariko arigana Bibiliya n’Ivyabona yaraje kw’ikoraniro ry’ishengero haheze indwi imwe ico gihuhusi giteye. Mu kiringo c’iryo koraniro, harasomwe ikete rivuye ku biro vy’ishami, rino rikaba ryasigura ivyari vyakozwe kugira ngo hatangwe imfashanyo rikavuga kandi n’ivyo abarokotse ico gihuhusi bari baciyemwo. Igihe iryo kete ryariko rirasomwa, wa mupfasoni yaciye atangura kurira. Yaratangajwe yongera aranezerezwa cane no kwumva ko Ivyabona bose bari batowe kandi bakomeye. Mu nyuma, yarahawe ibintu bimwebimwe vyo kumufasha kandi baramwubakiye ihema hafi y’ahahoze inzu yiwe. Yavuze yuko yabona ko Ivyabona bamwitwararitse vy’ukuri.

Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Kandi umwigishwa Yakobo yarashimitse ku vy’uko ukwizera nyakuri kujana n’ibikorwa vyiza. (Yakobo 2:14-17) Ivyabona vya Yehova barashira ayo majambo ku muzirikanyi kandi barihatira kugaragaza mwene urwo rukundo mu gufasha no mu gushigikira abari n’ivyo bakeneye.

[Iciyumviro ku rup. 11]

Bibiliya ivuga ko ukwizera nyakuri kujana n’ibikorwa vyiza